Bibiliya mu mvugo yo mu buzima bwa misi yose
“NIMBA wemera ko Bibiliya ari ijambo ry’Imana ryarungikiwe abantu, ivyo bisigura yuko Imana iriko iratuganiriza. . . . Nimba idini urimwo rigira ico rikoze ku buzima bwawe bwose, ni ukuvuga rero ko imvugo [Bibiliya] ikoresha ikwiye kuba ari iyo mu buzima bwa misi yose”. Ayo majambo yanditswe n’incabwenge imwe mu vya Bibiliya yitwa Alan Duthie mu gitabu ciwe kivuga ibijanye n’impinduro za Bibiliya (Bible Translations: And How to Choose Between Them).
Abakunzi b’Ijambo ry’Imana baremeranya n’ayo majambo n’umutima wabo wose. Baremera bimwe bikomeye yuko “Icanditswe cose cahumetswe n’Imana [be n’uko ari] ngirakamaro ku kwigisha, ku gukangira, ku kugorora ibintu, [no] ku gutoza indero mu bugororotsi” (2 Timoteyo 3:16). Bibiliya si igitabu c’amajambo ata co amaze yataye igihe yo mu madini. Ni ‘nzima kandi iragira ububasha’, igatanga umuti nyawo ku ngorane zo mu buzima bwa misi yose (Abaheburayo 4:12). Ariko rero, kugira ngo abasoma ico gitabu ceranda bagitahure bongere bashire mu ngiro ivyo kivuga, gitegerezwa kuba kiri mu mvugo yo mu buzima bwa misi yose. Nakare, ico bita Isezerano risha nticanditswe mu kigiriki ca kera cakoreshwa n’abafilozofe nka Pulato, ahubwo canditswe mu kigiriki gisanzwe, cakoreshwa mu buzima bwa misi yose citwa Koyine. Ego cane, Bibiliya yanditswe ku buryo abantu basanzwe bashobora kuyisoma bakayitahura.
Ku bw’ivyo, mu myaka iheze harasohowe impinduro nyinshi zo mu gihe ca none mu ndimi zitari zimwe. Ku ruhande runini, ivyo vyaravuyemwo ivyiza bitari bike. Abantu muri rusangi vyararushirije kuborohera kuronka Ivyanditswe. Naho ari ukwo, nyinshi muri izo mpinduro nshasha ziri n’ico zihajije bimwe biteye agahinda ku bijanye n’uguhindura mu buryo butagira amakosa, ata ho umuntu ahengamiye, kandi ata guhindura amajambo amwe mu buryo butandukanye. Nk’akarorero, impinduro zimwezimwe zisa n’izishaka gupfukiranya inyigisho zitomoye zo muri Bibiliya ku kuntu abapfuye bamerewe, ku karanga k’ubuzima bw’umuntu (âme humaine), no kw’izina ry’Imana y’ukuri.
Abakunzi b’Ijambo ry’Imana rero barakiriza yompi isohorwa ry’Impinduro y’isi nshasha y’Ivyanditswe vy’ikigiriki mu kirundi. Ivyabona vya Yehova baramenyesheje isohorwa ry’iyo mpinduro yo mu gihe ca none kw’igenekerezo rya 3 Myandagaro 2007. Kubera ko itanigiwe mu mpenshi n’inyigisho z’amadini, yahinduwe ata makosa ku buryo ata yindi mpinduro yogereranywa na yo, bigatuma umuntu ashobora gutahura Bibiliya bimwe bigera kure kandi ku rugero abatazi indimi za kera batari bwashikeko. Ariko rero wokwibaza uti: “Ni bande bahinduye iyo mpinduro idasanzwe?”.
Abahinduzi bateye iteka Imana
Naho Impinduro y’isi nshasha y’Ivyanditswe vy’ikigiriki ishobora kuba ari nshasha ku bantu bavuga ikirundi, iyo mpinduro yabonetse kuva mu 1950. Ico gihe yasohowe mu congereza, isohorwa n’ishirahamwe Watch Tower Bible and Tract Society, iryo rikaba ari ishirahamwe rikwiye kw’isi yose ry’ivya Bibiliya rimaze igihe kirekire risohora amabibiliya. Umutwe w’iyo mpinduro nshasha, uwari utandukanye rwose n’ukuntu Bibiliya yari isanzwe igaburwamwo ivyo bita isezerano rya kera n’isezerano rishasha, wari bumwe gusa mu buryo bwinshi yari igiye kwerekana ko ari ntangere. Umunara w’Inderetsi (mu congereza) wo ku wa 15 Nyakanga 1950, wavuze uti: “Abari bagize komite y’ubuhinduzi [bw’iyo mpinduro] baramenyesheje icipfuzo cabo . . . c’uko batomenyekana, na canecane bakaba batipfuza ko amazina yabo yomenyeshwa, haba mu gihe bazoba bakiriho eka mbere n’igihe bazoba bamaze gupfa. Intumbero y’iyo mpinduro ni iyo gushira hejuru izina ry’Imana nzima kandi y’ukuri”.
Impinduro y’isi nshasha y’Ivyanditswe Vyeranda, igizwe n’imbumbe imwe ya Bibiliya yose uko ingana, yasohowe mu 1961. Naho amazina y’abayihinduye atazwi kugeza n’uno musi, ntawokekeranya ko bakoze ico gikorwa babitumwe n’imvo nziza n’ukuyobokera Imana bimwe bigera kure. Akajambo k’intango k’integuro y’Impinduro y’isi nshasha y’Ivyanditswe Vyeranda ikwiye yo mu 1984, kavuze gati: “Guhindura Ivyanditswe Vyeranda bisobanura gushira mu rundi rurimi ivyiyumviro be n’amajambo vya Yehova Imana. . . . Abahinduzi b’iki gisomwa, abatinya bakongera bagakunda Imana yo Sôko ry’Ivyanditswe Vyeranda, bariyumvamwo ko ku Mana bafise ibanga ridasanzwe ryo gushikiriza ivyiyumviro vyayo be n’ivyo yavumereye, mu buryo butagiramwo amakosa uko bishoboka kwose”.
Naho abagize Komite y’Impinduro y’isi nshasha bari bafise imigabo myiza, boba bari bashoboye ico gikorwa? Incabwenge zimwezimwe zababajwe n’ico kintu zarahaririye zivuga yuko amazina y’abahinduzi be n’ibimenyamenya vy’amashure bize biramutse bidahishuwe, ngo ico gikorwa rero gikwiye guca gifatwa ko ari ic’abantu batabishoboye. Mugabo si incabwenge zose zibona ibintu muri ubwo buryo butabereye. Uwitwa Alan S. Duthie yandika ati: “Kumenya abahinduye Bibiliya kanaka canke abayisohoye abo ari bo, vyoba bidufasha kumenya nimba nya mpinduro ari nziza canke mbi? Si ngombwa. Nta coza gisubirira ugusuzuma ibintu biranga impinduro imwimwe yose ubwayo”a.
Abasomyi ibihumbi ivyo nyene ni vyo bagize. Gushika ubu, amakopi arenga 132.385.067 y’Impinduro y’isi nshasha yose uko ingana canke igihimba cayo aramaze gucapurwa kw’isi yose mu ndimi 61. None abasomyi bayo benshi ni ibiki biboneye?
Impinduro yeza izina ry’Imana
Muri Matayo 6:9, Yezu yigishije abigishwa biwe gusenga bati: “Data wa twese uri mw’ijuru, izina ryawe niryezwe”. Yamara, mu mpinduro nyinshi, Imana ntigira izina, imenyekanira gusa kw’izina ry’icubahiro “Imana” canke “Umukama”. Ariko, ukwo si ko vyari mu ntango. Mu Vyanditswe vy’igiheburayo vyo mu ntango, Imana yamenyekanira bimwe bitomoye kw’izina ry’uruharo “Yehova”, iryaboneka incuro hafi 7.000 (Kuvayo 3:15, NW; Zaburi 83:18, NW). Mu myaka yakurikiye, ubwoba bushingiye ku kwemera ibintazi bwatumye Abayuda bareka gukoresha izina ry’Imana. Inyuma y’urupfu rw’intumwa za Yezu, ukwo kubona ibintu gushingiye ku kwemera ibintazi kwarandukiye ishengero rya gikirisu (Ibikorwa 20:29, 30; 1 Timoteyo 4:1). Abimuzi b’ibihimba vy’Ivyanditswe vy’ikigiriki baciye batangura gusubiriza izina ry’uruharo ry’Imana ari ryo Yehova, amajambo y’ikigiriki Kiriyosi (Kyʹri·os) na Tewosi (The·osʹ), ayasobanura “Umukama” be n’“Imana”.
Duhiriwe duhishije, Impinduro y’isi nshasha yarateye intambwe iranga ubutinyutsi yo gusubiza izina Yehova mu Vyanditswe vy’ikigiriki (ico bita ngo n’Isezerano risha), rikaba ribonekamwo incuro 237. Abahinduzi ntibarisubijemwo bisunze ukuntu bibajemwo, ahubwo barisubijemwo bisunze ivyigwa bitarimwo amahinyu kandi vyitondewe. Nk’akarorero, muri Luka 4:18 hasubiramwo amajambo yo muri Yesaya 61:1. Mu gisomwa c’igiheburayo co mu ntango, izina Yehova ryaraboneka muri uwo murongo wo muri Yesayab. Birabereye rero kubona Impinduro y’isi nshasha ihindura Luka 4:18 ngo: “Impwemu ya Yehova iri kuri jewe, kuko yandobanuye ngo menyeshe inkuru nziza aboro”.
Mwene ukwo guhindura kurafasha kandi abasomyi gutandukanya Yehova Imana n’Umwana wiwe w’ikinege, Yezu Kristu. Nk’akarorero, impinduro nyinshi zihindura Matayo 22:44 ngo: “Umukama yabwiye Umukama wanje”. Mugabo neza na neza ni nde avuga kandi ni nde abwirwa? Mu bisanzwe, uwo murongo usubiramwo amajambo yo muri Zaburi 110:1, ayarimwo izina ry’Imana mu gisomwa c’igiheburayo co mu ntango. Impinduro y’isi nshasha rero uwo murongo iwuhindura ngo: “Yehova yabwiye Umukama wanje ati: ‘Icara iburyo bwanje gushika nshize abansi bawe munsi y’ibirenge vyawe’”. Gutahura itandukaniro Ivyanditswe bishira hagati ya Yehova Imana n’Umwana wiwe ntibisaba amashure ahanitse (Mariko 13:32; Yohani 8:17, 18; 14:28). Ni ntahara kugira ngo umuntu aronke ubukiriro. Twisunze Impinduro y’isi nshasha mu Bikorwa 2:21 hagira hati: “Umuntu wese yambaza izina rya Yehova azokizwa”.
Ntigiramwo amakosa kandi iratomoye
Hariho n’iyindi mice yibonekeje y’Impinduro y’isi nshasha. Igisomwa c’akarorero co mu kigiriki ca Westcott na Hort ni co catowe ngo kibe co gisomwa impinduro y’icongereza yisunga. Rero, haritwararitswe bimwe bidasanzwe ivyo guhindura ikigiriki co mu ntango ata makosa be n’ijambo ku rindi uko bishoboka kwose mu mvugo yoroshe, yo mu gihe ca none. Uretse ko kubigira gutyo vyatumye uburyohe bwinshi bw’inyandiko za Bibiliya zo mu ntango buzigamwa, vyaratumye kandi haba ugutahura kwinshi cane.
Fata nk’akarorero ibivugwa mu Baroma 13:1, aho intumwa Paulo yahimirije abakirisu ‘kuyobokera abakuru bari hejuru’, canke intwaro z’abantu. Impinduro nyinshi zishishikara uwo murongo mu kuvuga yuko mwene izo ntwaro “zatirwa n’Imana” canke “zigenwa n’Imana” (King James Version; Jerusalem Bible). Abami bamwebamwe barakoresheje mwene izo mpinduro kugira ngo bashigikire intwaro zabo z’igikenye. Mugabo kubera ko Impinduro y’isi nshasha irangwa no kuba ihinduwe ijambo ku rindi kandi ata makosa, uwo murongo iwuhindura ngo: “Abakuru bahari bashizwe n’Imana mu bibanza birutarutana bitigenga”c. Ubu rero umuntu arashobora gutahura yuko naho Imana ubwayo idatora abatware bo mw’isi, ireka koko mwene abo bantu bakaja mu bibanza vy’ubukuru birutarutana, mugabo vyama nantaryo biri munsi yayo.
Impinduro y’isi nshasha irihatira kandi guserura udutandukaniro tuboneka mu mavuga y’ikigiriki. Mu ndimi nyinshi zo mu gihe ca none, amavuga arahadikirizwa kugira ngo yerekane umwanya igikorwa gikorwamwo, ni ukuvuga kahise, kubu, canke kazoza. No mu kigiriki, amavuga arerekana igikorwa kivugwa ico ari co, nimba ari ikimara akanya gatoyi, icarangiye, canke ikibandanya. Rimbura amajambo ya Yezu ari muri Matayo 6:33. Irivuga ry’ikigiriki risobanura “kurondera” ryerekana igikorwa kibandanya. Iciyumviro gitekeye mu majambo ya Yezu gica rero giserurwa neza hahinduwe ngo: “Gume rero mubanza kurondera ubwami n’ubugororotsi bwayo, ivyo bindi bintu vyose na vyo muzovyongerwa”. Muri ubwo buryo nyene, muri Matayo 7:7 hahindurwa ngo: “Mugume musaba, muzohabwa; mugume murondera, muzoronka; mugume mudodora, muzokwugururirwa”.—Raba kandi Abaroma 1:32; 6:2; Abagalatiya 5:15.
Impinduro y’isi nshasha irashika kure cane mu guhindura amajambo nyamukuru mu buryo bumwe kandi budahindagurika. Nk’akarorero, ijambo ry’ikigiriki pisike (psy·kheʹ), rihindurwa ngo “ubuzima” ahantu hose rifise iyo nsobanuro. Ivyo bituma abasomyi batahura ningoga yuko, mu buryo butandukanye n’inyigisho z’amadini, ubuzima atari ikintu kidapfa, kimwe bita ngo ni umutima w’ubwenge udapfa. Burashobora gupfa.—Matayo 2:20; Mariko 3:4; Luka 6:9; 17:33.
Gutuma abantu bo hirya no hino kw’isi baronka Ijambo ry’Imana
Isohorwa ry’Ivyanditswe vy’ikigiriki mu kirundi ni intango gusa. Haragizwe indinganizo zo guhindura Bibiliya yose mu gihe kibereye. Ariko none, abasomyi boba bashobora kwemera badakeka ko iyo mpinduro y’ikirundi izoba itagiramwo amakosa kandi itazoba irimwo amajambo ahinduye mu buryo butandukanye nka kurya nyene bimeze mu gisomwa c’icongereza yakuwemwo?
Ego cane! Ivyo birashoboka kubera ko igikorwa c’ubuhinduzi camye gikurikiranirwa hafi n’Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova. Harafashwe ingingo iranga ubukerebutsi yuko guhindura Bibiliya mu zindi ndimi vyoba vyiza kuruta bigizwe mu migwi. Ku bw’ivyo, imigwi ijejwe guhindura Bibiliya yarashinzwe mu bihugu bitari bike kw’isi yose. Ibiro bijejwe ubuhinduzi vyarashinzwe ku Cicaro gikuru c’Ivyabona vya Yehova i Brooklyn mu gisagara ca New York kugira ngo vyitwararike ivyo iyo migwi ikenera, vyishure ibibazo vyayo, no kugira ngo vyiyemeze yuko integuro zo mu ndimi zitandukanye z’Impinduro y’isi nshasha zihuza. Haratunganijwe kandi igikoresho gifasha cane, na co kikaba ari ubuhinga bwo kuri orodinateri kugira ngo bufashe abahinduzi ba Bibiliya. Naho ari ukwo, igikorwa c’ubuhinduzi kiguma gisaba ko umuntu agira akigoro gakomeye. Ariko rero, ubwo buhinga bwo kuri orodinateri bwaroroheje cane ihangiro rihanitse ryashiriweho imigwi ijejwe guhindura Bibiliya, na ryo rikaba ari uguhindura Impinduro y’isi nshasha ata makosa kandi ata guhindura amajambo amwe mu buryo butandukanye, gutyo bakaba biganye impinduro y’icongereza. Nk’akarorero, ubwo buhinga burerekana ingene ijambo rimwerimwe ryose ry’igiheburayo n’iry’ikigiriki rihindurwa mu nteguro y’icongereza, ivyo bikaba bifasha cane abahinduzi kurobanura amajambo yo mu rurimi rwabo bihuye.
Ivyiza vy’izo ndinganizo biribonekeza bitagoranye umuntu aravye gusa ibivamwo. Tuguhimirije gusuzuma ikopi y’Impinduro y’isi nshasha y’Ivyanditswe vy’ikigiriki. Urashobora kuyironka uyisavye abasohora iki kinyamakuru. Uzoshobora kandi guhimbarwa n’imice yayo itari mike idasanzwe: iratomoye; irasomeka; ifise udutwe hejuru ku mpapuro tugufasha gutora ningoga imirongo umenyereye; irimwo amakarata ariko utuntu twinshi; be n’amayagwa y’inyongera ashimishije. Igihambaye kuruta, urashobora gusoma iyo Bibiliya wizigiye udakeka yuko ishikiriza amajambo y’Imana ata makosa mu mvugo yo mu buzima bwa misi yose.
[Utujambo tw’epfo]
a Birashimishije kubona, muri ubwo buryo nyene, igipfukisho c’integuro yo mu 1971 ya Bibiliya New American Standard Bible ifise amarabiro, kigira giti: “Nta zina na rimwe twavuze ry’incabwenge canke ngo dushiremwo amajambo yo gushemeza umuntu kubera yuko agaciro k’Ijambo ry’Imana gahagaze ku kamaro ryo nyene rifise”.
b Ni ivy’ukuri yuko ya mpinduro y’ikigiriki yitwa Septante ari yo ahanini yisunzwe mu guhindura amajambo y’Ivyanditswe vy’igiheburayo yasubiwemwo mu gice bita ngo ni Isezerano risha. Kubera yuko amakopi ya nyuma y’iyo mpinduro yitwa Septante atarimwo izina ry’Imana, incabwenge nyinshi zivuga yuko no mu Vyanditswe vy’ikigiriki iryo zina ryari rikwiye kuba ritarimwo. Ariko rero, amakopi ya kera y’iyo mpinduro yitwa Septante agisigaye arimwo izina Yehova mu mero yaryo yo mu giheburayo co mu ntango. Ico ni ikintu gikomeye gishigikira igituma izina Yehova rikwiye gusubizwa mu Vyanditswe vy’ikigiriki.
c Raba igitabu A Manual Greek Lexicon of the New Testament canditswe na G. Abbott-Smith, be n’igitabu A Greek-English Lexicon canditswe na Liddell be na Scott. Twisunze ivyo bitabu be n’ayandi makuru yo kwizigirwa, iyo mvugo y’ikigiriki ijambo ku rindi isobanura “gutegura kugira ngo, gushira mu kibanza”.
[Amafoto ku rup. 8, 9]
Imice ya Bibiliya Impinduro y’isi nshasha:
Haritwararitswe bimwe bidasanzwe ivyo guhindura ikigiriki co mu ntango ata makosa be n’ijambo ku rindi uko bishoboka kwose mu mvugo yoroshe, yo mu gihe ca none
1 Timoteyo 3:16, nk’uko ico canditswe kiboneka mu mpinduro yitwa Codex Sinaiticus yo mu kinjana ca kane G.C.
Kuba yoroshe gusoma bituma umuntu ahimbarwa no kuyisoma
Udutwe turi hejuru ku mpapuro dutuma vyoroha ko umuntu atora ningoga na ningoga imirongo asanzwe amenyereye
Amakarata ariko utuntu twinshi arafasha abasomyi kwongereza ubumenyi bwabo ku bijanye n’uturere tuvugwa muri Bibiliya
[Ifoto ku rup. 7]
Abanditsi ba Bibiliya nk’intumwa Paulo bakoresheje imvugo yo mu buzima bwa misi yose
[Ifoto ku rup. 10]
Kuba Bibiliya “Impinduro y’isi nshasha” itomoye bituma iba kirumara cane mu murimo wa gikirisu