Ibirimwo
15 Myandagaro 2008
Integuro y’ukwiga
IBIGANIRO VY’UKWIGA MU NDWI ZO KU WA:
29 Nyakanga–5 Gitugutu
Yehova ntazoheba abantu biwe b’intahemuka
URUPAPURO 3
INDIRIMBO ZIKORESHWA: 114, 223
6-12 Gitugutu
Tugume turi intahemuka tudafise imitima ibiri
URUPAPURO 7
INDIRIMBO ZIKORESHWA: 38, 8
13-19 Gitugutu
Nutere iteka Yehova mu kugaragaza icubahiro
URUPAPURO 12
INDIRIMBO ZIKORESHWA: 48, 136
20-26 Gitugutu
Yehova aritwararikana ikibabarwe abasavyi biwe bageze mu zabukuru
URUPAPURO 17
INDIRIMBO ZIKORESHWA: 58, 216
27 Gitugutu–2 Munyonyo
Woba uriko uravuga neza “rwa rurimi rutunganye”?
URUPAPURO 21
INDIRIMBO ZIKORESHWA: 78, 169
Intumbero y’ibiganiro vy’ukwiga
Ikiganiro c’ukwiga ca 1, 2 URUPAPURO 3-11
Ivyo biganiro birerekana ukuntu Yehova atibagira abantu biwe b’intahemuka igihe bica irya n’ino ingene Isirayeli yagabuwemwo ubwami bwo mu Buraruko n’ubwo mu Bumanuko. Birashimika ku vy’uko bikenewe ko muri iki gihe dutsimbataza ukudahemuka kuvuye ku mutima kugira ngo ntituze tugwe mu nyosha mbi z’uguhahamira amaronko canke z’ubwibone.
Ikiganiro c’ukwiga ca 3 URUPAPURO 12-16
Ico kiganiro kirerekana ko gutahura icubahiro c’Imana bikwiye kugira ico bikoze kuri twebwe. Kirihweza ico dushobora kwigira ku bijanye n’ukugaragaza icubahiro dufatiye ku kuntu Yezu yafata abandi. Turacigirako kandi ukuntu dushobora kugaragaza icubahiro.
Ikiganiro c’ukwiga ca 4 URUPAPURO 17-21
Turaza kumenya ingene twobona abakirisu bageze mu zabukuru nk’uko Yehova ababona. Turaza kubona ukuntu Bibiliya idufasha gufatana uburemere ubumenyi bafise be n’utuntu n’utundi bazi, kwitwararika ukuntu biyumva no kubafasha kuguma ari abanyamwete mu vy’impwemu.
Ikiganiro c’ukwiga ca 5 URUPAPURO 21-25
Yehova yavuze abicishije ku muhanuzi wiwe Zefaniya ati: “Nzohindura amoko bagire ururimi rutunganye.” (Zef. 3:9) Uraza kumenya urwo “rurimi rutunganye” urwo ari rwo. Uraza kubona intambwe ushobora gutera kugira ngo wige neza urwo rurimi. Vyongeye, uraza kubona ingene ushobora gukoresha urwo rurimi rudasanzwe kugira ngo ushemeze Yehova.
IYI NOMERO IRIMWO KANDI:
URUPAPURO 26
URUPAPURO 29
Abamisiyonari bagereranywa n’inzige
URUPAPURO 30