Inkuru y’ubuzima
Ukutadohoka kw’abo mu muryango kwarangiriye akamaro
NK’UKO VYAVUZWE NA KATHLEEN COOKE
IGIHE nyogokuru Mary Ellen Thompson yari yagiye kuramutsa incuti i Glasgow muri Ekose mu 1911, yaragiye kwumviriza insiguro yashikirijwe na Charles Taze Russell, uwari akomeye cane mu Batohoji ba Bibiliya, abahavuye bitwa Ivyabona vya Yehova. Nyogokuru yararyohewe cane n’ivyo yumvise. Asubiye muri Afirika y’Epfo, yaciye arondera Abatohoji ba Bibiliya baho. Muri Ndamukiza 1914, yari mu bantu 16 babatijwe kw’ihwaniro rya mbere Abatohoji ba Bibiliya bagize muri Afirika y’Epfo. Edith, umukobwa wa nyokuru, akaba ari na we yahavuye aba mawe, ico gihe yari afise imyaka itandatu.
Umuvukanyi Russell amaze gupfa mu 1916, harabaye ukutumvikana mu Batohoji ba Bibiliya kw’isi yose. Igitigiri c’abagumye ari intahemuka i Durban carakorotse kiva kuri 60 gishika nko kuri 12. Nyogokuru avyara dawe, akaba yitwa Ingeborg Myrdal, be n’umuhungu wiwe w’umuyabaga Henry yari aherutse kubatizwa, bo bagumye ku ruhande rw’abatahemutse. Mu 1924, Henry yarabaye umwe mu bitwa muri kino gihe abasuku b’igihe cose bo mu Vyabona vya Yehova. Imyaka itanu yakurikiye yayimaze yamamaza inkuru nziza mu mihingo myinshi y’igice ca Afirika co mu Bumanuko. Mu 1930, Henry na Edith barashinze urwabo maze haciye imyaka itatu nca ndavuka.
Umuryango waguka
Twaramaze igihe kinaka tuba muri Mozambike, mugabo mu 1939 twaciye tuja kuba kwa nyogokuru na sogokuru Thompson bavyara mawe aho baba i Johannesburg. Sogokuru ntiyashima ukuri kwo muri Bibiliya, mbere rimwe na rimwe yararwanya nyogokuru. Mugabo ntiwumve, yari umuntu yakirana cane. Murumunanje Thelma yavutse mu 1940, kandi mu nyuma twe na we twahavuye twiga kubungabunga abantu bageze mu zabukuru. Kenshi na kenshi gufungura ivya nikera wasanga bimara umwanya munini, kubera ko twaba turiko turatera inkuru z’ivyabaye ku murango canke dutera inkuru z’ivyabaye muri kahise.
Umuryango wacu waragenderwa n’Ivyabona tukamarana imisi, tukaba twagenderwa canecane n’abari mu busuku bw’igihe cose. Turiko turayaga mu gihe co gufungura utwa nikera, na bo nyene barajamwo bakadutera inkuru, kandi ivyo batuyagira vyatuma turushiriza gukenguruka intoranwa yacu yo mu vy’impwemu. Ivyo vyarakomeje icipfuzo twe na Thelma twari dufise co kuba abatsimvyi nka bo.
Twigishijwe gukunda gusoma kuva tukiri abana bato cane. Mawe na dawe be na nyogokuru baradusomera mu bitabu vy’inkuru biryoshe canke bakadusomera muri Bibiliya. Amakoraniro ya gikirisu be n’ubusuku vyari ibintu bihambaye rwose mu buzima bwacu. Dawe yari umusuku w’umugwi (uwitwa ubu umucungezi muhagarikizi) w’ishengero rya Johannesburg, ugaca rero wumva ko twese twategerezwa gushika ku makoraniro hakiri kare. Igihe twaba dufise ihwaniro, dawe yaba ariko arafasha mu bijanye no kurihagarikira, mawe na we akaba ariko arafasha mu bijanye n’uburaro bw’abashitsi.
Ihwaniro ryabaye iridasanzwe kuri twebwe
Ihwaniro ryabereye i Johannesburg mu 1948 ntiryari risanzwe. Bwari bwo bwa mbere abavukanyi bavuye ku cicaro gikuru c’Ivyabona vya Yehova i Brooklyn muri New York baba ari ho bari. Dawe yashinzwe kuza arunguruza n’umuduga wiwe Nathan Knorr na Milton Henschel mu kiringo cose bohamaze. Nabatijwe kuri iryo hwaniro.
Butaraca na kabiri iryo hwaniro ribaye, dawe yagiye yumva se wiwe amubwiye ko yicuza rwose kubona inyuma y’urupfu rw’umuvukanyi Russell yararetse akoshwa n’abiyonkoye ku Batohoji ba Bibiliya. Haheze amezi makeyi, yaciye apfa. Granny Myrdal we yagumye ari intadohoka gushika arangije ubuzima bwiwe bwo kw’isi mu 1955.
Ibintu vyagize ico bihinduye ku buzima bwanje
Kw’igenekerezo rya 1 Ruhuhuma 1949 ni ho naba umutsimvyi asanzwe. Haciye igihe gito, naratanguye kugira akanyamuneza kenshi aho hatangarijwe yuko hari ihwaniro mpuzamakungu ryobereye mu gisagara ca New York mu mwaka ukurikira. Twaripfuza cane kujayo, mugabo tukaba tutari dufise uburyo. Muri Ruhuhuma 1950, sogokuru Thompson yarapfuye, nyogokuru araheza aca akoresha amahera yamuraze mu kuriha itike yacu twese uko twari batanu.
Hasigaye indwi nka zingahe ngo dufate urugendo, twagiye tubona ikete rivuye ku cicaro gikuru c’Ivyabona vya Yehova i Brooklyn muri New York. Ryari iryo kuntumira kwitaba ivyigwa vy’umugwi ugira 16 w’abasohoka ishure ry’i Gileyadi rimenyereza abamisiyonari. Iyumvire nawe akamwemwe nagize narirya ntari bwanashikane imyaka 17! Igihe ivyigwa vyatangura, emwe, ni ho nari ndi, hamwe n’abandi banyeshure icenda baturuka muri Afirika y’Epfo bari batewe ako gateka ntangere.
Tumaze kuronka impapuro z’umutsindo muri Ruhuhuma 1951, umunani muri twebwe twaciye dusubira muri Afirika y’Epfo gukorerayo ubumisiyonari. Mu myaka mikeyi yakurikiye, twe n’uwo twakorana twaramamaje canecane mu bisagara bitobito vyavugwamwo iki Afrikaans. Mu ntango, sinari menyereye urwo rurimi, kandi ndibuka umusi umwe ndi kw’ikinga ntashe ndiko ndakorora amosozi bitumwe n’uko nabona ko ata co nshoboye mu busuku. Ariko rero, mu nyuma narateye imbere, kandi Yehova yarahezagiye utwigoro nagize.
Nubaka urwanje hanyuma tukaja mu gikorwa c’ubugenduzi
Mu 1955, naramenyanye na John Cooke. Yari yaraterereye agacumu k’ubumwe mu bijanye no gutanguza igikorwa co kwamamaza mu Bufaransa, muri Esupanye no muri Porotigali imbere y’uko ya Ntambara ya kabiri y’isi yose yaduka be n’inyuma yaho, kandi mu mwaka twabonaniyemwo yari umumisiyonari muri Afirika. Mu nyuma yanditse ati: “Hari ibintu bitatu ntari niteze nagiye mbona bishika, vyose bishika mu ndwi imwe gusa . . . Umuvukanyi umwe w’inda nziza yarangabiye imodoka ntoyi; naragenywe ngo mbe umusuku w’intara; n’ikindi kandi, narakunze”a. Twubakanye muri Kigarama 1957.
Mu gihe c’ukureshanya kwacu, John yari yarankuye amazinda yuko ubuzima twogize bwokwamye buhimbaye, kandi uko yabivuze ni ko vyagenze. Twaragendeye amashengero yo hirya no hino muri Afirika y’Epfo, canecane ayo mu turere tw’abirabure. Ku ndwi ku ndwi, kuronka uruhusha rwo kwinjira gusa mu turere nk’utwo rwari urugamba, tureke hoho urwo kuharara. Hari n’igihe vyashika tukarara hasi kw’isima mu mangazini igaragara yo mu karere k’abazungu kabangikanye n’ak’abirabure, tukagerageza kwinyegeza abahita ngo ntibatubone. Kenshi na kenshi vyaraba ngombwa ko turara ku Vyabona b’abazungu baba hafi kuruta abandi, bano akenshi ukaba wasanga baba ku bilometero bitari bike.
Twaragira n’iyindi ngorane ijanye n’inyubakwa z’ihwaniro zibayabaye wasanga zubatswe mu gahinga. Twarerekana amasenema yasohowe n’Ivyabona vya Yehova, akaba yarafasha abantu gushima umuryango wacu w’abavukanyi ukwiye kw’isi yose. Twaritwaza imoteri yacu itanga umuyagankuba kuko muri utwo turere kenshi na kenshi wasanga ata muyagankuba uharangwa. Twategerezwa kandi guhangana n’ingorane mu turere dutwarwa n’Abongereza aho ibitabu vyacu vyari bibujijwe ico gihe, tukabwirizwa no kurwana urugamba rwo kwiga ururimi rw’ikizulu. Yamara, twaranezerezwa no kuba twarashobora gufasha abavukanyi.
Muri Myandagaro 1961, John yabaye we mwigisha wa mbere mu vyigwa vyo mw’Ishure ry’ubusuku bw’Ubwami vy’indwi zinezine vyabereye muri Afirika y’Epfo, bikaba vyari vyateguriwe gufasha abacungezi bo mu mashengero. Yari umuntu afise ubuhanga bwo kwigisha kandi akora abantu ku mutima akoresheje uburyo bworoshe bwo gufasha abantu kuzirikana be n’ibigereranyo birashe. Twaramaze nk’ikiringo c’umwaka n’igice tuva hamwe tuja ahandi ku bw’ivyigwa vyo mu congereza vyagenda bikurikirana. Mu gihe John yaba ariko yigisha, naba ndi mu busuku bwo ndimiro nifatanije n’Ivyabona bo mu karere twaba turimwo. Reka rero umusi umwe tuze tubona turonse ikete ridutumira gukorera ku biro vy’ishami vyo muri Afirika y’Epfo guhera ku wa 1 Mukakaro 1964, bikaba vyari hafi y’i Johannesburg.
Yamara rero, ico gihe amagara ya John yari yatanguye kuduhagarika umutima. Mu 1948 yaramaze igihe gitoyi arwaye igituntu, kandi inyuma y’aho vyaza birashika kenshi akumva mu mubiri wose ata nguvu afise. Yaragira ibimenyetso bimeze nk’ivy’uwurwaye inyonko, kandi yaramara imisi nk’ingahe ikurikirana ari ku musego, adashobora gukora ikintu na kimwe canke ngo abonane n’umuntu n’umwe. Umuganga umwe twagiyeko imbere y’uko dutumirwa gukorera ku biro vy’ishami yari yatoye ko John yari afise ingorane mu mutwe.
Gukora ivyo umuganga yari yadusavye, ni ukuvuga kugabanya ibikorwa twari dusanzwe dukora, twabona ko umengo ntitwobishobora. Kw’ishami, John yashinzwe gukorera mu Rwego rujejwe umurimo, nanje nshingwa gukora mu bijanye no gusuzuma ibisomwa vyahinduwe. N’ikindi kandi, urazi ingene kuronka icumba cacu bwite wabaye umuhezagiro! Imbere y’uko twe na John twubakana, yari yarakoreye mu vyibare bivugwamwo igiporotigali. Ku bw’ivyo rero, mu 1967 twarasabwe gufasha umuryango umwe rudende w’Abanyaporotigali waba muri ako karere kwamamaza mu Banyaporotigali benshi baba mu gisagara ca Johannesburg no mu micungararo. Ivyo vyasaba ko niga urundi rurimi.
Kubera ko Abanyaporotigali bari basabagiye mu karere kanini cane, twaragenda cane, rimwe na rimwe tukagira ingendo z’ibilometero bishika ku 300 kugira dushikire ababereye. Ico gihe, Ivyabona bo muri Mozambike bavuga igiporotigali baratanguye kutugendera mu bihe vy’amateraniro, ivyo bikaba vyarafashije cane abashasha. Mu myaka 11 twamaze twamamaza mu turere turimwo abantu bavuga igiporotigali, twariboneye ukuntu umugwi wacu mutoyi wari ugizwe n’abantu nka 30 wongerekanye ugahava ukavamwo amashengero ane.
Hagira ibihinduka i muhira
Muri ico gihe, i muhira aho abavyeyi banje baba hari ivyari vyahindutse. Mu 1960, murumunanje Thelma yarubakanye n’umutsimvyi yitwa John Urban wo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Mu 1965, baritavye ivyigwa vy’umugwi ugira 40 w’abasohoka ishure ry’i Gileyadi maze barakorera ubumisiyonari muri Berezile ari intahemuka mu kiringo c’imyaka 25. Mu 1990, barasubiye i Ohio muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika kubungabunga abavyeyi ba John bari bakitswe n’amagara. Naho kubungabunga abo bavyeyi bitari vyoroshe, baragumye mu busuku bw’igihe cose gushika n’uyu musi.
Nyogokuru Thompson yarangije ubuzima bwiwe bwo kw’isi mu 1965, aburangiza afise imyaka 98 akiri intahemuka ku Mana. Dawe yakukurutse mu kazi uwo mwaka nyene. Igihe rero twe na John twasabwa gufasha mu ndimiro yo muri Afirika y’Epfo ivugwamwo igiporotigali, dawe na mawe baritanze baraza kudufasha. Barafashije mu vyo gutuma umugwi w’igiporotigali ushinga imizi, kandi hashize amezi makeyi gusa, ishengero rya mbere ryari rishinzwe. Hataraca n’igihe, mawe yaratanguye kwumva ububabare butewe na kanseri, iyo ndwara ica imuhitana mu 1971. Dawe we yapfuye mu nyuma haciye imyaka indwi.
John akikwa n’amagara
Mu myaka ya 1970, vyahavuye vyibonekeza ko amagara ya John atariko agenda aramera neza. Vyarabaye ngomba ko agenda buhorobuhoro arareka tumwetumwe mu duteka tw’umurimo yakunda cane, nko guhagarikira inyigisho y’umuryango wa Beteli y’Umunara w’Inderetsi igirwa ku ndwi ku ndwi, be n’ibiganiro vyo mu gitondo bishingiye kuri Bibiliya. Yarahinduriwe igikorwa akurwa mu Rwego rujejwe umurimo ashirwa mu Rwego rujejwe kwakira no kurungika amakete, mu nyuma na ho ashingwa gukorera mu busitani.
Kubera ko John yari asanzwe ari umuntu w’umunyamwete cane, vyaramugora kwemera kugira ivyo ahinduye. Iyo ngumye ngerageza kumubwira ngo ntakore yiyahagura, yaca ambwira yijajurira ko ndiko ndamubohera amaboko i mugongo, kenshi na kenshi agaca angumbira mu buryo buranga urukundo. Twahavuye tubona ko vyoba vyiza tuvuye mu ndimiro ikoresha igiporotigali tugakorana n’ishengero ryagirira amakoraniro mu Ngoro y’Ubwami yo kw’ishami.
Uko amagara ya John yagenda arushiriza kumera nabi, narakorwa ku mutima no kubona ukuntu yari afitaniye ubucuti somambike na Yehova. Bishitse John akikangura mu gicugu bivanye n’uko amerewe nabi cane mu mutwe, twaraganira gushika yumvise aturuye neza ku buryo ashobora gutura isengesho Yehova amusaba imfashanyo. Yahavuye ashobora kwirwanako muri ivyo bihe bibi mu kwinanata agasubiramwo buhorobuhoro amajambo yo mu B’i Filipi 4:6, 7 agira ati: ‘Ntimugire ico mwiganyira . . . ’. Ahejeje gusubiramwo ayo majambo, yaraturura bihagije maze akabona gutangura gusenga. Kenshi naba ndi maso, nkihweza ukuntu abomboranya iminwa ariko atakambira Yehova n’ubwira bwinshi mu kiringo c’umwanya utari muto.
Kubera ko inyubakwa zacu z’ishami zari zisigaye zaga cane, ishami rishasha ryaratanguye kwubakwa hanze y’igisagara ca Johannesburg. Twe na John twarakunda kuja gutembera aho hantu hari hatekanye, ahantu hatashika urwamo n’ivyuka bibi vyo muri ico gisagara. Igihe twemererwa kwimukira mu buraro bw’imfatakibanza bw’aho hantu gushika nya shami rishasha rirangiye kwubakwa, vyarafashije John cane rwose.
Haduka izindi ngorane
Uko ubushobozi bwo kwiyumvira no kuzirikana bwa John bwagenda burushiriza kugabanuka, ni ko kurangura ibikorwa yari ajejwe vyarushiriza kuba urugamba. Narakorwa ku mutima cane n’ukuntu abandi bamufata mu mugongo mu twigoro yagira. Nk’akarorero, iyo hagize umuvukanyi aja kugira ubushakashatsi ku nyubakwa y’ububiko bw’ibitabu bugenewe abantu bose, yarajana na John. Imipfuko y’impuzu ya John yaba yuzuyemwo udupapuro tw’inkuru nziza n’ibinyamakuru vyo gukoresha kuri uwo musi wo gutembera. Ivyo vyaramufasha kuguma abona ko hari ivyo ariko ararangura be n’uko ari n’ico amaze.
Ya ndwara bitiriye Alzheimer yonona ubwonko (maladie d’Alzheimer) yahavuye ituma John ataba agishobora gusoma. Twarashima amakaseti yo kwumviriza yafatiweko ibitabu bishingiye kuri Bibiliya be n’indirimbo z’Ubwami. Twarayumviriza twisubiriza. John abonye ko nticaye ngo twumviririze hamwe, waca ubona ko ataryohewe, ari na co gituma muri ayo masaha menshi twamara turiko twumviriza amakaseti naca mba ndajisha n’inyuzi. Ari imipira be n’uburengeti vyo, emwe twarabironka bigwiriye!
Mu nyuma, John yarasinzikaye ku buryo vyaciye bisaba ko ndushiriza kumubungabunga. Naho kenshi naba ndushe cane ku buryo ntashobora no gusoma canke kwiyigisha, kumwitwararika gushika kw’iherezo nabona ko ari agateka. Iryo herezo ryashitse mu 1998 igihe yancikanira mu maboko hataraca n’imisi ashikanye imyaka 85, asozera ubuzima bwiwe agishikamye kandi akiri intahemuka. Emwe, si je nzobona turasubiye kubonana mu gihe c’izuka, yasubiye kugira amagara meza n’ubwenge bukora neza!
Ngarurirwa agatege
John amaze gupfa, kumenyera kubaho ndi jenyene ntivyanyoroheye. Ku bw’ivyo, muri Rusama 1999, naragiye kuramutsa murumunanje Thelma n’umugabo wiwe muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Urazi ga ntuze ukuntu vyari biryoshe kandi vyangaruriye agatege kubonana n’abagenzi somambike kandi b’intahemuka benshi, na canecane mu gihe twari twagendeye icicaro gikuru c’Ivyabona vya Yehova i New York! Koko, ni yo ndemesho yo mu vy’impwemu nari nkeneye!
Kwibuka ivy’ubuzima bw’abanje bagumye ari intahemuka, biranyibutsa ibintu vyinshi cane vyangiriye akamaro. Biciye ku vyo banyigishije, ku karorero kabo, no ku kuntu bamfashije, narize kwaguka mu rukundo nkunda abantu bo mu bindi bihugu be n’abo tudasangiye ibara ry’urukoba. Narize kuba umuntu arindira, umuntu yihangana, kandi azi guhuza n’uko ibintu vyifashe. N’ikiruta vyose, naragiriwe ubuntu na Yehova, Umwe yumva amasengesho. Uko niyumva ni nka kumwe kw’umwanditsi umwe wa Zaburi yandika ati: “Hahirwa umuntu utoranya, ukamwiyegereza, kugira ngw abe mu nyubakwa zawe”.—Zaburi 65:4.
[Akajambo k’epfo]
a Raba Umunara w’Inderetsi (mu congereza) wo ku wa 1 Myandagaro 1959, urupapuro rwa 468-472.
[Ifoto ku rup. 8]
Uwu ni nyogokuru ari kumwe n’abakobwa biwe
[Ifoto ku rup. 9]
Aha nari kumwe n’abavyeyi banje igihe nabatizwa mu 1948
[Ifoto ku rup. 10]
Aha nari kumwe na Albert Schroeder, umunyamabanga w’Ishure ry’i Gileyadi, hamwe n’abandi banyeshure icenda bari bavuye muri Afirika y’Epfo
[Ifoto ku rup. 10]
Aha nari kumwe na John mu 1984