Ibibazo vy’abasomyi
Umukirisu akwiye kubona gute ivyerekeye guhiga no kuroba?
Bibiliya ntibuza guhiga canke kuroba (Gusubira mu vyagezwe 14:4, 5, 9, 20; Matayo 17:27; Yohani 21:6). Yamara, abakirisu bahiga canke baroba barakwiye kurimbura ingingo ngenderwako zimwezimwe zo mu Vyanditswe.
Imana yaremereye Nowa n’uruvyaro rwiwe kwica ibikoko no kubifungura, bakire gusa kubikuramwo amaraso imbere yo kubifungura (Itanguriro 9:3, 4). Iryo bwirizwa ryarashimika ku vy’uko ubuzima bw’ibikoko bukwiye kwubahirizwa kubera ko bukomoka ku Mana. Ni co gituma abakirisu batica ibikoko barondera kwikinira gusa canke kwinezereza gusa kandi mu buryo butaranga akagongwe no kwubaha ubuzima.—Imigani 12:10.
Hariho n’ikindi kintu kijanye n’agatima tugaragaza. Intumwa, bano bakaba bari abarovyi, nta nkeka ko bahimbarwa igihe baba bafashe amafi menshi. Naho ari ukwo, nta na kimwe cerekana yuko bihaya kubera ubuhanga bwabo mu vyo kuroba canke mu vyo guhiga, canke ko baja kuroba kibure guhiga kugira ngo bahiganwe n’abandi, berekane ubugabo bwabo canke ngo banezererwe ukuba bubuye igikoko, bakanyinyana na co bakongera bakacica.—Zaburi 11:5; Abagalatiya 5:26.
Ni co gituma dukwiye kwibaza duti: ‘Noba ndi intangakarorero mu vyo kugaragaza ko nubaha ukuntu Yehova abona ubuzima? Guhiga canke kuroba vyoba ari vyo vyiganzira ivyiyumviro vyanje n’ibiyago vyanje? Uburyo mbayeho bwoba bugaragaza ko mpibarwa n’ivyo guhiga canke bwerekana ko ndi umusuku w’Imana? Guhiga canke kuroba vyoba bituma nifatanya cane n’abatizera canke bigatuma nirengagiza umuryango wanje?’.—Luka 6:45.
Abahiga canke bakaroba ku bwo kurondera imfungurwa, boshobora kwumva ko bafise icitwazo co gufata minenegwe ivy’impwemu mu biringo vy’uruhigi canke vy’uburovyi. Mugabo rero, tugaragaza ko twizera Imana kandi ko tuyizigira igihe tutareka ngo hagire ikintu na kimwe gifata ikibanza yari ikwiye guhabwa (Matayo 6:33). Vyongeye, abakirisu baragamburuka amategeko ya “Sezari” yose ajanye n’uruhigi be n’uburovyi, abajejwe intwaro baba babikurikirana canke batabikurikirana.—Matayo 22:21; Abaroma 13:1.
Kugira ngo bamwebamwe bakurikize ukuntu Yehova abona ivyo guhiga n’ivyo kuroba, hari aho bokenera guhindura ivyiyumviro vyabo bakabihuza n’ingingo mfatirwako ziwe (Abanyefeso 4:22-24). Ariko rero, turakeneye kwubahiriza ingingo abandi bafata babizi kandi bavyikuriye ku mutima. Impanuro intumwa Paulo yatanze muri ivyo irabereye. Igira iti: “Ntitube . . . tugiciranira urubanza, ahubwo riho iyi ibe ari yo ngingo mufata: kudashira imbere y’umuvukanyi igitsitaza canke igitirimutsa” (Abaroma 14:13). Kugaragaza mwene urwo rukundo ruzira ubwikunzi be n’icubahiro, bituma mw’ishengero harangwa amahoro kandi bigahimbara Umuremyi wacu, we Soko ry’ubuzima bwose.—1 Abakorinto 8:13a.
[Akajambo k’epfo]
a Raba kandi “Ibibazo vy’abasomyi” mu Munara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 15 Rusama 1990.