Woba ukwiye gusenga Bikira Mariya?
MARIYA ni umuntu azwi rwose n’abantu benshi cane, mbere n’abo usanga batazi ivy’ubukirisu. Ivyanditswe bivuga yuko Imana Mushoboravyose yahezagiye bimwe bidasanzwe iyo nkumi, mu kumuhitamwo kugira ngo abe nyina wa Yezu. Ivuka rya Yezu ntiryari risanzwe mu buryo bw’uko Mariya yari isugi igihe yamwibungenga. Amadini amwamwe y’abiyita abakirisu aramaze igihe kirekire aha Mariya icubahiro kidasanzwe. Mu 431 G.C., Inama y’abakuru b’idini yabereye i Efeso yarashinze ko Mariya ari “Nyina w’Imana”, kandi muri kino gihe abantu benshi barigishwa yuko bakwiye kumusengaa.
Abantu basengana umutima nziraburyarya barazi ko bategerezwa gutura amasengesho yabo umuntu abikwiriye. None Bibiliya yigisha iki ku bijanye n’ivyo? Abakirisu boba bakwiye gusenga Bikira Mariya?
“Twigishe gusenga”
Inkuru yo mu Njili ya Luka iravuga yuko umwe mu bigishwa ba Yezu yamusavye ati: “Mukama, twigishe gusenga”. Mu kwishura, Yezu yaciye atangura kuvuga ati: “Igihe cose musenga, muvuge muti: ‘Data, izina ryawe niryezwe’”. Igihe Yezu yariko arashikiriza ya Nsiguro yo ku Musozi, na ho nyene yarigishije abayoboke biwe gusenga, mu kuvuga ati: “Data wa twese uri mw’ijuru, izina ryawe niryezwe”.—Luka 11:1, 2; Matayo 6:9.
Ikintu ca mbere twiga rero, ni uko isengesho, ni ukuvuga amajambo yo gusenga, rikwiye guturwa Se wa Yezu, uwo na we akaba ari Yehova. Nta hantu na hamwe muri Bibiliya haturekurira gusenga uwundi muntu uwo ari we wese. Ivyo birabereye kubera yuko, Yehova ari “Imana isaba ukwiheberwa yonyene gusa” nk’uko Musa yabibwiwe igihe yahabwa ya Mabwirizwa Cumi.—Kuvayo 20:5, NW.
Tuvuge iki ku bijanye n’Irozari?
Abantu benshi basenga Mariya bigishijwe yuko bashobora kuronka imihezagiro mu kuza barasubiramwo ibisabisho binaka vyashinzwe, ivyo bikaba ari nka “Mwaramutse Mariya”, “Dawe wa twese”, be n’ibindi. Igitabu kimwe c’abagatolika (Les symboles Catholiques) kivuga yuko ku bagatolika “ata gukeka ko uburyo bukwiragiye henshi kuruta ubundi bwo kwerekana yuko bihebeye Mariya, ari irozari”. Irozari ni ibisabisho bisubirwamwo mu kugaragaza icubahiro gihabwa Bikira Mariya. Iryo jambo irozari rirashobora kandi kwerekeza kw’ishapule bakoresha mu guharura ibisabisho. Ico gitabu nyene gisigura giti: “Imigwi itanu y’intete cumicumi z’ishapule, itandukanijwe n’urutete rumwerumwe ruri ukwarwo, ni icerekana ko umuntu akwiye gusubiramwo incuro mirongo itanu ca gisabisho ca ‘Mwaramutse Mariya’, agasubiramwo incuro zitanu ca gisabisho ca ‘Dawe wa twese’, be n’incuro zitanu ca gisabisho ca ‘Haninahazwe Imana Data’”. None Imana yoba yumviriza ikongera ikemera ukwo gusoma ishapule kugiranwa umwete?
N’ubu kandi, inyobozo Yezu yahaye abigishwa biwe ziraduha inyishu y’ukuri kuri ico kibazo. Yavuze ati: “Igihe usenga, ntuvuge vya bindi nyene ubisubiramwo kenshikenshi nk’uko abanyamahanga bagira, kuko biyumvira ko bazokwumvirwa kubera bakoresheje amajambo menshi”. (Matayo 6:7) Turabona rero ko Yezu yabwiye abayoboke biwe ata gucisha iruhande ko igihe basenga bakwiye kwirinda kuza barasubiramwo ibisabisho bisanzwe vyarashinzwe.
Ariko rero hari uwobaza ati: ‘None Yezu ntiyigishije abigishwa biwe gusubiramwo ca gisabisho ca Dawe wa twese, kino kikaba gisubirwamwo no mu gusoma ishapule?’. Nta wohakana yuko Yezu yatanze isengesho ry’akarorero, iryahavuye ryitwa igisabisho ca Dawe wa twese, canke Isengesho ry’Umukama. Ariko rero, dukwiye kumenya yuko ivyo yabigize igihe yari agiheza gutanga ya ngabisho yavugwa aho haruguru ibuza kuvuga “vya bindi nyene ubisubiramwo kenshikenshi”. Kuba Yezu atashatse kuvuga yuko rya sengesho ry’akarorero rikwiye kuza rirasubirwamwo bwa majambo yafashwe ku mutwe, biragaragarira kandi kw’itandukaniro riri hagati y’amajambo yakoresheje mu biringo bibiri bivugwa muri Bibiliya, aho yigishije abigishwa biwe gusenga. (Matayo 6:9-15; Luka 11:2-4) Muri ivyo biringo vyompi, ivyiyumviro Yezu yaseruye vyari bimwe, mugabo amajambo yakoresheje ntiyari amwe. Ivyo rero bidushikana ku ciyumviro c’uko Yezu yariko gusa aha abigishwa biwe uturorero tw’ukuntu bakwiye gusenga be n’ibintu bibereye bakwiye gushira mu masengesho yabo. Igihambaye kuruta, amajambo yavuze yarerekanye uwukwiye guturwa amasengesho uwo ari we.
Icubahiro gihabwa Mariya
Kuba Ivyanditswe bitigisha abakirisu yuko bakwiye gusenga Mariya ntibisigura na gato ko ari ukudaha agaciro uruhara yaranguye mw’iranguka ry’imigambi y’Imana. Imihezagiro iboneka biciye ku Mwana wiwe, abantu bose bagamburuka bazoyungukirako ibihe bidahera. Mariya ubwiwe yavuze ati: “Amayaruka yose azonyita umuhirwe”. Vyongeye, Elizabeti mwene nyinabo wa Mariya yavuze ko Mariya “[ya]hezagiwe mu bagore”. Mu vy’ukuri, yari yarahezagiwe. Mariya yaratewe agateka kadasanzwe ko gutorwa ngo yibungenge Mesiya.—Luka 1:42, 48, 49.
Ariko rero, Mariya si we mugore wenyene Ivyanditswe bivuga ko yahezagiwe. Kubera yuko Yayeli yakoze ibikorwa vyunguye ihanga rya Isirayeli ya kera, na we nyene yaravuzwe ko ‘yahezagiwe kurusha abandi bagore’. (Abacamanza 5:24) Uwo mugore w’umwizigirwa Yayeli, Mariya be n’abandi bagore bubaha Imana bavugwa muri Bibiliya, mu vy’ukuri birabereye ko tubigana, mugabo ntidukwiye kubasenga.
Mariya yari umuyoboke wa Yezu w’umwizigirwa. Yama ari kumwe na Yezu mu biringo bitandukanye vy’ubusuku yaranguriye kw’isi, kandi ni ho yari ari n’igihe Yezu yapfa. Yezu amaze kuzuka, Mariya yari kumwe n’abavukanyi ba Yezu, ‘akovya mu gusenga’. Ivyo biraduha ishingiro ryo kwemera yuko, cokimwe n’abo bavukanyi ba Yezu, na we nyene yasizwe impwemu nyeranda kuri Pentekoti yo mu 33 G.C., gutyo akaronka icizigiro co kuba umwe mu bagize umugwi w’umugeni wa Yezu, abazofadikanya na Kristu kuganza mw’ijuru.—Matayo 19:28; Ibikorwa 1:14; 2:1-4; Ivyahishuwe 21:2, 9.
Ariko ntiwumve, nta kintu na kimwe muri ivyo cotuma dusenga Mariya. Amasengesho avuye ku mutima ni umuce uhambaye wo gusenga Imana, kandi abakirisu baremeshwa ‘gushishikara gusenga’. (Abaroma 12:12) Ariko rero, ayo masengesho yose akwiye guturwa Yehova wenyene, biciye kuri Yezu Kristu.—Matayo 4:10; 1 Timoteyo 2:5.
[Akajambo k’epfo]
a Iciyumviro c’uko Mariya ari nyina w’Imana gishingiye kuri ya nyigisho y’Ubutatu idashigikirwa n’Ivyanditswe, iyivuga ko Yezu ari Imana.