ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w07 15/3 rup. 12-14
  • Ehe raba! Umuco ni agatangaza!

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ehe raba! Umuco ni agatangaza!
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • “Waretse urukundo rwawe rwa mbere”
  • ‘Ukuri kuduha kwidegemvya’
  • Umuco ubonesha inzira yacu
  • Nimwake nk’amatara mw’isi
  • ‘Gura umuti wo gusiga ku maso yawe’
  • Umuco Uva ku Mana Urirukana Umwiza!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • “Umuco Wanyu [N]ubonesh[e]”
    Igikorwa dukorera Ubwami—2001
  • ‘Mureke umuco wanyu wake’
    Igikorwa dukorera Ubwami—2011
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
w07 15/3 rup. 12-14

Ehe raba! Umuco ni agatangaza!

NIMBA bimaze gushika ugakabakaba urondera inzira mu mwiza, ntuyobewe ukuntu bishobora gutera ishavu. Emwe, umuntu ariruhutsa iyo abonye umuco! Hari aho kandi woba waraciye mu bintu vyogereranywa n’umwiza. Kumbure ivyo vyashitse igihe utabona ukuntu wova mu ngorane yinaka. Mu nyuma, waragiye buhorobuhoro urabona umuco, ni ukuvuga urabona yuko hari uburyo bwo kuyivamwo. Kuva muri bene uwo mwiza ukaja mu muco, ntiworaba ukuntu ari ikintu ciza igitangaza!

Mu kinjana ca mbere, abantu muri rusangi bari mu mwiza wo mu vy’impwemu. Intumwa Petero, igihe yariko abwira abaretse ivyo bahora bemera maze bakaja mu bukirisu, yanditse ati: ‘[Imana] yarabahamagaye, ibakura mu mwiza, ibashitsa mu muco wayo utangaje’ (1 Petero 2:9). Kuri bo, ivyo vyari nk’ukuva mu mwiza w’umuzitanya bakaja mu muco ukayangana. Twovuga kandi ko yari nka kurya kw’umuntu yari asanzwe ari inyakamwe ata cizigiro afise maze akinjira mu muryango ufise kazoza keza.​—Abanyefeso 2:1, 12.

“Waretse urukundo rwawe rwa mbere”

Abakirisu bo mu ntango baratoye “ukuri”, ari kwo kwizera nyakuri kw’abakirisu (Yohana 18:37). Barabonye umuco w’agatangaza ujanye n’ukuri maze barahinduka, bava mu mwiza wo mu vy’impwemu baja mu muco ukayangana. Ariko rero, haciye igihe, igishika n’umwete abakirisu bamwebamwe bari bafise mu ntango vyarayamye. Nk’akarorero, mu mpera z’ikinjana ca mbere, hari ingorane ikomeye yari imaze kwaduka mw’ishengero ry’i Efeso. Yezu Kristu uwari yarazutse, yarerekanye iyo ngorane mu kuvuga ati: “Mfise ico nkugayako, yuko waretse urukundo rwawe rwa mbere. Nuko ni wibuke aho wavuye ukagwa; wi[gay]e, ukore ibikorwa nk’ivya mbere” (Ivyahishuriwe 2:4, 5). Abakirisu b’i Efeso bari bakeneye kuvyura urukundo bahora bakunda Imana n’urwo bahora bakunda ukuri.

Tweho bite? Na twebwe twaranezerewe no kubona umuco mu kumenya ukuri kwiza igitangaza kwo mw’Ijambo ry’Imana. Twarashitse ku gukunda ukuri. Yamara, ingorane zishikira abantu bose zirashobora kugabanya urukundo dukunda ukuri. N’icoza gisongera isibe ni ingorane zijanye n’“imisi y’iherezo”. Tubaye mw’isi irangwa n’“ibihe bigoye”, ni ukuvuga isi ibamwo abantu “bikunda gusa, bakunda amahera, bīrārīra, bībona, batukana, batumvira abavyeyi, intashima, abanegura ivy’Imana” (2 Timoteyo 3:1, 2). Akosho batugirako karashobora kugabanya umwete dufise kakongera kagatuma urukundo dukunda Yehova rutimba.

Niba tutagifise rwa rukundo rwa mbere, turakeneye ‘kwibuka aho twavuye tukagwa maze tukigaya’. Turakeneye gusubira kumera nk’uko twahora tumeze mu vy’impwemu. N’ikindi kandi, dutegerezwa kwiyubara ngo ntitureke urukundo dukunda ukuri ruyame. Ese ukuntu bihambaye ko twese tuguma tubona ibintu mu buryo bwiza kandi butuma tugumana umunezero, tukaguma kandi dukunda Imana n’ukuri kwayo!

‘Ukuri kuduha kwidegemvya’

Umuco w’ukuri kwo mu Vyanditswe ni igitangaza kubera ko Bibiliya yishura ibibazo bihambaye bimaze imyaka ibihumbi bishusha abantu umutwe. Bimwe muri ivyo bibazo ni ibi: Ni kubera iki turiho? Intumbero y’ubuzima ni iyihe? Ni kubera iki ikibi kiriho? Hoba hariho ubuzima inyuma y’ugupfa? Yehova yaratumurikiye turabona ukuri kw’igitangaza kwerekeye inyigisho zo muri Bibiliya. Ntiwumva none ko dukwiye gukenguruka bimwe bivuye ku mutima? Nimuze ntitwigere dufata minenegwe ivyo twize.

Yezu yabwiye abigishwa biwe ati: “Muzomenya ukuri, kand’ukuri kuzobaha kwidegemvya” (Yohana 8:32). Inkuka y’incungu Yezu yatanze yaratumye dushobora kwidegemvya tugakurwako icaha n’urupfu. Ariko kandi, ukwo kuri kw’agaciro kwaradukuye mu kutamenya no mu gukekeranya vy’iyi si itwikiriwe n’umwiza. Kuzirikana tubigirana ugukenguruka ku vyo twize bizodufasha gukomeza urukundo dukunda Yehova n’Ijambo ryiwe.

Intumwa Paulo yandikiye abakirisu b’i Tesalonike ati: “Hamwe mwākīra ijambo ry’ubutumwa mwatwumvanye, ni ryo ry’Imana, [ntimw]āryemeye nk’ijambo ry’abantu, ariko nk’ijambo ry’Imana, nk’uko riri koko, rikorera muri mwebge abizera” (1 Ab’i Tesalonike 2:13). Abanyatesalonike barumvise bongera ‘barakira ijambo [ry’Imana] banezerewe’. Ntibari bakiri “mu mwiza”. Ahubwo riho, bari basigaye ari “abana b’umuco” (1 Ab’i Tesalonike 1:4-7; 5:4, 5). Abo bakirisu baramenye ko Yehova ari Umuremyi be n’uko ari Mushoboravyose, umunyabukerebutsi, umunyarukundo, akaba n’umunyakigongwe. Cokimwe n’abandi bayoboke ba Kristu, baramenye kandi yuko Yehova yashizeho intunganyo ijanye no guhanagura ivyaha vyabo biciye ku nkuka y’incungu yatanzwe n’Umwana wiwe Yezu Kristu.​—Ivyakozwe n’intumwa 3:19-21.

Naho Abanyatesalonike batari bazi ibintu vyose vyerekeye ukuri, bari bazi aho boronderera ubumenyi. Ivyanditswe vyahumetswe birashobora gutuma umuntu w’Imana aba “ūshitse, afise ibimukwiye vyose, ngw akore igikorwa ciza cose” (2 Timoteyo 3:16, 17). Abakirisu b’i Tesalonike bari gushobora kubandanya kwiga maze bakaza baribonera yuko umuco uva ku Mana ari agatangaza koko. Bari bafise imvo yo kwama banezerewe (1 Ab’i Tesalonike 5:16). Eka natwe turayifise.

Umuco ubonesha inzira yacu

Umwanditsi wa Zaburi, igihe yariko avuga igituma umuco ari agatangaza, yaririmvye ati: “Ijambo ryawe [ni] itara rimurikira ibirenge vyanje, n’umuco umurikira mu nzira yanje” (Zaburi 119:105). Ubuyobozi buva ku Mana duhabwa n’Ijambo ryayo burashobora kudufasha kubona inzira yo kwizigirwa twocamwo maze tukagira ubuzima buri n’ico buvuze. Ntidukwiye kuba nk’ubwato butwawe akayombekere. Kumenya ukuri no kukugendera biraturinda ngo “ntituzungazungishwe n’imipfunda, ngo tujanwe irya n’ino n’imiyaga yose y’inyigisho”.​—Abanyefeso 4:14.

Bibiliya ivuga iti: “Ntimukishimire abahambaye, cank’umwana w’umuntu n’umwe, ata co yoshobora gukiza”. Irongera ikavuga iti: “Hahirwa ūfise Imana ya Yakobo k’umutabazi wiwe, akizigira Uhoraho Imana yiwe” (Zaburi 146:3, 5). N’ikindi kandi, kwizigira Yehova biradufasha gutsinda ubwoba no kurengera imyitwarariko. Intumwa Paulo yanditse ati: “Ntimugire ico mwiganyira, ariko muri vyose ivyo mugomba bimenyeshwe Imana, mu gusenga no mu kwinginga bifatanije no gukenguruka. Maz’amahoro y’Imana aruta uko yomenywa n’umuntu wese, azoshibamira imitima yanyu n’ivyiyumviro vyanyu muri Kristo Yesu” (Ab’i Filipi 4:6, 7). Kuyoborwa n’umuco wo mw’Ijambo ry’Imana biratugirira akamaro koko.

Nimwake nk’amatara mw’isi

Iyindi mvo ituma umuco uva mw’Ijambo ry’Imana uba agatangaza, ni uko uha umuntu akaryo ko gushingwa igikorwa kiri hejuru y’ibindi vyose. Yezu yategetse abayoboke biwe ati: “Ni mugende, muhindure amahanga yose abigishwa, mubabatiza mw izina rya Data wa twese n’iry’Umwana n’iry[im]pwemu [y]era; mubigishe kwitondera ivyo nabageze vyose. Umve, ndi kumwe namwe imisi yose, gushitsa ku muhero w’isi”. Imbere y’uko atanga iryo tegeko, yavuze ati: “Jewe nahawe ububasha bgose mw ijuru no mw isi”.​—Matayo 28:18-20.

Rimbura abariko barafasha abakirisu b’ukuri mu gikorwa co kwamamaza inkuru nziza no kwigisha abantu bo mu mahanga yose ukuri kwo muri Bibiliya. Yezu yasezeraniye abayoboke biwe yuko yobaye ari kumwe na bo. Yagiye vy’ukuri arabafasha yongera abashigikira mu busuku barangura uko bareka ‘umuco wabo ukabonesha’ muri ubwo buryo be no mu bindi ‘bikorwa vyiza’ (Matayo 5:14-16). Abamarayika na bo nyene baragira uruhara muri ico gikorwa co kwamamaza (Ivyahishuriwe 14:6). Tuvuge iki kuri Yehova Imana? Intumwa Paulo yanditse ati: “Ni jewe nateye imbuto, Apolo arazivomera, arikw Imana ni yo yazikujije”. Ese ukuntu ari agateka yemwe kuba turi mu bakozi ‘bakorana n’Imana’!​—1 Ab’i Korinto 3:6, 9.

Zirikana kandi ukuntu utwigoro tugira muri ico gikorwa twashinzwe n’Imana duhezagirwa. Emwe, nta coza kiruta agateka twatewe n’Imana ko ‘kwaka nk’amatara mw’isi’! Dukayanganishije umuco uva mw’Ijambo ry’Imana mu vyo tuvuga no mu vyo dukora, turashobora gufasha mu buryo nyabwo abantu b’umutima nziraburyarya (Ab’i Filipi 2:15). N’ikindi kandi, turashobora kunezerwa uko twamamaza twongera twigisha tubigiranye umwete, ‘kuko Imana itagabitanya ngo yibagire ibikorwa vyacu n’urukundo twerekanye ko dukunze izina ryayo’.​—Abaheburayo 6:10.

‘Gura umuti wo gusiga ku maso yawe’

Mu butumwa Yezu yarungikiye ishengero ry’i Lawodikiya ryo mu kinjana ca mbere, yavuze ati: “Ungureko . . . umuti wo gusīga ku maso, ubone guhumūka. Abo nkunda bose ndabakankamira, nkabakāngīra” (Ivyahishuriwe 3:18, 19). Umuti nyawo uvura uruhumyi rwo mu buryo bw’impwemu ni inyigisho za Yezu be n’ugukangirwa na we, ari kwo gutozwa indero na we. Niba tugomba kuguma tubona neza mu buryo bw’impwemu, dutegerezwa kwemera impanuro aduha, tukazigamburuka, tukagamburuka n’ubuyobozi buri muri Bibiliya yose. Dukwiye kandi kubona ibintu nk’uko Kristu yabibona tukigana n’akarorero kiwe (Ab’i Filipi 2:5; 1 Petero 2:21). Uwo muti w’amaso si uwa gusa. Yezu yavuze ati: “U[wu]ngureko”. Uwo muti tuwugura umwanya wacu be n’akigoro tugira.

Tuvuye ahantu h’umwiza tukinjira mu cumba kirimwo umuco, hoshobora guca akanya kugira amaso yacu amenyere. Mu buryo busa n’ubwo, kwiga Ijambo ry’Imana no kubona umuco ujanye n’ukuri, bisaba umwanya. Kuzirikana ku vyo twiga no ku kuntu ukuri ari ukw’agaciro, bisaba umwanya. Ariko ntiwumve, uwo mwanya bisaba nturenze urugero. Uti kubera iki? Kubera ko umuco ari agatangaza!

[Ifoto ku rup. 14]

“Ungureko . . . umuti wo gusīga ku maso, ubone guhumūka”

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika