Mbega Yezu yoba yari atunze Bibiliya?
OYA, Yezu ntiyari atunze Bibiliya. Kubera iki? Kubera yuko Bibiliya yuzuye nk’iyi dufise muri iki gihe itari iriho mu gihe ca Yezu. Ariko rero, amasinagogi yarazigama ivyegeranyo vy’imizingo irimwo ivyanditswe, ivyahavuye biba ivyo mu bigize iyi Bibiliya tuzi. Yezu yarasomye ivyo akuye mu muzingo wa Yesaya kw’isinagogi y’i Nazareti (Luka 4:16, 17). Intumwa Paulo yarumviriza “Itegeko n’Abahanuzi [biriko bira]somerwa imbere y’abantu” i Antiyokiya h’i Pisidiya (Ibikorwa 13:14, 15). Umwigishwa Yakobo na we yavuze yuko “ivyo [Musa] yanditse [vya]somwa mu masinagogi n’ijwi ryumvikana buri sabato”.—Ibikorwa 15:21.
Mu kinjana ca mbere, hoba hari abantu batunga ku giti cabo imizingo y’Ivyanditswe Vyeranda? Bigaragara ko ya nkone y’Umunyetiyopiya, yaba ku kirimba c’Umwamikazi Kanidake, yari ayitunze kubera ko yari “yicaye mu mukogote wiwe ariko arasoma n’ijwi ryumvikana ivyanditswe n’umuhanuzi Yesaya” igihe umwigishwa Filipo yahura na we ku nzira ija i Gaza (Ibikorwa 8:26-30). Intumwa Paulo yarasavye Timoteyo kuzana “imizingo y’ibitabu, canecane iyo mu nsato” (2 Timoteyo 4:13). Naho Paulo atavuze iyo mizingo iyo ari yo, birashoboka cane ko vyari ibihimba vy’Ivyanditswe vy’igiheburayo.
Nk’uko Alan Millard, umwigisha mu bijanye n’indimi z’Abasemite abivuga, abari bashoboye kumbure gutunga ku giti cabo imizingo y’Ivyanditswe mu Bayuda, harimwo gusa “abantu bakomakomeye bo muri Palesitina, abantu bavuga ko bize amashure ahanitse, bamwebamwe mu Bafarizayo be n’abigisha nka Nikodemu”. Imwe mu mvo zabituma kwari ukuzimba kwayo. Millard agereranya ko “ikopi ya Yesaya yagurwa idenariyo ziri hagati ya zitandatu na cumi” akongera akavuga ko Bibiliya yuzuye y’igiheburayo “yokwiye mu mizingo iri hagati ya 15 na 20”, mu yandi majambo yoguzwe amahera angana n’umushahara w’igice c’umwaka.
Bibiliya ntivuga nimba Yezu canke abigishwa biwe bari batunze ku giti cabo amakopi y’imizingo ya Bibiliya. Ariko rero, nta woharira ko Yezu yari azi cane Ivyanditswe, akaba yari ashoboye no kuvyerekezako canke kubisubiramwo ku mutwe ijambo ku rindi (Matayo 4:4, 7, 10; 19:4, 5). Ivyo none ntibikwiye kutuvyurira umutima wo kurondera kumenya neza Bibiliya, na rirya muri rusangi itazimvye cane kandi umuntu wese akaba ashobora kuyironsa bitagoranye?