Igenekerezo rya 22 Ntwarante 2008—Umusi dukwiye kwibuka
KU MUGOROBA buca Yezu apfa, yarahereje intumwa ziwe umukate utambiwe be n’igikombe c’umuvinyu maze abasaba kurya kuri uwo mukate no kunywa kuri uwo muvinyu. Yaciye ababwira ati: “Muragume mugira ibi mu kunyibuka”.—Luka 22:19.
Muri uwu mwaka, igihe co kwibuka ico kintu cabaye gihurirana no ku wa gatandatu igenekerezo rya 22 Ntwarante, izuba rirenze. Ivyabona vya Yehova kw’isi yose bazohurira hamwe kuri uwo mugoroba udasanzwe kugira ngo bahimbaze uwo musi w’Icibutso mu buryo buhuje n’uko Yezu yabitegetse. Uratumiwe n’igishika cinshi kwifatanya natwe. Turagusavye ubaze Ivyabona vya Yehova b’aho iwanyu igihe neza na neza iryo koraniro rizoberako n’aho rizobera.