ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w08 15/8 rup. 29
  • Woba uvyibuka?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Woba uvyibuka?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Ivyo bijanye
  • Ukuntu Inama Nyobozi itunganijwe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Tel Aradi harashinga intahe ata jambo rivuzwe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova ni iki?
    Ibibazo bikunze kubazwa ku bijanye n’Ivyabona vya Yehova
  • “Abantu nk’abo mugume mubafatana iteka”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
w08 15/8 rup. 29

Woba uvyibuka?

Woba warinovoye ugusoma inomero z’Umunara w’Inderetsi za vuba? Raba nimba ushobora kwishura ibibazo bikurikira:

• Ni ingorane ikomeye iyihe yashikiye abakirisu bamwebamwe inyuma y’aho bashingiye urwabo, kandi ni igiki bakwiye kwihatira gukora?

Abakirisu bamwebamwe boshobora kubona ko hari ibintu bike bahurizako n’abo bubakanye. Kubera ko bazi yuko kwahukana kudashingiye ku Vyanditswe atari wo muti wemewe w’iyo ngorane, barakwiye kuguma bita ku rutare kugira ngo bazigame uwo mubano.​—15/4, urupapuro rwa 17.

• Ni ingorane izihe umukirisu aba mu kigo kijejwe kubungabunga abageze mu zabukuru yoshobora kugira?

Hari aho atoba amenyeranye n’ishengero ryo mu karere ico kigo giherereyemwo. Benshi mu baba muri ico kigo boshobora kuba bafise ukwizera gutandukanye n’ukwiwe maze bagashobora kugerageza gutuma agira uruhara mu bintu bijanye n’idini. Abakirisu bo mu muryango wiwe be n’abo mw’ishengero ryo muri ako karere bakwiye kuba bazi izo ngorane maze bakamushigikira vyongeye bakamwitwararika.​—15/4, urupapuro rwa 25-27.

• Ni intambwe zine izihe zishobora gufasha abubakanye gutunganya ingorane?

Nushinge umwanya wo kuganira kuri iyo ngorane. (Umus. 3:1, 7) Nuvugishe ukuri igihe userura iryo ugona kandi ubigirane icubahiro. (Ef. 4:25) Niwumvirize uwo mwubakanye kandi witwararike ukuntu yiyumva. (Mat. 7:12) Nimwemeranye ku muti w’ingorane, maze musenyere ku mugozi umwe mu kuwushira mu ngiro. (Umus. 4:9, 10)​—1/5, urupapuro rwa 10-12.

• Igihe Yezu yaduhimiriza gusenga dusaba guharirwa imyenda yacu, yashaka kuvuga imyenda bwoko ki?

Ugereranije ibivugwa muri Matayo 6:12 be n’ibivugwa muri Luka 11:4 usanga vyerekana ko Yezu atariko avuga imyenda y’ivy’amahera. Yari afise mu muzirikanyi ibicumuro. Turakeneye kwigana Imana mu kugira umutima ukunze wo guharira abandi.​—15/5, urupapuro rwa 9.

• Abagize Inama Nyobozi bakorera mu makomite atandukanye ayahe?

Komite y’abahuzabikorwa, Komite nshingwabakozi, Komite nshingwasohora, Komite y’umurimo, Komite nshingwanyigisho, Komite nshingwayandika.​—15/5, urupapuro rwa 29.

• Dushobora gute guhera amazinda ko rya Segenya ryo mu gihe ca Nowa ryabaye kw’isi yose?

Yezu yaremera ko iryo Segenya ryabayeho koko kandi ko ryabaye kw’isi yose. Imburi Bibiliya itanga usanga zishingiye ku vy’uko habayeho Isegenya kw’isi yose.​—1/6, urupapuro rwa 8.

• Inyifato mbi ivugwa mu Baroma 1:24-32, yoba yari yerekeye Abayuda canke abatari Abayuda?

Naho ibivugwa muri iyo mirongo bishobora kuba vyari vyerekeye iyo migwi yompi, intumwa Paulo we yariko yerekeza neza na neza ku Bisirayeli bo mu gihe ca kera batakurikije rya Tegeko mu binjana n’ibindi. Bari bazi ingingo zigororotse zashinzwe n’Imana, ariko ntibabaho bazisunga.​—15/6, urupapuro rwa 29.

• Igihome c’i Tel Aradi giherereye he, kandi ni kubera iki gihambaye cane?

Ico gihome co muri Isirayeli ni ikimenyetso c’igisagara ca kera c’i Aradi kiri mu burengero bw’Ikiyaga c’Umunyu. Kuri ico gihome, ni ho abacukuzi bubuye injo zitandukanye zakoreshwa nk’ibisate vyo kwandikako. Zimwe muri izo njo usanga zanditseko amazina yo muri Bibiliya, kandi zikaba zerekana ko izina ry’uruharo ry’Imana ryakoreshwa mu bitabu bitavuga ivy’Imana.​—1/7, urupapuro rwa 23-24.

• Ni kubera iki kwitega ibitegereka ari ikintu gishobora kutwongerereza umunezero?

Igihe twitaye ku rutare kugira ngo dushike ku vyo tudashoboye, naho vyodusaba iki, tuba twishize mu mukazo bidakenewe. Yamara rero, ntidukwiye kwibabarira cane mu kwitwaza ko ibitubuza gukora ibintu binaka ari vyo bituma dusubira inyuma mu busuku.​—15/7, urupapuro rwa 29.

• Ni ibiki bishobora kubuza abavyeyi guseruranira akari ku mutima n’imiyabaga yabo?

Vyoshobora guterwa n’uko umuyabaga ari umunyamasoni, n’uko yipfuza kwigenga be n’uko ashaka kuguma ari wenyene. Abavyeyi boshobora kugerageza kuyaga n’uwo muyabaga akaryo kizanye bakongera bakihatira gutahura neza ico amajambo uwo muyabaga avuga asobanura.​—1/8, urupapuro rwa 10-11.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika