Dukwiye gufata abandi gute?
“Nk’uko mushaka ko abantu babagirira, abe ari kwo nyene mubagirira.”—LUKA 6:31.
1, 2. (a) Ya Nsiguro yo ku Musozi ni iki? (b) Ni ibiki tuza kurimbura muri iki kiganiro no mu gikurikira?
YEZU KRISTU mu vy’ukuri yari Umwigisha ahambaye. Igihe abansi biwe b’abanyedini batuma abapolisi kumufata, bano bagarutse ari imbokoboko maze bavuga bati: “Ntiharigera haboneka uwundi muntu avuga nka we.” (Yoh. 7:32, 45, 46) Imwe mu nsiguro Yezu yashikirije abigiranye ubuhanga ni ya Nsiguro yo ku Musozi. Iyo nsiguro tuyisanga mu Njili ya Matayo kuva ku kigabane ca 5 gushika ku ca 7, kandi no muri Luka 6:20-49 haravugwa amakuru asa na yo.a
2 Kumbure amajambo azwi cane yo muri iyo nsiguro ni amwe akunze kwitwa Itegeko ry’agakura. Iryo tegeko rirerekana ukuntu twofata abandi. Yezu yavuze ati: “Nk’uko mushaka ko abantu babagirira, abe ari kwo nyene mubagirira.” (Luka 6:31) Kandi, ese ibikorwa vyiza Yezu yakoreye abantu! Yarakijije abarwaye, mbere arazura n’abapfuye. Ariko rero, abantu barahezagirwa bimwe bidasanzwe igihe baba bemeye inkuru nziza yababwira. (Soma Luka 7:20-22.) Twebwe Ivyabona vya Yehova, turahimbarwa no kugira uruhara mu gikorwa nk’ico nyene co kwamamaza Ubwami. (Mat. 24:14; 28:19, 20) Muri iki kiganiro no mu gikurikira, turaza kurimbura amajambo Yezu yavuze ku bijanye n’ico gikorwa hamwe n’ibindi vyiyumviro vyo muri ya Nsiguro yo ku Musozi vyerekeye ukuntu dukwiye gufata abandi.
Tube abitonda
3. Ubwitonzi wobusigura gute?
3 Yezu yavuze ati: “Hahiriwe abitonda, kuko bazotorana isi.” (Mat. 5:5) Ivyanditswe vyerekana ko ubwitonzi ata ho busa busana n’ubugoyagoye. Ni ubugwaneza tugaragaza mu gukurikiza ivyo Imana idusaba. Iyo kamere yigaragariza mu kuntu twigenza imbere y’abantu nkatwe. Nk’akarorero, ‘nta n’umwe twishura ikibi ku kindi.’—Rom. 12:17-19.
4. Ni kubera iki abitonda bahiriwe?
4 Abitonda barahiriwe kubera ko “bazotorana isi.” Yezu, uno akaba ‘yaritonda kandi akiyorosha mu mutima,’ “[yaragenywe] kuba samuragwa w’ibintu vyose,” kandi ku bw’ivyo ni we muntu wa mbere atorana isi. (Mat. 11:29; Heb. 1:2; Zab. 2:8) Vyari vyaravuzwe ko “Umwana w’umuntu” ari we Mesiya, yobaye afise abofadikanije na we kuganza mu Bwami bwo mw’ijuru. (Dan. 7:13, 14, 21, 22, 27) Kubera ko abitonda 144.000 basizwe ari “abaraganwa na Kristu,” na bo nyene bobwirijwe gutorana isi nka Yezu. (Rom. 8:16, 17; Ivyah. 14:1) Abandi bantu bitonda bazokwironkera ubuzima budahera kw’isi izoba itwarwa n’ubwo Bwami.—Zab. 37:11.
5. Kugaragaza ubwitonzi nk’ubwa Kristu bitumarira iki?
5 Hamwe twoba abantu bameze nabi, twoba turiko turagerageza ukwihangana kw’abandi maze bigatuma baduca kure. Ariko rero, kugaragaza ubwitonzi nk’ubwa Kristu bituma tuba abagize ishengero bama bahimbaye kandi bakomeza abandi mu vy’impwemu. Ubwitonzi ni imwe muri kamere inguvu ikora y’Imana yama muri twebwe igihe ‘tubayeho kandi tukagenda twisunga impwemu.’ (Soma Abagalatiya 5:22-25.) Nta gukeka ko dushaka guharurwa mu bantu bagaragaza ubwitonzi bayoborwa n’impwemu nyeranda ya Yehova.
Ese ukuntu abanyembabazi bahiriwe!
6. “Abanyembabazi” bafise kamere izihe zihimbaye?
6 Muri ya Nsiguro yiwe yo ku Musozi, Yezu yavuze kandi ati: “Hahiriwe abanyembabazi, kuko bazogirirwa imbabazi.” (Mat. 5:7) “Abanyembabazi” baragaragariza impuhwe zirangwa ikibabarwe abari n’ivyo bakeneye, bakabitwarikana umutima mwiza, mbere bakabumvira n’ikigongwe. Yezu yararuhurira abantu baba bari mu mibabaro abicishije ku bitangaro yakora kubera ko “bamutera ikigongwe” canke ivyabo “[vya]mutera ikigongwe.” (Mat. 14:14; 20:34) Ku bw’ivyo rero, kwumvira abandi ikigongwe no kubitwararika birakwiye gutuma tuba abanyembabazi.—Yak. 2:13.
7. Kwumvira abandi ikigongwe vyatumye Yezu akora iki?
7 Igihe isinzi ry’abantu ryahura na Yezu agiye kuruhuka gatoyi, yumvise “bamute[ye] ikigongwe, kuko bari bameze nk’intama zitagira umwungere.” Yaciye “atangura kubigisha ibintu vyinshi.” (Mrk. 6:34) Ese akanyamuneza tugira igihe na twebwe nyene tubwiye abandi ubutumwa bwerekeye Ubwami be n’ivyerekeye imbabazi nyinshi z’Imana!
8. Ni kubera iki abanyembabazi bahiriwe?
8 Abanyembabazi barahiriwe kubera ko “[ba]girirwa imbabazi.” Igihe dufatana abantu imbabazi, na bo bakunze guca babigenza gutyo nyene. (Luka 6:38) Ikigeretseko, Yezu yavuze ati: “Nimwababarira abantu amakosa yabo, na So wo mw’ijuru azobababarira.” (Mat. 6:14) Abanyembabazi ni bo bonyene bagira agahimbare kava ku kubabarirwa ibicumuro no ku kwemerwa n’Imana.
Igituma “indemeshamahoro” bahiriwe
9. Tuzokora iki niba turi indemeshamahoro?
9 Mu kuvuga iyindi mvo ituma umuntu ahimbarwa, Yezu yavuze ati: “Hahiriwe indemeshamahoro, kuko bazokwitwa ‘abana b’Imana.’” (Mat. 5:9) Nitwaba indemeshamahoro, ntituzoshigikira canke ngo tugire uruhara mu kintu na kimwe, nk’amajambo yambika ibara abandi, coshobora “[gu]tandukanya abakundana cane.” (Imig. 16:28) Haba mu mvugo no mu ngiro, tuzogiranira amahoro n’abantu, baba ari abo mw’ishengero rya gikirisu canke abo hanze yaryo. (Heb. 12:14) N’ikiruta vyose, tuzokora uko dushoboye kwose kugira ngo tugume dufitaniye amahoro na Yehova Imana.—Soma 1 Petero 3:10-12.
10. Ni kubera iki “indemeshamahoro” bahiriwe?
10 Yezu yavuze ko “indemeshamahoro” bahiriwe, “kuko bazokwitwa ‘abana b’Imana.’” Kubera yuko abakirisu basizwe bizera ko Yezu ari we Mesiya, bararonka “uburenganzira bwo gucika abana b’Imana.” (Yoh. 1:12; 1 Pet. 2:24) Tuvuge iki none ku bijanye n’abagize “izindi ntama” za Yezu b’indemeshamahoro? Ni we azobabera ‘Se wabo ahoraho’ mu gihe c’Ingoma yiwe y’imyaka igihumbi, iyo azoganza ari kumwe n’abaraganwa na we mw’ijuru. (Yoh. 10:14, 16; Yes. 9:6; Ivyah. 20:6) Mu mpera y’Ubutegetsi bwiwe bw’imyaka igihumbi, izo ndemeshamahoro bazoba abana b’Imana bo kw’isi bimwe bishitse.—1 Kor. 15:27, 28.
11. Tuzofata abandi gute nimba turongorwa n’“ubukerebutsi buva hejuru”?
11 Kugira ngo tugiriranire ubucuti somambike na Yehova “ya Mana y’amahoro,” dutegerezwa kwigana kamere ziwe, harimwo n’ukuba indemeshamahoro. (Flp. 4:9) Nitwareka ubwacu tukayoborwa n’“ubukerebutsi buva hejuru”, tuzofata abandi mu buryo burangwa amahoro. (Yak. 3:17) Emwe, tuzoba indemeshamahoro bahiriwe.
“Mureke umuco wanyu wake”
12. (a) Yezu yavuze iki ku bijanye n’umuco wo mu buryo bw’impwemu? (b) Dushobora gute kureka umuco wacu ukaka?
12 Igihe dufasha abandi kwironsa umuco wo mu buryo bw’impwemu uva ku Mana, tuba tugaragaje ko tubafata mu buryo bwiza kuruta ubundi bushoboka. (Zab. 43:3) Yezu yarabwiye abigishwa biwe yuko bari “umuco w’isi,” maze aca abahimiriza kureka umuco wabo ukaka kugira ngo abantu bashobore kubona “ibikorwa vyiza” bakorera abandi. Ivyo vyotumye umuco wo mu buryo bw’impwemu wakira “imbere y’abantu,” ni ukuvuga ukaka ku bw’ineza y’umuryango w’abantu. (Soma Matayo 5:14-16.) Muri iki gihe, turareka umuco wacu ukaka mu gukorera iciza bagenzi bacu no mu kugira uruhara mu gikorwa co kwamamaza inkuru nziza “mw’isi yose,” ni ukuvuga, “mu mahanga yose.” (Mat. 26:13; Mrk. 13:10) Mbega agateka twatewe!
13. Ni ibiki tumenyekanirako?
13 Yezu yavuze ati: “Igisagara ntigishobora kunyegezwa iyo kiri ku musozi.” Igisagara ico ari co cose kiri ku musozi coshobora kuboneka bitagoranye. Muri ubwo buryo nyene, turamenyekanira ku bikorwa vyiza dukora bwa bamamaji b’Ubwami no kuri kamere tugaragaza, nk’ukuba abatarenza urugero be n’ukuba abatanduye.—Tito 2:1-14.
14. (a) Wovuga ko amatara yo mu kinjana ca mbere yari ameze gute? (b) Bisobanura iki kudahisha umuco wo mu buryo bw’impwemu munsi y’“igisimbo co gupimisha”?
14 Yezu yaravuze ibijanye no kudomeka itara no kurishira ku co riterekwako aho kurishira munsi y’igisimbo, kugira ngo rishobore kwakira imbere abari mu nzu bose. Itara risanzwe ryo mu kinjana ca mbere rwari urwavya rwo mw’ibumba ruriko urutambi rwakwega amavuta (akenshi bakaba bakoresha amavuta y’umwelayo) ryakora nka kurya kw’ikoroboyi. Kubera ko akenshi itara ryaterekwa ku kintu gikirurutse gikozwe mu giti canke mu cuma, ryarashobora ‘kwakira ababa bari mu nzu bose.’ Abantu ntibashobora kudomeka itara maze ngo barishire munsi y’“igisimbo co gupimisha”. Yezu ntiyashaka ko abigishwa biwe bahisha umuco wabo wo mu buryo bw’impwemu munsi y’igisimbo co gupimisha c’ikigereranyo. Ni co gituma na twebwe dutegerezwa kureka umuco wacu ukaka, ntitwigere twemerera ukurwanywa canke uruhamo ngo bitume duhisha ukuri kwo mu Vyanditswe canke ngo tukwigumizemwo.
15. “Ibikorwa vyiza” turangura bigira ico bikoze gute ku bantu bamwebamwe?
15 Yezu amaze kuvuga ivyerekeye itara ryaka, ni ho yaciye abwira abigishwa biwe ati: “Namwe nyene mureke umuco wanyu wakire imbere y’abantu, ngo babone ibikorwa vyanyu vyiza hanyuma baninahaze So ari mw’ijuru.” Kubera “ibikorwa vyiza” turangura, bamwebamwe ‘baraninahaza’ Imana mu kuba abasavyi bayo. Ese ukuntu ivyo bituvyurira umutima wo kuguma ‘twaka nk’amatara mw’isi’!—Flp. 2:15.
16. Kuba “umuco w’isi” bidusaba iki?
16 Kuba “umuco w’isi” bisaba ko tugira uruhara muri ca gikorwa co kwamamaza Ubwami no guhindura abantu abigishwa. Ariko hari n’ikindi dusabwa. Intumwa Paulo yanditse ati: “Mubandanye kugenda nk’abana b’umuco, kuko ivyamwa vy’umuco bigizwe n’ubwoko bwose bw’ukumera neza n’ubugororotsi n’ukuri.” (Ef. 5:8, 9) Turakwiye kuba uturorero ntangamuco mu kwigenza mu buryo buhimbara Imana. Nkako, dutegerezwa kwumvira impanuro intumwa Petero yatanze igira iti: “Mugumane ingeso nziza mu mahanga, kugira ngo, mu kintu babavugamwo nabi nk’inkozi z’ibibi, bivuye ku bikorwa vyanyu vyiza bibonera, baninahaze Imana ku musi w’igendura ryayo.” (1 Pet. 2:12) Ariko none ni igiki gikwiye gukorwa igihe ubucuti buri hagati y’abasangiye ukwizera butosekaye?
‘Niwikiranure n’umuvukanyi wawe’
17-19. (a) Ni “ishikanwa” bwoko ki rivugwa muri Matayo 5:23, 24? (b) Gusubiza hamwe n’umuvukanyi bihambaye ku rugero rungana iki, kandi Yezu yavyerekanye gute?
17 Muri ya Nsiguro yiwe yo ku Musozi, Yezu yaragabishije abigishwa biwe ku bijanye no kubandanya kurakira umuvukanyi canke kumusuzugura. Ahubwo nyabuna, babwirizwa kwikiranura ningoga n’umuvukanyi baba bari n’ico bapfa. (Soma Matayo 5:21-25.) Zirikana witonze ku mpanuro Yezu yatanze. Igihe waba uzanye ishikanwa ryawe ku gicaniro hanyuma ukahibukira ko umuvukanyi wawe hari ico yapfa nawe, none wabwirizwa guca ukora iki? Wabwirizwa guca usiga ishikanwa ryawe ng’aho imbere ya nya gicaniro, hanyuma ukagenda ukabanza kwikiranura n’uwo muvukanyi wawe. Ivyo umaze kubigira, ni ho washobora kugaruka maze ugatanga nya shikanwa ryawe.
18 Iryo “shikanwa” akenshi ryaba ari ishikanwa ry’ikimazi umuntu yashobora kuzana ku rusengero rwa Yehova. Ibimazi vy’ibitungwa vyari bihambaye cane, kuko Imana yari yategetse ko biba mu bigize ugusenga kw’Abisirayeli mu gihe ca rya Tegeko rya Musa. Ariko bishitse ukibuka yuko umuvukanyi wawe hari ico yapfa nawe, gutunganya iyo ngorane vyaca mbere biba ivyihutirwa kuruta gutanga iryo shikanwa ryawe. Yezu yavuze ati: “Nuce usiga ishikanwa ryawe ng’aho imbere ya nya gicaniro, hanyuma ugende; nubanze wikiranure n’umuvukanyi wawe, maze niwagaruka, ubone gushikana ishikanwa ryawe.” Gusubiza hamwe n’umuvukanyi ni vyo vyategerezwa gufatanwa uburemere cane kuruta gushitsa igisabwa co muri rya Tegeko.
19 Mu vyo Yezu yavuze ntiyagarukirije gusa ku mashikanwa adasanzwe canke ku bicumuro kandondwa. Ku bw’ivyo rero, igihe umuntu yaba yibutse ko umuvukanyi wiwe hari ico yapfa na we, yategerezwa kubanza kureka gutanga ishikanwa iryo ari ryo ryose. Niba uwo muntu yaba yaje gushikana igitungwa kibona, categerezwa gusigwa ng’aho “imbere ya nya gicaniro” c’ishikanwa ryo kwoswa cari mu kigo c’urusengero abaherezi basukuriramwo. Nya ngorane imaze gutorerwa umuti, ni ho nyene gukora ikosa yashobora kugaruka maze iryo shikanwa rigaheza rigatangwa.
20. Ni kubera iki dukwiye gusubiza ibintu mu buryo tudatebaganye niba twashavuraniye n’umuvukanyi?
20 Ufatiye ku kuntu Imana ibona ibintu, ubucuti dufitaniye n’abavukanyi bacu ni ikintu gihambaye kigize ugusenga kw’ukuri. Yehova yabona ko ata gaciro ibimazi vy’ibitungwa bifise mu gihe ababishikana bataba bafata bagenzi babo mu buryo bubereye. (Mika 6:6-8) Ni co gituma Yezu yahimirije abigishwa biwe ‘kwikiranura ningoga.’ (Mat. 5:25) Paulo yaranditse ibisa n’ivyo ati: “Murake, yamara ntimucumure; izuba ntirirenge mugishavuye, kandi ntimuhe ikibanza wa Mubesheranyi.” (Ef. 4:26, 27) Niba koko bishitse tugashavura bivuye ku mvo yumvikana, turakwiye gusubiza ibintu mu buryo tudatebaganye kugira ntitugume turatse, ngo duhave dusanga wa Mubesheranyi twamuhaye akabero.—Luka 17:3, 4.
Twame nantaryo dufatana abandi icubahiro
21, 22. (a) Dushobora gute gushira mu ngiro impanuro Yezu yatanze tumaze kurimbura? (b) Ni ibiki tuza kurimbura mu kiganiro gikurikira?
21 Gusubira kwihweza amajambo amwamwe Yezu yavuze muri ya Nsiguro yiwe yo ku Musozi birakwiye kudufasha gufata abandi mu buryo buranga ubuntu n’icubahiro. Naho twese turi abanyagasembwa, turashobora gushira mu ngiro impanuro Yezu yatanze kubera ko atatwitegako ivyo tudashoboye, kandi na Data wa twese wo mw’ijuru ni kwo kw’uko. Turashobora kuba abitonda, abanyembabazi n’indemeshamahoro igihe twokwama dusenga, tukagira akigoro kavuye ku mutima kandi tugafashwa na Yehova Imana. Turashobora guca ibibatsi vy’umuco wo mu buryo bw’impwemu waka ku bw’ubuninahazwa bwa Yehova. Vyongeye, turashobora kwikiranura n’umuvukanyi wacu igihe bibaye ngombwa.
22 Ugusenga Yehova yemera kurimwo n’ugufata bagenzi bacu mu buryo bubereye. (Mrk. 12:31) Mu kiganiro gikurikira, turaza kurimbura ayandi majambo yo muri ya Nsiguro yo ku Musozi akwiye kudufasha kuguma dukorera abandi iciza. Ariko rero, tumaze kuzirikana ku vyiyumviro vyavuzwe dusanga muri ya nsiguro idasanzwe ya Yezu, umwe wese muri twebwe yoshobora kwibaza ati: ‘Mbega burya mfata abandi gute?’
[Akajambo k’epfo]
a Mu kwiyigisha kwawe, woshobora gusanga ari ngirakamaro cane ubanje gusoma ivyo vyanditswe imbere y’uko urimbura iki kiganiro be n’ikigikurikira.
Wokwishura gute?
• Bisobanura iki kuba uwitonda?
• Ni kubera iki “abanyembabazi” bahiriwe?
• Dushobora gute kureka umuco wacu ukaka?
• Ni kubera iki dukwiye kwihutira ‘kwikiranura n’umuvukanyi wacu’?
[Ifoto ku rup. 4]
Gutangaza ubutumwa bw’Ubwami ni uburyo buhambaye cane bwo kureka umuco wacu ukaka
[Ifoto ku rup. 5]
Abakirisu bategerezwa kuba intangakarorero mu kwigenza mu buryo buhimbara Imana
[Ifoto ku rup. 6]
Nukore uko ushoboye kwose kugira ngo wikiranure n’umuvukanyi wawe