ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w08 15/5 rup. 17-21
  • Nuhitemwo gukorera Yehova ukiri muto

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nuhitemwo gukorera Yehova ukiri muto
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Gukorera Yehova ni co kintu ukwiye gukora
  • Igihe abandi bakubajije ibibazo canke bakurwanije
  • Urugururiwe “umuryango munini”
  • “Ni mwumvirizeko, mumenye yuk’Uhoraho aryoshe”
  • Ijambo rya Yehova ryama riranguka
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Ivyo Yosuwa Yibutse
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • Rwaruka, nimuhitemwo gukorera Yehova
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Yosuwa 1:9: “Gira umutima rugabo kandi ukomere”
    Insobanuro y’imirongo yo muri Bibiliya
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
w08 15/5 rup. 17-21

Nuhitemwo gukorera Yehova ukiri muto

“Ushishikare mu vyo wize ukavyumvishwa ukavyemera.”​—2 TIM. 3:14.

1. Yehova abona gute igikorwa Ivyabona bakiri bato bamukorera?

IGIKORWA ceranda abakiri bato bakorera Yehova, aragiha agaciro cane ku buryo yahumetse ubuhanuzi buvuga ibiberekeye. Umwanditsi wa Zaburi yaririmvye ati: “Abantu bawe bitanga babikunze ku musi ugomora ingabo zawe; abasore bawe baza ah’uri nk’ikime, bashazishije ukwera, bavuye mu nda y’agatondotondo.” (Zab. 110:3) Ni vyo, Yehova araha agaciro cane abakiri bato bafise umutima ukunze wo kumukorera.

2. Ni utwosho two mw’isi utuhe abakiri bato bahangana na two muri kino gihe ku bijanye na kazoza kabo?

2 Yemwe bakiri bato muri mw’ishengero rya gikirisu, mwoba mwariyeguriye Yehova? Abatari bake boshobora kubona ko kugira iryo hitamwo ryo gukorera Imana y’ukuri bitoroshe. Abagwizatunga, abigisha, mbere rimwe na rimwe n’abo mu muryango be n’abagenzi, bararemesha abakiri bato guhahamira amaronko. Igihe abakiri bato bakurikiranye imigambi y’ivy’impwemu, akenshi usanga isi ibatwenga. Ariko ikizwi coco ni uko gukorera Imana y’ukuri ari bwo buryo bwo kubaho bwiza kuruta ubundi bwose mwokurikirana. (Zab. 27:4) Ku bijanye n’ivyo, nurimbure ibi bibazo bitatu: Ni kubera iki ukwiye gukorera Imana? Wokwererwa gute mu kubaho wariyeguriye Imana naho abandi bovuga ibiki canke bokora ibiki? Ni uduteka twiza cane utuhe tw’igikorwa ceranda ushobora kuronka?

Gukorera Yehova ni co kintu ukwiye gukora

3. Ivyo Yehova yaremye bikwiye gutuma dukora iki?

3 Ni kubera iki ukwiye gukorera ya Mana y’ukuri kandi nzima? Mu Vyahishuwe 4:11 haratanga impamvu nyamukuru hati: “Urabereye, Yehova, egome wewe Mana yacu, kuronka ubuninahazwa n’iteka n’ububasha, kubera ko waremye ibintu vyose, kandi kubera ukugomba kwawe vyarabayeho, kandi vyararemwe.” Yehova ni we Muremyi w’igitanganza yaremye ibiriho vyose. Ese ukuntu isi ari akaroruhore! Uri ibiti, amashurwe, ibikoko, amabahari, imisozi be n’amasumo, vyose vyaremwe na Yehova. Muri Zaburi 104:24 hagira hati: “Isi yuzuye ubutunzi [bw’Imana].” Ese ukuntu dukwiye gukenguruka kubona Yehova yaraduhaye abigiranye urukundo umubiri be n’umuzirikanyi bituma duhimbarirwa isi be n’ibintu vyiza biri kuri yo! None wumva ugukenguruka bimwe bivuye ku mutima ibintu vyiza igitangaza Imana yaremye bidakwiye gutuma twipfuza kuyikorera?

