Inkuru y’ubuzima
Kumenya igituma Imana ireka hakaba ugucumukura vyarahinduye ubuzima bwanje
NK’UKO VYAVUZWE NA HARRY PELOYAN
Ni kubera iki Imana ireka hakaba ugucumukura? Ico kibazo catanguye kumvuruga ubwenge kuva nkiri agahungu gatoyi. Abavyeyi banje bari inshirukabute, inzirabugunge, bakaba n’abantu bitwararika ineza y’umuryango. Ariko dawe ntiyari umunyedini, mawe na we yavyitaho buhoro. Uca wumva rero ko batoshobora kumpa inyishu y’ico kibazo.
MURI ya Ntambara ya kabiri y’isi yose n’inyuma yaho, igihe namara imyaka irenga itatu nkorera mu ngabo z’abarwanira mu mazi zo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, ni ho nibaza ivy’ico kibazo kuruta uko nahora ndacibaza. Iyo ntambara irangiye, naciye nshingwa gukorera mu bwato bwari burungitswe mu Bushinwa gutanga imfashanyo zo gutabara imbabare. Namazeyo nk’ikiringo c’umwaka, maze ndibonera ingene abantu amasinzi bacumukura.
Abashinwa ni abantu b’abanyamwete kandi baciye ubwenge. Ariko benshi ico gihe bari mu magume atovugwa kubera ubukene be n’ubugizi bwa nabi vyatewe na ya Ntambara ya kabiri y’isi yose. Ahanini narakozwe ku mutima n’abana b’igikundiro baza baradusega igihe twaba dushitse ku nkengera y’ikiyaga, abenshi muri bo bakaba barafungura nabi kandi bakambara uduhuzu twatabaguritse.
Ni kubera iki abantu bacumukura?
Navutse mu 1925, nkurira i Kaliforoniya muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Sinari bwigere mbona ibintu nk’ivyo.
Naguma rero nibaza nti: “Niba hariho Umuremyi mushoboravyose, ni kubera iki yoreka ibintu nk’ibi bigasinzikaza abantu benshi gutyo, na canecane abana ata co bazira?”.
Naribaza kandi igituma Imana, niba vy’ukuri ibaho, yoretse hakaba ukwononekara kw’ibintu, igandagurwa ry’abantu amasinzi, urupfu, be n’ugucumukura vyasinzikaje abantu mu binjana n’ibindi, na canecane mu gihe ca ya Ntambara ya kabiri y’isi yose aho abantu barenga imiliyoni 50 bahasize ubuzima. Vyongeye, ni kubera iki muri iyo ntambara abantu basangiye idini, bahimirijwe n’abakuru babo, bokwicanye ngo ni uko badasangiye ubwenegihugu?
Icuma rugagamisha bita telesikope
Igihe ya Ntambara ya kabiri y’isi yose yatangura mu 1939, maze hakaba agatikizo gakomeye kahitanye abantu benshi kw’isi, naciye mbona yuko ata Mana iriho. Ico gihe, mu cigwa c’ivya siyansi twiga mw’ishure ryisumbuye, umunyeshure wese yarasabwe gukora ikintu kijanye n’ivya siyansi. Kubera ko nakunda icigwa c’ivy’imibumbe n’ikirere, nahisemwo gukora icuma rugagamisha bita telesikope yo mu bwoko bw’izikoresha ahanini ikiyo. Iyo telesikope nokoze yobaye ari nini, ifise ikiyo c’umuzingi ca santimetero 20 z’ubwaguke.
Mu gukora iyo telesikope, naguze ikiyo gifise intimbatimba ya santimetero zirenga zibiri n’igice (cm 2,5) n’ubwaguke bwa santimetero mirongwibiri (cm 20), kandi nari mfise n’akuma gashobora gukata ikiyo kikagira imero y’umuzingi. Naciye rero ntangura igikorwa kitoroshe co kuringaniza ico kiyo kugira ndagihe imero nk’iy’ingasiro. Ico gikorwa cantwaye umwanya wose w’uburuhuko bw’amezi atandatu. Ndangije kuringaniza ico kiyo, naciye ndagishira ku cuma kirekire kimeze nk’umuringoti, nongera nshirako n’utuyo two kurabiramwo dufise ubushobozi butandukanye bwo kubona kure.
Mw’ijoro rikeye mugabo ritarimwo ukwezi, narasohoye hanze ari bwo bwa mbere nya telesikope nari nahejeje gukora, maze ndayirabisha ku nyenyeri n’imibumbe izunguruka izuba. Naratangajwe n’ukuntu mu kirere hari ibisyo vyinshi cane be n’ukuntu vyose vyari bitunganijwe neza. Mu nyuma, aho ntahuriye yuko bimwe mu vyo nibaza ko ari inyenyeri mu bisanzwe ari amagalagisi nk’iyo turimwo yitwa Nzira Nyamweru, kandi igalagisi imwimwe yose ikaba irimwo inyenyeri amamiliyaridi, naratangaye mbere kuruta.
