Ntitwagize ubwoba kuko Yehova yari kumwe natwe
Nk’uko vyavuzwe na Egyptia Petridou
MU 1972, Ivyabona bo hirya no hino muri Shipure, barakoraniye i Nicosie baje kwumviriza insiguro idasanzwe ya Nathan H. Knorr, uwari amaze igihe kirekire ayobora igikorwa c’Ivyabona vya Yehova. Yaciye ubwo nyene amenya, n’ukumwidondora ntaranamwidondora, yambajije ati: “Hari amakuru yo mu Misiri woba uzi?” Hari haheze imyaka 20 mbonanye n’umuvukanyi Knorr mu gisagara canje c’amavukiro i Alegizandiriya mu Misiri.
Navukiye i Alegizandiriya ku wa 23 Nzero 1914, nkaba nari imfura mu bana bane. Twakuriye hafi y’ikiyaga. Ico gihe Alegizandiriya cari igisagara ciza cane kirimwo abantu baturuka mu mihingo itandukanye, ikizwi cane kubera ukuntu cari cubatswe be na kahise kaco. Kubera ko Abanyaburaya basukiranye n’Abarabu, twebwe abana twarize icarabu, icongereza, igifaransa n’igitaliyano be n’ururimi rw’ikigiriki umuryango wacu wavuga.
Maze kurangiza amashure, nararonse akazi mu mangazini y’impuzu z’imideri y’Abafaransa, aho nahimbarwa no gucapa imideri y’impuzu z’imararubanza z’abakenyezi bakomakomeye be no kuzibarira. Narakunda cane kandi ivy’Imana hamwe no gusoma Bibiliya, naho nyene natahura bike mu vyo nasoma.
Muri ico gihe, aho hakaba hari nko mu 1935, naramenyanye n’umusore ameze neza w’imvukira y’i Shipure. Theodotos Petrides yari karuhariwe mu vy’ukunagana, ariko kandi yari yarize umwuga wo gukora imbombo n’amagato akaba yakorera ahantu hazwi cane hakorerwa hakongera hakagurishirizwa amagato. Theodotos yarankunze cane, ico gihe nkaba nari agakobwa k’imishatsi igomba gusa n’ivu. Yarakunda kundirimbira uturirimbo tw’urukundo two mu kigiriki ari munsi y’idirisha. Twubakanye ku wa 30 Ruheshi 1940. Ico gihe cari giteye umunezero. Twaba mu cumba kiri munsi y’ico mawe yabamwo. Umwana wacu w’imfura ari we John yavutse mu 1941.
Twiga ukuri kwo muri Bibiliya
Theodotos yaramaze igihe adashimishwa n’idini twarimwo, kandi yarabaza ibibazo ku vyerekeye Bibiliya. Nta nabizi, Ivyabona vya Yehova bari baratanguye kumwigisha Bibiliya. Umusi umwe, igihe nari i muhira ndi kumwe n’akana kacu, hari umugore yadodoye aca ampereza agakarata kariko ubutumwa bwo muri Bibiliya. Kugira ngo ndamwubahirize, narahagaritse ivyo nariko ndakora ndaheza ndagasoma. Yaciye ampa ibitabu nka bingahe bishingiye kuri Bibiliya. Uzi n’inkuru, vyari mwene vya bitabu Theodotos yari yarazanye i muhira!
Navuze nti: “Ivyo bitabu ndabifise, nushike mu nzu.” Ata n’ukurindira, naciye ncucagira ibibazo ico Cabona, akaba yitwa Eleni Nicolaou. N’ukwihangana kwinshi, yarakoresheje Bibiliya mu kunyishura. Narabishimye. Naciye ubwo nyene ntangura gutahura ubutumwa bwo muri Bibiliya. Igihe twari duhagaritse gatoyi kuyaga, Eleni yarabonye ifoto y’umunega wanje, aca aramumenya. Yaratangaye, avuga ati: “Uyu muntu ndamuzi!” Ivya Theodotos vyari bigiye vyamenyekana. Emwe, naraguye mu gahundwe! Theo yaragenda ku makoraniro ya gikirisu tutajanye, nta nambwire no kumbwira! Kuri uwo musi, Theodotos atashe, namubwiye nti: “Muri iyi ndwi tuzojana ha hantu waja ku w’iyinga uheze!”
Kw’ikoraniro rya mbere nagiyeko, hari umugwi w’abantu bashika nka cumi bariko barasuzuma igitabu co muri Bibiliya ca Mika. Nta na kimwe cancitse! Kuva ico gihe, imisi yose ku wa gatanu bugorovye, George Petraki n’umukenyezi wiwe Katerini baraza kutwigisha Bibiliya. Dawe be n’abo tuvukana nka bose baraturwanije kubera ko twariko turigana Bibiliya n’Ivyabona, ariko mutoyi wanje ntiyarimwo naho atigeze aba Icabona. Yamara, mawe yaremeye ukuri kwo muri Bibiliya. Mu 1942, mawe, Theodotos hamwe nanje twarabatirijwe mu kiyaga i Alegizandiriya mu kwerekana yuko twiyeguriye Yehova.
Ubuzima bwacu buhungabana
Mu 1939, Intambara ya kabiri y’isi yose yaratanguye, kandi ntiyatevye gukwiragira hirya no hino. Mu ntango z’imyaka ya 1940, Umujenerali w’Umudagi yitwa Erwin Rommel be n’ingabo ziwe zikoresha ibiduga vy’indwano bari mu micungararo ya El Alamein, i Alegizandiriya na ho hari huzuye ingabo z’Abongereza. Twaregeranije ibifungurwa vyinshi. Theodotos yaciye azezwa inzu nshasha y’umukoresha wiwe ikorerwamwo ikongera ikagurishirizwamwo amagato, ikaba yari i Port Taufiq, hafi ya Golfe de Suez, maze duca twimukirayo. Ivyabona babiri bavuga ikigiriki barakoze uko bashoboye kwose kugira ngo badutore. Naho batari bazi aho badusanga, baramamaje inzu ku nzu gushika batubonye.
Igihe twari i Port Taufiq, twariganye Bibiliya n’umuryango wa Kypraios Stavros n’umukenyezi wiwe Giula hamwe n’abana babo Totos na Georgia, kandi abo muri uwo muryango baracitse abagenzi bacu somambike. Stavros yarakunda kwiga Bibiliya cane ku buryo amasaha yose yari mu nzu yiwe yayasubiza inyuma isaha imwe, kugira ngo tubure igariyamoshi idutahana, hanyuma tumarane umwanya munini. Ikiyago cacu carabandanya gushika mu gicugu.
Twabaye i Port Taufiq amezi 18, duca dusubira i Alegizandiriya igihe mawe yarwara. Yapfuye mu 1947, ari intahemuka kuri Yehova. Twarasubiye kubona ukuntu Yehova aturemesha biciye ku kwifatanya mu buryo bwubaka n’abagenzi bakirisu bahumuye. N’ikindi kandi, twarashobora kwakira abamisiyonari baba bari ku nzira baja aho baba burungitswe gukorera mu mahanga, igihe amato baba barimwo yaba aciye i Alegizandiriya kugira ahamare igihe gitoyi.
Tugira umunezero n’ingorane
Mu 1952, naribarutse umwana agira kabiri, ari we James. Narirya twari abavyeyi, twari tuzi akamaro ko kurerera abana bacu ahantu hari akayaga keza ko mu vy’impwemu. Ku bw’ivyo, twararetse mu nzu yacu haza haragirirwa inyigisho za Bibiliya, kandi akenshi twarakira abasuku b’igihe cose. Ivyo vyatumye umwana wacu mukuru ari we John akunda ukuri kwo muri Bibiliya, kandi yatanguye gukora ubutsimvyi akiri umuyabaga. Ico gihe nyene yiga mw’ijoro kugira arangize amashure yiwe.
Ata gihe kinini kihaciye, Theodotos basanze umutima wiwe ukora nabi cane baca bamuhanura ko yohagarika akazi yakora. Umwana wacu James yari afise imyaka ine gusa. None twari gukora iki? Yehova none ntiyasezeranye ati: “Ntutinye, kuko ndi kumwe nawe”? (Yes. 41:10) Iyumvire ukuntu twatangaye twongera turagira umunezero mu 1956 igihe twasabwa kuja gukorera ubutsimvyi i Ismaïlia, hafi ya Canal de Suez! Imyaka yakurikiye, yaranzwemwo umudurumbanyo mu Misiri, kandi abavukanyi bacu bakirisu bari bakeneye kuremeshwa.
Mu 1960, vyabaye ngombwa ko tuva mu Misiri umwe wese afise ivalisi imwe itarenga ntirenguke. Twaciye tuja i Shipure, iryo rikaba ari izinga umunega wanje yavukiyemwo. Muri ico gihe, Theodotos yararemba ku buryo ataco yashobora gukora. Ariko rero, hari umuvukanyi mukirisu w’umutima mwiza be n’umukenyezi wiwe baduhaye aho tuba mu nzu babamwo. Ikibabaje ni uko haciye imyaka ibiri umunega wanje yapfuye, nca nsigara ndi jenyene n’umwana wacu James, ico gihe akaba yari akiri muto. John, uwari yaraje i Shipure nawe nyene, yari yarubatse urwiwe akaba yari afise umuryango wiwe yitwararika.
Twitwararikwa mu bihe bigoye
Stavros Kairis n’umukenyezi wiwe Dora baciye baduha aho tuba mu nzu yabo. Narapfukamye ndashimira Yehova kuba yari asubiriye kwitwararika ivyo dukeneye. (Zab. 145:16) Igihe Stavros n’umukenyezi wiwe Dora bafata ingingo yo kugurisha iyo nzu yabo kugira ngo bubake iyindi nshasha, iyobaye ifise Ingoro y’Ubwami munsi yayo, babigiranye umutima mwiza baratwubakiye twe na James akazu iruhande k’ivyumba bibiri.
Amaherezo, James yarubatse urwiwe kandi be n’umukenyezi wiwe barakoze ari abatsimvyi gushika umwana mukuru mu bana babo bane avutse. Mu 1974, haheze imyaka ibiri inyuma y’urugendo rw’intibagirwa umuvukanyi Knorr yagize i Shipure, haradutse imigumuko yo mu vya politike.a Abantu benshi, ushizemwo n’Ivyabona, barataye amazu yabo baja kuba ahandi. Umwana wanje John na we nyene yarimwo. We n’umukenyezi wiwe n’abana babo batatu bimukiye muri Kanada. Ariko rero, muri ico gihe nyene, twarahimbawe no kubona hariko haraba iyongerekana ry’abamamaji b’Ubwami i Shipure.
Igihe natangura kuronka twa duhera umuntu aronswa kubera ko yakukurutse, narashoboye kugira uruhara mu busuku bimwe vyuzuye. Mugabo haciye imyaka mikeyi, narafashwe n’indwara yonona ubwonko yitwa apoplexie nca nja kubana n’umwana wanje James n’umuryango wiwe. Mu nyuma, igihe amagara yanje yarushiriza kumera nabi, naramaze mu bitaro amayinga makeyi hanyuma nimurirwa mu kigo kijejwe kubungabunga abageze mu zabukuru. Naho nguma numva mbabara mu mubiri, ndabwira inkuru nziza abakozi bo muri ico kigo, abarwaye be n’abaje kuhagendera. Ndamara kandi amasaha atari make ndiko ndiyigisha, kandi ndabifashijwemwo n’abavukanyi banje bo mu buryo bw’impwemu b’umutima mwiza, ndashobora kwitaba Inyigisho y’igitabu y’ishengero ibera hafi y’aho.
Mpumurizwa mu myaka y’ubusaza
Ndumva mpumurijwe igihe numvise amakuru yerekeye abo twe na Theodotos twafashije. Benshi mu bana babo n’abuzukuru babo bari mu murimo w’igihe cose, bamwe bakorera muri Ostraliya, muri Kanada, mu Bwongereza, mu Bugiriki no mu Busuwisi. Ubu, umwana wanje John n’umukenyezi wiwe n’abana babo baba muri Kanada. Umukobwa wabo mukuru n’umunega wiwe ni abatsimvyi. Umukobwa wabo w’umuhererezi na we be n’umunega wiwe, ari bo Linda n’umunega wiwe Joshua Snape baratumiwe kwitaba umugwi ugira 124 wa rya Shure ry’i Gileyadi.
Umwana wanje James n’umukenyezi wiwe ubu baba mu Budagi. Babiri mu bahungu babo bakorera kuri Beteli, umwe akorera i Atene mu Bugiriki, uwundi na we i Selters mu Budagi. Umuhungu wabo w’umuhererezi, umukobwa wabo n’umunega wiwe ni abatsimvyi bakorera mu Budagi.
Mbega inkuru ziteye umunezero nzotera mawe be n’umunega wanje nikundira Theodotos nibazuka! Bazoryoherwa cane no kubona intoranwa nziza basigiye umuryango wabo.b
[Utujambo tw’epfo]
a Raba Réveillez-vous! yo ku wa 8 Ruhuhuma 1975, urupapuro rwa 12-15.
b Igihe iki kiganiro cariko kirategurwa kugira gisohorwe, umuvukanyikazi Petridou yarapfuye amaze imyaka 93.
[Iciyumviro ku rup. 24]
Twarasubiriye kubona ukuntu Yehova aturemesha biciye ku kwifatanya mu buryo bwubaka n’abagenzi bakirisu bahumuye
[Ikarata ku rup. 24]
SHIPURE
NICOSIE
IKIYAGA MEDITERANE
MISIRI
KAYIRO
El Alamein
Alegizandiriya
Ismaïlia
Suez
Port Taufiq
Canal de Suez
[Abo dukesha ifoto ku rup. 24]
Based on NASA/Visible Earth imagery
[Ifoto ku rup. 23]
Aha nari kumwe na Theodotos mu 1938
[Ifoto ku rup. 25]
Uyu ni umwana wanje John ari kumwe n’umukenyezi wiwe
[Ifoto ku rup. 25]
Uyu ni umwana wanje James ari kumwe n’umukenyezi wiwe