4, 5. Ni ibikorwa ibihe Yehova yakoze vyatumye Yosuwa amwiyegereza?

4 Iyindi mpamvu yotuma dukorera Yehova tuyisanga mu majambo yavuzwe na Yosuwa, uwabaye indongozi y’Abisirayeli. Amaja mu mpera y’ubuzima bwiwe, Yosuwa yabwiye abasavyi b’Imana ati: “Mu mitima yanyu no mu vyiyumviro vyanyu murazi neza mwese yukw ata kintu na kimwe mu vyiza vyose Uhoraho Imana yanyu yabasezeraniye kitāshitse; vyose vyarasohoye.” Ni kubera iki none Yosuwa yashoboye kuvuga ayo majambo?​—Yos. 23:14.

5 Kubera yuko Yosuwa yakuriye mu Misiri, ategerezwa kuba yarumvise ibijanye n’umuhango Yehova yahaye Abisirayeli wo kubaha igihugu begukira. (Ita. 12:7; 50:24, 25; Kuv. 3:8) Mu nyuma, Yosuwa yariboneye ingene Yehova yatanguye gushitsa uwo muhango mu guteza Misiri Ivyago Cumi be no mu kugondoza ya ntagondwa Farawo ikarekura Abisirayeli bakagenda. Yosuwa yari muri ba bantu barokorwa baciye mu Kiyaga Gitukura, kandi ico gihe yariboneye ukuntu ico kiyaga kimira Farawo n’ingabo ziwe. Mu rugendo rurerure Abisirayeli bagize baca muri “ka gahinga kanini kandi gateye ubwoba” (NW) ko mu Bugaragwa bwa Sinayi, Yosuwa yariboneye ukuntu Yehova yabaronkeje ikintu cose bari bakeneye. Nta n’umwe muri bo yishwe n’inyota canke n’inzara. (Gus. 8:3-5, 14-16; Yos. 24:5-7) Igihe kimaze kugera c’uko Abisirayeli batsinda amahanga yari akomeye y’Abanyakanani maze bakigarurira ca Gihugu c’isezerano, Yosuwa yariboneye ingene Imana, we hamwe n’abandi Bisirayeli basenga, yabafashe mu mugongo muri ico gikorwa.​—Yos. 10:14, 42.

6. Ni igiki kizogufasha gutsimbataza icipfuzo co gukorera Imana?

6 Yosuwa yari azi yuko Yehova yashikije imihango yatanze. Ni co gituma Yosuwa yavuze ati: “Jeho n’abo mu rugo rwanje tuzokwama tugendanira Uhoraho.” (Yos. 24:15) Weho bite? Igihe uzirikanye ku mihango Imana y’ukuri imaze kurangura be no ku yo yimirije kurangura, woba uca ugira icipfuzo co kuyikorera nk’uko Yosuwa yabigize?

7. Ni kubera iki kubatizwa mu mazi ari intambwe ihambaye dukwiye gutera?

7 Kuzirikana ku bintu Yehova yaremye be no ku mihango yiwe myiza igitangaza kandi yo kwizigirwa bimwe vyuzuye, ntibikwiye kukuvyurira gusa umutima wo kumwiyegurira ariko kandi bikwiye kukuvyurira umutima wo kugaragaza ukwo kwiyegura kwawe mu kubatizwa mu mazi. Ibatisimu ni intambwe ihambaye abashaka gukorera Imana bategerezwa gutera. Ivyo birerekanwa neza na Yezu, we Karorero kacu. Gatoya imbere y’uko atangura igikorwa yakoze ari Mesiya, yaragiye kwa Yohani Umubatizi kugira ngo amubatize. None ni kubera iki Yezu yateye iyo ntambwe? Mu nyuma yavuze ati: “Namanutse mva mw’ijuru, atari ukugira ngo nkore ukugomba kwanje, mugabo ngo nkore ukugomba kw’uwandungitse.” (Yoh. 6:38) Yezu yabatijwe kugira ngo yerekane ko yihaye Se ngo akore ivyo agomba.​—Mat. 3:13-17.

8. Ni kubera iki Timoteyo yahisemwo gusenga Imana, kandi ni igiki woshobora kuba ukeneye gukora?

8 Rimbura kandi akarorero ka Timoteyo, uno akaba yari umukirisu akiri muto Yehova yahavuye azeza igikorwa kinini akamutera n’uduteka twinshi. Ni kubera iki none Timoteyo yahisemwo gusenga Imana y’ukuri? Bibiliya itubwira ko ‘hari ibintu yari yarize kandi ko yari yarumvishijwe akemera.’ (2 Tim. 3:14) Nimba warize Ijambo ry’Imana kandi ukaba warumvishijwe ukemera ko inyigisho ritanga ari iz’ukuri, ivyawe vyifashe nk’uko ivya Timoteyo vyari bimeze. Ubu rero urakeneye gufata ingingo. Ni kubera iki utoganira n’abavyeyi bawe ku bijanye n’ivyo wipfuza gukora? Abo bavyeyi bari kumwe n’abakurambere b’ishengero, barashobora kugufasha gutahura ibisabwa bishingiye ku Vyanditswe kugira ngo ubatizwe.​—Soma Ibikorwa 8:12.

9. Igihe uteye intambwe yo kubatizwa, abandi boshobora kuvyakira gute?

9 Niwabatizwa, iyo izoba ari intango nziza yo gukorera Imana y’ukuri. Uteye iyo ntambwe, uba utanguye isiganwa rirerire ryo kwiruka n’amaguru, irizotuma uronka ubuzima budahera ukongera ukaronka umunezero muri iki gihe kubera yuko uriko ukora ivyo Imana igomba. (Heb. 12:2, 3) Uzotuma kandi abagize umuryango wawe bamaze gutangura iryo siganwa be n’abagenzi bawe bo mw’ishengero rya gikirisu bagira akanyamuneza. Igihambaye kuruta vyose, uzotuma umutima wa Yehova uhimbarwa. (Soma Imigani 23:15.) Ni ivy’ukuri yuko abandi boshobora kudatahura igituma wahisemwo gusenga Yehova, kandi boshobora kubona ko iyo ngingo itabereye. Boshobora mbere no kukurwanya. Ariko urashobora kwihanganira izo ngorane kandi ibintu bikagenda neza.

Igihe abandi bakubajije ibibazo canke bakurwanije

10, 11. (a) Ni ibibazo ibihe abantu boshobora kukubaza ku bijanye n’ingingo wafashe yo gukorera Imana? (b) Ni igiki woshobora kwigira ku kuntu Yezu yishuye ibibazo bamubajije ku bijanye n’ugusenga kw’ukuri?

10 Abo mwigana, ababanyi be n’incuti, boshobora kuzazanirwa n’ingingo wafashe yo gukorera Yehova. Boshobora kukubaza igituma wahisemwo gukurikirana iyo ngendo bakongera bakakubaza ibijanye n’ivyo wemera. None ukwiye kuvyifatamwo gute? Birumvikana yuko ukeneye gusuzuma ivyiyumviro vyawe be n’inyiyumvo zawe kugira ngo ushobore kubasigurira impamvu zatumye ugira iryo hitamwo. Vyongeye, mu kwishura ibibazo uba ubajijwe ku bijanye n’ivyo wemera, nta kandi karorero na kamwe kariho wokwisunga karuta akatanzwe na Yezu.

11 Igihe indongozi z’idini ry’Abayuda zabaza Yezu ibijanye n’izuka, yarerekeje ivyiyumviro vyabo ku canditswe batari bwazirikaneko. (Kuv. 3:6; Mat. 22:23, 31-33) Igihe umwanditsi umwe yamubaza ibwirizwa risumba ayandi iryo ari ryo, Yezu yaciye amusubiriramwo imirongo yo muri Bibiliya ijanye n’ico kintu. Uwo mugabo yarakengurukiye Yezu ku nyishu yamuhaye. (Lew. 19:18; Gus. 6:5; Mrk. 12:28-34) Ukuntu Yezu yakoresha Ivyanditswe be n’uburyo yavuga vyatumye “muri iryo sinzi . . . haba ukwicamwo ibice kubera we,” gutyo abamurwanya ntibashobora kumugirira nabi. (Yoh. 7:32-46) Igihe wishura ibibazo bakubajije ku bijanye n’ukwizera kwawe, nukoreshe Bibiliya maze wishurane “ubwitonzi n’icubahiro kigera kure.” (1 Pet. 3:15) Nimba udafise inyishu ku kibazo kinaka bakubajije, niwemere ko ata yo ufise maze uvuge ko ugiye kugira ubushakashatsi. Uraheza ugire ubushakashatsi kuri ico kibazo ukoresheje ca gitabu Index des Publications Watch Tower canke ca cegeranyo c’amayagwa yo mu bitabu vyacu citwa Watchtower Library kiri ku kadisiki kitwa CD-ROM, nimba biboneka mu rurimi utahura. Niwitegura neza, ‘uzomenya ingene ubwirizwa kwishura.’​—Kol. 4:6.

12. Ni kubera iki udakwiye kureka ngo uruhamo ruguce intege?

12 Woshobora gushikirwa n’ibindi bintu uretse ukubazwa ibibazo ku bijanye n’ingingo wafashe canke ku bijanye n’ivyo wemera. Nakare umwansi w’Imana, ari we Shetani wa Mubesheranyi, ni we aganza isi. (Soma 1 Yohani 5:19.) Ntivyoba vyumvikana hamwe wokwitega ko abantu bose bazogukeza canke ko bazogushima, kandi woshobora kurwanywa. Abantu bamwebamwe boshobora “ku[gu]tuka,” kandi boshobora kubandanya babigira. (1 Pet. 4:4) Ariko urama wibuka ko atari wewe wenyene bishikira. Yezu Kristu na we nyene yarahamwe. Intumwa Petero na we nyene yarashikiwe n’uruhamo, kandi yanditse ati: “Bakundwa, ntimuzazanirwe n’umuriro [w’imibabaro] waka muri mwebwe, uwuriko ubashikira ku bw’ukugeragezwa, nk’aho mwoba muriko mushikirwa n’ikintu c’akatabonetse. Ahubwo, mubandanye kunezerwa kuko muri abasangira imibabaro ya Kristu.”​—1 Pet. 4:12, 13.

13. Ni kubera iki abakirisu bashobora guhimbarwa igihe baba bariko barahamwa?

13 Kwihanganira uruhamo canke ukurwanywa kubera yuko uri umukirisu ni ikintu ukwiye guhimbarirwa. Uti kubera iki? Kubera yuko mu gihe wokwemerwa n’isi vyoba vyerekana ko utabayeho wisunga ingingo mfatirwako z’Imana, ahubwo ko ubayeho wisunga iza Shetani. Yezu yatanze ingabisho igira iti: “Muzoba mugowe, igihe cose abantu bose bazoba babavuga neza, kuko ibintu nk’ivyo ari vyo ba sekuruza babo bagirira abahanuzi b’ikinyoma.” (Luka 6:26) Uruhamo rwerekana ko Shetani n’isi yiwe bakwanka kubera yuko ukorera Yehova. (Soma Matayo 5:11, 12.) Bisubiye, “[g]utukwa [d]uhorwa izina rya Kristu,” ni ikintu gikwiye kuduhimbara.​—1 Pet. 4:14.

14. Ni ivyiza ibihe bishobora kuboneka igihe umuntu agumye ari umwizigirwa kuri Yehova naho yoba ariko arahamwa?

14 Igihe ugumye uri umwizigirwa kuri Yehova naho woba uriko urarwanywa, hariho n’imiburiburi ibintu vyiza bine bivamwo. Urashingira intahe Imana be n’Umwana wayo. Ukwo kwihangana udahemuka kuraremesha abavukanyi n’abavukanyikazi bawe bakirisu. Abantu bamwebamwe batazi Yehova bakwitegereza boshobora kuvyurirwa umutima wo kurondera kumumenya. (Soma Abafilipi 1:12-14.) N’ikindi kandi, uko wibonera ukuntu Yehova akuronsa inkomezi zo kwihanganira ingorane, urukundo umukunda rurongerekana.

Urugururiwe “umuryango munini”

15. Ni “umuryango munini” uwuhe intumwa Paulo yugururiwe?

15 Ku bijanye n’ubusuku intumwa Paulo yaranguriye i Efeso, yanditse ati: “N[ar]ugururiwe umuryango munini ujana ku gikorwa.” (1 Kor. 16:8, 9) Uwo wari umuryango ushikana ku gikorwa gikomeye co kwamamaza inkuru nziza no guhindura abantu abigishwa muri ico gisagara. Mu guca muri uwo muryango, Paulo yarafashije abantu batari bake kwiga ivyerekeye Yehova be no kumusenga.

16. Ni mu buryo ubuhe mu 1919 amasigarira y’abasizwe yaciye mu “muryango wuguruye”?

16 Mu 1919, Yezu Kristu uwari amaze kuninahazwa, yarashize “umuryango wuguruye” imbere y’amasigarira y’abasizwe. (Ivyah. 3:8) Baraciye muri uwo muryango maze baratangura kwamamaza inkuru nziza, barigisha abantu ukuri kwo muri Bibiliya babigiranye umwete mwinshi kuruta uwo bari barigeze kugira mu kindi gihe ico ari co cose. None ubwo busuku baranguye bwavuyemwo iki? Ubu inkuru nziza iramaze gushika ku mpera z’isi, kandi abantu nk’imiliyoni indwi barafise icizigiro co kuzoronka ubuzima budahera mw’isi nshasha y’Imana.

17. Ushobora gute guca mu “muryango munini ujana ku gikorwa”?

17 “Umuryango munini ujana ku gikorwa” uracugururiwe cane abasavyi ba Yehova bose. Abawucamwo bararonka umunezero be n’ugushira akanyota uko bagira uruhara cane mu gikorwa co kwamamaza inkuru nziza. Yemwe basavyi ba Yehova mukiri bato, mwoba muha agaciro cane ako gateka ata co kogereranywa ko gufasha abandi ngo “[b]izere inkuru nziza”? (Mrk. 1:14, 15) Mwoba mumaze kurimbura ibijanye no gukora muri abatsimvyi basanzwe canke abatsimvyi bafasha? Ubwubatsi bw’Ingoro z’Ubwami, umurimo wo kuri Beteli be n’umurimo w’ubumisiyonari, ni utundi turyo benshi muri mwebwe mwoshobora kuronka. Kubera yuko umwanya iyi si mbi ya Shetani isigaje uri ku rushi, kugira uruhara muri iyo mice y’igikorwa c’Ubwami biguma birushiriza kuba ivyihutirwa ku musi ku musi. Woba uzoca muri uwo “muryango munini” magingo bigishoboka?

“Ni mwumvirizeko, mumenye yuk’Uhoraho aryoshe”

18, 19. (a) Ni igiki cafashije Dawidi kugira icipfuzo gikomeye co gukorera Yehova? (b) Ni igiki cerekana ko Dawidi atigeze yicuza kuba yarakoreye Imana?

18 Umwanditsi wa Zaburi ahumekewe n’Imana yarateye akamo abandi bantu ngo “[b]umvirizeko, [ba]menye yuk’Uhoraho aryoshe.” (Zab. 34:8) Igihe Umwami Dawidi wa Isirayeli ya kera yari umwungere akiri muto, Yehova yagiye aramurokora mu gihe yaba atewe n’ibikoko vyo mw’ishamba. Imana yaramushigikiye igihe yarwana na Goliyati kandi yagiye iramurokora mu vyago bitari bike. (1 Sam. 17:32-51; Zab. 18, utujambo tw’intangamarara) Dawidi asunitswe n’ubuntu-mvarukundo bw’Imana, yanditse ati: “Uhoraho, Mana yanje, ibikorwa bitangaje wakoze ni vyinshi, bo n’ivyo wiyumvira kutugirira; nta wogereranywa nawe.”​—Zab. 40:5.

19 Dawidi yahavuye akunda cane Yehova kandi yari afise icipfuzo co kumushemeza abigiranye umutima wiwe wose be n’umuzirikanyi wiwe wose. (Soma Zaburi 40:8-10.) Uko imyaka yagiye irarengana, Dawidi ntiyigeze yicuza kuba yarakoresheje ubuzima bwiwe mu gusenga Imana y’ukuri. Kubaho yihebeye Imana ni co cari ikintu c’agaciro kuruta ibindi vyose kuri we, iryo rikaba ryari isôko ry’agahimbare katagira uko kangana. Dawidi amaze kugera mu za bukuru, yavuze ati: “[Ni] wewe vyizigiro vyanje, Mwami Uhoraho: ni wewe nizera, uhereye mu buto bganje, Mana, ntumpebe, kugeza no mu butāma bganje mmeze imvi.” (Zab. 71:5, 18) Mbere naho inkomezi z’umubiri za Dawidi zari zagabanutse, ukwizigira Yehova kwiwe be n’ubucuti yari afitaniye na we vyararushirije gukomera.

20. Ni kubera iki gukorera Imana ari bwo buryo bwiza gusumba ubundi bwo gukoresha ubuzima bwawe?

20 Ubuzima bwa Yosuwa, ubwa Dawidi be n’ubwa Timoteyo, ni ibindi bintu vyemeza ko gukorera Yehova ari bwo buryo bwiza gusumba ubundi bwo gukoresha ubuzima bwawe. Inyungu z’ivy’umubiri zimara igihe gito umuntu akura mu kazi ko muri ino si, nta ho zihuriye n’ivyiza biramba ushobora gukura mu ‘gukorera Yehova n’umutima wawe wose be n’ubuzima bwawe bwose.’ (Yos. 22:5) Nimba utariyegurira Yehova mw’isengesho, niwibaze uti: ‘Ni igiki kimfatira kikambuza kuba Icabona ca Yehova?’ Nimba umaze kuba umusavyi wa Yehova yabatijwe, woba woshima kwongereza umunezero mu buzima bwawe? Niwagure rero umurimo wawe, wongere ugume utera imbere mu vy’impwemu. Ikiganiro gikurikira kirakwereka ukuntu ushobora gutera imbere mu vy’impwemu mu kwigana akarorero k’intumwa Paulo.

Wokwishura gute?

• Tanga impamvu zibiri zerekana igituma dukwiye gukorera Imana.

• Ni igiki cafashije Timoteyo gufata ingingo yo gukorera Imana?

• Ni kubera iki ukwiye kuguma ushikamye igihe uba uriko urahamwa?

• Ni uturyo tw’umurimo utuhe woshobora kuronka?

[Ifoto ku rup. 18]

Gukorera Yehova ni bwo buryo bwo kubaho bwiza gusumba ubundi

[Ifoto ku rup. 19]

Woba ushobora kwishura ibibazo bokubaza ku bijanye n’ukwizera kwawe?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika