Iyongerekana ririko riraba mu bantu batandukanye muri Uganda
IGIHUGU ca Uganda, ikiri hagati y’impande zibiri za ca kinyika kinini co muri Afirika yo mu Buseruko, kikaba kandi kiri kuri wa murongo w’ikigereranyo witwa équateur ugaburamwo kabiri isi, ni igihugu giteye igomwe cane. Gifise uturere dutandukanye, ibimera vyinshi be n’ibikoko vyiza cane. Kubera yuko kiri kw’itaba ry’umusozi rinini ryo muri Afirika, kiri ahantu hari ubushuhe be n’ubukanye bigereranye, kikaba kandi gifise uturambi turyoheye ijisho tugenda tugashika iyo n’iyo ku bilometero amajana n’amajana.
Uganda ni kimwe mu bihugu bikeyi bigizwe n’akarere gatoyi usanga hamwe hakanye cane ahandi na ho ugasanga harashushe cane. Ico gihugu gihera mu Burengero ku masonga ariko ibibarafu y’imisozi yitwa Imisozi y’ukwezi, ari yo Misozi ya Ruwenzori, kigashika mu Buseruko aho usanga hagwa imvura nkeyi cane. Mu biyaya vyaho urashobora kuhabona inzovu, imbogo n’intambwe. Inguge, inkende be n’ubwoko bw’inyoni burenga 1.000 vyibera mu misozi no mu bibira bininibinini vyaho. Vyinshi mu bihugu vyo muri Afirika usanga birembejwe n’uruzuba be n’inzara, ariko Uganda co cuzuyemwo inzuzi be n’ibiyaga, nk’akarorero ca Kiyaga Vigitoriya kigira kabiri mu bunini kw’isi kirimwo amazi apfutse. Igice co mu Buraruko c’ico Kiyaga Vigitoriya gitembera mu Ruzi Nili. Ntibitangaje rero kubona wa mutegetsi w’Umwongereza Winston Churchill yavuze ko ico gihugu ari “ikirezi ca Afirika”.
Ubwiza bw’ico “kirezi” buribonekeza muri iki gihe
Ariko rero, ikintu nyamukuru gituma igihugu ca Uganda kiba igikwegera cane ni abantu baho usanga bafise umutima mwiza, bakirana, kandi batandukanye. Ico gihugu, ikigizwe ahanini n’abantu bavuga ko ari abakirisu, gishobora kudondorwa ko ari uruvange rw’abantu b’amoko menshi kandi b’imico kama itandukanye. No muri iki gihe, abo bantu batandukanye umuntu arashobora guca amenya abo ari bo afatiye ku mico yabo no ku buryo bambara.
Igitigiri c’Abaganda bakira inkuru nziza yo muri Bibiliya yerekeye igihe amahoro aramba azosasagara kw’isi yose, kiraherutse kwongerekana (Zaburi 37:11; Ivyahishuriwe 21:4). Gushikiriza ubwo butumwa abantu bose baba muri ico gihugu gihakwa kungana n’Ubwongereza, si aho gutuma umwana.
Mu 1955, ni ho habatizwa umuntu wa mbere wo muri ico gihugu, abatirizwa mu Kiyaga Vigitoriya maze acika Icabona ca Yehova yiyeguye. Mu 1992, iyo “nkēngērwa” yo mu ntango yari imaze kuvamwo igihumbi. Uca ubona rero ko kuva mu 1955, habandanije kuba iyongerekana. Ivyo birahuye n’aya majambo y’Imana akura amazinda, agira ati: “Jewe Uhoraho nzobishitsa n’ingoga, igihe cavyo kigeze”.—Yesaya 60:22.
Ingorane z’indimi zitorerwa umuti
Icongereza ni rwo rurimi rukoreshwa mu nzego za Leta kandi ruvugwa hose, na canecane mu mashure, ariko si rwo rurimi kavukire rw’Abaganda benshi. Ku bw’ivyo, kugira ngo Ivyabona bashikire abantu babashiriye inkuru nziza, baritwararika gukoresha n’izindi ndimi nkurunkuru. Babonye ko ivyo bikenewe kubera yuko ibice birenga 80 kw’ijana vy’abantu imiliyoni 25 bo muri ico gihugu usanga baba mu rutoke canke mu dusagara dutoduto, bakaba ahanini mu biyago vyabo vya misi yose bakoresha ururimi bonse. Gushikira abantu bavuga izo zindi ndimi no kubaronsa ivyo bakeneye mu vy’impwemu bisaba akigoro kadasanzwe.
Ariko rero, Ivyabona vya Yehova barakoze uko bashoboye kwose kugira baronse abo bantu ivyo bintu bakeneye mu gushinga intahe mu ndimi bavuga no mu gutegura ibitabu bishingiye kuri Bibiliya mu ndimi zitandukanye. Ku biro vy’ishami vy’Ivyabona biri ku murwa mukuru i Kampala, hari imigwi y’ubuhinduzi ihindura ibitabu mu ndimi zine: urwitwa akoli, ikilukonzo, ikiganda be n’ikinyankole. N’ikindi kandi, amateraniro ya gikirisu yagizwe mu ndimi zitandukanye yitabwe n’abantu benshi cane, bakaba baruta incuro zibiri Ivyabona vya Yehova bari muri ico gihugu. Ivyo birerekana neza yuko utwigoro two gushikira abo bantu bavuga indimi zitandukanye turiko turatuma haba iyongerekana ryo mu vy’impwemu ryihuta. Yamara si ico conyene gituma haba iryo yongerekana.
Abatsimvyi baraja imbere abandi mu gikorwa
Amashengero arashigikira n’akanyamuneza amasekeza yo kwamamaza agirwa uko umwaka utashe amara amezi atatu, ayo na yo akaba atuma ivyibare biri kure y’ibindi vyamamazwamwo (Ivyakozwe n’intumwa 16:9). Abatsimvyi (ari bo bamamaji b’igihe cose) bakiri bato batera biyongera, baraja imbere abandi muri ico gikorwa. Mu bihe bimwebimwe baragenda bagashika mu mihingo ya kure aho usanga abantu baho batarigera bumva inkuru nziza.
Hari Ivyabona babiri bagenywe ngo bamare amezi atatu bakora ari abatsimvyi badasanzwe mu gasagara kari mu Burengero bwa Uganda kitwa Bushenyi. Baragiye gufasha Icabona umwe gusa yari muri ako karere kwamamaza no gutunganya amakoraniro ya gikirisu. Mu kwezi kumwe gusa abo batsimvyi babiri bari basigaye barongora inyigisho za Bibiliya 40 zidahorereza, 17 muri izo zikaba zaratanguye kwitaba amakoraniro y’Ivyabona vya Yehova. Abo batsimvyi bavuga bati: “Bamwe mu bo twari twasigiye agatabu Ni ibiki Imana idusaba?a baraje haheze imisi mikeyi i muhira bafise impapuro nyinshi bari banditseko inyishu z’ibibazo vyo muri ako gatabu. Bashaka kumenya niba bishuye neza ivyo bibazo”. Ubu muri ako gasagara hari ishengero rifise Ingoro y’Ubwami.
Hari abatsimvyi bafashe urugendo baja gukorera mu karere kamwe kari mu Burengero bwa Uganda aho inkuru nziza itari bwigere yamamazwa. Banditse bati: “Abantu vy’ukuri baranyotewe ukuri kwo muri Bibiliya. Mu mezi atatu twamazeyo, twarashoboye gutanguza no kurongora inyigisho za Bibiliya 86”. Bidatevye, ishami ryarashinze umugwi w’Ivyabona muri ako karere.
Abandi bamamaji b’abanyamwete mu ndimiro
Mu batsimvyi b’abanyamwete harimwo n’abamaze imyaka itari mike bakora igikorwa co kwamamaza. Uwitwa Patrick, imbere y’uko aba Icabona ca Yehova, yavuza umwironge mu mugwi w’abacuraranzi bo mu ngabo zirwanira mu kirere ku ntwaro ya wa mutegetsi w’Umuganda yitwa Idi Amin. Haciye amezi atandatu inyuma y’aho abatirijwe mu 1983, yarabaye umusuku w’igihe cose. Ubu ni umucungezi w’ingenzi agendera amashengero akongera akayaremesha.
Uwitwa Margaret yabatijwe mu 1962. Naho ari mu gushikana imyaka 80 kandi akaba afise ingorane mu kiyunguyungu zituma bitamworohera kugendagenda, aramara amasaha 70 ku kwezi ariko arabwira ababanyi biwe icizigiro gishingiye kuri Bibiliya. Arasohora intebe ndende akayishirako ibitabu maze akayagisha umuntu wese aca ng’aho ashima kwumviriza inkuru nziza yerekeye isi nshasha y’amahoro.
Mu 1995, hari umurimyi wo mu Buseruko bwa Uganda yitwa Simon yubutse ku bitabu vyasohowe n’Ivyabona vya Yehova, akaba yari amaze imyaka 16 arondera ukuri. Ivyo yasomye vyatumye yipfuza kumenya vyinshi ku vyerekeye Ubwami bw’Imana be n’umugambi mwiza igitangaza Yehova afitiye isi. I Kamuli aho yaba, nta Cabona n’umwe yariyo. Ku bw’ivyo, Simon yaciye afata urugendo rw’ibilometero bishika 140 aja i Kampala kubarondera. Ubu muri ico kigwati yabamwo hariho ishengero.
“Ubu hoho twashitse!”
Nk’uko biri no mu tundi turere twa Afirika, abantu benshi bitega ko idini iryo ari ryo ryose riba rifise ikibanza kibereye co gusengeramwo. Kuronka ikibanza co gusengeramwo vyasa n’ibiteye ingorane ikomeye ku mashengero amwamwe y’Ivyabona vya Yehova kuko batagira uburyo bwo kwubaka Ingoro z’Ubwami zibereye. Biragoye kuronka amajambo yo gusigura ukuntu abavukanyi bakengurutse igihe ya porogarama yo kwubaka Ingoro z’Ubwami mu gihe gito yatanguzwa hirya no hino kw’isi mu mpera z’umwaka wa 1999. Mu myaka itanu yakurikiye, muri Uganda harubatswe Ingoro z’Ubwami 40 nshasha. Muri iki gihe, amashengero nka yose arifitiye Ingoro z’Ubwami zubatswe mu buryo busanzwe yamara zibereye. Aho ico gikorwa c’ukwubaka Ingoro y’Ubwami kiba kiriko kirabera, ni nk’aho abavukanyi baba bariko babwira abantu baho bati: “Ubu hoho twashitse!”. Iryo yubakwa ry’Ingoro z’Ubwami ryaragize uruhara mu gutuma haba iyongerekana ryihuta.
Ishengero rimwe ritoyi ryo mu Buraruko bwa Uganda ryari ryahoze rigirira amakoraniro munsi y’ibiti vy’imyembe vy’urubabi rwinshi. Igihe haboneka ikibanza co kwubakamwo, igikorwa co kwubaka caciye gitera kija imbere ningoga na ningoga. Abavukanyi bo mu bwubatsi, bafatanije n’Ivyabona b’imvukira bo muri ako karere, baratanguye kwubaka Ingoro y’Ubwami. Umutunzi umwe yahoze ari umunyapolitike akomeye yaba muri ako karere yarakozwe ku mutima cane n’ico gikorwa. Yaciye abatiza ikibanza ciwe abikamwo imiduga ngo bagikoreshe gushika iyo Ngoro y’Ubwami yuzuye. Yaremeye kandi kwigana Bibiliya n’umwe muri abo bubatsi bakora bavyishakiye. Ubu ni umwamamaji yabatijwe w’umunyamwete, akaba ahimbarwa no gusengera Yehova muri iyo Ngoro y’Ubwami nshasha nziza cane.
Ahantu hamwe hariko harubakwa Ingoro y’Ubwami mu Bumanuko bushira Ubuseruko bw’ico gihugu, hari umwubatsi wo muri ako karere yakozwe ku mutima cane n’ukuntu abavukanyi bariko bubaka ari abantu b’umutima mwiza, bakundana kandi basenyera ku mugozi umwe, ku buryo yaciye yumva ashatse gufasha muri ico gikorwa. Igihe bari mu kurangiza iyo Ngoro y’Ubwami, yaranakoze ijoro ryose kugira ngo bukeye ibe imaze kurangira ku buryo ishikirizwa. Yavuze ati: “Ni mwebwe gusa mukundana vy’ukuri atari ku karimi gusa”.
Naho hari ibintu bidurumbanye, haritezwe iyongerekana
Kubera yuko hari ivyibare bishasha biriko biraheturwa muri Uganda, igitigiri c’Ivyabona kiriko gitera congerekana, kandi abashimishwa benshi bariko bifatanya n’amashengero. Ariko rero, ikibazo kiriko kiritwararikwa cane ni ikijanye n’igitigiri kitari gito c’impunzi zahungiye muri Uganda. Intambara z’abanyagihugu zibera mu bihugu bibanyi zaragize ico zikoze no ku basavyi ba Yehova. Ivyabona bo mu makambi y’impunzi baragaragaje ko bizigiye Yehova bimwe bikomeye. Umugabo umwe yahoze ari umutegetsi mukuru mu gihugu kibanyi, akaba yari yarigeze guhama Ivyabona igihe igikorwa cabo cari kibujijwe muri ico gihugu, aravuga yuko yigeze kuba abayeho neza. Amaze kwiga Bibiliya ari mw’ikambi imwe y’impunzi hanyuma akaba Icabona yavuze ati: “Gutunga no kugira ikibanza gihambaye muri iyi si, mu vy’ukuri nta co bimaze. Naho ubu ndi mukene nkaba kandi nkitswe n’amagara, nta ho nigeze ngira ubuzima bwiza nk’ubwo mfise ubu. Ndazi Yehova, kandi ndakenguruka agateka mfise ko kumusenga. Uretse ko mfise icizigiro gikomeye ca kazoza, ndazi igituma tubwirizwa kwihanganira ingorane zo muri iki gihe. Ivyo bituma ngira amahoro yo mu mutima ntari bwigere ngira kuva nakabaho”.
Muri Uganda, bivugwa yuko iyo ku mugoroba uteye akagegene k’igiti mw’ivu ryaho rimera cane, mu gitondo kaba kameze. Iryo yongerekana ririko riraba muri ico gihugu ryerekana ko ivu ryo mu buryo bw’impwemu ryaho na ryo nyene rimera cane. Turakengurukira Yehova Imana kuba yaratanze umwanya kugira ngo n’abandi benshi bo muri abo bantu batandukanye bo muri Uganda bige ivyerekeye Ubwami bwiwe. Yezu yasanishije agaciro kabwo n’‘imaragarita y’igiciro kinini’. Abantu batera biyongera bo muri Uganda ivyo bariko barabitahura.—Matayo 13:45, 46.
[Akajambo k’epfo]
a Kasohowe n’Ivyabona vya Yehova.
[Amakarata ku rup. 8]
(Ushaka igisomwa cose, raba ico gitabu)
SUDANI
UGANDA
Uruzi Nili
Kamuli
Tororo
Kampala
Bushenyi
Ikiyaga Vigitoriya
KENYA
TANZANIYA
RWANDA
[Ifoto ku rup. 9]
Aba ni batatu mu batsimvyi benshi b’abanyamwete
[Ifoto ku rup. 10]
Patrick
[Ifoto ku rup. 10]
Margaret
[Ifoto ku rup. 10]
Simon
[Ifoto ku rup. 10]
Ihwaniro ry’intara ryabereye i Tororo
[Abo dukesha ifoto ku rup. 8]
Ifoto iriko iki gisomwa: © Uganda Tourist Board