ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w08 1/9 rup. 8-11
  • Niwiyumvire ivyerekeye “iherezo”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Niwiyumvire ivyerekeye “iherezo”
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Impanuro nziza gusumba izindi zose
  • Kazoza kabo kazoba akahe?
  • “Numenye iyo uriko uraja”
  • Niwizigire ivyo ivyapa vyerekana
  • “Iyi ni yo nzira”
  • Woba uzogendana n’Imana?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Amadini yose yoba ari meza?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Ugutinya Imana ‘kwigisha ubukerebutsi’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Ihwaniro ry’Intara riratuvyurira ishaka ryo kugendana n’Imana
    Igikorwa dukorera Ubwami—2004
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
w08 1/9 rup. 8-11

Niwiyumvire ivyerekeye “iherezo”

MU RUGENDO rw’ubuzima turimwo, turagira amahitamwo menshi. Ata gukeka, kugerageza kumenya iherezo ry’inzira iyo ari yo yose imbere y’uko tuyicamwo ni ikintu kiranga ubukerebutsi. Bamwebamwe baricujije bimwe bibabaje kubera ingingo bafashe. Kumbure na wewe biramaze gushika ukavuga uti: ‘Iyo nza kumenya ukuntu vyogenze, sinari kwigera mfata iyi ngendo.’

Umuntu amenyereye ivyo gufata ingendo, arashima kumenya aho inzira imwimwe yose ishobora kumushikana. Yoshobora kuraba ikarata akongera akabaza abantu bazi ako karere. Nta gukeka ko azokwitwararika kwitegereza ivyapa abona ku nzira. None mu rugendo ugira mu buzima, ushobora gute kumenya neza inzira nziza gusumba izindi wojana iyo ari yo? Ku bijanye n’abantu bo muri Isirayeli ya kera, Imana yigeze kuvuga ibicishije kuri Musa iti: “Iyo baba abanyabgenge bokwibajije ibi, bakiyumvira ivy’iherezo ryabo.”​—Gusubira mu vyagezwe 32:29.

Impanuro nziza gusumba izindi zose

Ntidukwiye kwirirwa turahagarika umutima ku bijanye n’“iherezo” ry’inzira twojana mu rugendo turimwo rw’ubuzima. Dufatiye ku kuntu Imana ibona ibintu, ni yo yonyene ishobora kuronsa abantu bose impanuro zijanye n’inzira nziza gusumba izindi bojana. Yarabonye ingendo nyinshi abantu bafashe kandi yaritegereje ico zavuyemwo. Bibiliya ivuga iti: “Ingendo z’umuntu zir’imbere y’inyonga z’Uhoraho, kand’isēna inzira ziwe zose.”​—Imigani 5:21.

Yehova aritwararika abantu bamukunda. Biciye kw’Ijambo ryiwe ari ryo Bibiliya, arabereka inzira bojana yobabera nziza gusumba izindi. Dusoma duti: “Nzokwigisha nkwereke inzira ucamwo, nzokugīra inama, ijisho ryanje rizokugumako.” Rero, imbere yuko utangura kugendera mu nzira iyo ari yo yose, vyoba biranga ubukerebutsi urondeye impanuro Yehova atanga, nk’uko Umwami Dawidi wa Isirayeli ya kera yabigize, uwasenze avuga ati: “Ummenyeshe inzira nkwiye gucamwo.”​—Zaburi 32:8; 143:8.

Guca mu nzira warangiwe n’umuntu wo kwizigirwa amenyereye ivyo gufata ingendo, birashobora gutuma wumva ata makenga ufise kandi utekaniwe. Ntuhagarika umutima ku bijanye n’aho iyo nzira iza kugushikana. Dawidi yarasavye ubuyobozi buva kuri Yehova yongera arabukurikiza. Ico vyavuyemwo ni uko yironkeye amahoro yo mu muzirikanyi nk’uko vyerekanwa mu buryo bwiza muri Zaburi ya 23 izwi cane. Dawidi yanditse ati: “Uhoraho ni we mwungere wanje, sinzokena. Amvyagiza mu canya c’ubgatsi butotahaye: andōngōrera i ruhande y’amazi adasūma: aremesha umutima wanje. Anyobora mu nzira zo kugororoka kubg’izina ryiwe. Mbere naho noca mu mwonga w’igitūtu c’urupfu sinzogira ikibi ntinya.”​—Zaburi 23:1-4.

Kazoza kabo kazoba akahe?

Umwe mu bafashe urugendo rw’ubuzima, uno akaba yari umwanditsi wa zaburi Asafu canke umwe mu bamukomotseko, yariyemereye yuko ‘kari gato agatirimuka’ akava mu nzira igororotse. Ni ibiki vyari vyashitse? Yari yabonye ukuntu abantu b’ingunge be n’abantu b’inkazi bari basagamvye, maze anohokera abo “banyakibi baguwe neza.” Yabona ko “bama bīdibamiye.” Ikibabaje gusumba, ni uko uwo mwanditsi wa zaburi yari atanguye gukekeranya ku bijanye n’ubukerebutsi buri mu gukurikira inzira y’ubugororotsi yari yahisemwo.​—Zaburi 73:2, 3, 6, 12, 13.

Uwo mwanditsi wa zaburi yahavuye yinjira mu rusengero rwa Yehova arazirikana abijanisha n’isengesho ku bijanye n’ivyari bigiye gushikira abo banyakibi. Yavuze ati: ‘Nibaza iherezo ryabo.’ Yarazirikanye ku bijanye na kazoza k’abo bantu yanohokera. Yaratahuye yuko abantu nk’abo bari “ahanyerera” be n’uko ‘bomazwe n’ubwoba bw’uburyo bwinshi.’ Bite ho ku bijanye n’inzira uwo mwanditsi wa zaburi yariko aracamwo? Yiyemereye ati: “Hanyuma [uzonyakirana] icubahiro.”​—Zaburi 73:17-19, 24.

Kuzirikana ku bijanye n’ingaruka z’ibikorwa vy’abantu barondera gushikira ugusagamba biciye ku kwironsa ibintu mu buryo bwa gihutihuti canke buteye amakenga, vyarasubirije umutima mu nda uwo mwanditsi wa zaburi yuko yariko araca mu nzira igororotse. Yasozereye avuga ati: “Jeho kwēgēra Imana ni kwo kumbereye amahirwe.” Kuguma twiyegereje Yehova Imana vyama nantaryo bivamwo ivyiza biramba.​—Zaburi 73:28.

“Numenye iyo uriko uraja”

Twoshobora guhangana n’amahitamwo mwene ayo muri iki gihe. Nk’akarorero, woshobora gusabwa gusinya kontara y’urudandaza ruzokuronsa amahera menshi, kuduzwa igiti canke ugasabwa kwifatanya n’abandi mu rudandaza rwunguka cane. Ego ni ko, mu kazi kose gashasha umuntu aba atanguye ntihaburamwo ingorane. Ariko, ubona gute ubanje kwiyumvira “iherezo” ry’iryo hitamwo? Ni ingaruka izihe zishobora gushika? Vyoba bizosaba yuko uja kure y’i muhira, ivyo bikaba bishobora guhagarika umutima uwo mwubakanye canke wewe ubwawe? Vyoba bizotuma wifatanya n’abantu bononekaye, baba abo mukorana, abo muhurira mu mahoteli canke ahandi? Niwihweza neza inzira ugomba ufate bizotuma ushobora gufata ingingo iranga ubukerebutsi. Niwumvire impanuro Salomo yatanze igira iti: “Numenye iyo uriko uraja.”​—Imigani 4:26, Contemporary English Version.

Twese, ariko canecane abakiri bato, vyoba vyiza tuzirikanye kuri iyo mpanuro. Hari uwukiri muto umwe yakose ikaseti ya videwo yari asanzwe azi ko irimwo amashusho akabura cane inambu y’umubiri. Mu nyuma yavuze yuko amaze kuyirorera yagize inambu y’umubiri ikomeye ku buryo yaciye aja kurondera umumaraya umwe yari azi ko aba hafi y’iwabo. Inyuma y’ivyo yaragize amaganya menshi mu mutima, ijwi ryiwe ryo mu mutima riramwagiriza yongera arahagarikwa cane umutima n’uko ashobora kuba yanduye indwara. Ivyamushikiye vyasa neza na neza n’ibidondorwa muri Bibiliya, ahagira hati: “Aca amukurikira ubgo nyene, nk’inka ija kubāgwa.” Ese iyo yiyumvira ivyerekeye “iherezo”!​—Imigani 7:22, 23.

Niwizigire ivyo ivyapa vyerekana

Abantu nka bose bokwemera yuko bitaranga ubukerebutsi kwirengagiza ivyapa. Ariko rero ikibabaje, ivyo ni vyo bamwebamwe bagira mu rugendo turimwo rw’ubuzima igihe ubuyobozi butanzwe buba budahuye n’ivyo bo ubwabo bigombera. Rimbura akarorero k’Abisirayeli bamwebamwe bo mu gihe ca Yeremiya. Iryo hanga ryari rihanganye no gufata ingingo, maze Yehova Imana abahanura ati: “Mubaze inzira za kera, inzira nziza iy’ari yo, abe ari yo mujana.” Ariko abo bantu bishuranye akagagazo bati: “Eka ntituyijana.” (Yeremiya 6:16) None “iherezo” ry’iyo ngendo yabo y’ubugarariji ryabaye irihe? Mu 607 B.G.C., Abanyababiloni baraje maze basangangura buhere igisagara ca Yeruzalemu bongera batwara abantu baho mu bunyagano i Babiloni.

Kwirengagiza ivyo twokwita ivyapa Imana yashinze ntibizokwigera bituviramwo ivyiza. Ivyanditswe biduhimiriza biti: “Wizigize Uhoraho umutima wawe wose, kandi ntiwishimikize ubgenge bg’iwawe: umumenye mu ngendo zawe zose, na we azogorora inzira zawe.”​—Imigani 3:5, 6.

Ingabisho Imana itanga ziraturonsa ubuyobozi bw’agaciro. Nk’akarorero, Bibiliya ivuga iti: “Ntukaje mu nzira y’abanyavyaha, ntukagendere mu nzira y’abanyakibi.” (Imigani 4:14, ni twe dushimitse.) Muri izo nzira zishobora kutugirira nabi harimwo iyi ivugwa mu Migani 5:3, 4, ahagira hati: “Iminwa y’umugore w’icigenze itonyanga nk’ikigigu c’ubūki, kand’akanwa kiwe kanyerera kurusha amavuta ya elayo: Arikw iherezo ryiwe rirura nk’umururazi, rikarishe nk’ubūgi bg’inkota.” Kuri bamwebamwe, guhuza ibitsina, yaba n’umumaraya canke n’uwundi muntu, vyoshobora gusa n’ibihimbaye. Ariko rero kwirengagiza ingabisho Imana itanga zidufasha kugumana inyifato runtu, nta kindi bishikanako atari ku karambaraye.

Imbere yo gutera intambwe ya mbere mu nzira nk’iyo, niwibaze uti: ‘Ibi biza kunshikana hehe?’ Gufata umwanya wo kuzirikana kw’“iherezo” rishobora kugushikira vyoshobora kuba bihagije kugira ngo bikurinde gufata ingendo yovamwo ingaruka zibabaje. Umugera wa SIDA be n’izindi ndwara zandukira biciye mu bihimba vy’irondoka, gutwara inda utabishaka, gukorora inda, kwononekara kw’ubucuti wari ufitaniye n’abandi be no kugira ijwi ryo mu mutima rikwagiriza ikibi, ni vyo bintu bishikira abahitamwo kwirengagiza ingabisho Imana itanga. Iherezo ry’abantu bafata inzira y’ubuhumbu riravugwa mu buryo butomoye n’intumwa Paulo uwagize ati: “[Ntiba]zotorana ubwami bw’Imana.”​—1 Abakorinto 6:9, 10.

