Woba uvyibuka?
Woba warinovoye ugusoma inomero z’Umunara w’Inderetsi za vuba? Raba nimba ushobora kwishura ibibazo bikurikira:
• Ni mu buryo bune ubuhe Ivyanditswe vy’ikigiriki vya gikirisu bikoresha ijambo “ishengero”?
Ubwa mbere, iryo jambo rikoreshwa ku mugwi ugizwe n’abakirisu basizwe (hakaba hari n’ivyanditswe bivuga ko na Kristu arimwo). Ubwa kabiri, imvugo ngo “ishengero ry’Imana” yerekeza ku bakirisu bose baba babayeho mu gihe kinaka ico ari co cose. Ubwa gatatu, yerekeza ku bakirisu bose bo mu karere kanaka. Ubwa nyuma, iyo mvugo yoshobora kwerekeza ku bagize ishengero ry’ahantu hanaka.—15/4, urupapuro rwa 21-23.
• Ihamagarwa ry’abakirisu bafise icizigiro co kuba mw’ijuru rirangira ryari?
Nta nyishu itomoye Bibiliya itanga. Iryo hamagarwa ryatanguye mu 33 G.C. kandi ryarabandanije mu bihe vya none. Inyuma yo mu 1935 intumbero nyamukuru y’igikorwa co guhindura abantu abigishwa yari iyo gutororokanya abagize ishengero ryinshi. Bamwe mu babatijwe inyuma ya 1935, impwemu yera yarabashingiye intahe yuko bafise icizigiro co kuba mw’ijuru, kikaba ari co gituma tudashobora gushinga igenekerezo nyezina ryerekana igihe iryo hamagarwa rirangirira. Mu vy’ukuri abasizwe ntibafise impwemu nyeranda nyinshi y’Imana kurusha abo mu bagize ishengero ryinshi, canke ngo bitege gufatwa mu buryo budasanzwe. Abakirisu, baba abafise icizigiro co kuba mw’ijuru canke co kuba kw’isi, barakeneye kuguma ari intahemuka no kuguma bakora ivyo Imana igomba.—1/5, urupapuro rwa 30-31.
• Igihe Yefuta yagira indagano, yoba yari yiteguriye gutanga umukobwa wiwe kw’ishikanwa ryo kwosereza Imana?
Oya. Yefuta yashaka kuvuga ko yokweguriye Imana uwoje kumusanganira kugira ngo akore umurimo wayo gusa, iyo ikaba yari intunganyo yo mu Vyagezwe vya Musa (1 Samweli 2:22). Mu gushitsa iyo ndagano, umukobwa wa Yefuta yagumye asukurira mw’ihema ry’ibonaniro, ivyo bikaba vyasaba ukwitanga gukomeye kubera ko vyasobanura yuko atokwigeze yabirwa.—15/5, urupapuro rwa 9-10.
• Ni uruhara uruhe codex yaranguye mu bukirisu bwo mu ntango?
Biribonekeza ko abakirisu bakoresheje ahanini umuzingo, n’imiburiburi gushika mu mpera z’ikinjana ca mbere mu gihe cacu. Mu kinjana cakurikiye, harabaye ukutumvikana hagati y’abari bashigikiye codex n’abari bashigikiye umuzingo. Abahinga bemera ko kuba abakirisu barakoresheje codex vyagize uruhara ruhambaye rwatumye abantu benshi bayemera.—1/6, urupapuro rwa 14-15.
• Ikirangamisi c’i Gezeri ni iki?
Ni igisate gitoya c’ibuye kibase cubuwe mu 1908 mu kibanza kimwe co mu gisagara citwa Gezeri. Abenshi biyumvira yuko agahungu k’akanyeshure ari ko kanditse kuri ico gisate igihe kariko karakora umwimenyerezo. Ico gisate cerekana muri make ibijanye n’umwaka w’uburimyi, uwatangurana n’ishwabura ryaba mu kwezi guhurirana n’igice ca nyuma ca Nyakanga be n’igice ca mbere ca Gitugutu, kikongera kikavuga ibijanye n’ivyimburwa be n’ibikorwa bitandukanye vyari bijanye n’uburimyi.—15/6, urupapuro rwa 8.
• Bisobanura iki gucumura ku mpwemu nyeranda?
Umuntu arashobora gucumura ku mpwemu nyeranda ya Yehova, ico na co kikaba ari icaha kitazoharirwa (Matayo 12:31). Imana ni yo imenya niba twakoze canke tutakoze icaha kidaharirwa, kandi ni na yo ishobora kudukurako impwemu yayo (Zaburi 51:11). Igihe dutuntujwe cane n’icaha twakoze, biba bishoboka rwose ko tuba twigaye vy’ukuri, gutyo bikaba vyerekana ko tutacumuye ku mpwemu.—15/7, urupapuro rwa 16-17.
• Ni kubera iki Umwami Sauli yabajije ngo ‘Dawidi ni mwene nde’, kandi yari yarigeze kugira ivyo akoranye na we? (1 Samweli 16:22; 17:58)
Sauli ntiyashaka gusa kumenya ukwo se wa Dawidi yitwa. Kuba Sauli yabona muri Dawidi umuntu afise ukwizera kandi w’umurindutsi yigeze kunesha Goliyati, yashaka kumenya ukuntu umuntu yareze uwo muhungu ameze. Sauli ashobora kuba yiyumvira ivyo gushira Isayi canke abandi bagize umuryango wiwe mu ngabo ziwe.—1/8, urupapuro rwa 31.