Nibwiye nti: ‘Vy’ukuri, ivyo vyose ntivyari gushobora kwishiraho ubwavyo. Nta kintu na kimwe gitunganijwe ukuraho gishobora kubaho ku gihamana. Ibintu vyo mu kirere bitunganijwe neza ku buryo bisa n’uko hariho umuhinga yabikoze. Ivyo ari vyose hoshobora kuba hariho Imana’. Ivyo niboneye nkoresheje iyo telesikope vyatumye nsa n’uwikuramwo vya vyiyumviro nari mfise vy’uko ata Mana iriho.
Nahavuye nibaza nti: ‘Niba vy’ukuri hariho Imana ifise ububasha n’ubukerebutsi bihagije vyo kurema ivyo bintu vyo mu kirere biteye akoba gutyo, ntiyoshobora none gutunganya ibi bintu biteye akagongwe biri kw’isi? Ni kubera iki none yaretse aya magorwa yose akabaho?’ Igihe nabaza ivyo bibazo abanyamadini, ntibashoboye kumpa inyishu zimara akanyota.
Inyuma y’aho ndangirije amashure yisumbuye nkongera nkamara imyaka itari mike muri kaminuza, naciye nja mu ngabo z’abarwanira mu mazi zo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Ariko rero, n’abamenyeshamana bakorera muri ico gisirikare na bo nyene ntibashoboye kwishura neza ibibazo vyanje. Abo banyamadini bakunda kwivugira gusa ngo “Umukama akora ibintu mu buryo busiga ubwenge”.
Mbandanya kurondera inyishu
Aho mviriye mu Bushinwa, ibibazo nari mfise ku bijanye n’igituma Imana ireka hakaba ugucumukura nta ho vyari bwaje. Vyarabandanije kumvuruga ubwenge, na canecane igihe naza ndabona imva z’abasoda ziri mu mazinga atandukanye twaza turaruhukiramwo turiko turataha duciye mw’ibahari Pasifike. Izo mva nka zose zari iz’abasore urupfu rwakubiranije.
Igihe nashika muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, maze kuva muri za ngabo zirwanira mu mazi, nari ngishigaje umwaka umwe kugira ngo ndangize Kaminuza yitiriwe Harvard y’i Cambridge muri Leta ya Massachusetts. Uwo mwaka uheze, nararangije ivyigwa vyo kuri iyo kaminuza ndaronka n’urupapuro rw’umutsindo. Yamara, sinaciye nja i muhira muri Kaliforoniya. Nahisemwo kumara igihe gito mu karere ko mu Buseruko bwa Leta Zunze Ubumwe za Amerika kugira ngerageze kuraba ko noronka inyishu z’ibibazo vyanje. Nategekanya kuja mu gisagara ca New York, aho usanga hari amadini menshi, kugira ngo nje gusenga muri amwamwe ngo menye ivyo bigisha.
Aho i New York, mamawacu yitwa Isabel Kapigian, yaransavye kuja kuba iwe. We n’abakobwa biwe babiri ari bo Rose na Ruth, bari bamaze kuba Ivyabona vya Yehova. Kubera ko nibaza yuko ivyo bemera bitonshimishije, naciye ntangura kuja gusenga mu yandi madini, nkaza ndaganiriza abantu bo muri ayo madini nongera nsoma ibitabu vyabo. Vyarashika nkababaza igituma Imana ireka hakaba ugucumukura, ariko na bo nyene ico kibazo carabata ku w’amazi. Nahavuye nshika ku ciyumviro c’uko ivyo ari vyo vyose ata Mana ibaho.
Ndonka inyishu
Mu nyuma narabajije mamawacu n’abakobwa biwe niba noshobora gusoma bimwebimwe mu bitabu vyabo kugira menye ivyo Ivyabona vya Yehova bemera. Igihe nasoma ivyo bitabu, ubwo nyene naciye mbona ko Ivyabona ata ho basa basana n’abo mu yandi madini. Inyishu zatangwa muri ivyo bitabu zava muri Bibiliya kandi zarashika ku nyota koko. Mu gihe gito cane, ibibazo vyanje bijanye no kumenya igituma Imana ireka hakabaho ugucumukura vyarishuwe.
Sinaronse inyishu y’ivyo bibazo gusa, ariko kandi narashoboye kubona yuko inyishu zishingiye kuri Bibiliya Ivyabona vya Yehova batanga, bazishigikiza ivyo bakora. Nk’akarorero, narabajije mamawacu ico Ivyabona vya Yehova b’imisore bo mu Budagi bakoze mu gihe ca ya Ntambara ya kabiri y’isi yose. Boba baragiye mu gisoda caho? Boba barakoresheje ya ndamukanyo yo guhayagiza Hitler yavuga ngo “Heil Hitler!”? Boba bararamutsa rya bendera ry’Abanazi ryariko ikintu kimeze nk’umusaraba? Yanyishuye ko ivyo ata vyo bagize. N’ikindi kandi, kubera ko batagira aho bahengamiye, barajanywe mu makambi y’itunatuniro aho abenshi biciwe. