Ishati y’ivyoya be n’ukuba umuntu yitaho cane ivy’Imana
UMWAMI LOUIS w’icenda w’Ubufaransa yarayambara. Umushingantahe Thomas More, igihe yariko ariga ivy’amategeko akiri muto, yaramara amasaha 19 canke 20 ku musi ari maso mu kiringo c’amezi atari make ayambaye. Kandi, birazwi ko uwo More yayambaye hafi ubuzima bwiwe bwose. Vyongeye, igihe musenyeri mukuru w’i Cantérbury yitwa Thomas Becket yagandagurirwa muri katederale yaho, basanze yari ayambaye munsi y’izindi mpuzu. Ni igiki none abo bantu ba kera bahurizako? Bose baragira ivyo kwibabaza umubiri mu kwambara ishati y’ivyoya.
Iyo shati y’ivyoya cari igihuzu kigumye gikozwe mu bwoya bw’impene cambarwa ata yindi mpuzu barinze gushira munsi, kugira ngo gitume umubiri usasatwa, maze bibuze amahoro nyene kuyambara. Kandi urwo ruhuzu ntirwateba kunyagaramwo inda. Thomas Becket bivugwa yuko yambaye ishati y’ivyoya, hamwe n’ibutura ry’ivyoya nyene, gushika n’aho iyo shati “inyagaramwo udukoko” nk’inda n’imbaragasa. Inyuma y’ikinjana ca 16, abantu bamwebamwe, aho kwambara ishati ikozwe mu bwoya bw’impene, bashima kwambara ishati ikozwe mu dutsinga dutoduto dufise utuntu duhanda ku mubiri. Iyo shati yoyo, emwe, yaje ari agahebuza mu kubuza amahoro uwuyambaye.
Igitabu kimwe kivuga yuko impamvu yatuma abantu bambara ishati y’ivyoya canke bakagira ibindi bintu vyo kwibabaza, kwari ukugira “baganze umubiri wabo w’intumva, gutyo bigatuma barushiriza kugira agatima ko kwitaho cane ivy’Imana kandi bakabaho bavyisunga”. Abihebeye Imana babaho mu buryo bwo kwibabaza si bo bonyene bambara mwene iyo mpuzu; n’abanyedini basanzwe, harimwo mbere n’abantu bakurubakuru, vyari bizwi ko bayambara. No muri iki gihe hari imigwi y’abihebeye Imana usanga ikurikiza uwo mugenzo.
Ariko none, kwambara ishati y’ivyoya canke kugira ibindi bintu vyo kwibabaza canke kwiyima, vyoba ari vyo bituma umuntu yitaho cane ivy’Imana? Habe namba; kuba umuntu yitaho cane ivy’Imana ntibihagaze ku gukurikiza mwene iyo migenzo. Nkako, intumwa Paulo yariyamirije ivyo “kwibabaza umubiri” (Ab’i Kolosayi 2:23)a. Ahubwo riho, mu gihe umuntu arondera kumenya Imana mu kwigana ubwira Ijambo ryayo akongera agashira mu ngiro ubwo bumenyi mu buzima bwiwe, ni ho aheza akaba umuntu yitaho cane ivy’Imana koko.
[Akajambo k’epfo]
a Kugira umenye n’ibindi ku bijanye n’ivyo, raba Réveillez-vous! yo ku wa 8 Gitugutu 1997, mu kiganiro kivuga ngo “D’après la Bible . . . L’ascétisme est-il la clé de la sagesse?” (Twisunze Bibiliya . . . Kubaho umuntu yibabaza coba ari co kintu gituma agira ubukerebutsi?)
[Abo dukesha amafoto ku rup. 32]
Umwami Louis w’icenda, aho haruguru: Ishusho yakuwe mu gitabu Great Men and Famous Women; Thomas Becket, aho hagati: Ishusho yakuwe mu gitabu Ridpath’s History of the World (Vol. IV); Thomas More, aho hepfo: Ishusho yakuwe mu gitabu Heroes of the Reformation, 1904