Turagutumiye ku nsiguro idasanzwe
Urashobora kwumva utekaniwe muri iyi si idurumbanye!
Iyo nsiguro ishingiye kuri Bibiliya izotangwa kw’isi yose mu bihugu birenga 230. Mu mihingo nka yose, iyo nsiguro izoshikirizwa ku w’iyinga, igenekerezo rya 15 Ndamukiza 2007. Ni ibiki uzotahura biciye kuri iyo nsiguro? Bimwebimwe muri ivyo ni ibi:
Ni igiki catumye abantu amamiliyaridi bo hirya no hino kw’isi bumva ko badatekaniwe?
Ni ryari canecane umuntu yumva ko adatekaniwe?
Ugutekanirwa nyakuri umuntu yokuronderera hehe, kandi yokurondera gute?
Urashobora kuzoronka inyishu z’ivyo bibazo niwaza gukurikira iyo nsiguro ihambaye ishingiye kuri Bibiliya izoshikirizwa mu bibanza ibihumbi mirongo. Ahatari hake, iyo nsiguro izotangirwa ku Ngoro y’Ubwami y’Ivyabona vya Yehova y’aho uherereye. Ivyabona b’aho iwanyu bazohimbarwa no kukumenyesha igihe iyo nsiguro izotangurirako be n’aho izobera. Turagutumiye bimwe bivuye ku mutima kugira ngo uzoze gukurikira iyo nsiguro ishingiye kuri Bibiliya izoba ije hageze kandi iremesha.