Ni ngirakamaro kuba imvugakuri
UKUTAVUGA ukuri vyatanguriye mw’itongo ry’i Edeni. Naho ari ukwo, mu mico myinshi no mu bibano vyinshi, abantu baraha agaciro cane ukuba imvugakuri kandi bakabona ko ububeshi n’ubuhemu ari ibintu bibi kandi vyo kwiyamirizwa. Kuba umuntu abandi bazi ko ari umwizigirwa, ni ikintu ukwiye kwishimira. Yamara rero, ukutavuga ukuri bitera birushiriza kuboneka ko ari ikintu ca nkenerwa kugira umuntu abeho mu kibano ca none. Wewe ubibona gute? Ubwo vyoba ari ngirakamaro kubaho umuntu ari imvugakuri? Ni igiki ufatirako kugira uvuge ko umuntu ari imvugakuri canke atari yo?
Kugira duhimbare Imana, dutegerezwa kuba imvugakuri mu buzima bwacu bwa misi yose. Intumwa Paulo yahimirije abakirisu bagenziwe ati: “Umuntu wese avugane ivy’ukuri na mugenzi we” (Abanyefeso 4:25). Paulo yanditse kandi ati: “Tugomba kugira ingeso nziza muri vyose” (Abaheburayo 13:18). Igituma tuba imvugakuri, si ukugira duhayagizwe n’abandi bantu. Tuba imvugakuri kubera ko twubaha Umuremyi wacu kandi tukaba dushaka kumuhimbara.
Ntugahishe uwo uri we
Mu bihugu vyinshi, abantu barahisha ico bari kugira bironkere inyungu kanaka mu buzima. Bararondera ibintu vya magendo nk’ivyangombwa, impapuro z’umutsindo n’amakarata karangamuntu kugira ngo binjire mu gihugu kinaka bidaciye mu mategeko canke kugira baronke akazi kibure igiti batari babikwiriye. Hari abavyeyi bahindura impapuro z’ivuka z’abana babo kugira ngo nya bana bemererwe gutangura ishure kandi bari bararengeranye.
Ariko rero, kugira duhimbare Imana, dukwiye kutaba ababeshi. Bibiliya ivuga ko Yehova ari “Imana y’ukuri”, ku bw’ivyo rero akaba yiteze ko abacuditse na we baba imvugakuri (Zaburi 31:5). Niba twipfuza kuguma dufitaniye ubucuti somambike na Yehova, ntidushobora kwigana “abanyabinyoma”, abantu b’“indyarya” ni ukuvuga abahisha ico bari.—Zaburi 26:4.
Abantu barakunda kandi kutavugisha ukuri igihe babona ko bohava bahanwa kubera bakoze ikosa. No mw’ishengero rya gikirisu, umuntu arashobora kugwa mu mutego wo kutavugisha ukuri. Nk’akarorero, mw’ishengero rimwe, hari umusore yemereye abakurambere ko hari ivyaha yari yarakoze. Yamara, ntiyemeye ivy’uko yiba, naho nyene hari ibimenyamenya bivyemeza. Amaherezo yarafashwe maze biba ngombwa ko acibwa mw’ishengero. None ngaho, icari kumubera ciza kuruta si uko yari kuvugisha ukuri muri vyose maze agafashwa kunagura ubucuti bw’agaciro yari afitaniye na Yehova? Nakare, Bibiliya ivuga iti: “Ntugaye igikāngīro c’Uhoraho, kandi ntudendebukirwe ni yaguhana. Kuk’uwo Uhoraho akunda ari we akāngīra”.—Abaheburayo 12:5, 6.
Rimwe na rimwe, umuvukanyi arondera gushikira amabanga mw’ishengero, yoshobora gukora uko ashoboye kugira ahishe ingorane ziwe canke ingeso mbi yahorana. Nk’akarorero igihe ariko aruzuza urukaratasi rwo gusaba kuja mu murimo kanaka udasanzwe, arashobora kudatanga inyishu zuzuye ku bibazo vyerekeye amagara canke ukwigenza runtu, yiyumvira ko kuvugisha ukuri kuri ivyo vyotuma babona ko adakwije ibisabwa. Yoshobora kwibwira ati: ‘Ku bwa ngingo sinabeshe’. Ariko, yoba mu vy’ukuri ataciye ku ruhande kandi akaba yabaye imvugakuri ku bandi? Raba iciyumviro kiri mu Migani 3:32: “Ikidambidambi n’igisesema k’Uhoraho, arikw abagororotsi bo, asangiye ibanga na bo”.
Kuba imvugakuri bisobanura ko imbere ya vyose na twebwe ubwacu tutibesha. Turakunda kwemera ibintu bidushirira aho dushaka aho kwemera ikibereye canke ic’ukuri. Urazi ukuntu bitworohera kwikurako amakosa tukayasunurira ku wundi muntu? Nk’akarorero, Umwami Sauli yaragerageje kwisigura ku bijanye n’ukugambarara kwiwe mu gusunurira amakosa ku bandi. Ingaruka zavuyemwo ni uko Yehova yamukuye ku ngoma (1 Samweli 15:20-23). Ese ukuntu ivyo bitandukanye n’ivy’Umwami Dawidi, we yasenze Yehova ati: “Nakwemereye icaha canje, sinatwikiriye ukugabitanya kwanje; naravuze, nti Ndāturira Uhoraho ibicumuro vyanje: nawe umparira ukugabitanya kw’icaha canje”.— Zaburi 32:5.
Ukuba imvugakuri birazana imihezagiro
Kuba imvugakuri canke kutaba imvugakuri biragira ico bikoze ku kuntu abandi bakubona. Abantu bamenye ko wabahenze, naho ryoba rimwe gusa, ntibasubira kukwizigira, kandi bizobagora gusubira kukwizigira. Igihushanye n’ivyo, niwaba imvugakuri n’inzirabugunge, uzomenyekana ko uri intahemuka n’umwizigirwa. Ivyabona vya Yehova barihesheje iryo zina. Reka turabe uburorero bumwebumwe.
Hari umuyobozi w’ishirahamwe rimwe yabonye ko benshi mu bakozi biwe bariko bariba iryo shirahamwe, aca ataka abapolisi. Igihe yamenya ko umukozi umwe w’Icabona ca Yehova yari mu bari bafashwe, yaciye aja ku biro vy’igipolisi kugira ico Cabona ashobore kurekurwa mu maguru masha. Uti kubera iki? Kubera ko uwo muyobozi yari azi ko uwo muntu yari umukozi w’inzirabugunge be n’uko ata camwagira. Ico Cabona yigumiye mu kazi mu gihe abandi bo birukanywe. Ivyabona bagenziwe baranezerewe bamenye ko uburyo yigenjeje bwatumye izina rya Yehova riterwa iteka.
Igihe umuntu yigenza neza, abandi ntibabura kubibona. Mu karere kamwe ko muri Afirika, ikiraro co ku mugende munini wacamwo amazi yo kuvomera imirima cari gikeneye gusanurwa kubera ko imbaho zimwezimwe zari zibwe. Abantu baho bafashe ingingo yo gukorakoranya amahera kugira basubizeho izo mbaho. Ariko none, ni nde yari gushobora kwizigirwa kugira ngo abe ari we acungera uko ayo mahera akoreshwa”? Bose bahurije ku ciyumviro c’uko yategerezwa kuba umwe mu Vyabona vya Yehova.
Igihe igihugu kimwe co muri Afirika caja mu ruhagarara ruturutse ku vya politike no ku vy’amoko, Icabona umwe yakora akazi ko kuba umunyabigega mw’ishirahamwe mpuzamakungu rimwe, yararungitswe n’iryo shirahamwe gukorera ahandi kubera yuko ubuzima bwiwe bwari bugeramiwe. Iryo shirahamwe ryaratunganije ivy’uko amara amezi menshi akorera mu kindi gihugu ari ryo rimumenya muri vyose, gushika ibintu bisubiye mu buryo. Uti kubera iki? Kubera ko imbere y’uko ivyo bishika, yari yaranse kwunga umugambi n’abagomba kunyikiza iryo shirahamwe. Umukuru waryo yari azi ukuntu uwo mukozi ari inzirabugunge iherejeko. Ubwo boba bari kugira umutima ukunze wo gufasha uwo mukozi iyo aza kuba ari umuntu azwi ko ari ingunge?
Mu Migani 20:7 havuga hati: “Umugororotsi agendera mu gutungana kwiwe”. Umuntu w’imvugakuri, ni umuntu w’intungane, ni ukuvuga w’intadohoka. Ntiyigera agunga mugenziwe canke ngo amubeshe. Ico si co wipfuza none ko abandi bakugirira? Ukuba imvugakuri ni umuce nyamukuru w’ugusenga kw’ukuri. Ni uburyo twerekaniramwo ko dukunda Imana na mugenzi wacu. Igihe tubaye imvugakuri, tuba twerekanye ko twipfuza gukurikiza ingingo ngenderwako Yezu yavuze, igira iti: “Nukw ivyo mugomba kw abantu babagirira vyose mube ari ko mubagirira namwe”.—Matayo 7:12; 22:36-39.
Kuba imvugakuri ntivyama igihe cose bituma umuntu amererwa neza. Yamara rero, ijwi ryo mu mutima ritamwagiriza ikibi ni ryo rihambaye kuruta ivyomushikira vyose. Impera n’imperuka, kuba imvugakuri n’umugororotsi bivamwo ivyiza vyinshi. Ikizwi coco, ni uko ubucuti bwiza umuntu agiranira na Yehova ari ikintu c’agaciro ntangere. Bimaze iki none kubwonona mu gukora ikintu c’ubugunge kugira gusa umuntu yiheshe icubahiro canke aronke inyungu zidaciye mu nzira nziza? Ingorane yodushikira uko yoza imeze kwose, turashobora kwizigira aya majambo y’umwanditsi wa Zaburi agira ati: “Hahirwa umuntu ashira ivyizigiro vyiwe k’Uhoraho, kandi ntahindukirire abībone, cank’abizimagiriza mu binyoma”.—Zaburi 40:4.
[Ifoto ku rup. 18]
Abakirisu b’ukuri ntibagura impapuro za magendo canke ngo bazikoreshe