Twoba twitega ko abandi ari bo gusa botubwiza ukuri?
“NDANKA ibinyoma ga yemwe, kandi ndanka ko hagira uwumbesha!” Ukwo ni ko umwigeme umwe w’imyaka 16 yavuze. Ukwo ni ko biri kuri benshi muri twebwe. Turakunda kwiyumvira yuko amakuru turonka, biciye mu mvugo canke mu nyandiko, ari ay’ukuri. Ariko none, tweho twoba tuvugisha ukuri igihe turi n’ivyo tubwira abandi?
Mw’itohoza ryagizwe mu Budagi, benshi mu babajijwe ibibazo babona yuko “ata kibi kiri mu kubesha ku tuntu dutoduto kugira ngo umuntu yikingire canke akingire abandi ingorane yinaka, mbere yuko binakenewe kugira ngo abantu bagiranire imigenderanire myiza”. Umumenyeshamakuru umwe na we yanditse ati: “Kuvuga ukuri kandi akaba ari kwo gusa wama uvuga igihe cose ni ikintu ciza utoraba, ariko birarambira”.
Twoba twipfuza ko abandi bavuga ukuri, yamara tukumva ko twebwe rimwe na rimwe dufise imvo yumvikana yotuma tutavuga ukuri? Vyoba hari ico bimaze kuvuga ukuri canke kutakuvuga? Ingaruka ziva ku kutavuga ukuri ni izihe?
Ingaruka ziva ku kutavuga ukuri
Raba ingaruka ikinyoma gishobora gutera. Ikinyoma kiratuma haba ukutizigiranira hagati y’abubakanye no hagati y’abagize umuryango. Insaku zitagira ishingiro zirashobora gusiga iceyi umuntu. Igihe abakozi batavugisha ukuri biratuma ishirahamwe bakoramwo risohora amahera menshi maze ivyo rihingura bigaca birushiriza kuzimba. Gukoresha ibinyoma mu kwuzuza inkaratasi zo kurihirako amakori bituma amaleta atinjiza amahera akenewe yo kuronsa abanyagihugu ibintu vya nkenerwa. Amakuru y’ibinyoma ashikirizwa n’abashakashatsi arabicira akazi kari gushobora kubaha amahera menshi akongera agasiga iceyi inzego zari zubahitse. Imigambi irimwo ukubesha yo kurondera gutunga ningoga, ituma abahenzwe bakazana imitahe yabo batakaza udufaranga bari baraziganije, canke mbere bagashikirwa n’ingaruka zibabaje cane. Ntibitangaje rero kubona Bibiliya itubwira yuko mu bintu bisesema Yehova Imana harimwo “ururimi rw’ibinyoma” be n’“icabona c’ibinyoma kivuga [“ibinyoma”, NW]”.—Imigani 6:16-19.
Gukwiragiza ibinyoma birashobora gutuma haba ingaruka zibabaje ku muntu no ku kibano muri rusangi. Emwe ni bake boharira ico kintu! Ni kubera iki none abantu babesha n’ibigirankana? Canke ho, igihe cose umuntu atavuze ukuri, yoba avuze ikinyoma? Inyishu z’ivyo bibazo zirarimburwa mu kiganiro gikurikira.
[Amafoto ku rup. 3]
Ikinyoma kiratuma haba ukutizigiranira hagati y’abubakanye