Rwaruka, nimukurikirane imigambi itera iteka Imana
“Wimenyereze ukwihebera Imana nka yo ntumbero yawe”.—1 TIMOTEYO 4:7, NW.
1, 2. (a) Ni kubera iki Paulo yakeje Timoteyo? (b) Muri iki gihe, ni mu buryo ki abakiri bato bariko ‘bimenyereza ukwihebera Imana nka yo ntumbero yabo’?
“SIMFISE uwundi ari n’umutima nk’uw’uwo, yobabara ivyanyu vy’ukuri. . . . Nk’uk’umwana ameranira na se, [ni] ko yakoranye nanje igikorwa co gukwiza ubutumwa bgiza” (Ab’i Filipi 2:20, 22). Ayo majambo yo gukeza arangwa igishika tuyasanga mw’ikete intumwa Paulo yandikiye abakirisu bo mu kinjana ca mbere b’i Filipi. None yariko avuga nde? Yariko avuga Timoteyo, umugenzi wiwe yari akiri muto bafatanya ingendo. Iyumvire nawe ukuntu Timoteyo ategerezwa kuba yarahimbawe n’ayo majambo yemeza ko Paulo yamukunda cane kandi ko yamwizigira!
2 Urwaruka rwitaho ivy’impwemu nka Timoteyo rwamye nantaryo ari urw’igiciro kinini mu basavyi ba Yehova (Zaburi 110:3). Muri iki gihe, ishirahamwe ry’Imana ririmwo abakiri bato benshi bakorera hirya no hino kw’isi ari abatsimvyi, abamisiyonari, abakora bavyishakiye mu bwubatsi n’Abanyabeteli. Abandi bakwiriye gukezwa cane ni barya bakorana umwete ibikorwa vyo mw’ishengero bongera bitwararika ayandi mabanga bajejwe. Abo bakiri bato barironkera umunezero nyakuri uva ku kuba bakurikirana imigambi itera iteka Dawe wa twese wo mw’ijuru Yehova. Bariko vy’ukuri ‘bimenyereza ukwihebera Imana nka yo ntumbero yabo’.—1 Timoteyo 4:7, 8.
3. Ni ibibazo ibihe tugiye kwihweza muri iki kiganiro?
3 Ko uri uwukiri muto, woba uriko urarondera gushikira imigambi minaka yo mu vy’impwemu? Ni hehe woshobora gukura imfashanyo n’indemesho vyogufasha kubigira? Ushobora gute kunanira imikazo y’iyi si ishira imbere ivyo kwiruka inyuma y’amaronko? Ni imihezagiro iyihe ushobora kwitega kuronka hamwe wokurikirana imigambi itera iteka Imana? Nimuze turondere inyishu z’ivyo bibazo mu kwihweza ubuzima bwa Timoteyo be n’igikorwa yaranguye.
Ubuzima bwa Timoteyo
4. Vuga muri make igikorwa ca gikirisu Timoteyo yaranguye.
4 Timoteyo yakuriye i Lusitira, agasagara kari mu ntara y’Abaroma y’i Galatiya. Biboneka ko yamenye inyigisho z’ubukirisu akiri umuyabaga, igihe Paulo yamamaza aho i Lusitira nko mu 47 G.C. Timoteyo ntiyatevye kuvugwa neza n’abavukanyi bakirisu bo muri ako gasagara. Igihe Paulo yagaruka aho i Lusitira haheze imyaka ibiri maze akamenya ivyerekeye iterambere rya Timoteyo, yaciye amucagura mu bandi kugira ngo baze barajana mu gikorwa c’ubumisiyonari (Ivyakozwe n’intumwa 14:5-20; 16:1-3). Uko Timoteyo yagenda araba umukirisu ahumuye, ni ko yaza arazezwa amabanga anahambaye kuruta, ushizemwo n’ibikorwa bihambaye vyo gukomeza abavukanyi. Igihe Paulo, ari mw’ibohero i Roma yandikira Timoteyo nko mu 65 G.C., Timoteyo yari umukurambere mukirisu mw’ishengero ry’i Efeso.
5. Nk’uko muri 2 Timoteyo 3:14, 15 havyerekana, ni ibintu bibiri ibihe vyafashije Timoteyo gukurikirana imigambi yo mu vy’impwemu?
5 Biboneka ko Timoteyo yahisemwo gukurikirana imigambi yo mu vy’impwemu. Ariko none ni igiki camufashije kubigira? Mw’ikete rigira kabiri Paulo yandikiye Timoteyo, yaravuze ibintu nyamukuru bibiri vyamufashije. Yanditse ati: “Ugume mu vyo wize, ukavyizezwa, kuk’uzi abākwigishije: kand’uzi yuk’uhereye mu buto bgawe wamye uzi ivyanditswe vyera” (2 Timoteyo 3:14, 15, ni twe dushimitse.). Reka tubanze twihweze uruhara abandi bakirisu bagize kugira ngo Timoteyo ashobore kugira ayo mahitamwo.
Niwungukire ku twosho twiza tw’abandi
6. Timoteyo yamenyerejwe gute, kandi yavyakiriye gute?
6 Timoteyo yakuriye mu rugo rwari rugizwe n’abantu badasangiye ukwizera. Se wiwe yari Umugiriki, nyina wiwe Ewunike na inakuru Lowisi na bo bakaba Abayudakazi (Ivyakozwe n’intumwa 16:1). Ewunike na Lowisi barigishije Timoteyo ukuri kwo mu Vyanditswe vy’igiheburayo kuva akiri uruhinja. Inyuma y’aho babereye abakirisu, nta nkeka ko bamufashije kwumva inyigisho za gikirisu, akazemera. Urumva na we ko Timoteyo yungukiye bimwe bishitse kuri ukwo kumenyerezwa kwiza utoraba! Paulo yavuze ati: “Nibutse ukwizera kutar’ukw’uburyarya kuri muri wewe, kwabanje kuba muri nyogokuru Lowisi no muri nyoko Ewunike: kandi ndazi ntakekeranya yuko kuri muri wewe nawe”.—2 Timoteyo 1:5.
7. Ni umuhezagiro uwuhe urwaruka rwinshi rwifitiye, kandi bishobora kubagirira akamaro akahe?
7 Muri iki gihe, urwaruka rwinshi rurungukira ku kuba rufise abavyeyi, ba sekuru na ba inakuru batinya Imana, batahura akamaro ko gukurikirana imigambi yo mu vy’impwemu nka kumwe kwa Lowisi na Ewunike. Nk’akarorero, uwitwa Samira aracibuka ibiyago birebire yagirana n’abavyeyi biwe akiri umuyabaga. Avuga ati: “Mawe na dawe baranyigishije kubona ibintu nk’uko Yehova abibona be no gushira imbere igikorwa co kwamamaza. Bama bandemesha gukurikirana umurimo w’igihe cose”. Samira yarakiriye neza indemesho abavyeyi biwe bamuhaye, ubu akaba yaratewe agateka ko kuba umwe mu bagize umuryango wa Beteli wo mu gihugu ciwe c’amavukiro. Igihe abavyeyi bawe bakuremesheje kuguma ufise mu bwenge imigambi yo mu vy’impwemu, nufate nkama impanuro baguha. Bakwipfuriza ineza.—Imigani 1:5.
8. Timoteyo yungukiye gute ku kwifatanya n’abakirisu mu buryo bukomeza?
8 Birahambaye kandi ko uronderera abagenzi bakomeza abandi mu bavukanyi n’abavukanyikazi bakirisu. Timoteyo yari azwi neza n’abakurambere bakirisu bo mw’ishengero yarimwo be n’abo mw’ishengero ryo muri Ikoniyo, ahari nko ku bilometero 30 (Ivyakozwe n’intumwa 16:1, 2). Yaragiraniye na Paulo ubucuti somambike, uno akaba yari umuntu abangutse (Ab’i Filipi 3:14). Amakete Paulo yanditse yerekana ko Timoteyo yakira neza impanuro ahawe be n’uko atatebagana kwigana abari uburorero bw’ukwizera (1 Ab’i Korinto 4:17; 1 Timoteyo 4:6, 12-16). Paulo yanditse ati: “Wakurikiye neza ukwigisha kwanje, n’ingeso, n’imigabo, n’ukwizera, n’ukutarambirwa, n’urukundo, n’ukwihangana” (2 Timoteyo 3:10). Vy’ukuri, Timoteyo yarakurikiza neza akarorero ka Paulo. Na wewe nyene, niwiyegereza abavukanyi n’abavukanyikazi bo mw’ishengero bakomeye mu vy’impwemu, bazogufasha gukurikirana imigambi ibereye yo mu vy’impwemu.—2 Timoteyo 2:20–22.
Niwige “ivyanditswe vyera”
9. Uretse uguhitamwo abagenzi beza, ni igiki kandi utegerezwa gukora kugira ngo ‘wimenyereze ukwihebera Imana nka yo ntumbero yawe’?
9 Guhitamwo abagenzi beza vyoba ari vyo gusa bituma umuntu ashika ku migambi yo mu vy’impwemu yishingiye? Ihibambewe! Cokimwe na Timoteyo, na wewe urakeneye gusuzuma witonze “ivyanditswe vyera”. Ushobora kuba utiyumvamwo ivyo kwiga, ariko uribuka ko Timoteyo yategerezwa ‘kwimenyereza ukwihebera Imana nka yo ntumbero yiwe’. Abanonotsi usanga bakunda kumara amezi menshi bimenyereza cane kugira bashike ku vyo biyemeje. No kugira ngo umuntu ashikire imigambi yo mu vy’impwemu bisaba ko agira ivyo ahevye akagira n’akigoro gakomeye (1 Timoteyo 4:7, 8, 10). Hari aho wokwibaza uti: ‘None kwiga Bibiliya vyomfasha gute gushika ku migambi nishingiye?’. Reka twihweze uburyo butatu.
10, 11. Ni kubera iki Ivyanditswe bizokuvyurira umutima wo gushika ku migambi yo mu vy’impwemu wishingiye? Bitangire akarorero.
10 Ubwa mbere, Ivyanditswe bizotuma ukora ibintu ubitumwe n’imvo zibereye. Birahishura kamere nziza igitangaza za Dawe wa twese wo mw’ijuru, igikorwa gihebuje kiranga urukundo yadukoreye, be n’imihezagiro yamaho abikiye abasavyi biwe b’intahemuka (Amosi 3:7; Yohana 3:16; Abaroma 15:4). Uko uzorushiriza kumenya Yehova ni ko urukundo umukunda be n’icipfuzo ufise co kumwegurira ubuzima bwawe bizorushiriza kwongerekana.
11 Abakirisu bakiri bato benshi bavuga yuko kwiyigisha Bibiliya badahorereza vyabaye co kintu nyamukuru catumye ukuri bakugira ukwabo. Nk’akarorero, uwitwa Adele yakuriye mu rugo rw’abakirisu ariko nta mugambi n’umwe wo mu vy’impwemu yari bwigere yishingira. Avuga ati: “Narajana n’abavyeyi banje ku Ngoro y’Ubwami, ariko siniyigisha canke ngo numvirize mu gihe c’amakoraniro”. Mukuruwe amaze kubatizwa, Adele yaciye atangura kubona ko ukuri ari ikintu gihambaye. Yongerako ati: “Naciye nishingira umugambi wo gusoma Bibiliya yose. Naza ndasoma bikebike maze ngaca ngira utwo niyandikiye ku bijanye n’ivyo naba mpejeje gusoma. Utwo naza ndiyandikira twose n’ubu ndacadufise. Mu mwaka umwe nari ndayihejeje”. Ivyo vyatumye Adele avyurirwa umutima wo kwegurira Yehova ubuzima bwiwe. Naho ubu afise ubumuga bukomeye ni umutsimvyi, ni ukuvuga umwamamazanjili w’igihe cose.
12, 13. (a) Kwiga Bibiliya bifasha uwukiri muto kugira amahinduka ayahe, kandi gute? (b) Tanga uburorero bwerekana ko Ijambo ry’Imana ririmwo ubukerebutsi ngirakimazi.
12 Ubwa kabiri, Bibiliya izogufasha kugira amahinduka akenewe muri kamere zawe. Paulo yabwiye Timoteyo yuko “ivyanditswe [vyera] . . . bigira ikimazi co kwigisha umuntu, no kumuhana, no kumutunganya, no kumutoza indero nziza mu kugororoka: kugira ng’umuntu w’Imana abe ūshitse, afise ibimukwiye vyose, ngw akore igikorwa ciza cose” (2 Timoteyo 3:16, 17). Niwaza urazirikana udahorereza ku bintu bivugwa mw’Ijambo ry’Imana ukongera ugashira mu ngiro ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya, bizotuma impwemu y’Imana ityorora kamere zawe. Izotuma ugira kamere zikenewe, nk’ukwicisha bugufi, ukwumira kw’ibanga, ukuba umunyamwete, n’ugukunda vy’ukuri abakirisu bagenzawe (1 Timoteyo 4:15). Timoteyo yari afise izo kamere, kandi zatumye abera kirumara Paulo be n’amashengero yakoreramwo.—Ab’i Filipi 2:20-22.
13 Ubwa gatatu, Ijambo ry’Imana ryuzuyemwo ubukerebutsi ngirakimazi (Zaburi 1:1-3; 19:7; 2 Timoteyo 2:7; 3:15). Rizogufasha guhitamwo neza abagenzi be n’uburyo bwiza bwo kwisamaza ryongere rigufashe kuvyifatamwo neza mu ngorane injojo zogushikira (Itanguriro 34:1, 2; Zaburi 119:37; 1 Ab’i Korinto 7:36). Gufata ingingo ziranga ubukerebutsi ubu ni co kintu gihambaye cane cogufasha gushika ku migambi yo mu vy’impwemu wishingiye.
‘Urwane intambara nziza’
14. Ni kubera iki gukurikirana imigambi yo mu vy’impwemu atari co kintu coroshe kuruta ibindi vyose?
14 Gushira imbere imigambi itera iteka Yehova ni co kintu kiranga ubukerebutsi kuruta ibindi vyose, yamara si co kintu coroshe kuruta ibindi vyose. Nk’akarorero, dufate ko ugomba guhitamwo umwuga uzokurikirana. Hari aho woremerwa cane n’incuti, urunganwe rwawe canke abarezi bibaza ko bagushakira ineza, abo bose bakaba biyumvira ko kwiga amashure ahanitse be no gukora akazi k’amahera menshi ari vyo bintu nyamukuru vyotuma uroranirwa vy’ukuri ukongera ukagira agahimbare nyakuri (Abaroma 12:2). Nka kurya kwa Timoteyo, uzokenera “[k]urwana intambara nziza yo kwizera” kugira ngo “ucakire ubugingo budashira” ubwo Yehova yagusezeraniye.—1 Timoteyo 6:12; 2 Timoteyo 3:12.
15. Timoteyo ashobora kuba yarwanijwe gute?
15 Igihe abo mu muryango batizera badashimye amahitamwo wagize, aho ni ho canecane ikigeragezo gishobora gukomera. Birashoboka ko na Timoteyo yabwirijwe gutsinda ukurwanywa mwene ukwo. Nk’uko igitabu kimwe kibivuga, umuryango Timoteyo yavukiyemwo ushobora kuba “wari uwo mu bantu bize kandi batunze cane”. Se wa Timoteyo ashobora kuba yari yiteze ko Timoteyo yokwize amashure ahanitse akongera akabandanya urudandaza umuryango wiwe wakoraa. Iyumvire ukuntu se wa Timoteyo yumvise amerewe igihe yamenya yuko Timoteyo yashimye gukorana na Paulo mu gikorwa c’ubumisiyonari, icabonwa ko kirimwo akaga kandi kigatuma umuntu agira imyitwarariko mu vy’amahera!
16. Uwukiri muto umwe yashoboye gute kuvyifatamwo neza igihe se wiwe yamurwanya?
16 Urwaruka rukirisu muri iki gihe rurashikirwa n’ingorane zisa n’izo. Uwitwa Matthew akorera ku biro vy’ishami rimwe ry’Ivyabona vya Yehova, avuga ibi: “Igihe natangura gukora ubutsimvyi, dawe vyaramubabaje cane. Yabona ko ari nk’aho amashure nize nayapfishije ubusa mu kwemera gukora akazi k’ivy’isuku kugira ngo nironse ivyo nakenera mu busuku narangura. Yarantyekeza, anyibutsa ukuntu nari gushobora kuronka amahera menshi iyo nkora akazi k’imisi yose”. None muri ukwo kurwanywa, Matthew yavyifashemwo gute? Yishura ati: “Nagumye nkurikiza urutonde ntabanduka rwo gusoma Bibiliya kandi nkama nsenga na canecane mu bihe vyatuma nshobora gutwarwa n’agashavu bitagoranye”. Umwiyemezo Matthew yagize ntiwabaye impfagusa. Uko igihe cagiye kirahaca, ubucuti yari afitaniye na se wiwe bwagiye burakomera. Vyongeye, Matthew yararushirije kwiyegereza Yehova. Avuga ati: “Nariboneye ukuntu Yehova yandonkeje ivyo naba nkeneye, arandemesha yongera arandinda gufata ingingo zitabereye. Nta kintu na kimwe muri ivyo nari kwibonera iyo ntarondera gushikira imigambi yo mu vy’impwemu”.
Nugume ufise mu bwenge imigambi yo mu vy’impwemu
17. Bamwebamwe batanabizi boshobora gute guca intege abipfuza gukora umurimo w’igihe cose? (Matayo 16:22)
17 Ingorane idashoka yibonekeza yotuma udakurikirana imigambi yawe yo mu vy’impwemu, yoshobora mbere no guterwa n’abo musangiye ukwizera. Hari abokubaza bati: ‘Kubera iki ushaka kuba umutsimvyi? Erega urashobora kugira ubuzima busanzwe kandi ukaguma ugira uruhara mu gikorwa co kwamamaza. Rondera akazi keza maze ushobore kwumva ko utekaniwe mu vy’amahera’. Ivyo vyoshobora gusa nk’aho ari impanuro yumvikana uronse, mugabo hamwe woyikurikiza ubona vy’ukuri woba uriko urimenyereza ukwihebera Imana nka yo ntumbero yawe?
18, 19. (a) Ushobora gute kuguma ufise mu bwenge imigambi yo mu vy’impwemu? (b) Niba uri uwukiri muto, nuvuge ibintu uriko uraheba ku bw’Ubwami.
18 Biboneka ko abakirisu bamwebamwe bo mu gihe ca Timoteyo na bo nyene bari bafise ivyiyumviro mwene ivyo (1 Timoteyo 6:17). Kugira ngo Paulo afashe Timoteyo kuguma ahanze amaso imigambi yo mu vy’impwemu, yamuremesheje ati: “Nta musoda yikwegera mu vy’ubu bugingo, ngw az’ahimbare uwamwandikiye ubusoda” (2 Timoteyo 2:4). Umusoda ari ku kivi ntashobora gusamazwa n’ivyo abanyagihugu bitwararika. Ubuzima bwiwe be n’ubw’abandi buhagaze ku kuba yama yiteguriye gukurikiza amategeko ahabwa n’umukuru wiwe. Kubera ko uri umusoda ategekwa na Kristu, utegerezwa na wewe nyene kuguma ufise mu bwenge imigambi yawe maze ukirinda kwisuka mu vyo kurondera amatungo adakenewe yoshobora gutuma utarangura neza ubusuku ujejwe burokora ubuzima.—Matayo 6:24; 1 Timoteyo 4:16; 2 Timoteyo 4:2, 5.
19 Nutsimbataze agatima ko kwitanga aho kurondera kugira ubuzima bwo kwidibamira. “Niwitegurire gukora ata gutwarwa n’ibihimbaro vyo mu buzima, nk’umusoda wa Kristu Yezu” (2 Timoteyo 2:3, The English Bible in Basic English). Igihe Timoteyo yifatanya na Paulo, yarize akabanga ko kubumbwa n’ivyo afise mbere no mu bihe bigoye cane (Ab’i Filipi 4:11, 12; 1 Timoteyo 6:6-8). Nawe woshobora kubigenza gutyo. Woba ufise umutima ukunze wo kugira ivyo uhevye ku bw’Ubwami?
Imihezagiro ushobora kuronka ubu no muri kazoza
20, 21. (a) Vuga imihezagiro imwimwe iva ku gukurikirana imigambi yo mu vy’impwemu. (b) Wiyemeje gukora iki?
20 Timoteyo yamaze nk’imyaka 15 akorana na Paulo adatezura. Timoteyo yariboneye ingene amashengero mashasha avuka uko inkuru nziza yagenda irakwiragira mu turere nka twose two mu Buraruko bwa Mediterane. Yaragize ubuzima buhimbaye cane kandi bumara akanyota kuruta uko bwari kumera iyo ahitamwo kwibera mu buzima bwitwa ngo ni ubusanzwe. Na wewe nyene, niwakurikirana imigambi yo mu vy’impwemu, uzokwimbura imihezagiro ntangere yo mu buryo bw’impwemu. Uzokwiyegereza Yehova wongere ukundwe kandi wubahwe n’abakirisu bagenzawe. Aho kugira umubabaro n’intuntu biterwa no gukurikirana ibihinda, uzogira agahimbare nyakuri kazanwa no gutanga kutarimwo ubwikunzi. Ikintu c’agaciro kuruta ibindi vyose uzoronka ni uko ‘uzocakira ubuzima nyakuri’, ari bwo buzima budahera mw’isi izoba yahindutse Iparadizo.—1 Timoteyo 6:9, 10, 17-19; Ivyakozwe n’intumwa 20:35.
21 Rero, nimba ivyo utarabigira, tukuremesheje bimwe bivuye ku mutima gutangura udatebaganye kwimenyereza ukwihebera Imana nka yo ntumbero yawe. Niwiyegereze abavukanyi n’abavukanyikazi bo mw’ishengero bashobora kugufasha gushikira imigambi yo mu vy’impwemu, wongere ubasabe ubuyobozi. Kwiyigisha Ijambo ry’Imana udahorereza nubishire mu kibanza ca mbere. Niwiyemeze kunanira agatima k’iyi isi ko kwiruka inyuma y’amaronko. Vyongeye, niwame wibuka ko ya Mana “iduha vyose bisēsekaye, ngo tubinezererwe” igusezeranira ko ushobora kuronka imihezagiro myinshi ubu no muri kazoza, uramutse uhisemwo gukurikirana imigambi iyitera iteka.—1 Timoteyo 6:17.
[Akajambo k’epfo]
a Abagiriki baraha agaciro kanini ivyo kwiga. Uwitwa Plutarque, uwabayeho mu gihe ca Timoteyo, yanditse ati: “Kwiga amashure meza ni ryo soko ry’ibintu vyiza vyose kandi ni na ryo shingiro ryavyo. . . . Novuga ko ivyo ari vyo bituma umuntu agira inyifato nziza bikongera bikamufasha kugira agahimbare. . . . Ibindi vyiza vyose usanga ari ibisanzwe, bidahambaye kandi bitabereye ko tuvyitwararika cane”.—Vyakuwe mu gitabu ciwe citwa Moralia, I, mu kigabane kivuga ngo “Indero y’abana”.
Woba uvyibuka?
• Ni hehe urwaruka rushobora gukura ivyorufasha gushikira imigambi yo mu vy’impwemu?
• Ni kubera iki kwiga Bibiliya witonze bihambaye cane?
• Urwaruka rushobora gute kunanira akosho k’iyi si ko kwiruka inyuma y’amaronko?
• Ni imihezagiro iyihe izanwa no kurondera gushikira imigambi yo mu vy’impwemu?
[Ifoto ku rup. 24]
Timoteyo yakurikiranye imigambi myiza
[Pictures on page 25]
Ni utwosho twiza tw’abandi utuhe twafashije Timoteyo?
[Pictures on page 26]
Woba uriko urarondera gushikira imigambi yo mu vy’impwemu?