Woba ukwiye kubaho wiyumvira ivy’uyu musi gusa?
“SINIGERA niyumvira ivy’ejo. Mbona buca”. Ayo majambo akunze gusubirwamwo, yitirirwa wa munyasiyansi azwi cane yitwa Albert Einstein. Abantu benshi usanga bafise ivyiyumviro mwene ivyo. Bashobora kuba bibaza bati: “Ni kubera iki twohagarika umutima ku bijanye na kazoza?”. Canke na ho hari aho woba umaze kwumva abivugira ngo: “Reka turyimare”. “Amavuta y’umugabo ni ayamurayeko”. “Ivy’ejo bibara ab’ejo”.
Erega, imvugo nk’izo si iz’ubu. Abepikureyo bo mu gihe ca kera bari bafise icivugo kigira giti: “Niwirire, winywere, winezereze. Ibisigaye nta co bimaze”. Bamwebamwe mu bantu babayeho mu gihe c’intumwa Paulo na bo nyene ni ko babona ibintu. Bavuga bati: “Twirire twinywere, kuko ejo tuzopfa” (1 Abakorinto 15:32). Babona ko ata kindi twokwitega atari ubu buzima bumara igihe gito, akaba ari co gituma baremesha iciyumviro c’uko muri ubwo buzima dukwiye kuryimara.
Ku bantu amamiliyoni baba kw’isi, kuryimara muri ubu buzima nta gukeka ko bidasobanura kwironderera ibinezereza nk’aho ari co gihambaye mu buzima. Ibintu bigoye cane benshi babayemwo bituma babona ko muri iki gihe ubuzima bwabo ata kindi buri atari urugamba rudatezura kandi rubabaje bariko bararwana kugira ngo barabe ko boba baramaze na kabiri. Biyumvira bati: “Ni kubera ki none dukwiye kwitwararika ivyerekeye kazoza, kazoza akenshi gasa n’akagoye kwihanganira kandi ata cizigiro karimwo?”.
Twoba dukwiye gutegekanya ibijanye na kazoza?
N’abantu usanga borohewe mu buzima akenshi babona ko gutegekanya ibijanye na kazoza ata co bimaze. Bashobora kuba bibaza bati: “Dusha ngo twokore iki?”. Bamwebamwe boshobora kuvuga yuko abategekanya kurangura imigambi minaka amaherezo bataha zirayoye kandi bakavunika umutima. Mbere n’umwe sekuruza w’imiryango Yobu wo mu gihe ca kera yaravunitse umutima igihe yabona ingene imigambi yiwe ‘ipfa umuhimba’, maze ivyotumye we hamwe n’umuryango wiwe bagira kazoza gahimbaye birononekara.—Yobu 17:11; Umusiguzi 9:11.
Umuryoshamvugo umwe w’umunya Ekose yitwa Robert Burns yagereranije ingorane zidushikira n’izashikiye imende ntoyi igihe Burns yasanze atanabizi icari cayo yagisambuje igikoresho co kurima yariko arakoresha. Iyo mende yaciye inyaga amagara inyuma y’aho akaruri kayo gasamburiwe. Uwo muryoshamvugo yiyumviriye ati: ‘Emwe, ese ukuntu vyama vyashitse tukumva ko ata co dushoboye igihe dushikiwe n’ibintu biturengeye rwose ku buryo n’imigambi yateguwe neza akenshi ata co iba igishikako!’.
None twovuga ko gutegekanya ibijanye na kazoza ata co bimaze? Ikizwi coco ni uko mu gihe hatabayeho ugutegekanya neza ibintu imbere y’igihe bishobora gukwega akarambaraye, haramutse hadutse ibihuhusi bikomeye canke ibindi vyago vy’ivyaduka. Ego ni ko nta muntu n’umwe yari gushobora nk’akarorero kubuza ko ca gihuhusi bataziriye Katrina gitera. Ariko none burya, ukubona kure be n’ugutegekanya ibintu imbere y’igihe ntivyari kugira ikintu kinini bikoze kugira ngo bigabanye ingaruka mbi ico gihuhusi cateje mu gisagara caciyemwo no ku bantu baho?
Wewe uvyibaza ko iki? Vyoba mu vy’ukuri vyumvikana kubaho wiyumvira ivy’uyu musi gusa ukirengagiza ivy’ejo? Raba ico ikiganiro gikurikira kivuga ku bijanye n’ico kibazo.
[Amafoto ku rup. 3]
“Niwirire, winywere, winezereze. Ibisigaye nta co bimaze”
[Ifoto ku rup. 4]
Burya ukubona kure be n’ugutegekanya ibintu imbere y’igihe ntivyari gutuma ingaruka mbi zatewe na ca gihuhusi “Katrina” zigabanuka?
[Abo dukesha ifoto]
U.S. Coast Guard Digital