Kwitwararika ivy’Imana mu buryo nyakuri wobishikako gute?
INTUMWA Paulo yanditse ati: “Kwitwaririka ivy’umubiri kuzana urupfu, ariko kwitwaririka ivy’impwemu kuzana ubu[zima] n’amahoro” (Abaroma 8:6). Mu kuvuga ayo majambo, iyo ntumwa yariko yerekana ko kuba umuntu yitwararika ivy’impwemu atari gusa ibintu bijanye n’ihitamwo ry’umuntu canke inyiyumvo ziwe. Mu vy’ukuri, ni ikibazo kijanye n’ubuzima canke n’urupfu. Ariko none, ni mu buryo ki umuntu yitwararika ivy’impwemu aronka ‘ubuzima n’amahoro’? Nk’uko Bibiliya ibivuga, mwene uwo muntu arumva yuko ubwiwe afise amahoro muri iki gihe akongera akagiranira amahoro n’Imana, kandi muri kazoza akazoronka ubuzima budahera (Abaroma 6:23; Ab’i Filipi 4:7). Ntibitangaje kubona Yezu yavuze ati: “Hahiriwe abazi ko bakeneye ivy’impwemu”!—Matayo 5:3, NW.
Kubona uriko urasoma iki kinyamakuru birerekana ko witwararika ivy’Imana, kandi ivyo birabereye. Ariko rero, kubera yuko ivyiyumviro abantu bafise ku bijanye n’ico kibazo bitandukanye cane, woshobora kwibaza uti: ‘Uburyo nyakuri bwo kwitwararika ivy’Imana ni ubuhe? Kandi umuntu yobushikako gute?’.
“Ivyiyumviro vya Kristo”
Intumwa Paulo yari afise vyinshi vyo kuvuga ku bijanye n’uburyo nyakuri bwo kwitwararika ivy’Imana, uretse gusa kwerekana igituma bihambaye kuba umuntu yitwararika cane ivy’Imana be n’igituma bifise akamaro. Paulo yarasiguriye abakirisu bo mu gisagara ca kera c’i Korinto itandukaniro riri hagati y’umuntu afise umubiri gusa, ni ukuvuga umuntu yisunga ivyipfuzo vy’umubiri, n’umuntu w’impwemu, uno akaba ari uwukunda cane ibintu vy’Imana. Yanditse ati: “Umuntu afise umubiri n’ubgenge gusa ntiyemera ivy[’im]pwemu [y]’Imana: kukw ar’ubupfu kuri we”. Igitandukanye n’ivyo, Paulo yavuze ko umuntu w’impwemu arangwa no kuba afise “ivyiyumviro vya Kristo”.—1 Ab’i Korinto 2:14-16.
Kugira “ivyiyumviro vya Kristo” mu bisanzwe bisobanura kugira “wa mutima nyene Kristu Yezu yari afise” (Abaroma 15:5, NW; Ab’i Filipi 2:5). Mu yandi majambo, umuntu w’impwemu ni uwiyumvira nka Yezu kandi akagera ikirenge mu ciwe (1 Petero 2:21; 4:1). Uko ivyiyumviro vy’umuntu birushiriza kumera nk’ivya Kristu, ni ko arushiriza kuba umuntu yitwararika ivy’Imana, gutyo akarushiriza kwegereza ‘ubuzima n’amahoro’.—Abaroma 13:14.
Womenya gute “ivyiyumviro vya Kristo”
Ariko rero, kugira ngo umuntu agire ivyiyumviro vya Kristu, ategerezwa kubanza kumenya ivyo vyiyumviro ivyo ari vyo. Ku bw’ivyo, intambwe ya mbere yo gushikira no gutsimbataza ukwitwararika ivy’Imana, ni ukumenya uburyo Yezu yiyumvira. Ariko none, woshobora kumenya gute ivyiyumviro vy’umuntu haciye imyaka 2.000 abayeho kw’isi? None nk’akarorero, wamenye gute ibijanye n’abantu bavugwa mu nkuru z’ivya kahise k’igihugu cawe c’amavukiro? Birashoboka ko wabimenye biciye ku gusoma inkuru ziberekeye. Muri ubwo buryo nyene, gusoma inkuru yanditswe yerekeye Yezu ni uburyo buhambaye bwo kumenya ivyiyumviro vya Kristu.—Yohana 17:3.
Ku bijanye na Yezu, hariho inkuru zine zivuga ido n’ido ibimwerekeye, izo na zo zikaba ari za Njili zandikwa na Matayo, Mariko, Luka na Yohani. Gusoma izo nkuru witonze bizogufasha kubona ukuntu Yezu yiyumvira, ubone inyiyumvo zigera kure yari afise mu mutima be n’imvo zatuma akora ibintu. Igihe ufashe umwanya wo kuzirikana ivyo usoma ku bijanye na Yezu, uriha ishusho y’ukuntu yari ameze. Mbere n’aho woba ubona ko wamaze kuba umuyoboke wa Kristu, ukwo gusoma no kuzirikana kuzogufasha “[‘kubandanya gukura’, NW] mu buntu bga Yesu Kristo Umwami wacu n’Umukiza”.—2 Petero 3:18.
Dufise ivyo mu muzirikanyi, reka twihweze twitonze ivyanditswe bimwebimwe vyo mu Njili kugira ngo tubone ivyatumye Yezu aba umuntu yitwararika cane ivy’Imana, maze uheze wibaze ukuntu ushobora kwigana akarorero yaduhaye.—Yohana 13:15.
Kwitwararika ivy’Imana be n’‘ivyamwa vy’impwemu’
Umwanditsi w’Injili Luka yaravuze yuko impwemu nyeranda y’Imana yasutswe kuri Yezu igihe yabatizwa kandi ko Yezu ‘yujujwe impwemu yera’ (Luka 3:21, 22; 4:1). Yezu na we, yarafashije abayoboke biwe gutahura igituma bihambaye kuyoborwa n’impwemu nyeranda y’Imana, ari zo nguvu zayo zikora (Itanguriro 1:2; Luka 11:9-13). Ni kubera iki none ivyo bihambaye cane? Kubera yuko impwemu y’Imana ifise ububasha bwo guhindura ivyiyumviro vy’umuntu kugira ngo bishobore gusa n’ivyiyumviro vya Kristu (Abaroma 12:1, 2). Impwemu nyeranda iratuma umuntu agira kamere nk’“urukundo, umunezero, amahoro, ukwihangana, [“ubuntu, ukumera neza, ukwizera”, NW], ubugwaneza, [“ukwigumya”, NW]”. Izo kamere Bibiliya yita ‘ivyamwa vy’impwemu’, ziri mu biranga umuntu yitwararika vy’ukuri ivy’Imana (Ab’i Galatiya 5:22, 23). Mu ncamake, umuntu yitwararika cane ivy’Imana ni uwuyoborwa n’impwemu y’Imana.
Yezu yaragaragaje ivyamwa vy’impwemu mu kiringo cose yamaze arangura ubusuku. Kamere nk’urukundo be n’ukumera neza zarigaragaje canecane mu kuntu yafata abantu babonwa ko bari baciye bugufi mu kibano (Matayo 9:36). Raba nk’akarorero ikintu cabaye kivugwa n’intumwa Yohani. Dusoma duti: “[Yezu] arikw arahita, abona umuntu yavutse ar’impumyi”. N’abigishwa ba Yezu barabonye uwo mugabo, ariko bamufashe nk’umunyavyaha. Babajije bati: “Ni nde yakoze icaha, n’uyo, canke n’abavyeyi biwe?”. Ababanyi b’uwo mugabo na bo nyene baramubonye ariko babona gusa ko ari umuntu w’umusegerereji. Bavuze bati: “Mbeg’uyu si we yahora yicaye asēgerereza?”. Ariko Yezu we, yabonye uwo mugabo w’impumyi nk’umuntu akeneye gufashwa. Yaramuganirije yongera aramukiza.—Yohana 9:1-8.
None ivyo bintu vyashitse bikubwira iki ku bijanye n’ivyiyumviro vya Kristu? Ica mbere, Yezu ntiyirengagiza abantu baciye bugufi, ahubwo yabafatana imbabazi zirangwa ikibabarwe. Ica kabiri, yaribwiriza kugira ico akoze kugira ngo afashe abandi. Woba uriko urakurikiza akarorero Yezu yadusigiye? Woba ubona abantu nk’uko Yezu yababona, ukabafasha mu vyo bakeneye kugira ngo baryohore ubuzima bwabo kandi baronke icizigiro ca kazoza keza? Canke woba urondera kwitaho abantu bahambaye maze ukirengagiza ba nciyaho? Nimba ubona abantu nk’uko Yezu yababona, vy’ukuri uriko urakurikiza akarorero kiwe.—Zaburi 72:12-14.
Kwitwararika ivy’Imana be n’isengesho
Inkuru zo mu Njili zirerekana ko Yezu yakunda gusenga (Mariko 1:35; Luka 5:16; 22:41). Mu gihe c’ubusuku bwiwe bwo kw’isi, Yezu yaritegekaniriza umwanya wo gutura isengesho. Umwigishwa Matayo yanditse ati: “[Yezu] ahejeje gusezera ishengero, adūga umusozi gusenga yiherereye” (Matayo 14:23). Yezu yararonkera inkomezi muri ivyo biringo yamara ari ahantu ha wenyene ariko araganira na Se wiwe wo mw’ijuru (Matayo 26:36-44). No muri kino gihe, abantu bitwararika ivy’Imana mu buryo nyakuri bararondera uturyo two kuganira n’Imana, bazi ko ivyo bituma bakomeza ubucuti bafitaniye n’Umuremyi kandi ko bibafasha kurushiriza kwiyumvira nka Kristu.
Akenshi Yezu yaramara umwanya munini ariko arasenga (Yohana 17:1-26). Nk’akarorero, imbere y’uko atoranya ba bagabo 12 bobaye intumwa ziwe, “[yaragiye] ku musozi gusenga: akesha ijoro asenga Imana” (Luka 6:12, ni twe dushimitse.). N’aho atari ngombwa yuko bamara ijoro ryose bariko barasenga, abantu bitwararika ivy’Imana mu buryo nyakuri barigana akarorero ka Yezu. Imbere yuko bafata ingingo zihambaye mu buzima bwabo, barafata umwanya uhagije wo gusenga Imana, barondera ubuyobozi bw’impwemu nyeranda kugira ngo bagire amahitamwo azotuma bakomera mu vy’impwemu.
Mu masengesho Yezu yatura yaragaragaza kandi inyiyumvo zivuye ku mutima, ico kikaba ari ikintu dukwiye kwigana mu masengesho yacu. Raba ivyo Luka yavuze ku bijanye n’ukuntu Yezu yasenze mw’ijoro rya buca apfa. “Arushirije kwicwa n’umubabaro, ashishikara gusenga [“n’ubwira bwinshi kuruta”, “NW”], icuya ciwe kiba nk’ibitonyanga binini vy’amaraso bitonyanga hasi” (Luka 22:44). Imbere y’aho Yezu yari yarasenganye ubwira, ariko ico gihe kubera yari ahanganye n’ikigeragezo gikomeye kuruta ibindi vyose vyamushikiye mu buzima bwiwe bwo kw’isi, yarasenganye “ubwira bwinshi kuruta” kandi isengesho ryiwe ryarishuwe (Abaheburayo 5:7). Abantu bitwararika ivy’Imana mu buryo nyakuri barakurikiza akarorero ka Yezu. Igihe baba bahanganye n’ibigeragezo, canecane ibiba bikomeye rwose, barasenga Imana n’“ubwira bwinshi kuruta”, bayisaba impwemu nyeranda, ubuyobozi be no gufatwa mu mugongo.
Kubera vyagaragara ko Yezu yari umuntu yakunda gusenga cane, ntibitangaje kubona abigishwa biwe baripfuza kumwigana mu bijanye no gusenga. Ni co gituma bamusavye bati: “Mugenzi, twigishe gusenga” (Luka 11:1). No muri iki gihe nyene, abantu baha agaciro ibintu vy’Imana kandi bipfuza kuyoborwa n’impwemu nyeranda y’Imana barakurikiza akarorero ka Yezu mu buryo basenga Imana. Mu vy’ukuri ukwitwararika ivy’Imana mu buryo nyakuri kurafitaniye isano rya hafi n’isengesho.
Kwitwararika ivy’Imana be no kwamamaza inkuru nziza
Mu Njili ya Mariko, turahasanga inkuru itubwira ingene Yezu yakijije abantu benshi indwara, ivyo akaba yabigize mw’ijoro rikuze. Mu gaturuturu ko ku musi wakurikiye, igihe yariko arasenga ari wenyene, intumwa ziwe zaramusanze aho yari maze zimubwira ko hari abantu benshi bariko baramurondera, kumbure bakaba bashaka ko abakiza indwara. Ariko Yezu yababwiye ati: “Tuje ahandi mu bisagara biri hafi, na ho nyene nigisheyo”. Maze Yezu yaciye abasigurira igituma ati: “Kukw ari co canzanye” (Mariko 1:32-38, ni twe dushimitse; Luka 4:43). Naho Yezu yabona ko gukiza abantu indwara vyari bihambaye, kwamamaza inkuru nziza yerekeye Ubwami bw’Imana ni co cari igikorwa ciwe nyamukuru.—Mariko 1:14, 15.
No muri kino gihe, kubwira abandi ivyerekeye Ubwami bw’Imana kiracari ikintu kiranga abantu bafise ivyiyumviro vya Kristu. Yezu yahaye abantu bose bipfuza kuba abayoboke biwe itegeko rigira riti: “Nuko ni mugende, muhindure [“abantu bo mu mahanga”, NW] yose abigishwa, . . . mubigishe kwitondera ivyo nabageze vyose” (Matayo 28:19, 20). Vyongeye, Yezu yamenyesheje imbere y’igihe ati: “Ubu butumwa bgiza bg’ubgami buzovugwa mw isi yose, ngo bube ikimenyetso kibere icabona amahanga yose, maz’umuhero uzoca uza” (Matayo 24:14). Narirya Ijambo ry’Imana ryerekana ko igikorwa co kwamamaza inkuru nziza kirangurwa biciye ku bushobozi bw’impwemu nyeranda, uca wumva rero ko kugira uruhara muri ico gikorwa bimwe bishitse ari ikintu kiranga abantu bitwararika ivy’Imana mu buryo nyakuri.—Ivyakozwe n’intumwa 1:8.
Kubwira inkuru yerekeye Ubwami abantu bo hirya no hino kw’isi bisaba ko abantu amamiliyoni bashira utwigoro twabo hamwe (Yohana 17:20, 21). Abo bantu bariko baragira uruhara muri ico gikorwa ntibakwiye gusa kuba bitwararika cane ivy’Imana, ariko kandi bakwiye no kuba bungunganijwe neza kw’isi yose. Woba ushobora kwibonera abo bantu bariko baragera ikirenge mu ca Kristu kandi bakaba bariko baramamaza kw’isi yose inkuru nziza yerekeye Ubwami?
Uriko urondera gute gushikira ukwitwararika ivy’Imana?
Ni ivy’ukuri ko hariho n’ibindi bintu biranga umuntu vy’ukuri yitwararika ivy’Imana. Ariko none, uriko urondera gute gushikira vya bintu twamara kurimbura biranga umuntu mwene uwo? Kugira ngo wisuzume, niwibaze uti: ‘Ubwo noba nama nsoma Ijambo ry’Imana Bibiliya nkongera nkazirikana ivyo nsoma? Noba ngaragaza ivyamwa vy’impwemu mu buzima bwanje? Noba ndi umuntu akunda cane gusenga? Noba nipfuza kwifatanya n’abantu bariko barakora igikorwa co kwamamaza kw’isi yose inkuru nziza yerekeye Ubwami bw’Imana?’.
Kwisuzuma ata buryarya vyoshobora kugufasha kumenya urugero ugezako mu kuba uwitwararika ivy’Imana. Tukuremesheje gutera intambwe zikenewe muri kino gihe, gutyo ushobore kugira ‘ubuzima n’amahoro’.—Abaroma 8:6; Matayo 7:13, 14; 2 Petero 1:5-11.
[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 7]
IBIRANGA UMUNTU YITWARARIKA IVY’IMANA
◆ Gukunda Ijambo ry’Imana
◆ Kugaragaza ivyamwa vy’impwemu
◆ Gusenga Imana ubudahorereza kandi bivuye ku mutima
◆ Kubwira abandi inkuru nziza yerekeye Ubwami
[Amafoto ku rup. 5]
Bibiliya iragufasha kumenya “ivyiyumviro vya Kristo”