Yefuta ashitsa indagano yagiriye Yehova
U MURWANYI avuye kunesha umwansi arasubira i muhira iwe amaze gukura igihugu ciwe mu gahahazo. Umukobwa wiwe arasohoka ngo aje kumusanganira, afise agashako k’ingoma, agenda aratamba atarika. Se wiwe amubonye, aho kunezerwa, aritantamurirako impuzu. Kubera iki? Yoba atanezerewe cokimwe n’umukobwa wiwe anezerejwe no kubona atabarutse amahoro? Ni urugamba uruhe yatsinze? Mbega uwo we ni nde?
Uwo mugabo ni Yefuta, akaba ari umwe mu bacamanza bo muri Isirayeli ya kera. Ariko kugira ngo twishure ivyo bindi bibazo twongere turabe ico iyo nkuru itwigisha, reka tubanze twihweze ivyari vyabaye imbere y’uko Yefuta asubira kubonana n’abiwe maze bikagenda ukuraho.
Abisirayeli bari mu magorwa
Yefuta abayeho mu gihe c’amagorwa. Abisirayeli bagenziwe barahevye ugusenga gutyoroye, bakaba basigaye basenga imana z’Abanyasidoni, iz’Abanyamowabu, iz’Abamoni be n’iz’Abafilisitiya. Ivyo biratuma Yehova areka abasavyi biwe bakaganzwa n’Abamoni be n’Abafilisitiya, ababahahaza imyaka 18. Ababa i Gileyadi, ahari mu Buseruko bw’Uruzi Yorodani, ni bo canecane babona amagorwaa. Amaherezo Abisirayeli barikubita agashi bakigarura, bakigaya, bakarondera gufashwa na Yehova, bagatangura kumusukurira bakongera bagakuraho imana z’inyamahanga basenga.—Abacamanza 10:6-16.
Abamoni barakambika i Gileyadi, Abisirayeli na bo bagakoranira hamwe kugira ngo batane mu mitwe na bo. Ariko rero, Abisirayeli ntibagira umugabisha (Abacamanza 10:17, 18). Muri ico gihe, Yefuta yibereye mu ngorane ziwe. Benewabo basangiye se b’abanyamwina bamutujije kugira ngo bigarurire ivyo yotoranye. Yefuta aciye aja kuba mu karere ko mu Buseruko bw’i Gileyadi kitwa Tobu, kano kakaba ari akarere gashobora guterwa n’abansi b’Abisirayeli bitagoranye. “Abantu b’imburakimazi” barakoranira kuri Yefuta, bano bakaba bashobora kuba ari abantu batagikora akazi kabo bitumwe n’abo bene kubahahaza, canke bagashobora kuba ari ababagararije bakanka gufatwa nk’abaja. Abo bantu b’imburakimazi “ba[genda] bambura abantu”, ivyo bikaba kumbure bisobanura ko bajana na Yefuta mu kugaba ibitero ku bansi baba hafi yabo. Ivyanditswe vyita Yefuta “umuhizi w’inkomezi”, kumbure bitumwe n’uko yari intwari mu rugamba (Abacamanza 11:1-3). Ni nde none aza kuyobora Abisirayeli kugira ngo barwanye Abamoni?
“N’uze ube umugabisha wacu”
Abakuru b’i Gileyadi binginga Yefuta bati: “N’uze ube umugabisha wacu”. Nimba biyumvira ko Yefuta aca yihutira kwemera ivyo bamusavye kugira ngo abonereho akaryo ko gusubira aho yavukiye, emwe, barihenda pe! Yefuta abishura ati: “Mbega si mwebge mwanyanse, mukanyirukana mu rugo rwa data? None muhenga mugowe mukaza iyo ndi?”. Ese ukuntu bitabereye kubona ubwa mbere baramwanse maze mu nyuma bakaza kumwitura ngo abafashe!—Abacamanza 11:4-7.
Yefuta aravuga ikintu kimwe gusa asaba kugira ngo yemere kuba umukuru i Gileyadi. Ababwira yuko Yehova ‘niyamuha gutsinda Abamoni’ ari ho ‘azoheza akaba umukuru wabo’. Yefuta aramutse atahukanye intsinzi, vyotanze ikimenyamenya c’uko ashigikiwe n’Imana, ariko kandi Yefuta ashaka kwiyemeza yuko abantu bo muri iryo hanga batazotera akagere ubuyobozi bw’Imana bamaze kuva muri ivyo bihe vy’amagorwa.—Abacamanza 11:8-11.
Yefuta agirana ibiganiro n’Abamoni
Yefuta aragerageza kuja inama n’Abamoni kugira ngo bumvikane. Ararungika intumwa ku mwami w’Abamoni kugira ngo amenye igituma Abamoni baje gutera Abisirayeli. Inyishu uwo mwami atanga irimwo ivyagirizo. Avuga yuko ngo igihe Abisirayeli bava mu Misiri, banyaze akarere k’Abamoni, bakaba rero bakwiye kukabasubiza.—Abacamanza 11:12, 13.
Kubera ko Yefuta azi neza kahise k’Abisirayeli, arerekana neza yuko ivyo birego vy’Abamoni atari vyo na gato. Arababwira yuko igihe Abisirayeli bava mu Misiri batabujije amahoro Abamoni, Abanyamowabu canke Abanyedomu, akababwira kandi yuko ico gihe ako karere bariko barapfa kategukira Abamoni. Ahubwo riho, ico gihe kegukira Abamori, mugabo Imana ikaba yaragabuye umwami w’Abamori, ari we Sihoni, mu maboko y’Abisirayeli. N’ikindi kandi, Abisirayeli bari bamaze imyaka 300 baba muri ako karere. Ni kubera iki none ubu ari ho abo Bamoni baza gusaba ko basubizwa ako karere?—Abacamanza 11:14-22, 26.
Yefuta arashimika kandi ku kibazo nyamukuru gifitaniye isano n’amagorwa ashikira Abisirayeli: Imana y’ukuri ni iyihe? Ni Yehova canke ni imana zo mu gihugu ihanga rya Isirayeli ryigaruriye? Nimba Kemoshi yari ifise ububasha na buke, ntiyari kubukoresha none kugira ngo izigame igihugu c’abasavyi bayo? Uca wumva rero ko hari urugamba hagati y’ugusenga kw’ikinyoma gushigikiwe n’Abamoni, be n’ugusenga kw’ukuri. Ni co gituma Yefuta asozera mu buryo bwumvikana mu kuvuga ati: “Uhoraho Umucamanza uyu musi ni yerekane Abisirayeli n’Abamoni abatsinze ab’ari bo”.—Abacamanza 11:23-27.
Umwami w’Abamoni ntaruha yumva ubutumwa Yefuta amurungikira butomora neza aho ahagaze. “Maze [im]pwemu [y]’Uhoraho [i]za kuri Yefuta, na we anyuranganya i Gileyadi no mu bg’aba Manase”, kumbure agenda ararika ingabo ku bw’urugamba.—Abacamanza 11:28, 29.
Indagano Yefuta yagize
Kubera ko Yefuta yipfuza cane kuyoborwa n’Imana, arayigirira indagano ati: “Ni wagabura Abamoni mu maboko yanje, ngatabaruka amahoro mvuye kurwana na bo, ūzobanza gusohoka mu nzu yanje kunsanganira, azoba uwawe, Uhoraho, nanje nzomutanga kw ikimazi c’ukwoswa”. Imana irishura Yefuta mu kumuhezagira, ikamushoboza ‘gutikiza bimwe bikomeye’ ibisagara 20 vy’Abamoni, gutyo aba amaze igabo abansi b’Abisirayeli.—Abacamanza 11:30-33.
Mbega urazi uwuza gusanganira Yefuta igihe atabaruka avuye ku rugamba? Ni umukobwa wiwe yikundira ntu, umwana wiwe w’ikinege! Iyo nkuru itwiganira iti: “Amubonye, yintantamurirakw impuzu ziwe, ati Mbonye ibara, mwana wanje! Urambabaje, ungiriye nabi! Kuko navyīkūriye mu kanwa, nkabibarira Uhoraho, none sinshobora kwivuguruza”.—Abacamanza 11:34, 35.
Yefuta yoba vy’ukuri agiye gutanga uwo mukobwa wiwe ngo yoswe? Oya nawe nu! Ivyo ntibishobora kuba ari vyo yiyumvira. Yehova aranka ivyo gutanga abantu ngo boswe, uwo ukaba wari umwe mu migenzo mibi wakurikizwa n’Abanyakanani (Abalewi 18:21; Gusubira mu vyagezwe 12:31). Impwemu yera y’Imana yariko ikorera muri Yefuta igihe yagirira Imana indagano, ariko kandi Yehova yaramuhezagiye atuma aroranirwa. Ivyanditswe biravuga neza Yefuta kubera ukwizera yagaragaje be n’uruhara yaranguye mu bijanye n’umugambi w’Imana (1 Samweli 12:11; Abaheburayo 11:32-34). Uca wumva rero ko gutanga umukobwa wiwe ngo yoswe, ivyo ubwavyo bikaba ari ubwicanyi, bidashobora na gato kuba ari vyo Yefuta yiyumvira. Ni igiki none Yefuta yiyumvira igihe yasezeranira Yehova ko azomuha umuntu?
Biboneka yuko Yefuta yashaka kuvuga ko yokweguriye Imana uwoje kumusanganira kugira ngo akore umurimo wayo gusa. Ivyagezwe vya Musa vyaremera ivyo kwegurira Yehova umuntu. Nk’akarorero, hari abagore bakora ibikorwa kw’ihema ry’ibonaniro, bakaba kumbure baravoma amazi (Kuvayo 38:8; 1 Samweli 2:22). Nta bintu vyinshi tuzi ku bijanye n’uwo murimo, eka kandi ntituzi nimba ico gikorwa cari icahora cama gikorwa. Biboneka yuko Yefuta yiyumvira mwene ukwo kwegurirwa Imana kudasanzwe igihe yagira indagano, kandi iyo ndagano yagize isa n’iyerekana ko uwo yotanze yomaze ubuzima bwiwe bwose akorera Imana.
Umukobwa wa Yefuta be na ka gahungu Samweli kashikirizwa Yehova mu nyuma, baremeye n’umutima ukunze gukorera Yehova nk’uko abavyeyi babo bubaha Imana bari barabimusezeraniye (1 Samweli 1:11). Umukobwa wa Yefuta, uwari umusavyi wa Yehova w’intahemuka, ubwiwe yaremera adakeka, cokimwe na se wiwe, yuko iyo ndagano yategerezwa gushirwa mu ngiro. Ukwo kwitanga kwari gukomeye, kubera ko kwasigura yuko uwo mukobwa wa Yefuta atokwigeze yubaka urwiwe. Yaraririye ubusugi bwiwe narirya Umwisirayeli wese yipfuza kugira akana kugira ngo azigame izina ry’umuryango be n’ivyegukira umuryango. Kuri Yefuta, gushitsa iyo ndagano vyasobanura ko yemeye gutandukana n’umwana wiwe w’ikinege yikundira cane.—Abacamanza 11:36-39.
Ubuzima bw’uwo mwigeme w’intahemuka ntibwapfuye ubusa. Kumara ubuzima bwiwe bwose asukurira Yehova ku nzu yiwe bwari uburyo bwiza cane, bumara akanyota kandi bukwiye gushimwa bwo gutera iteka Imana. Ni co gituma ‘abigeme b’Abisirayeli bama bagenda [“gukeza”, NW] uwo mukobwa wa Yefuta w’Umugileyadi ku mwaka ku mwaka’ (Abacamanza 11:40). Kandi nta gukeka yuko Yefuta yahimbarwa no kubona umukobwa wiwe asukurira Yehova.
Muri iki gihe, abasavyi b’Imana benshi barahitamwo kumara ubuzima bwabo bakora umurimo w’igihe cose ari abatsimvyi, abamisiyonari, abasuku b’ingenzi, canke Abanyabeteli. Hari igihe gukora uwo murimo usanga bituma umuntu ataza arabonana n’abagize umuryango wiwe kenshi cane nk’uko aba avyipfuza. Naho ari ukwo, yaba uwitanga ngo akore uwo murimo canke abagize umuryango wiwe, bose barashobora guhimbarwa n’uwo murimo mweranda urangurirwa Yehova.—Zaburi 110:3; Abaheburayo 13:15, 16.
Bagarariza uburongozi bw’Imana
Tugarutse mu gihe ca Yefuta, turabona yuko Abisirayeli benshi batera akagere ubuyobozi bw’Imana. Naho bimaze kwibonekeza neza yuko Yefuta ashigikiwe n’Imana, Abefurayimu baramutonganya. Bashaka kumenya igituma atabatumyeko ngo bamufashe kurwana urugamba. Bariyumvira mbere no ‘kumuturirira’ mu nzu!—Abacamanza 12:1.
Yefuta arababwira yuko yabatumyeko, mugabo ko bataje. Uko biri kwose, Imana ni yo yatsinze urugamba. Abefurayimu boba bashavujwe n’uko Abanyagileyadi batabagishije inama igihe bahitamwo Yefuta ngo abe umugabisha wabo? Mu vy’ukuri, ivyo bihari vy’Abefurayimu vyerekana ko bagararije Yehova. Ku bw’ivyo rero, nta wundi muti atari ukubarwanya. Mu ntambara iheza ikaba, Abefurayimu baraneshwa. Abagabo b’Abefurayimu bahunga baramenyekana bitagoranye kubera yuko bibananira kwatura neza ijambo “Shiboleti” ababafata babasaba gusubiramwo. Abefurayimu bapfira muri urwo rugamba, bose hamwe ni 42.000.—Abacamanza 12:2-6.
Ese ukuntu ico ari igihe giteye umubabaro cane Abisirayeli bacamwo! Intambara zatsinzwe n’abacamanza Otiniyeli, Ehudi, Baraki na Gideyoni zaragarukanye amahoro. Ariko ubu hoho, nta vy’amahoro bivugwa. Inkuru isozera yivugira gusa iti: “Yefuta amara imyaka itandatu ar’umucamanza w’Abisirayeli. Maze . . . araheza arapfa, bamuhamba mu gisagara c’i wabo c’i Gileyadi”.—Abacamanza 3:11, 30; 5:31; 8:28; 12:7.
Ivyo vyose bishobora kutwigisha iki? Bitwigisha yuko naho Yefuta yagize ingorane nyinshi mu buzima, yagumye ari intahemuka ku Mana. Uwo muhizi yaravuze ivyerekeye Yehova igihe yariko avugana n’abakuru b’i Gileyadi, n’Abamoni, n’umukobwa wiwe, be n’Abefurayimu, tutibagiye n’igihe yagirira Imana indagano (Abacamanza 11:9, 23, 27, 30, 31, 35; 12:3). Imana yarahezagiye Yefuta kubera yamuyobokeye, iramukoresha we hamwe n’umukobwa wiwe ku bwo guteza imbere ugusenga gutyoroye. Mu gihe abandi bari bararetse gukurikiza ingingo ngenderwako z’Imana, Yefuta we yagumye azumiyeko. Woba nawe uzoguma ugamburukira Yehova nka Yefuta?
[Akajambo k’epfo]
a Abamoni bari abantu bashobora gukora ububisha bw’agahomerabunwa. Hataraca n’imyaka 60 Yefuta abaye umucamanza, barateye ubwoba abantu bo mu gisagara kimwe c’i Gileyadi bababwira yuko umwumwe wese bazomunokora ijisho ry’i buryo. Umuhanuzi Amosi yaravuze ivy’igihe Abamoni bafomoje inda abagore b’i Gileyadi.—1 Samweli 11:2; Amosi 1:13.