ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w06 1/11 rup. 8-12
  • Yehova yarahezagiye cane icipfuzo nari mfise co kuba umumisiyonari

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yehova yarahezagiye cane icipfuzo nari mfise co kuba umumisiyonari
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ngira icipfuzo co kuba umumisiyonari
  • Nja muri Irilande
  • Nja i Gileyadi
  • Nja muri Berezile
  • Tugira ingorane y’indwara
  • Yehova yarahezagiye ubusuku bwanje
  • Ubuzima bubayabaye yamara bwuzuye imihezagiro
  • Kubanza kwitwararika ubwami bizana ubuzima butekanye kandi buhimbaye
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Yehova yamenyereje kuva nkiri muto
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2026
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
w06 1/11 rup. 8-12

Inkuru y’ubuzima

Yehova yarahezagiye cane icipfuzo nari mfise co kuba umumisiyonari

NK’UKO VYAVUZWE NA SHEILA WINFIELD DA CONCEIÇÃO

Hari umumisiyonari yatugendeye avuye muri Afirika yigeze kutubwira ko aho yarungitswe gukorera, abantu bose bamuha ikaze kandi bagatega yompi inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana. Naciye nibaza nti: ‘Icompa ngakorera mu cibare nk’ico!’. Ico kiyago carabivye muri jewe icipfuzo co kuba umumisiyonari, ico gihe nkaba nari mfise imyaka 13.

YAMARA, umuryango wacu wari watanguye kwiga ivyerekeye Yehova imbere cane y’aho. Umusi umwe mu gatondo mu 1939, abasore babiri bashajije baradodoye ku muryango iwacu i Hemel Hempstead, mu micungararo y’i Londres umurwa mukuru w’Ubwongereza. Bari Ivyabona vya Yehova. Hari hashize umwaka umwe mvutse, ukaba rero wumva ko ntokwibuka ivy’abo bantu batugendeye. Mawe kugira abirukane, yababwiye ko dawe yari gushimishwa mugabo ko ataza gutaha imbere y’isaha 3 z’ijoro. Ibaze nawe ukuntu yakubiswe n’inkuba aho yaza abona bagarutse kuri uwo mugoroba nyene! Dawe Henry Winfield amaze kumenya aho bahagaze mu bijanye n’ibibazo vya politike be n’ivyo kwiratira igihugu, yaciye abaha ikaze mu nzu, maze aremera kwiga Bibiliya. Ntiyatevye gutera imbere maze arabatizwa. Hashize imyaka mikeyi, na mawe Kathleen yaratanguye kwiga Bibiliya. Yabatijwe mu 1946.

Mu 1948, naratanguye kuza ndaja kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana. Naribajije ko nokeneye isaha kugira nze ndandika ntihenda umwanya mara mu busuku. Iyo twebwe abana twigenjeje neza, barakunda kuduha ikingorongoro c’amahera atandatu kugira tugure ico dushaka, bakayaduha imisi yose ku wa gatandatu. Naramaze hafi imyaka ibiri nza ndaziganya utwo duhera dutandatu naza ndaronka, kugira nzogure agasaha kari kazimbutse kuruta izindi ico gihe. Ariko rero, Ray, mutoyi muri basazanje babiri bankurikira, yama asaba dawe ibingorongoro bibiri vy’amahera atatatatu, ntiyigere amusaba ikingorongoro c’amahera atandatu ari hamwe. Umusi umwe, yararahiye ngo mpaka aronse ibingorongoro bibiri gushika naho dawe ashavura. Ray yaciye atangura kurira, avuga ko akeneye ivyo bingorongoro bibiri vy’atatatatu kubera akabanga kari hagati yiwe na Yehova. Ray yahavuye asigura ati: “Ikingorongoro kimwe ni ico gushira mu gasandugu k’intererano, ikindi ni rwanje”. Mawe yarakoroye amosozi kubera umunezero, dawe aca arihuta kuvunjisha kugira aronke ibingorongoro bibiri, nanje ndahakura icigwa c’uko bihambaye gushigikira igikorwa c’Ubwami mu gutanga intererano.

Ico gihe, dawe yaratunganije ivy’uko twimukira ahakenewe abamamaji b’Ubwami kuruta. Mu 1949 yaragurishije itongo ryiwe be n’urunogo yimbamwo umusenyi n’urucekeri vyo kugurisha aca atangura ubutsimvyi, aba umusuku w’igihe cose w’Ivyabona vya Yehova. Nabatijwe ku wa 24 Nyakanga 1950, bwa kimenyetso c’uko niyeguriye Yehova. Kuva ico gihe, mu buruhuko bwo mu ci, naza ndakora ico bita ubutsimvyi bwo mu buruhuko (ico ubu twita ubutsimvyi bwo gufasha), nkamara amasaha 100 ku kwezi ndi mu busuku. Yamara iyo yari intango gusa. Bidatevye, naratanguye kugira icipfuzo gikomeye mu mutima co kurushiriza gukora cane mu guteza imbere ugusenga gutyoroye.

Ngira icipfuzo co kuba umumisiyonari

Mu 1951, dawe bamurungitse gukorera mu gisagara ca Bideford, mu Buraruko bw’intara ya Devon. Tuhamaze igihe gitoyi, ni ho wa mumisiyonari yakorera muri Afirika yagendera ishengero ryacu, nk’uko nabibabwiye mu ntango. Inyuma y’aho, icipfuzo nari mfise co kuba umumisiyonari ni co cari gisigaye kigenga ingingo zose nafata. Abigisha bo kw’ishure baramenye umugambi wanje maze barakora ibishoboka vyose kugira ngo bahindure icipfuzo canje, bizigiye ko nociye nkurikirana umwuga wo mw’isi. Ariko rero, ku musi wanje wa nyuma wo ku ntebe y’ishure, igihe naja aho abigisha bakoranira kugira ndabakengurukire nongere ndabasezere, umwe muri bo yambwiye ati: “Komera! Ni we munyeshure wenyene vy’ukuri uzi ico ukurikirana mu buzima. Turizigiye ko uzoshika ku mugambi wawe”.

Bidatevye, nararonse akazi ko gukora igihe gitogito, maze ku wa 1 Kigarama 1955, nca mba umutsimvyi asanzwe. Mu nyuma, mawe na basazanje na bo nyene barabaye abatsimvyi. Rero, ico gihe harashize imyaka itari mike twese mu muryango turi mu murimo w’igihe cose.

Nja muri Irilande

Haciye umwaka, nararonse ubutumire bunsaba kuja gukorera muri Irilande. Iyo yari intambwe yonshikanye kuri wa mugambi wanje wo kuba umumisiyonari. Muri Ruhuhuma 1957, narashitse i Cork muri Irilande yo mu Bumanuko, ndi kumwe n’abandi batsimvyikazi babiri bakiri bato, ari bo June Napier hamwe na Beryl Barker.

Igikorwa co mu ndimiro muri Irilande ntugire ngo cari coroshe. Ekeleziya gatolika yaraturwanya cane. Igihe cose twaba twinjiye mu nyubakwa ibamwo abantu benshi canke mu kigwati c’amazu menshi, twaca turaba ko tworonka aho dufyirukana nka hamwe rworamuka rukamvye. Twakunda kunyegeza amakinga yacu nka hariya, yamara kenshi twasanga hari uwayubuye agaca atabagura amapine canke akayakuramwo impemu.

Umusi umwe, twe na Beryl twariko tugendera ikigwati carimwo inzu nyinshi, maze umugwi w’abana utangura kuvuza urwamo udutuka wongera udutera amabuye. Twaciye twinjira mw’ibutike, kikaba cari igice c’inzu y’umuntu aho badandariza amata. Hari umugwi w’abantu waciye utangura kurundana hanze. Kubera ko Beryl yakunda amata, yaranyoye ibirahuri bibiri canke bitatu, agenda aranywa dukeduke, twizigiye ko nya mugwi uheba ukagenda. Nugende mbone! Sinzi ingene muri iyo butike haciye hinjira umupatiri akiri muto. Kubera ko yibajije ko turi ingenzi, yavuze ko yipfuza kudutembereza akatwereka ako karere. Ariko rero yabanje kutwinjiza mu kindi cumba c’iyo nzu, aca aha isiga ry’abarwaye umutama umwe yari ku mpfiro, natwe twicaye aho ata wukurako umunwa. Twaciye tuva muri iyo nzu turi kumwe n’uwo mupatiri. Aho wa mugwi w’abantu utuboneye tugenda turaganira na we, baciye basanzara.

Nja i Gileyadi

Mu 1958 Ihwaniro mpuzamakungu ryataziriwe ngo “Ukugomba kw’Imana” ryari ritegekanijwe kubera i New York. Dawe yari kugenda. Na je naravyipfuza, mugabo nta mahera nari mfise. Sinzi ukuntu nyokuru aciye apfa ata wari avyiteze, apfa ansigiye amahera y’amongereza 100 (nk’amarundi arenga 280.000). Kugenda kw’ihwaniro no kugaruka vyatwara amahera y’amongereza 96 (nk’amarundi 269.000), nca rero ubwo nyene ndatabuza itike y’indege.

Inyuma gatoyi y’aho, twaragendewe n’uwuserukira ibiro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova mu Bwongereza maze abatsimvyi badasanzwe bose bari kugenda kw’ihwaniro abaremesha gusaba kuja muri rya Shure ry’ivya Bibiliya rya Watchtower ry’i Gileyadi rimenyereza abamisiyonari. Cari nk’igitangaro! Yarahaye bose impapuro zo kwuzuza uretse jewe. Sinari bwakwize imyaka. Narasavye ko nanje bonshiramwo, nsigura ko nari naramaze kuva muhira nkaja gukorera mu kindi gihugu, ko ari nk’aho nari mu gikorwa c’ubumisiyonari. Amaze kubona umwiyemezo mfise, yarampaye urupapuro rwo kwuzuza. Ha, sinokubwira amasengesho natuye nsaba kwemererwa uko angana! Inyishu ntiyatevye, mba ndatumiwe kwitaba ishure ry’i Gileyadi.

Naranezerewe kwitaba ishure rigira 33 ry’i Gileyadi, ndi kumwe n’abandi batsimvyi 81, baturuka mu bihugu 14. Amezi atanu y’ivyigwa yabaye akaravyo. Turi mu kurangiza, umuvukanyi Nathan H. Knorr yaradushikirije insiguro ikabura yamaze amasaha ane. Yararemesheje abashobora kwigumira batubatse kutubaka (1 Ab’i Korinto 7:37, 38). Yamara, ku bo muri twebwe bari bafise icipfuzo co kuzorushinga umusi uri izina, yaturemesheje kugira urutonde rw’ibintu umwe wese yipfuza ko uwo bazokwubakana yoba akwije. Gutyo rero habonetse uwushaka ko twubakana, twoshoboye gusuzuma ko abereye dufatiye kuri ivyo bintu.

Urutonde rw’ivyo narondera ku wo twokwubakana rwarimwo ibi: Yotegerejwe kuba ari umumisiyonari nkanje kandi akaba akunda Yehova, kuba azi vyinshi kundusha mu bijanye n’ukuri kwo muri Bibiliya, kuba afise umutima wo kutarondera abana imbere ya Harumagedoni kugira tubandanye umurimo w’igihe cose, kuba avuga neza icongereza, kandi akaba akuze kunsumba. Urwo rutonde rwari kirumara kuri jewe, umukobwa w’imyaka 20 y’amavuka yagira arungikwe gukorera mu gihugu ca kure.

Nja muri Berezile

Ku w’iyinga, igenekerezo rya 2 Myandagaro 1959, ni ho twaronka impapuro z’umutsindo baca baratumenyesha iyo tuzoja gukorera. Twe na Vehanouch Yazedjian, Sarah Greco, Ray Hatfield n’umugore wiwe Inger, Sonia Springate, Doreen Hines, twarungitswe gukorera muri Berezile. Akamwemwe karadusya. Nabona mu bwenge ko twosanzeyo amashamba, inzoka, ibiti biva amazi akorwamwo ibikawucu hamwe n’Abahindi b’imvukira zaho. Yamara rero igihe nahashika, naratangaye! Aho kubona ishamba rya manyenye rya Amazone, nashikiye i Rio de Janeiro, igisagara cakirwa n’izuba kandi cubatswe mu buryo bwa none, ico gihe kikaba ari co cari umurwa mukuru w’igihugu.

Ingorane twaciye tugira, yari iyo kwiga igiporotigali. Mu kwezi kwa mbere, imisi yose twiga amasaha 11. Maze igihe kinaka namamaza i Rio mba ku biro vy’Ishami vy’Ivyabona vya Yehova vy’aho, barandungitse ku nzu y’abamisiyonari i Piracicaba, muri Leta ya São Paulo, mu nyuma bandungika ku nzu y’abamisiyonari i Porto Alegre, muri Leta ya Rio Grande do Sul.

Maze, mu ntango zo mu 1963 nararonse ubutumire bwo kuja gukorera kw’ishami mu rwego rw’ubuhinduzi. Floriano Ignez da Conceição, ari na we yatwigishije igiporotigali tugishika, ni we yari ahagarikiye urwo rwego. Yamenye ukuri mu 1944, igihe muri Berezile hari gusa Ivyabona nka 300, kandi yitavye ivyigwa vy’umugwi ugira 22 w’ishure ry’i Gileyadi. Umusi umwe, hakaba hari haciye amezi nk’angahe, umuvukanyi Conceição yaransavye kurindira gato, agakengeri ka sasita nikavuga, kuko ngo hari ico yashaka kumbwira. Nabanje guhagarika umutima. Nibaza nti: “Hoba hari ikosa nakoze?”. Igihe rero agakengeri ko kuja kwivuna umusase kavuga, naramubajije ico yashaka kumbwira. Mu kunyishura, yambajije ati: “Woshima ko twubakana?”. Narabuze ico nishura. Naciye ndamusaba ko yompa umwanya nkabanza kubizirikanako maze nca ndanyaragasa manuka kwivuna umusase.

Ntugire ngo Floriano ni we wa mbere yari anseruriye ko yipfuza yuko twubakana. Ariko rero, gushika ico gihe nta n’umwe yari bwaboneke ko akwiza ibisabwa narondera ku wo tuzokwubakana abereye. Nibaza ko rwa rutonde nagira rwamfashije kwirinda guhitamwo nabi. Ico gihe hoho rero ibintu vyari ibindi. Floriano yari akwije ibisabwa vyose narondera! Nuko rero twarushinze ku wa 15 Rusama 1965.

Tugira ingorane y’indwara

Naho twahuye n’ingorane, nticabujije ko umubano wanje na Floriano urangwa agahimbare. Zimwe muri izo, ni ingorane z’amagara Floriano yagize, zikaba zatanguye gatoyi imbere y’uko twubakana. Imyaka imbere y’aho, ihaha ryiwe ry’ibubamfu ryarigeze kwononekara, maze rero ingaruka zavyo zikaba zari zitanguye gutuma ababara cane. Ivyo vyatumye tuva muri Beteli maze baturungika kuba abatsimvyi badasanzwe mu gisagara ca Teresópolis, mu karere k’imisozi ko muri Leta ya Rio de Janeiro. Twari twizigiye ko ikirere c’aho hantu comufashije gutora mitende.

Ngo amagorwa ntasiga ayandi, muri Kigarama 1965, naronse inkuru imbwira ko mawe arembejwe na kanseri. Twari dusanzwe dukunda kwandikiranira na mawe, yamara hari haheze imyaka indwi ntamukubise ijisho. Yaraturihiye rero urugendo rwo kuja mu Bwongereza kumuraba. Mawe yarabazwe, yamara abaganga ntibashoboye kumukiza iyo kanseri. Naho yari aremvye akaba atava mu gitanda, icipfuzo yari afise co kwamamaza cagumye ari ca kindi. Yari afise imashini yo kwandika mu cumba ciwe ku buryo yashobora kubwira umuntu ivyo amwandikira. Yarashobora no gushinga intahe gatoyi ku baje kumusuhuza. Yasandavye ku wa 27 Munyonyo 1966. Muri ukwo kwezi nyene, yasize raporo y’umurimo wo mu ndimiro y’amasaha cumi! Dawe yarabandanije umurimo w’ubutsimvyi ari intahemuka gushika aho apfiriye mu 1979.

Mawe amaze gupfa, twe na Floriano twarasubiye muri Berezile, muri Leta ya Rio de Janeiro, aho tugisukurira kuva ico gihe. Twabanje kurungikwa mu gikorwa c’umuzunguruko mu murwa mukuru w’iyo Leta, yamara rero uwo wabaye umunezero w’akanya gato kubera ko Floriano yaciye yongera kurwara bikomeye. Twaciye dusubira i Teresópolis kuba abatsimvyi badasanzwe.

Mu 1974, Floriano amaze imyaka bamuvura mu buryo bubabaza, abaganga bahavuye bamukuramwo ihaha ry’ibubamfu. Ico gihe, ntivyakunda ko abandanya kuba umucungezi muhagarikizi canke umutsimvyi adasanzwe, mugabo yarashobora kuyobora inyigisho za Bibiliya mu masaha yo kumusuhuza mu bitaro, umwe mu bo bigana Bibiliya akaba yari Bob, umukukuruke w’Umunyamerika, bakaba bigana mu congereza. Bob yaremeye ukuri maze arahava arabatizwa. Floriano yagiye aratora mitende buhorobuhoro maze kuva ico gihe akaba ari umutsimvyi asanzwe.

Yehova yarahezagiye ubusuku bwanje

Ubu maze imyaka mbandanya ubutsimvyi budasanzwe, kandi Yehova yarahezagiye ubusuku bwanje. Muri Teresópolis, naragize agateka kadasanzwe ko gufasha abantu barenga 60 baregurira ubuzima bwabo Yehova. Umwe muri abo yari umukenyezi yitwa Jupira, nkaba naranamwigishije gusoma. Nahavuye nigana n’umunani mu bana biwe bakuze. Icavuyemwo ni uko Jupira n’abandi barenga 20 bo mu muryango wiwe no mu ncuti ziwe ubu basukurira Yehova n’umwete. Umwe muri bo ni umukurambere, bandi batatu ni abakozi b’ishengero, babiri na bo ni abatsimvyi.

Narize kugumana agatima ko kubona yuko naho umuntu yoba ameze gute, ashobora kwiga ukuri. Igihe kimwe, nariko nigana Bibiliya n’umukenyezi akiri muto yitwa Alzemira igihe umunega wiwe Antônio yangirako iterabwoba ngo aranshuhurirako ibibwa bibiri amahero ntavuye mu nzu yabo mu maguru masha. Inyuma y’aho, twagiye turabonana rimwerimwe na Alzemira gushika haciye nk’imyaka ndwi, igihe Antônio yashobora kumpa uruhusha rwo gusubira kwigana na Alzemira. Naho vyari ukwo, yaranyihanije ngo ubwiwe sinze ndamubwire ivya Bibiliya. Ariko rero, umusi umwe imvura iriko iragwa, narasavye Antônio kwifatanya natwe muri iyo nyigisho. Nahavuye mbona ko ingorane yari afise yari iy’uko atari azi gusoma no kwandika. Kuva ico gihe, Floriano hamwe n’abandi bariganye na we Bibiliya bongera baramwigisha gusoma. Ubu Alzemira na Antônio bompi barabatijwe. Antônio arafasha cane mw’ishengero mu guherekeza abakiri bato benshi mu busuku.

Ivyo ni bike gusa mu vyo twiboneye mu myaka irenga 20 tumaze dukorera i Teresópolis. Mu ntango za 1988, twararungitswe gukorera ahandi, aho na ho hakaba hari mu gisagara ca Niterói, aho twakoreye imyaka itanu hanyuma twimukira i Santo Aleixo. Mu nyuma twaciye twimukira mw’ishengero rya Japuíba hagati muri Leta ya Rio de Janeiro, tukaba twaragize agateka ko gutanguza ishengero rya Ribeira.

Ubuzima bubayabaye yamara bwuzuye imihezagiro

Mu myaka n’iyindi, twe na Floriano twaragize agateka ko gufasha abantu barenga 300 kwegurira ubuzima bwabo Yehova. Ubu bamwe muri bo bakorera kw’ishami, abandi ni abatsimvyi, abakurambere n’abakozi b’ishengero. Emwe, ndakura ubwatsi kubona Imana, ibicishije ku mpwemu yayo yera, yaradukoresheje tugafasha abantu benshi gutyo!​—Mariko 10:29, 30.

Ni ivy’ukuri ko Floriano yategerejwe kwihanganira ingorane zikomeye z’amagara. Ariko naho afise amagara mabi, aguma ashikamye, ari umunyamunezero kandi yizigiye Yehova. Arakunda kuvuga ati: “Agahimbare muri kino gihe ntikazanwa n’ukugira ubuzima butarimwo ingorane. Kazanwa no kuba Yehova adufasha kwihanganira ingorane zidushikira”.​—Zaburi 34:19.

Mu 2003, basanze ndwaye kanseri mu jisho ry’ibubamfu. Bararibaze barisubiriza n’irindi ry’iriterano, iryo na ryo bikaba bisaba ko risukurwa incuro nyinshi ku musi. Naho ari ukwo, Yehova yarampezagiye mu kumpa inguvu zo kubandanya ndamusukurira ndi umutsimvyi adasanzwe.

Ku vyerekeye ivy’amatungo, nifitiye ubuzima bubayabaye. Yamara rero, Yehova yarampezagiye mu gikorwa nashinzwe kandi yarangize umutunzi mu vy’impwemu. Bimwe wa muvukanyikazi w’umumisiyonari yavuga ku bijanye n’igikorwa co kwamamaza muri Afirika, vyarahuye neza na neza n’uko igikorwa cifashe aho twarungitswe gukorera muri Berezile. Vy’ukuri, Yehova yarahezagiye cane icipfuzo canje co kuba umumisiyonari!

[Ifoto ku rup. 9]

Aha nari kumwe n’umuryango wacu mu 1953

[Ifoto ku rup. 9]

Aha nariko ndashinga intahe muri Irilande mu 1957

[Ifoto ku rup. 10]

Aha ni muri Berezile mu 1959 ndi kumwe n’abamisiyonari bagenzanje. Uva ibubamfu uja iburyo: Jewe, Inger Hatfield, Doreen Hines, na Sonia Springate

[Ifoto ku rup. 10]

Aha nari kumwe n’umunega wanje

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika