ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w07 1/8 rup. 12-15
  • Gusukurira Yehova ni agateka ataco kogereranywa

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Gusukurira Yehova ni agateka ataco kogereranywa
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ndonka uwo twubakana
  • Nsubira mu gikorwa c’igihe cose
  • Imihezagiro ntazokwibagira
  • Nkorana ubutsimvyi n’abahungu banje
  • N’ubu ndacakora ubutsimvyi!
  • Imigisha Iva ku Gikenurwa c’Ubutsimvyi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
  • Gukora ubutsimvyi birakomeza ubucuti dufitaniye n’Imana
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
w07 1/8 rup. 12-15

Inkuru y’ubuzima

Gusukurira Yehova ni agateka ataco kogereranywa

Nk’uko vyavuzwe na Zerah Stigers

Umunega wanje, uwambereye umugenzi w’intahemuka mu gikorwa c’igihe cose, yapfuye mu mwaka wa 1938. Ivyo vyatumye nsigara nireranye uruyoya be n’akandi gahungu k’imyaka cumi. None ko nari ngifise icipfuzo gikomeye co gukora ndi umusuku w’igihe cose, ivyo nari kubishobora gute? Imbere yuko ndabiganira ingene vyashobotse, reka mbanze ndabacire ku mayange ubuzima naciyemwo nkiri muto.

HAHEZE igihe gitoya mvukiye i Alabama muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika ku wa 27 Mukakaro 1907, umuryango wacu, uwari ugizwe n’abavyeyi bacu be n’abandi bana batatu twavukana, waciye wimukira muri Leta ya Géorgie. Hashize igihe gito, twarimukiye i Tennessee, mu nyuma twimukira hafi ya Tampa muri Leta ya Floride. Igihe twari ng’aho mu 1916, narabonye isenema yaherekezwa n’amajwi igizwe n’ “urukurikirane rw’amafoto yerekana ivy’irema”. Ico gihe ni ho ivy’amasenema vyari bigitangura kandi uwo ari we wese yarahimbarwa cane no kuraba urwo “rukurikirane rw’amafoto”!

Abavyeyi banje barakunda cane gusoma ikinyamakuru Umunara w’Inderetsi be n’ibindi bitabu bishingiye kuri Bibiliya. Naho dawe yakunda gusoma ivyo binyamakuru, ico gihe ntiyifatanya abigiranye umwete n’Abatohoji ba Bibiliya, ukwo akaba ari ko Ivyabona vya Yehova bitwa ico gihe. Ariko mawe we, yaratujana ku makoraniro. Kukaba nkako, hashize igihe gito twimukiye mu gasagara kitwa Niles muri Leta ya Michigan, twama tugira urugendo rw’ibilometero birenga 16 n’igariyamoshi kugira ngo twitabe amakoraniro yabera mu gisagara citwa South Bend muri Leta ya Indiana.

Nahavuye mbatizwa ku wa 22 Mukakaro 1924, bwa kimenyetso c’uko niyeguriye Yehova. Haciye igihe gito, mawe yaragize ivyo atunganije kugira ngo abe umwe mu bitwa muri kino gihe, abasuku b’igihe cose bo mu Vyabona vya Yehova. Akarorero keza yatanga be n’uburorero bw’abandi basuku b’igihe cose, bwaratumye ngira icipfuzo co gukora uwo murimo.

Ndonka uwo twubakana

Igihe nitaba ihwaniro rinini ryabereye i Indianapolis muri Leta ya Indiana mu 1925, narahuye n’uwitwa James Stigers, uno akaba yaturuka muri Chicago. Ubwo nyene naciye numva nkozwe ku mutima n’ukuntu James yari umusavyi wa Yehova w’umunyamwete. Ico gihe naba nko ku bilometero 160 uvuye i Chicago, ugaca wumva rero ko bitari vyoroshe ko tugenderanira na James. Muri ico gisagara kinini hariho ishengero rimwe gusa kandi amakoraniro yabera mu cumba co mw’igorofa cari carakoswe n’abavukanyi. James yarakunda kunyandikira kugira ngo andemeshe mu vy’impwemu. Twubakanye mu kwezi kwa Kigarama mu 1926, maze haciye nk’umwaka umwe nibaruka agahungu kacu k’imfura, ako twise Eddie.

Haheze igihe gito, twe na James twaciye dutangura igikorwa c’ubutsimvyi. Twarakoreye mu ma Leta umunani yo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, ayo na yo akaba ari Michigan, Louisiana, Mississippi, Dakota du Sud, Iowa, Nebraska, Californie be na Illinois, aho twinovoye imyaka yaduhimbaye kuruta iyindi mu buzima bwacu. Iyo myaka twamaze duhimbawe uko tugize umuryango yaciriwemwo n’indwara ya James.

Ingorane z’ivy’ubutunzi twagize bivuye ku ndwara ya James, zatumye mu 1936 dusubira i Chicago kubana na mabukwe, uno akaba na we nyene yari Icabona. Igihe James yari ku mpfiro, ico gihe nkaba nari nibungenze imbanyi igira kabiri, narakora mw’iresitora imwe aho nahembwa idolari rimwe ku musi (ni amarundi arenga 1.000). Uwo mabukwe nikundira yaritwararika ko turonka imfungurwa zikwiye kandi ntiyemera ko nomusubiza amahera na makeyi ku yo yaba yakoresheje. Vy’ukuri yaratwitwararitse uko yari ashoboye kwose.

James yapfuye muri Mukakaro 1938 amaze imyaka nk’ibiri arwaye indwara ifatira mu bwonko yitwa encéphalite. Muri ico gihe yari arwaye, ntiyashobora gutwara umuduga canke kugira uruhara mu gikorwa co kwamamaza inzu ku nzu. Yamara naho vyari vyifashe gutyo ntiyigera agisha akaryo ko kubwira abandi ubutumwa bwiza. Kugira ngo nshigikire umuryango mu bijanye n’amahera, naciye mpagarika umurimo w’igihe cose. Narashobora kuronka ubuzi butandukanye, kamwekamwe kose kakaba kamara gusa igihe gito.

Agahungu kacu kitwa Bobby kavutse ku wa 30 Mukakaro 1938, haheze imisi umunani gusa se wiwe apfuye. Igihe nagomba kwibaruka, mabukwe ntiyemeye ko nja kwibarukira ku bitaro bibayabaye. Ahubwo, yaratunganije ivy’uko nogenda kwibarukira ku bitaro vyiza gusumba kandi nkitwararikwa n’umuganga yari asanzwe amuvura. N’ikindi kandi, yararishe amahera yose banciye, ico kikaba cabaye ikimenyamenya c’urukundo rwa gikirisu nakengurutse bimwe bivuye ku mutima.

Nsubira mu gikorwa c’igihe cose

Twarabandanije kubana na mabukwe gushika Bobby arengeje imyaka ibiri, ico gihe Eddie akaba yari afise imyaka 12. Naho vyabaye ngombwa ko mbaho mpuza n’uko ivyanje vyari vyifashe, nari ngifise icipfuzo gikomeye co gukorera Yehova mu murimo w’igihe cose. Kw’ihwaniro ryabereye i Detroit muri Leta ya Michigan mu 1940, narahahuriye n’umugabo be n’umugore wiwe bakora ubutsimvyi, bano bakaba barandemesheje kuja gukorera ubutsimvyi muri Caroline y’Epfo. Naciye ngura umuduga umeze nk’ivewe, ndawugura amadolari 150 (ni amarundi arenga 150.000) maze nca nitegurira kwimukirayo. Mu 1941, umwaka Leta Zunze Ubumwe za Amerika zinjiye mu Ntambara ya kabiri y’isi yose, jewe n’uduhungu twanje tubiri twaciye tuja kuba mu Bumanuko bw’ico gihugu, maze nca nsubira gukora umurimo w’igihe cose.

Igihe twimukira muri Caroline y’Epfo, twabanje kuba i Camden, hanyuma tuja kuba i Little River, amaherezo tuja i Conway. Igihe twari i Conway, nararonse agakonteneri gatoya gakwegwa n’umuduga, kakaba ariko nabamwo. Umuntu umwe w’umutima mwiza yarampaye uruhusha rwo gushira ako gakonteneri kanje iruhande y’ikibanza ciwe imiduga yanywesherezamwo igitoro be n’urwo kurahura umuyagankuba ndawukuye kuri ico kibanza. Yaranyemereye kandi gukoresha akazu ka surwumwe kari muri ico kibanza. Mu gihe c’Intambara ya kabiri y’isi yose, harabaye ubukene bw’igitoro, ivyo bikaba vyatumye ntashobora kucironsa. Ni co gituma naciye ngura ikinga ryari rimaze gukora. Mu nyuma, mu mwaka wa 1943, igihe vyasa n’ibidashoboka ko mbandanya igikorwa c’ubutsimvyi kubera uduhera nari mfise twari twaheze, naratewe agateka ko gukora ubutsimvyi budasanzwe. Ico gihe hoho nararonswa amahera makeya buri kwezi, ayo na yo akaba yaramfasha kwironsa ivyo naba nkeneye mu buzima. Mu myaka n’iyindi, Yehova yaramfashije cane!

Muri ico gihe nta bandi bantu b’Ivyabona baba i Conway, kandi jewe n’abana banje ntivyatworohera kwijana mu busuku. Naciye nandika ikete nsaba ko bondungikira uwundi mutsimvyi, maze mu 1944 nza mbona bandungikiye umutsimvyi ameze neza cane yitwa Edith Walker. Twarakoranye mu turere tutari duke mu kiringo c’imyaka 16. Ikibabaje ni uko mu nyuma vyabaye ngombwa ko asubira i Ohio bivuye ku ngorane z’amagara.

Imihezagiro ntazokwibagira

Mu bintu vyinshi bihimbaye nibuka vyabaye muri iyo myaka, sinzokwigera nibagira umukobwa w’imyaka 13 yitwa Albertha yaba i Conway kandi akaba ari we yitwararika inakuru yari yaramugaye be na basazawe batoya babiri. Yarakunda ukuri namwigisha kwo muri Bibiliya kandi yaripfuza kubwira abandi ivyo yiga. Na we nyene yahavuye atangura gukunda cane igikorwa c’ubutsimvyi kandi arangije amashure yisumbuye mu 1950 yaciye atangura ico gikorwa. Ubu haciye imyaka 57, kandi aracabandanya umurimo w’igihe cose!

Mu 1951, jewe na Edith twararungitswe kumara igihe gito dukorera i Rock Hill muri Caroline y’Epfo, ico gihe hakaba haba Ivyabona bake cane. Mu nyuma twarungitswe kumara imyaka itatu dukorera mu gisagara ca Elberton muri Leta ya Géorgie. Twahavuye dusubira muri Caroline y’Epfo, aho nakoreye guhera mu 1954 gushika mu 1962. Mu gisagara citwa Walhalla, narahuye n’umutamakazi w’igipfamatwi yitwa Nettie, akaba yaba mu karere kari kure y’ico gisagara kandi mu nzu ya wenyene. Kugira ngo dushobore kwiga Bibiliya, yarasoma ingingo mu gitabu, maze ahejeje gusoma ngaca nshira urutoke ku kibazo kijanye n’iyo ngingo hepfo ku rupapuro, hanyuma na we agaca ashira urutoke ku nyishu muri iyo ngingo.

Igihe haba hari ikintu adatahuye, yaca yandika ikibazo ciwe ku gakaratasi maze nanje ngaca ndamwandikira inyishu inyuma y’ico kibazo. Haciye igihe, urukundo Nettie yakunda ukuri kwo muri Bibiliya rwarongerekanye cane ku buryo yaciye atangura kwitaba amakoraniro no kugira uruhara mu busuku bw’inzu ku nzu. Yaraja kwamamaza ari wenyene, ariko sinigera mba kure cane yiwe. Akenshi naba ndi hakurya y’ibarabara niteguriye kumufasha mu gihe vyaba bibaye ngombwa.

Igihe nari i Walhalla, umuduga wanje wari ushaje warapfuye. Nararonse akaryo ko gushobora kugura uwundi ku mahera angana n’amadolari 100 (amarundi arenga 100.000), ariko ico gihe nta mahera nari mfise. Naciye ngenda kugurana amahera Icabona umwe w’umudandaza, maze angurana ayo madolari 100. Haheze igihe gito, nararonse ikete ntari niteze rirungitswe na murumunanje ryamenyesha yuko abo tuvukana bari baherutse kumenya ko igihe dawe yapfa yari yarasize amahera makeya muri banki. Barumvikanye ico boyakoza maze bose bemeranya kuyandungikira. Ndagupfinze uko ayo mahera yangana. Yari amadolari 100!

Nkorana ubutsimvyi n’abahungu banje

Eddie na Bobby kuva bakiri bato cane twama turi kumwe mu gikorwa co kwamamaza inzu ku nzu. Muri ico gihe, abantu muri rusangi ntibari bwagire ingorane zijanye no kunywa ibiyayuramutwe kandi ingeso z’ubuhumbu ntizari bwabe ndanse nko muri kino gihe. Kuguma tworoheje ubuzima bwacu no kugumiza ivyiyumviro vyacu ku gikorwa co kwamamaza vyaramfashije kwirinda nyinshi mu ngorane abavyeyi bahanganye na zo muri kino gihe mu kurera abana babo kugira ngo basukurire Yehova.

Eddie yaragiye kwiga i Camden gushika arangije amashure yisumbuye. Inyuma y’aho yaraseruye icipfuzo co kwifatanya nanje mu gikorwa c’ubutsimvyi. Twarahimbawe no kuba twarakoranye umurimo w’ubutsimvyi imyaka itari mike. Mu nyuma yaragaragaje icipfuzo co kuja gukorera ku cicaro gikuru c’Ivyabona vya Yehova i Brooklyn mu gisagara ca New York, aho yakoreye kuva mu 1947 gushika mu 1957. Mu 1958 yarubakanye na Albertha umwe nahoze nigisha Bibiliya, maze baca bakora umurimo w’ubutsimvyi. Ntiworaba umunezero twagize igihe mu 2004, twese uko turi batatu twitaba Ishure ry’umurimo w’abatsimvyi!

Ndibuka yuko umusi umwe, ubu hakaba haciye imyaka myinshi, numvise Bobby uwari akiri muto asenga Yehova amusaba kumfasha kugira ngo ndonke igitoro c’umuduga gikwiye, gutyo nshobore kuja kuraba abo nigisha Bibiliya twaba twahanye isango. Bobby yaragaragaje mu buzima bwiwe bwose urukundo yakunda ubusuku kandi yarahimbawe no gukora umurimo w’ubutsimvyi imyaka itari mike. Ikibabaje ni uko na we nyene yashikiwe n’icago mu muryango. Yarabuze umukenyezi wiwe mu 1970 bamaze amezi 22 gusa bubakanye, uwo mukenyezi akaba yahitanywe n’imbanyi ariko aribaruka kandi n’uduhasa yariko aribaruka tukaba tutarokotse. Jewe na Bobby twamye tubana hafi na hafi kandi twarunze ubucuti bwa somambike.

N’ubu ndacakora ubutsimvyi!

Mu 1962, nararungitswe gukorera mw’ishengero ndimwo ubu i Lumberton muri Caroline ya Ruguru, ubu nkaba ndarimazemwo imyaka 45. Narabandanije gutwara umuduga wanje gushika ndengeje imyaka 80. Muri kino gihe, umwe mu miryango y’Ivyabona uba hafi y’aho mba ni wo unyunguruza gushika ku makoraniro y’ishengero ukongera ukanjana mu gikorwa co kwamamaza.

Ndafise icuma comfasha kugenda be n’agakinga k’ibimuga mugabo nta na kimwe nkoresha muri ivyo kubera ko ngishobora kugenda ataco ndinze kwifashisha. Ndakengurukira Yehova kubona naragize amagara meza, ubu bwa vuba akaba ari ho gusa nagize ingorane zijanye n’amaso. Nta na rimwe nsiba ikoraniro ry’ishengero kiretse igihe mba ndwaye cane kandi ndacasukura nk’umutsimvyi asanzwe, afise amagara make.

Mu myaka irenga 70 namaze nkorana umunezero umurimo w’ubutsimvyi, ndashobora kuvuga vy’ukuri ko Yehova yamfashije muri ico kiringo cosea. Ndatahura ko ntigeze mba umuntu aciye ubwenge cane canke ngo mbe umukozi akora ibintu anyarutsa, mugabo Yehova arazi ivyo nshoboye n’ivyo ntashoboye gukora. Ndakenguruka cane kubona azi ko ngerageza gukora ivyo nshoboye be no kubona yarankoresheje.

Numva ko gukorera Yehova mu buryo bushitse uko bishoboka kwose bihambaye, kubera yuko ibintu vyose ari we tubikesha. Igihe cose noba ngifise utugara, nta kindi kintu nohitamwo gukora atari umurimo w’ubutsimvyi. Ese ukuntu gusukurira Imana kabaye agateka kadasanzwe! Icipfuzo canje ni uko Yehova yonkoresha ibihe bidahera.

[Akajambo k’epfo]

a Umuvukanyikazi Stigers yarangije ubuzima bwiwe bwo kw’isi ku wa 20 Ndamukiza 2007, ico gihe akaba yabura amezi atatu gusa kugira ngo akwize imyaka 100. Turaremeshwa no kubona yaramaze imyaka myinshi asukura ari intadohoka kandi turahimbarwa no kuba yararonse impera yiwe mw’ijuru.

[Ifoto ku rup. 13]

Jewe hamwe n’umunega wanje twakoresha uyo muduga mu gikorwa c’igihe cose

[Ifoto ku rup. 14]

Ndi kumwe n’abahungu banje mu 1941

[Ifoto ku rup. 15]

Ndi kumwe na Eddie be na Bobby ejo bundi

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika