ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w08 15/6 rup. 16-17
  • Woba witeguriye kuburanira ukwizera kwawe?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Woba witeguriye kuburanira ukwizera kwawe?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Ivyo bijanye
  • Nokwumvikana gute n’umwigisha wanje?
    Urwaruka ruribaza
  • Nokwumvikana gute n’umwigisha wanje?
    Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 1
  • Rwaruka—Yehova ntazokwibagira igikorwa mukora!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Abakiri bato bashemeza Yehova bararyohora ubuzima bwabo
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
w08 15/6 rup. 16-17

Woba witeguriye kuburanira ukwizera kwawe?

VYOBA vyarigeze gushika aho biba ngombwa ko uburanira ukwizera kwawe? Rimbura ivyashikiye umuvukanyikazi umwe w’imyaka 16 yitwa Susana wo muri Paraguay. Igihe kimwe bari mw’ishure bariko bariga, hari uwavuze ko Ivyabona vya Yehova batemera icitwa ngo ni Isezerano rya kera, batemera Yezu Kristu canke Mariya. Haravuzwe kandi ko Ivyabona ari abantu b’ishaka rirenze urugero ku buryo bokwemera gupfa aho kwemera kuvurwa. Wewe wari kuvyifatamwo gute?

Susana yarasenze Yehova hanyuma araduza ukuboko. Kubera ko ico cigwa barimwo cagira kirangire, yarasavye umwigisha wabo uruhusha rwo kuzoshikiriza ikiganiro gishingiye ku vyo yemera bwa Cabona ca Yehova. Uwo mwigisha utanka yaciye amwemerera. Mu ndwi zibiri zakurikiye, Susana yariteguriye ico kiganiro akoresheje ka gatabu Ivyabona vya Yehova​—Ni Bande? Bemera Ibiki?

Umusi wo gushikirizako ico kiganiro ushitse, Susana yarasiguye aho izina Ivyabona vya Yehova ryakomotse. Yarasiguye kandi icizigiro dufise ca kazoza be n’igituma tutemera guterwa amaraso. Yaciye asaba ishure kubaza ibibazo. Abanyeshure nka bose baradugije amaboko. Uwo mwigisha yaratangajwe n’ukuntu uwo mwigeme akiri muto yishura ibibazo yisunze Ivyanditswe.

Umunyeshure umwe yavuze ati: “Igihe kimwe naragiye mu Ngoro y’Ubwami, kandi nta gishushanyo na kimwe nahabonye.” Nya mwigisha yarashatse kumenya igituma. Susana yarasomye muri Zaburi 115:4-8 no muri Kuvayo 20:4. Uwo mwigisha ajorewe, yavuze ati: “Bigenda gute ngo mu nsengero zacu habe huzuye ibishushanyo kandi Bibiliya ivyiyamiriza?”

Ico kiganiro c’ibibazo n’inyishu carabandanije gushika ku minuta 40. Igihe Susana yababaza nimba bipfuza kuraba ya videwo ivuga ngo Pas de sang: la médecine relève le défi (Ubuvuzi butsinda urugamba rwo kuvura hadakoreshejwe amaraso.), bose baravyemeye. Uwo mwigisha yaciye atunganya ivy’uko ico kiganiro cobandanya bukeye. Bahejeje kuraba iyo videwo, Susana yarasiguye uburyo bwo kuvura hadakoreshejwe amaraso Ivyabona vya Yehova bamwebamwe bemera. Ku bijanye n’ivyo, uwo mwigisha yavuze ati: “Sinari nzi ko hariho uburyo bwinshi gutyo bwo kuvura hadakoreshejwe amaraso, sinari nzi kandi ivyiza biri mu kuvurwa hadakoreshejwe amaraso. None ubwo buryo bwo kuvura bwoba bukoreshwa ku Vyabona vya Yehova gusa?” Igihe uwo mwigisha yumva ko atari ukwo biri, yavuze ati: “Ivyabona vya Yehova nibasubira kuza iwanje, nzobaganiriza.”

Ikiganiro mu ntango Susana yari yateguye ko kimara iminuta 20, cahavuye kimara amasaha atatu. Haheze indwi, abandi banyeshure barashikirije ikiganiro ku bijanye n’ivyo bemera mw’idini ryabo. Bariko baragisozera, haravyutse ibibazo bitari bike, mugabo abo banyeshure ntibashoboye kuburanira ukwizera kwabo. Nya mwigisha yababajije ati: “Bigenda gute ngo ntimushobore kuburanira ukwizera kwanyu nk’uko umunyeshure mugenzi wanyu w’Icabona ca Yehova yabigize?”

Bishuye bati: “Bariga vy’ukuri Bibiliya. Ariko twebwe si ukwo.”

Nya mwigisha yarahindukiye araba Susana, avuga ati: “Muriga vy’ukuri Bibiliya kandi muragira akigoro ko gushira mu ngiro ivyo ivuga. Murakwiye gukezwa.”

Susana yari gushobora kuguma yihoreye. Yamara, kubera ko atanumye, yarakurikije akarorero keza ka ka kigeme k’Akisirayelikazi kari karatwawe inyagano n’Abasiriya. Ako kigeme kahavuye kaba mu rugo rw’intwazangabo y’Umusiriya yitwa Namani, uwari arwaye indwara y’urukoba isesemye. Ako kigeme k’Akisirayelikazi ntikahoze, kabwiye inabuja kati: “Icompa databuja akaja k’ūvugishwa n’Imana aba i Samariya! Yomukiza iyo mibembe yiwe.” Ako kigeme ntikari gushobora kureka gushinga intahe yerekeye Imana y’ukuri. Ivyo vyatumye shebuja wako Namani aba umusavyi wa Yehova.​—2 Abm. 5:3, 17.

Muri ubwo buryo nyene, Susana ntiyari kureka gushingira intahe Yehova n’abasavyi biwe. Mu kwibwiriza kuburanira ivyo yemera igihe hari havyutse ibibazo bivyerekeye, Susana yariko aragamburuka itegeko rishingiye ku Vyanditswe rigira riti: “Mweze Kristu bwa Mukama mu mitima yanyu, mwama nantaryo mwiteguriye kwiburanira imbere y’umuntu wese abasavye impamvu y’icizigiro kiri muri mwebwe, mugabo mubigirana ubwitonzi n’icubahiro kigera kure.” (1 Pet. 3:15) Woba witeguriye kuburanira ukwizera kwawe maze ukibwiriza kubigira igihe akaryo kabonetse?

[Ifoto ku rup. 17]

Ibi bikoresho birashobora kugufasha kuburanira ukwizera kwawe

[Ifoto ku rup. 17]

Ivyabona vya Yehova​—Ni Bande? Bemera Ibiki?

[Ifoto ku rup. 17]

Pas de sang : la médecine relève le défi

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika