Umurima ‘weze ugeze kwimbura’
Ku gatwe k’igice co mu Buraruko bwa Amerika y’Epfo hari agace k’ubutaka kinjira mw’ibahari kitwa Guajira. Gaherereye mu Buraruko bw’igihugu ca Kolombiya, kakaba no mu Buraruko bushira Uburengero bw’igihugu ca Venezuwela. Uruzuba be n’imvura igwa nabinabi ni yo magorwa ako karere kagomba kumera nk’ubugaragwa kagowe, ubushuhe bwaho bukaba bushika ku bipimo vy’ubushuhe vy’amadogere 43. Naho ikirere caho cifashe gutyo, abanyagihugu baho ni abarimyi bakorana umwete kandi bagira ico bimariye. Akayaga kama gahuhuta kavuye mw’ibahari be n’imiyaga ihora ihuhuta iturutse mu Buraruko bushira Ubuseruko (iyo bita alizés) biratuma ubuzima bwaho bumera nk’ubworoha, bigatuma n’ingenzi zihimbarirwa uturere tubereye ijisho be n’inkengera z’ibahari ziteye igomwe.
URAHAWE ikaze mu karere k’Abahindi bo mu bwoko bw’Abawayu. Kw’isi yose hari Abawayu nka 305.000, muri abo 135.000 bakaba baba muri Kolombiya. Ubwo bwoko bwabaye muri ako karere kuva kera cane imbere y’uko Abasupanyoli bahashinga intwaro ya gikoloni.
Abawayu babeshejweho ahanini n’uburimyi be n’ubworozi. Barakora kandi ivy’uburovyi be n’ivyo guhanahana ibidandazwa n’abo mu bihugu bibanyi. Abagore b’Abawayu barahingurana ubuhanga utujishano dufise amabara abereye ijisho, kandi ivyo bahingura usanga bikundwa cane n’ingenzi.
Abawayu bazwi ko ari abantu b’inziraburyarya kandi bakirana cane. Ariko rero, na bo nyene babayeho mu “bihe bigoye” (2 Timoteyo 3:1). Imwe mu ngorane nyamukuru zibahanze ni ubukene, ubwo na bwo bukaba butuma haba n’izindi ngorane nk’ukutamenya gusoma no kwandika, ugufungura nabi kw’abana, ukubura imiti be n’ubugizi bwa nabi buba mu mihingo imwimwe yaho.
Mu myaka itari mike, amadini y’abiyita abakirisu yagiye ararungika abamisiyonari ngo baje kubana n’Abawayu. Ni co gituma amashure nderabigisha menshi be n’amashure y’indaro menshi usanga yegukira amadini. Abawayu benshi baremeye gukurikiza imigenzo yitwa ngo ni iya gikirisu, nk’ugusenga ibishushanyo be n’ukubatiza inzoya. Naho ari ukwo, ntibahevye ivyo bemera mu vy’idini be n’imigenzo bishingiye ku migani ijanye n’ivy’aba kera be no ku bintazi.
Muri rusangi, usanga Abawayu ari abantu batinya Imana kandi bakira neza ukuri kwo muri Bibiliya kwigishwa n’Ivyabona vya Yehova. Mu ntango z’imyaka ya 1980, i Guajira hariho Ivyabona indwi gusa, batatu muri bo bakaba baba ku mugwa mukuru waho witwa Ríohacha. Uretse Ivyabona b’imvukira, hariho abandi bamamaji 20 bamamaje inkuru nziza y’Ubwami ng’aho i Guajira mu rurimi rw’igisupanyoli.
Babwirwa inkuru nziza mu rwo bonse
Abawayu benshi baba i Ríohacha, uretse ko bavuga ururimi bonse, urwitwa ikiwayunaiki, usanga bavuga n’igisupanyoli gikeya. Mu ntango, utwigoro twagizwe mu kwamamaza ubutumwa bw’Ubwami, nta kintu kinini twavuyemwo. Izo mvukira zasa n’izinuba abatari Abawayu, abo zita aba arijuna. Igihe Ivyabona baba badodoye ku mihana y’Abawayu, benshi cane ntibabishura mu gisupanyoli, ahubwo riho babishura mu rurimi rwabo kavukire. Bigenze gutyo ku muhana umwe, vyatuma Ivyabona baca bigira ku muhana ukurikira.
Ariko rero, mu mpera z’umwaka wa 1994, ibiro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova vyari bimaze kurungika umugwi w’abatsimvyi badasanzwe (abo bakaba ari abigisha bamara umwanya munini bigisha Ijambo ry’Imana) gukorera mw’ishengero ry’i Ríohacha. Abo batsimvyi barasavye Icabona wo mu bwoko bw’Abawayu ngo abigishe ikiwayunaiki. Abo bamamaji, bamaze gufata ku mutwe amajambo amwamwe yoroshe yo gukoresha mu gutanguza ikiyago, baciye baja mu cibare maze bidatevye baribonera ihinduka riboneka mu kuntu abantu baho bakira ubutumwa. Naho abo bigisha ba Bibiliya bavuga ikiwayunaiki gike, abo bagendera vyarabaryohera bikongera bikabatangaza maze bigatuma bipfuza kubumviriza. Rimwe na rimwe, haca hakurikira ikiyago kiryoshe, abo Bawayu bagashima kuganiriza abo bamamaji mu gisupanyoli gike bari basanzwe bazi.
Ni umurima ‘weze ugeze kwimbura’
Igikorwa abakirisu barangura co guhindura abantu abigishwa, intumwa Paulo yakigereranije n’ukurima umurima, ico kikaba ari ikigereranyo Abawayu batahura neza, narirya basanzwe ari abarimyi (1 Ab’i Korinto 3:5-9). Tubivuze mu buryo bw’ikigereranyo, Abawayu ni umurima ‘weze ugeze kwimbura’ koko.—Yohana 4:35.
Umuhindi w’Umuwayu yitwa Neil yaba i Manaure, yari arwanye indwara mvukanwa. Neil yarata ibirake ku Mana, akagira intuntu nyinshi ku buryo yanagerageje kwiyahura. Igihe Icabona umwe yariko agendera ibisagara bitandukanye mu bijanye n’ivy’akazi yakora, yaraboneyeho akaryo ko kwamamaza inkuru nziza inzu ku nzu, maze arabwira Neil ibijanye n’Ubwami bwa Yehova. Neil yari afise imyaka 14 gusa. Ico Cabona amaze kubona ko Neil ashimishwa n’inkuru nziza, yaciye atangura kumwigisha Bibiliya. Neil yarahimbawe no kumenya ko Yehova ari Imana y’urukundo, ivyo bica bituma atahura ko Imana atari yo yatumye arwara iyo ndwara yamubabaza cane. Ntiworaba ukuntu yakozwe cane ku mutima igihe yasoma ibijanye n’umuhango Imana yatanze werekeye isi y’iparadizo, aho ata ndwara izoba ikihabazwa!—Yesaya 33:24; Matayo 6:9, 10.
Ico gihe, umuryango wa Neil wari usanzwe ufitaniye amatati n’uwundi muryango umwe. Abo mu muryango wa Neil, kugira ngo bikingire, baragize ibintu bimwebimwe bijanye n’imigenzo yo mu bwoko bwabo. Neil aribuka ivyabaye ico gihe akavuga ati: “Mu ntango, naratinye kubwira abo mu muryango wanje ibijanye n’ukwizera nari nsigaye mfise, na canecane ngatinya kubibwira abakuru b’umuryango wacu, abo usanga bubahwa cane”. Abavyeyi ba Neil barashavuye cane igihe bamenya yuko atobandanije kwemera inyigisho zidashingiye ku Vyanditswe canke ngo agire ibintu vy’imigenzo bifitaniye isano n’ivy’ubupfumu. Neil yaciye yimukira i Ríohacha maze atangura kwifatanya n’ishengero ryaho. Mu nyuma yahavuye abatizwa. Mu 1993, yaragenywe kuba umukozi w’ishengero, maze haciye imyaka itatu aba umutsimvyi asanzwe. Mu 1997, yaragenywe kuba umukurambere w’ishengero. Mu mwaka wa 2000, yaraguye ubusuku aba umutsimvyi adasanzwe.
Rimbura kandi akarorero k’uwitwa Teresa, uwo akaba ari Umuwayu w’imvukira yatanguye kwigana Bibiliya n’Ivyabona. Umugabo babana bidaciye mu mategeko yitwa Daniel, yaramutyekeza akongera akagirira nabi ku mubiri Teresa be n’abana babo batatu. Naho mu nyuma Daniel yemeye kwiyunga kuri Teresa mu kwiga Bibiliya, yarakunda kujana n’abagenzi biwe ahantu hanaka bakanywa bakaborerwa, rimwe na rimwe bakaba bamarayo imisi ine canke itanu. Umuryango wiwe wasigaye utagira ic’epfo ca ruguru. Naho vyari ukwo, Teresa yarabandanije kwiga adahorereza no kwitaba amakoraniro ya gikirisu. Ivyo vyarafashije Daniel kubona yuko kwiga Bibiliya biri n’akamaro. Inyuma y’aho, umwe mu bana babo yaragize isanganya agwa mu gikono c’amarike, arasha cane ku buryo yahavuye apfa. Uretse ko Teresa yariko yihanganira intuntu ikomeye kubera ukwo kubura umwana, yategerejwe kandi kurwana urugamba rwo kudakurikiza imigenzo idahuye n’Ivyanditswe ijanye n’ivy’amaziko incuti n’ababanyi bamuhatira gukurikiza.
Muri ico gihe c’amakuba Teresa na Daniel barimwo, abo mu mashengero yo mu micungararo barabaserutseko barabafata mu mugongo. Ivy’amaziko bimaze kurangira, abavukanyi bo mw’ishengero ryakoresha ikiwayunaiki barabandanije kubagendera kugira ngo babaremeshe. Daniel amaze kwibonera ukuntu abakirisu bo mu mashengero atandukanye bagaragaza urukundo, vyaramuvyuriye umutima wo gutera imbere mu vy’impwemu. Yahavuye areka kunywa no gufata nabi Teresa. Mu nyuma, Daniel na Teresa barubakanye biciye mu mategeko, maze Daniel atangura gukora cane kugira ngo atunge umuryango. Barateye imbere mu vy’impwemu maze babatizwa mu 2003. Ubu bompi barayobora inyigisho za Bibiliya zitari nke. Kubera intahe nziza cane Teresa yashinze ku bagize umuryango wiwe, ubu incuti ziwe ziremera kwumviriza Ivyabona igihe bazigendeye. Umwe mu bishwa ba Daniel ni umwamamaji atarabatizwa, uwundi mwishwa wiwe na we be n’umukobwabo umwe bakaba bariko bariga Bibiliya, kandi baritaba amakoraniro y’ishengero. Muramukazi wa Teresa, akaba na we yarabuze umwana biturutse kw’isanganya, we hamwe n’umuryango wiwe barerekanye ko bashimishwa no kwiga Bibiliya.
Haboneka ibifungurwa vyo mu vy’impwemu mu kiwayunaiki
Mu 1998, agatabu Kuba kw’isi ibihe bidashira mu gahimbare!a karasohowe mu kiwayunaiki. Muri ako karere k’Abawayu, ako gatabu karabaye igikoresho kirumara mu gikorwa co kwamamaza inkuru nziza no kuyobora inyigisho za Bibiliya zibera ku muhana. Mu 2003 haratunganijwe ibijanye no kumenyereza abavukanyi batari bake guhindura ibitabu vy’Ivyabona vya Yehova mu kiwayunaiki. Umugwi umwe w’abahinduzi w’i Ríohacha warakoze wivuye inyuma, bituma haboneka utundi dutabu, ivyo bikaba vyaragize ico biterereye kw’iterambere ryo mu vy’impwemu ry’abigishwa bavuga ikiwayunaiki.
Kuva mu 2001, ibiganiro bimwebimwe vya porogarama y’ihwaniro ry’intara vyagiye birasobanurwa mu kiwayunaiki. Abatohoji ba Bibiliya bararemeshwa cane mu vy’impwemu igihe bumvise ibiganiro vyo kw’ihaniro bishikirizwa mu rurimi rwabo kavukire. Bararindiranye umushasharo igihe ca gikino gishingiye kuri Bibiliya kizoba gisigaye gikinwa mu kiwayunaiki.
Umurima wimbuka
Uribia ni igisagara kiri ku bilometero 100 mu Buraruko bushira Ubuseruko bwa Ríohacha. Ishengero ry’Abawayu ry’i Uribia rifise abamamaji b’Ubwami 16, benshi muri bo bakaba bariko bagira uko bashoboye kwose kugira ngo babwire inkuru nziza Abahindi baba mu turere two mu rutoki. Umukurambere w’ishengero umwe aratwiganira ibijanye n’urugendo rumwe bagize bagiye kwamamaza mu turere mwene utwo, ati: “Twaragendeye ikigwati kimwe kigizwe n’amazu arenga cumi afise ibisenge bidataramutse be n’utudirisha dutoduto. Imbere y’inzu zose uhasanga akazu gafise ibisakazo bibase bihinguwe mu co bita yotojolo, ico kikaba ari igice c’imbere c’igiti co mu bwoko bw’igihahe. Aho ni ho abagize umuryango be n’abashitsi bikinga izuba rimena imbwa agahanga. Twarahimbawe no kubona ko benshi bashimishijwe cane n’inkuru nziza, akaba ari co gituma twaciye turaba ukuntu twosubira kubagendera maze tugatangura kubigisha Bibiliya. Dusubiyeyo twasanze benshi batazi gusoma no kwandika. Baratubwiye ibijanye n’inyubakwa y’ishure yari yarahebwe kubera ukubura uburyo. Uwari ajejwe ivy’iyo nyubakwa yaragize umutima mwiza aratwemerera gukoresha isomero rimwe kugira ngo tuhigishirize abantu gusoma no kwandika twongere tuhayoborere inyigisho za Bibiliya. Abawayu batandatu baramenye gusoma no kwandika kandi bakaba bariko baratera imbere mu kwiga Bibiliya. Turakorwa cane ku mutima n’ukuntu abantu baho berekana ko bakenguruka kandi ko bashimishwa n’inkuru nziza, akaba ari co gituma dufise umugambi wo kugirira amakoraniro muri ico kigwati”.
Hari Ivyabona benshi batari imvukira bamaze kwiga ikiwayunaiki, kandi agacumu k’ubumwe baterera karashimwa cane. I Guajira, ubu hari amashengero umunani be n’imigwi ibiri bikoresha urwo rurimi.
Biribonekeza ko Yehova ariko arahezagira utwo twigoro turiko turagirwa. Nta gukeka yuko hari n’ibindi vyinshi bishobora gushikwako mu kubwira inkuru nziza Abawayu. Uravye ukuntu abantu bazi ko bakeneye ivy’impwemu bagenda baracika abigishwa bakirisu, biribonekeza ko hariho ivyizigiro vy’uko igikorwa co kwamamaza kizovamwo ikintu ciza. Ese Yehova yorungika abasuku biyongereye kugira ngo baje kurima uwo murima ‘weze ugeze kwimbura’.—Matayo 9:37, 38.
[Akajambo k’epfo]
a Kasohowe n’Ivyabona vya Yehova.
[Amakarata ku rup. 16]
(Ushaka igisomwa cose, raba ico gitabu)
VENEZUWELA
KOLOMBIYA
LA GUAJIRA
Manaure
Ríohacha
Uribia
[Abo dukesha ifoto ku rup. 16]
Iyo foto iri aho hepfo yerekana imihana y’Abawayu: Victor Englebert