ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w07 1/10 rup. 3-4
  • Umutware w’umutunzi ahitamwo nabi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Umutware w’umutunzi ahitamwo nabi
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Ivyo bijanye
  • Yezu Hamwe n’Umutware Atunze w’Umusore
    Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • Yezu yishura umutware w’umutunzi
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Yezu yashaka kuvuga iki mu kuvuga ngo «nkurikira»?
    “Ingo unkurikire”
  • Tubeho tutacinezereza
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
w07 1/10 rup. 3-4

Umutware w’umutunzi ahitamwo nabi

UWO mutware akiri muto w’umutunzi yari umuntu yitwararika ibintu, yubaha ivyagezwe, kandi akunda ivy’Imana. Yaraje aho Yezu yari, akubita ibipfukamiro imbere yiwe hanyuma amubaza ati: “Mwigisha mwiza, ni igiki ntegerezwa gukora ngo nze ntorane ubuzima budahera?”.

Mu kumwishura, Yezu yamubwiye yuko kugira ngo aronke ubuzima budahera yategerezwa kwitondera amabwirizwa y’Imana. Igihe yamusaba ngo amutomorere, Yezu yavuze ati: “Ntukicane, Ntukarenge ibigo, Ntukibe, Ntugashinge intahe y’ikinyoma, Utere iteka so na nyoko, kandi Utegerezwa gukunda mugenzawe nk’uko wikunda”. Ayo yari amabwirizwa nyamukuru yari muri rya Tegeko Imana yaha Musa. Uwo mugabo yaciye avuga ati: “Ivyo vyose narabigumije; ikindi mpajije ni igiki?”.​—Matayo 19:16-20.

Yezu ‘yumvise amukunze’, aca avuga ati: “Ubuze ikintu kimwe: Genda, ugurishe ivyo ufise vyose hanyuma uhe aboro, ni ho uzogira itunga mw’ijuru, maze uze unkurikire”.​—Mariko 10:17-21.

Bukwi na bukwi uwo mutware akiri muto yarahanganye no gufata ingingo itoroshe. None yari guhitamwo iki? Yoba yari guheba abikunze ubutunzi bwiwe maze agakurikira Yezu canke yari kuguma yumiye ku matunga yiwe? Yoba yari gukurikirana amatunga yo kw’isi canke yari kurondera amatunga yo mw’ijuru? Kuri we, iryo ritegerezwa kuba ryari ihitamwo ritoroshe. Vyaragaragara ko yitwararika ivy’impwemu, kubera ko yitondera rya Tegeko kandi akaba yarashaka kumenya vyinshi ku bijanye n’ivyo yokora kugira ngo ashimwe n’Imana. None yafashe ingingo iyihe? Yaciye “agenda intuntu ari yose, kuko yari atunze ibintu vyinshi”.​—Mariko 10:22.

Iyo ngingo uwo mutware akiri muto yafashe ntiyaranga ubukerebutsi. Iyo aba umuyoboke w’intahemuka wa Yezu yari gushobora kuronka ico yariko arondera, ico na co kikaba ari ubuzima budahera. Ntituzi ivyahavuye bishikira uwo mutware akiri muto. Ariko rero ico tuzi ni uko haheze nk’imyaka 40 ingabo z’Abaroma zasanganguye Yeruzalemu be n’igice kinini c’Ubuyuda. Abayuda batari bake barahatakarije ivyabo, eka mbere barahasiga agatwe.

Mu buryo butandukanye n’uwo mutware, intumwa Petero be n’abandi bigishwa ba Yezu baragize ihitamwo ryiza. “[Ba]rasize vyose” maze barakurikira Yezu. Ese ukuntu yabagiriye akamaro iyo ngingo bafashe! Yezu yababwiye yuko boronse ibisumba kure n’iyo ivyo bari barahevye. Vyongeye, botoranye ubuzima budahera. Bobo bafashe ingingo itotumye bicuza.​—Matayo 19:27-29.

Twese turahangana no gufata ingingo mu buzima, zaba izoroshe canke izihambaye. None Yezu yavuze iki ku bijanye no gufata izo ngingo? Woba uzokwemera impanuro atanga ku bijanye n’ivyo? Niwahitamwo kuzemera, uzokwironkera ivyiza vyinshi. Nimuze turimbure ukuntu dushobora gukurikira Yezu maze tukungukira ku vyo yavuze.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika