Nukomeze urugo rwawe ukoresheje “amajambo aryoshe”
UKO umwanya waguma urengana, ni ko David yarushiriza gushavura. Yari yicaye mu muduga arindiriye umukenyezi wiwe, akaba yaguma aza araraba kw’isaha. Haciye umwanya, Diane umukenyezi wiwe yaratevye arasohoka avuye mu nzu. David ntiyashoboye kwihangana ngo areke guserura ishavu ryinshi yari afise.
Yaciye avuga akankama ati: “Urabona ingene wantebeje? Imisi yose wama wikwega! Wewe nta n’umusi wa rimwe ushobora guheza kwitegura hakiri kare?”.
Diane yarababaye cane. Yaciye aturikisha ararira maze aca asubira mu nzu yiruka. Ico gihe, David yaciye abona ko yavuze amajambo aranga ukutiyubara. Ayo majambo yavuze asunitswe n’ishavu nta kindi yashitseko atari ugutuma ibintu vyunyuka. None ico gihe yari agikiza iki? Yaciye azimya umuduga, ariruhutsa cane maze aca aramukurikira buhorobuhoro mu nzu.
None ntiwemera ko ako karorero kerekana ibintu bibaho koko? Vyoba birashika ukipfuza kugarura amajambo wamaze kuvuga? Iyo tuvuze ibintu tutabanje kwiyumvira, akenshi usanga tuvuga ibintu bituma twicuza mu nyuma. Birabereye kubona Bibiliya ivuga iti: “Umutima w’umugororotsi witondera ivyo wishura”.—Imigani 15:28.
Ariko rero, birashobora kuba ibigoye kwiyumvira neza imbere yo kuvuga, na canecane igihe tuba dufise ishavu, ubwoba canke umubabaro. Igihe canecane tuvugana n’abo tumenyeranye bo mu rugo, ukugerageza guserura inyiyumvo zacu ukwo ari ko kwose kurashobora kuvamwo bitagoranye ukwagiriza uwundi muntu canke ukumunegura. Ivyo na vyo vyoshobora gutuma tubabaza abandi canke havyuka uguhazuka.
None ni igiki twokora kugira ngo ibintu birushirize kugenda neza? Dushobora gute kwicungera kugira ngo ntidutwarwe n’inyiyumvo zacu? Turashobora kuronkera impanuro zimwezimwe kuri Salomo, uno akaba ari umwe mu banditse Bibiliya.
Nurimbure ivyo ugira uvuge be n’ingene ubivuga
Nk’uko Salomo uwanditse igitabu ca Bibiliya c’Umusiguzi yavyerekanye mu nkuru yanditse akoresheje amajambo akomeye atuma tuzirikana, ino ikaba yerekeye ukuntu ubuzima ari ubusa, biragaragara yuko ivyo bintu yanditse vyamubabaza. Yavuze ati: ‘Naranse ubuzima’. Yarashitse aho avuga ko ubuzima ari “ubusa gusa” (Umusiguzi 2:17; 12:8). Naho ari ukwo, ico gitabu c’Umusiguzi si urutonde rw’ibintu vyababaje Salomo. Ntiyabona ko ikibereye ari ukuvuga gusa imice mibi y’ubuzima. Mu majambo asozera ico gitabu, Salomo avuga yuko “yagerageje kurondera amajambo aryoshe, ni yo yanditswe atunganye, ni yo majambo y’ukuri” (Umusiguzi 12:10, ni twe dushimitse.). Hari iyindi mpinduro ivuga yuko “yagerageje gusigura ivyo bintu mu buryo bwiza kandi bw’ukuri kuruta ubundi bwose”.—Contemporary English Version.
Biragaragara yuko Salomo yatahura ko yategerezwa kuguma acungera inyiyumvo ziwe. Ni nk’aho yaguma yibaza ati: ‘Ubwo ivyo ngira mvuge, vyoba ari ivy’ukuri koko canke bitagira amahinyu? Mu gihe nokoresha ayo majambo, ubwo abandi bazobona ko aryoshe kandi abereye?’ Biciye ku kurondera “amajambo aryoshe” y’ukuri, Salomo yarashoboye gucungera inyiyumvo ziwe kugira ngo ntizipfukiranye ivyiyumviro yagomba gushikiriza.
Ivyo ntivyatumye haboneka gusa igitabu canditswe mu buryo bw’ubuhinga, ariko kandi vyatumye haboneka isoko ridakama ry’ubukerebutsi buva ku Mana bwerekeye insobanuro y’ubuzima (2 Timoteyo 3:16, 17). None ubwo buryo Salomo yakoresheje mu gushikiriza ikiganiro kirimwo inyiyumvo zigera kure, bwoba bushobora kudufasha kurushiriza kuganira neza n’abacu? Rimbura aka karorero.
Niwige gucungera inyiyumvo zawe
Kugira ngo tubitangire akarorero, reka dufate yuko hari umwana atashe avuye kw’ishure azanye bilete yiwe, mugabo akaba aje asa n’uwubabaye cane. Se wiwe arihweza urutonde rw’ivyigwa maze akabona ko uwo mwana yaronse amanuta mabi mu cigwa kimwe. Ubwo nyene uwo muvyeyi aciye atwarwa n’ishavu kubera yuko yibutse incuro nyinshi uwo mwana yateba gukora udukorwa two kw’ishure yahabwa gukorera i muhira. Uwo muvyeyi yumva yomukankamira ati: “Wewe uri ikinebwe gusa! Niwabandanya unebwa gutyo, nta co uzovamwo mu buzima!”.
Imbere yuko uwo muvyeyi areka ishavu akaba ari ryo rimuyobora mu vyo avuga, ni vyiza yuko abanza kwibanza ati: ‘Ubwo ivyo niyumvira vyoba ari ivy’ukuri canke bitagira amahinyu?’ Ico kibazo kirashobora kumufasha gutandukanya inyiyumvo ziwe be n’ukuntu ibintu biri koko (Imigani 17:27). Ubwo vy’ukuri, uwo mwana nta co azovamwo kubera yuko afise ingorane mu cigwa kimwe? Yoba asanzwe ari ikinebwe, canke ateba gukora udukorwa ahabwa kw’ishure two gukorera i muhira kubera yuko hari ibintu adatahura muri ico cigwa? Bibiliya irashimika akatari gake ku gaciro ko kubona ibintu uko biri koko kandi mu buryo butegereka (Tito 3:2; Yakobo 3:17). Kugira ngo umuvyeyi aremeshe umwana, akwiye kuvuga ‘amajambo atunganye y’ukuri’.
Nurondere amajambo abereye
Wa muvyeyi amaze guhitamwo ivyo yovuga, akwiye kwibaza ati: ‘Noshobora gute kubivuga nkoresheje amajambo abereye kandi yoryohera umwana wanje?’ Ego ni ko, kuronka amajambo abereye si icoroshe, mugabo abavyeyi barakwiye kwibuka yuko akenshi usanga abana b’imiyabaga bafise impengamiro yo kwiyumvira yuko mu gihe badakora ibintu neza ata co baba bashoboye. Barashobora gufatira ku kintu kimwe bananiwe gukora canke ku hantu hamwe bagoyagoya maze bagaca bagiha uburemere burenze, gushika naho ico kintu kiba ari co gituma batangura kwiyumvira ko bameze ukunaka. Mu gihe umuvyeyi yotwarwa n’ishavu, yoshobora gutuma ivyiyumviro bitabereye bitsimbatara mu mwana wiwe. Mu Bakolosayi 3:21 havuga hati: “Ntimuturubike abana banyu, kugira ngo ntibavunike umutima”.
Amajambo nka “imisi yose” be na “ntiwigera”, akenshi usanga afatira ibintu mu kivunga canke arenza urugero mu bijanye n’ukuntu ibintu bimeze koko. Igihe umuvyeyi avuze ngo “nta co uzokwigera uvamwo”, none wumva hari ico umwana azokora kugira ngo agumane iteka ryiwe? Hamwe umwana yoza arabwirwa kenshi amajambo mwene ayo yo kumunebagura, yoshobora gutangura kubona ko ata co amaze namba. Mu vy’ukuri, uretse ko ivyo bintu bidaca intege gusa usanga kandi atari ivy’ukuri.
Mu kintu ico ari co cose, akenshi usanga birushirije kuba vyiza gushimika ku mice iremesha. Wa muvyeyi twavuga muri ka karorero twatanga, yoshobora kuvuga ati: “Mwana, ndabona yuko ushavujwe n’ukuba waronse amanuta mabi muri iki cigwa. Ariko rero, ndazi yuko muri rusangi uhora wihatira gukora udukorwa uhabwa kw’ishure. Reka rero tuganire ku bijanye n’iki cigwa cakunaniye maze turabe ko tworonka uburyo bwo gutorera umuti ingorane izo ari zo zose ushobora kuba uhanganye na zo”. Kugira ngo uwo muvyeyi amenye uburyo bwiza kuruta bwo gufasha umwana wiwe, yoshobora kandi kubaza uwo mwana utubazo dutomoye kugira ngo amenye nimba hari ingorane zihishije yoba afise.
Gukoresha mwene ubwo buryo buranga ubuntu be no kuzirikana neza, birashobora kuba kirumara cane kuruta ugukankama utwawe n’inyiyumvo. Bibiliya idukura amazinda yuko “amajambo aryoshe . . . asōsera umutima, [kandi ko] anonora amagufa” (Imigani 16:24). Abana, eka mbere n’abagize urugo bose, baramererwa neza igihe baba ahantu harangwa amahoro n’urukundo.
“Bivuye ku bibogaboga mu mutima”
Subira uzirikane kuri wa munega twavuga mu ntango z’iki kiganiro. None ntivyari kurushiriza kuba vyiza iyo afata umwanya akarondera “amajambo aryoshe” y’ukuri, aho gupfa gukankamira umukenyezi wiwe n’ishavu n’akantu? Umunega yoba ari mu bintu vyifashe gutyo, vyoba vyiza yibajije ati: ‘Naho umukenyezi wanje akeneye kugira utwigoro kugira ngo arushirize kuba uwubahiriza umwanya, ubwo ni ivy’ukuri ko yama acererwa imisi yose? Ubwo uyu woba ari wo mwanya ubereye wo kuganira kuri iki kibazo? Ubwo amajambo aranga ishavu n’ukunebagura, yoba azokwigera amuvyurira umutima wo kurondera kugira ivyo aryohoye?’ Gufata umwanya tukazirikana kuri mwene ivyo bibazo birashobora kudufasha kwirinda kubabaza abacu tutabigomba.—Imigani 29:11.
Ariko none, tuvuge iki nka hamwe ibiganiro tugirana n’abo mu rugo vyoba vyama bivamwo uguhazuka? Dushobora kuba dukeneye kubona kure, tukarimbura inyiyumvo zituma duhitamwo amajambo dukoresha. Ivyo tuvuga, na canecane igihe tuba dufise umubabaro canke turi mu mukazo, vyoshobora gushira ahabona ibintu bitari bike ku bijanye n’ico mu vy’ukuri turi imbere. Yezu yavuze ati: “Akanwa kavuga bivuye ku bibogaboga mu mutima” (Matayo 12:34). Mu yindi mvugo, ivyo tuvuga biragaragaza ivyiyumviro n’ivyipfuzo dufise mu mutima be n’agatima kacu.
Twoba tubona ubuzima mu buryo bubereye, buranga ko ibintu bizogenda neza kandi butanga icizigiro? Nimba uri ukwo, ivyo tuvuga be n’ijwi dukoresha mu biganiro tugirana n’abandi ntizobura kubigaragaza. Twoba dufise impengamiro yo kuba abantu batoroshe, babona ko ibintu bizogenda nabi, canke baguma banebagura abandi? Nimba ari ukwo, twoshobora guca intege abandi haba mu vyo tuvuga canke mu buryo tubivugamwo. Vyoshika ntitumenye ukuntu uburyo twiyumvira canke uburyo tuvuga vyamaze kuba ibica intege abandi. Mbere twoshobora kwiyumvira yuko ukuntu tubona ibintu ari kwo kubereye. Mugabo rero dutegerezwa kuba maso kugira ngo twoye kwihenda.—Imigani 14:12.
Duhiriwe duhishije, turifitiye Ijambo ry’Imana. Bibiliya irashobora kudufasha gusuzuma ivyiyumviro vyacu maze tukabona ibibereye ivyo ari vyo be n’ibikwiye kubogorwa (Abaheburayo 4:12; Yakobo 1:25). Naho twoba dufise impengamiro mvukanwa iyihe canke tukaba twaronse indero imeze gute, twese turashobora guhitamwo guhindura ukuntu twiyumvira be n’ukuntu dukora ibintu nimba tuvyipfuza vy’ukuri.—Abanyefeso 4:23, 24.
Uretse ugukoresha Bibiliya, turashobora kugira ikindi kintu dukoze kugira ngo dusuzume uburyo dukoresha mu kuganira n’abandi. Ico kintu ni ukubaza abandi. Nk’akarorero, nubaze uwo mwubakanye canke umwana wawe bakubwire ata guhisha ingene uvyifatamwo muri uwo muce. Nuganire n’umugenzi aciye uruma akuzi neza. Bizosaba yuko wicisha bugufi kugira ngo wemere ivyo bakubwira maze uce uhindura ikintu ico ari co cose coba gikenewe guhindurwa.
Niwiyumvire imbere yo kuvuga
Mu kurangiza, nimba mu vy’ukuri twipfuza kwirinda kubabaza abandi biciye ku vyo tuvuga, turakwiye gukora ibivugwa mu Migani 16:23, ahavuga hati: “Abantu b’abanyabwenge [ni ukuvuga b’inkerebutsi] barazirikana imbere yo kuvuga; ni co gituma ivyo bavuga birushiriza kuba ibijijura” (Today’s English Version). Gucungera inyiyumvo zacu vyoshobora kutama vyoroha. Ariko rero, mu gihe tworondera gutahura abandi aho kubagiriza canke kubashira hasi, vyoshobora guca birushiriza kutworohera kuronka amajambo abereye yo guserura ivyiyumviro vyacu.
Ni ivy’ukuri yuko ata numwe muri twebwe atunganye (Yakobo 3:2). Usanga gacamwo twese tukavuga ibisunitswe n’impwemu (Imigani 12:18). Ariko rero tubifashijwemwo n’Ijambo ry’Imana, turashobora kwiga kwiyumvira imbere yo kuvuga be no gushira inyiyumvo z’abandi be n’inyungu zabo imbere y’ivyacu bwite (Abafilipi 2:4). Nimuze twiyemeze kurondera “amajambo aryoshe” y’ukuri, na canecane igihe tuba turiko turaganira n’abo mu rugo. Gutyo, imvugo yacu ntizoba iyibabaza canke iyica intege, ahubwo izovura yongere ikomeze abacu.—Abaroma 14:19.
[Ifoto ku rup. 12]
Wokwirinda gute kuvuga ikintu gituma wicuza mu nyuma?