Ukwizera kwiwe kuraremesha abandi
IGIHE Silvia yavuka muri Kigarama 1992, yari agakobwa gasa n’agafise amagara meza utoraba. Ariko Silvia afise imyaka ibiri, bamutoye indwara yitwa mucoviscidose, ikaba ari indwara idakira ituma umuntu agira ingorane zikomeye kandi zigenda ziriyongera mu bijanye n’uguhema no mu bijanye n’ibihimba bifasha mu vyo gusya ivyo twafunguye. Kugira Silvia ntasinzikazwe n’iyo ndwara, afata ibinini 36 ku musi ku musi, agakoresha na ya miti bipompamwo, kandi bakaba bamugirira bimwe vyo gukanda no kugorora umuntu vyitwa kinésithérapie. Kubera ko ubushobozi bw’amahaha yiwe bungana n’ica kane c’ubwo umuntu akomeye afise, ategerezwa kwama afise igicupa kirimwo impemu zitwa Ogisijeni. Mbere n’igihe aba akuye ikirenge i muhira ntagisiga.
Nyina wiwe Teresa avuga ati: “Biratangaje uravye ukuntu Silvia anyinyana n’iyo ndwara. Kubera azi Ivyanditswe, afise ukwizera gukomeye. Ukwo kwizera kuramufasha kunyinyana n’intuntu n’umubabaro afise. Yama yibuka umuhango Yehova yatanze ujanye n’isi nshasha, aho abarwaye bose bazokizwa” (Ivyahishuriwe 21:4). Rimwe na rimwe iyo abo mu muryango bihebuye, bararemeshwa n’ukuntu Silvia amwenyura ata kwihebura. Arakunda kubwira se na nyina ati: “Ubuzima bwo mw’isi nshasha buzotwibagiza ugucumukura kwose turimwo ubu”.
Silvia yama abwira abandi adahorereza inkuru nziza yo mw’Ijambo ry’Imana, kandi abantu aganiriza baribonera ukuntu mu maso hiwe huzuye agahimbare n’umunezero. Abo mw’ishengero arimwo ryo mu mazinga yitwa Canaries, na bo nyene barahimbarwa cane no kwumviriza ivyo avuga be no kubona agira uruhara mu makoraniro. N’ikindi kandi, inyuma y’amakoraniro yose, Silvia arakunda gusigara kugira ayage n’abavukanyi be n’abavukanyikazi. Kuba ari umuntu ashikirana kandi yama anezerewe, vyatumye akundwa n’abo mw’ishengero bose.
Se wiwe Antonio avuga ati: “Turakura icigwa gihambaye rwose kuri Silvia. N’igihe tuba dufise ingorane, dukwiye kubona ko ubuzima ari ingabire iva ku Mana, kandi turakwiye gukenguruka iyo ngabirano”. Nk’ukwo kwa Silvia, abasavyi b’Imana bose, abato n’abakuze, bararindiranye igishika igihe “uwaho [at]azovuga, ati Ndarwaye”.—Yesaya 33:24.
[Ifoto ku rup. 31]
Uwu ni Silvia ariko arasomera umuntu umurongo wo muri Bibiliya mu gihe nyina wiwe amufatiye rwa rucupa rurimwo ogisijeni