‘Igikwiye ni ukwumvira Imana kuyirutisha abantu’
‘Imana yacu irashobora kudukiza’
ICO kintu cari kigiye kuba cari categuwe ngo kibe igiteye akoba. Igishushanyo amahero gikozwe mw’izahabu cari cahagaritswe mu kiyaya c’i Dura, bikaba biboneka ko hari hafi y’igisagara c’i Babiloni. Ico gishushanyo cari kigiye kwerekanwa icese mu birori bidasanzwe vyokwitabwe n’abategetsi bakuru, bikaba vyari vyitezwe ko bacunamira bakimara kwumva ijwi ry’ibicurarangisho bitandukanye. Nebukadinezari Umwami w’i Babiloni yari yatanze itegeko ry’uko uwudasenga ico gishushanyo yicwa mu gutererwa mw’itanure ry’umuriro ururumba. Mbega ni nde ga yemwe yari kwubahuka kugarariza iryo tegeko?
Icatangaje abari ng’aho, ni uko Shaduraka, Meshaki na Abedunego, abasore batatu basenga Yehova kandi bamutinya, batacunamiye. Bari bazi ko babigize bobaye barenze ku cagezwe cabasaba kwibanda kuri Yehova Imana ata wundi bamubangikanije (Gusubira mu vyagezwe 5:8-10). Igihe Nebukadinezari yabasaba gusigura igituma banse kwunamira ico gishushanyo, bamubwiye ata kujugumira mu nda nk’intama bati: “Asangw’ari ko bimeze, Imana yacu dusavye ishobora kudukiza mur’iryo tanure ry’umuriro uhinda; kandi ntiyobura kudukiza mu kuboko kwawe, mugenzi. Ariko naho bitoba birtyo, umenye mugenzi, ko tutosaba imana zawe, canke ngo dusenge ico gishushanyo c’izahabu wahagaritse”.—Daniyeli 3:17, 18.
Igihe abo Baheburayo batatu batererwa mw’itanure ry’umuriro uhinda, barokotse gusa biciye ku gitangaro. Imana yararungitse umumarayika ngo akingire abo basavyi bayo b’intahemuka. Ariko, bari bamaze guhitamwo guhakwa kuhasiga ubuzima aho kugambararira Yehovaa. Impagararo bafashe irasa n’iyo intumwa za Yezu Kirisitu zafashe haciye ibinjana birenga bitandatu ivyo bibaye, igihe zavugira imbere ya sentare nkuru y’Abayuda ziti: “Igikwiye n’ukwumvira Imana kuyirutisha abantu”.—Ivyakozwe n’intumwa 5:29.
Ivyigwa bihambaye cane tuhigira
Shaduraka, Meshaki na Abedunego ni uburorero bwiza bw’ukwizera, ukugamburuka be n’ukudahemuka. Abo Baheburayo batatu barizeye Yehova. Ijwi ryabo ryo mu mutima ryamenyerejwe n’Ivyanditswe ntiryabemereye kugira uruhara mu kintu na kimwe kijanye n’ugusenga kw’ikinyoma canke kijanye no kwihebera igihugu. Cokimwe n’abo Baheburayo, abakirisu bo muri iki gihe barizigira Imana y’ukuri bagaherezako. Barayoborwa n’ijwi ryabo ryo mu mutima ryamenyerejwe na Bibiliya bakanka kugira uruhara mu bintu bijanye n’ugusenga kw’ikinyoma canke mu misi mikuru irenga ku mategeko y’Imana no ku ngingo ngenderwako zayo.
Abo Baheburayo batatu b’intahemuka barizigiye Yehova baranka kumugambararira naho Inganji ya Babiloni yashobora gutuma bamenyekana, baronka igiti canke icubahiro. Abo basore bari bemeye gucumukura eka mbere no gupfa, aho kwonona ubucuti bari bafitaniye n’Imana. Nka kurya kwa Musa, uwabayeho imbere yabo, bagumye ‘bashikamye nk’ababona Iyitaboneka’ (Abaheburayo 11:27). Yehova, ahitamwo kubakiza urupfu canke ntarubakize, abo uko ari batatu bari biyemeje kuguma ari intadohoka kuri we aho kugerageza gukiza ubuzima bwabo. Biboneka ko Paulo yariko yerekeza ku karorero kabo igihe yavuga ivyerekeye abantu b’intahemuka “[bazimije] ubukare bg’umuriro” (Abaheburayo 11:34). Abasavyi ba Yehova baragaragaza ukwizera nk’ukwo be n’ukugamburuka nk’ukwo igihe bahangana n’ibigerageza ukutadohoka kwabo muri iki gihe.
Ivyashikiye Shaduraka, Meshaki na Abedunego biratwigisha kandi yuko Imana iha impera abaguma ari intahemuka kuri yo. Umwanditsi w’amazaburi umwe yaririmvye ati: “Uhoraho . . . ntaheba [“abantu biwe b’intahemuka”, NW]” (Zaburi 37:28). Muri iki gihe, ntidushobora kwitega ko Imana idukiza ku gitangaro nk’uko yabigiriye abo Baheburayo batatu. Yamara, turashobora kwizigira tudakeka ko ingorane twoba duhanganye na yo yaba iyihe, Data wa twese wo mw’ijuru azodufasha. Imana yoshobora gukuraho iyo ngorane, canke ikaduha inkomezi zo kuyihanganira, cabure ikatuzura nimba tugumye turi intahemuka gushika ku rupfu (Zaburi 37:10, 11, 29; Yohana 5:28, 29). Duhisemwo kwumvira Imana kuyirutisha abantu igihe cose ukutadohoka kwacu kugeragejwe, ukwizera, ukugamburuka be n’ukudahemuka biratuma dutsinda.
[Akajambo k’epfo]
a Raba Calendrier des Témoins de Jéhovah 2006, juillet–août.
[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 9]
WARI UBIZI?
• Ba Baheburayo batatu bari bafise imyaka yababa 30 igihe ukutadohoka kwabo kwageragezwa.
• Biboneka yuko iryo tanure ryakijwe gushika ku rugero rwa nyuma.—Daniyeli 3:19.