Ibibazo vy’abasomyi
Dukwiye gutahura gute amajambo Paulo yanditse avuga yuko umupfakazi ategerezwa kuba “[y]ar’afiswe n’umugabo umwe gusa” kugira ngo ashobore gufashwa n’ishengero rya gikirisu?—1 Timoteyo 5:9.
Biribonekeza ko Paulo yariko yerekeza ku kuntu ivy’uwo mugore vyari vyifashe atarapfakara. None ivyo vyoba bisobanura yuko uwo mupfakazi yategerezwa kuba yari yarabiriwe n’umugabo umwe gusa? Canke hoba hari ikindi kintu ayo majambo ya Paulo ashobora kuba asobanuraa?
Hari abavuze ko Paulo yariko avuga ibijanye n’umupfakazi yari yarabiriwe n’umugabo umwe gusa. Ni ivy’ukuri yuko mu mico kama itari mike be no mu bibano bitari bike, umupfakazi atasubira kwabirwa yabonwa ko ari umunyangeso nziza. Ariko rero, ico ciyumviro kiratandukanye n’igiserurwa mu yandi makete Paulo yanditse. Nk’akarorero, mw’ikete yandikiye abakirisu b’i Korinto, yarabatomoreye neza yuko naho yabona ko umupfakazi yorushirije guhimbarwa adasubiye kwubaka urwiwe, uno ‘ata camubuza gucurwa n’uwo agomba, mugabo rero, akaba ari uwuri mu Mwami’ gusa (1 Ab’i Korinto 7:39, 40; Abaroma 7:2, 3). Vyongeye, mw’ikete Paulo yandikiye Timoteyo, yavuze ati: “Ngomba kw abapfakazi bakiri bato bābīrwa” (1 Timoteyo 5:14). Ku bw’ivyo rero, umupfakazi ahisemwo gusubira kwabirwa, nta wukwiye kumunebagura.
None, dukwiye gutahura gute amajambo Paulo yandikiye Timoteyo? Imvugo ngo umugore “[y]ar’afiswe n’umugabo umwe gusa” bisa n’uko iboneka muri uwo murongo gusa. Igishimishije, ni uko iyo mvugo isa n’iyo yakoresheje incuro zitari nke mu vyo yanditse, iyo na yo ikaba ari iyi ivuga ngo “umugabo afise umugore umwe gusa” (1 Timoteyo 3:2, 12; Tito 1:6). Paulo yakoresheje iyo mvugo igihe yavuga ibisabwa kugira ngo umuntu abe umucungezi canke umukozi w’ishengero. Dufatiye kuri ivyo, iyo mvugo ahanini yerekana ko kugira ngo umugabo yubatse akwize ibisabwa bituma ashingwa amabanga mw’ishengero rya gikirisu, ategerezwa kuba ari umwizigirwa ku mugore wiwe kandi ntamuhemukire, akaba n’umuntu azwi neza ko yigenza runtub. Ko bimeze gutyo, imvugo dusanga muri 1 Timoteyo 5:9 ica rero igira insobanuro nk’iyo nyene; ni ukuvuga ko kugira ngo umupfakazi abe uwukwiye gufashwa n’ishengero, yategerezwa kuba ari umugore w’umwizigirwa ku mugabo wiwe kandi atamuhemukira igihe yari akiriho, akaba n’umuntu azwi neza ko yigenza runtu. Ibindi bisabwa Paulo yongeyeko, vyose vyerekeza ku muntu nk’uyo.—1 Timoteyo 5:10.
[Utujambo tw’epfo]
a Umugenzo w’uko umugore umwe agira abagabo benshi ntiwari wemewe mu karere katwarwa n’Abagiriki be n’Abaroma mu gihe c’intumwa. Ku bw’ivyo, birashoboka ko Paulo atariko yandikira Timoteyo ibijanye n’uwo mugenzo kandi ko atariko anegura abantu bose bawukurikiza ico gihe.
b Ushaka kumenya vyinshi kuri ivyo, raba Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Munyonyo 1996, urupapuro rwa 13, be n’“Ibibazo vy’abasomyi” mu Munara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 1 Nzero 1982, urupapuro rwa 31.