“Iyi ni yo nzira”

Rimwe na rimwe ntivyoroha kumenya aho inzira yinaka iza kudushikana. Ese rero ukuntu dukenguruka kubera ubwitwararitsi burangwa urukundo Imana itugaragariza be n’ubuyobozi butomoye ituronsa! Yehova yavuze ati: “Iyi ni yo nzira, mube ari yo mujana.” (Yesaya 30:21) None iherezo ry’inzira Yehova atwereka ni irihe? Naho iyo nzira yaga kandi ikaba igoye gucamwo, Yezu yavuze yuko ishikana ku buzima budahera.​—Matayo 7:14.

Nufate umwanya uzirikane ku bijanye n’inzira uriko uracamwo. Yoba ari nziza? Igushikana hehe? Nurondere ubuyobozi bwa Yehova biciye kw’isengesho. Nusuzume ico twokwita ikarata yerekana inzira, ni ukuvuga Bibiliya. Woshobora mbere kwumva ko ukeneye kubaza umuntu amenyereye ivy’ingendo, amaze igihe yita ku rutare kugira ngo agendere mu nzira y’Imana. Nimba rero ubonye ko bikenewe yuko uhindura inzira wafashe, nubigire udatebaganye.

Umuntu ari ku rugendo, akenshi arumva aremye igihe abonye icapa kimukura amazinda yuko ariko ajana inzira y’ukuri. Nimba umaze gusuzuma inzira uriko uracamwo mu buzima ugasanga ari iy’ukuri, nubandanye muri yo. Impera ihambaye kuruta izindi y’urwo rugendo iri imbere.​—2 Petero 3:13.

Inzira yose irafise aho ishikana. None urugendo wahisemwo nirwarangira, ruzoba rwagushikanye hehe? Nta co uzoba warahanovye niwahagarara maze ugatangura kwicuza uti: ‘Ese iyo mpitamwo iyindi nzira!’ Rero, imbere yuko utera iyindi ntambwe mu ngendo wafashe y’ubuzima, niwibaze uti: ‘Mbega “iherezo” rizoba irihe?’

[Ifoto ku rup. 10]

“Iherezo” rizoba irihe?

Akenshi abakiri bato barahura n’ibigeragezo be n’imikazo bibasunikira ku gukora ibintu bisa n’ibikundwa na benshi. Ibi ni ibintu bimwebimwe bishobora gushika.

◼ Umuntu munaka ariko arakwosha ngo utumure agatabi.

◼ Umwigisha ata mvo mbi abigiranye aguhimirije gukurikirana amashure ahanitse muri kaminuza yinaka.

◼ Utumiwe mu musi mukuru aho inzoga, kumbure n’ibiyayuramutwe bizoboneka ata ngorane.

◼ Umuntu munaka akugiriye inama ati: “Ni kubera iki utoshira ifoto yawe be n’amakuru akwerekeye kuri Internet?”

◼ Umugenzi aragutumiye ngo uze kurorera isenema irimwo amashusho y’ubukazi canke y’ubushegabo.

Hamwe vyoshika ugahangana na kimwe muri ivyo bintu, uzokora iki? Woba uzoca upfa kwirekerana, canke woba uzorimbura witonze “iherezo” ry’ivyo bintu? Woba ubaye inkerebutsi wibajije uti: “Har’umuntu yoshira umuriro mu gikiriza, impuzu ziwe ntizishe? Canke har’uwogenda ku makara yaka, ibirenge vyiwe ntibizigire?”​—Imigani 6:27, 28.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika