Woba vy’ukuri uhimbawe?
HARI aho kumbure woba umaze kwibaza uti: ‘Mbega mpimbawe ku rugero rungana iki?’. Abahinga mu vy’imibano bariko barita ku rutare kugira ngo bamenye inyishu wewe canke abandi mwotanga, ariko igikorwa cabo ni ingorabahizi. Kugerageza gupima agahimbare abantu bafise vyoshobora kugereranywa no kugerageza gupima urukundo umugabo akunda umugore wiwe canke intuntu umuntu agira igihe yabuze uwiwe. Biragoye kumenya neza na neza uko inyiyumvo z’umuntu zingana. Ariko rero, abahinga baremera yuko abantu bose bashobora guhimbarwa.
Naho abantu bashobora guhimbarwa kubera ukuntu baremwe, ingorane zikomeye zatumye kudahimbarwa bisigara bimeze nk’ikiza. Rimbura aka karorero: Mu bisagara bimwebimwe, abicwa na SIDA ni benshi ku buryo amatongo y’abapfuye asigaye yaruzuye. Abategetsi bo muri ivyo bisagara baratanze uruhusha rwo gusubira kwimba mu mva za kera kugira ngo baronke aho bahamba abapfa muri iki gihe. Mu mihingo imwimwe yo muri Afirika, ugukora amasandugu y’abapfuye ni kimwe mu bintu nyamukuru bituma abantu benshi baronka akazi. Aho woba uba hose, uramaze kwibonera yuko abantu barwaye indwara zikomeye be n’ababuze incuti canke abagenzi, umubabaro bafise ari wose.
Tuvuge iki ku bihugu biteye imbere? Ibintu birashobora guhinduka bukwi na bukwi maze abari batunze kandi batunganiwe bakaza babona ivyabo birahindutse. Muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, hari abantu benshi bakukurutse bahisemwo gusubira gukora kubera yuko batagiye barahabwa ivyo abakukurutse baronswa. Kugura imiti akenshi usanga bikokora umuryango. Umuhanuzi umwe wo mu vy’amategeko avuga ati: “Abantu usanga baza bafise ingorane zisaba amahera menshi cane canke bafise ingorane z’amagara, ukabiraba ukumva birakuvunye umutima. Akenshi usanga ubwirizwa kubabwira uti: ‘Bizosaba ko ugurisha inzu yawe’”. Ariko tuvuge iki kuri barya basa n’abadafise ingorane mu vy’ubutunzi? Vyoba bishika na bo bakumva badahimbawe?
Abantu bamwebamwe bameze nk’umugabo umwe rurangiranwa ategura indirimbo yitwa Richard Rodgers. Ku bimwerekeye, havuzwe ibikurikira: “Ari mu bantu bake cane bashoboye gutuma abantu benshi cane bumva bahimbawe”. Naho indirimbo ziwe zatumye abandi bahimbarwa, wewe yaguma yishwe n’umwiheburo. Yarashitse ku bintu bibiri abatari bake bahurumbira, na vyo bikaba ari ukuronka amahera no kuba rurangiranwa. Ariko none yoba yari ahimbawe? Umwanditsi umwe w’inkuru z’ubuzima yavuze ati: “[Rodgers] yararoraniwe bimwe bitovugwa mu gikorwa ciwe, aragira ubuzima bwiza, yongera araronka ari kumwe na mugenziwe, udushimwe tubiri twitiriwe Pulitzer. Ariko kandi ntiyari ahimbawe, akenshi akaba yama ari umuntu yiraburaniwe”.
Nk’uko ushobora kuba wabibonye, kwiruka inyuma y’amatungo urondera guhimbarwa akenshi usanga ari ukwihenda. Umwanditsi w’ikinyamakuru kimwe (The Globe and Mail) c’i Toronto muri Kanada yandika amakuru ajanye n’ivyo gushinga imitahe yaravuze ukuntu “ukwicwa n’irungu be n’ukubona ko ubuzima butagira intumbero” bishikira abatunzi benshi. Umuhanuzi umwe mu vy’ubutunzi avuga yuko igihe abavyeyi b’abatunzi baza baraha abana babo amahera menshi canke bakabagabira ibintu vyinshi uko bishakiye, “akenshi, ni nk’aho baba bariko barabiba imbuto zizovamwo ubukene”.
Hoba hariho ikintu vy’ukuri cotuma umuntu aronka agahimbare?
Kugira ngo umuvyaro w’igiterwa ukure neza, urakenera ivu ryiza, amazi be n’ikirere ciza. Nk’ukwo nyene, abashakashatsi baremera yuko hariho ibintu bimwebimwe bishobora gutuma umuntu ahimbarwa. Muri ivyo harimwo kugira amagara meza n’akazi keza, kuronka imfungurwa zikwiye, uburaro n’impuzu, gushika ku migambi umuntu yipfuza kurangura be no kugira abagenzi nyakuri.
Kumbure hari aho nawe woba ubona ko ivyo bintu bishobora kugira ico biterereye mu gutuma umuntu agira agahimbare. Ariko hariho ikintu gihambaye kuruta ivyo. Ico kintu ni ubumenyi bwerekeye ya “Mana ihimbawe”, na yo ikaba yitwa Yehova (1 Timote 1:11, UB). None ubwo bumenyi bufasha gute? Yehova ni we Muremyi wacu kandi ni we yatumye bishoboka ko tuba abantu bahimbawe. Birumvikana yuko azi ibishobora vy’ukuri gutuma duhimbarwa. Ikiganiro gikurikira kiraca irya n’ino uburyo atuma abantu aho boba bari hose no mu bihe ivyo ari vyo vyose boba barimwo, bashobora kubaho bafise agahimbare kamaho.
[Ifoto ku rup. 4]
Nka kurya kw’umuvyaro w’igiterwa, hariho ibintu bikenewe kugira ngo agahimbare kagume kiyongera
[Abo dukesha ifoto ku rup. 3]
© Gideon Mendel/CORBIS