ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w06 1/7 rup. 32
  • Abantu bangendeye bagatuma mpinduka rwose

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Abantu bangendeye bagatuma mpinduka rwose
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
w06 1/7 rup. 32

Abantu bangendeye bagatuma mpinduka rwose

“S I JE nabonye ndabwiye umuryango wanje ibijanye n’abo nokwita abamarayika babiri Imana yandungikiye”. Ukwo ni ko umushingantahe umwe yagendewe n’Ivyabona vya Yehova babiri b’abigeme yanditse. Amayinga makeyi imbere y’uko bamugendera, yari yarabuze umukenyezi wiwe w’imyaka 45. Uwo mugabo yari yishwe n’intimba. Abana biwe bageze mu bigero bari baramwiruye, ariko bakaba baba kure yiwe. Nta bagenzi canke ababanyi bari baraje kumugarukirako.

Igihe abo bigeme bakiri bato bamugendera, yababwiye ati: “Imana nta co ngifise tuvugana”. Naho yababwiye ukwo, baramugaragarije umutima mwiza maze bamusigira agapapuro k’inkuru nziza gashingiye kuri Bibiliya kavuga ngo “Ni Icizigiro Nyabaki Dufise ku Bacu Basandavye?”. Kuri uwo mugoroba yaragasomye kose maze aca yumva arahumurijwe.

Haciye igihe gitoyi, nya Vyabona babiri baragarutse. Bari bibutse ukuntu yari atuntuye igihe baheruka kumugendera, bakaba rero bari bazanywe no kuraba uko amerewe. Uwo mugabo mu nyuma yanditse ati: “Naratangajwe cane n’ukuntu abo bantu babiri tutari tuzinanyi na gato banyitwararitse bakongera bakarazwa ishinga n’ineza yanje”. Yararemeshejwe n’ivyiyumviro vyo muri Bibiliya barabiye hamwe. Abo bigeme baravuze ko bogarutse kumuraba. Ivyo vyarahimbaye cane uwo mushingantahe bituma aca yandika ayo majambo ari aho haruguru, mw’ikete yarungitse ku Ngoro y’Ubwami y’Ivyabona vya Yehova y’aho hantu.

Imbere y’uko uwo mugabo yimukira hafi y’aho umwe mu bahungu biwe yaba, yaritavye ikoraniro rimwe ry’Ivyabona vya Yehova aranasangira akajumbu n’abo mu muryango w’umwe muri ba bigeme bakiri bato bamugendera. Yanditse ati: “Ndimutse, yamara barya bigeme be n’ishengero ryanyu nzovyamiza ku mutima no mu masengesho yanje. Ubu nsigaye nsenga, emwe nsenga cane! Narahindutse rwose. Barya bigeme baragize uruhara runini muri ukwo guhinduka kwanje, kandi nzokwama ndabakengurukira”.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika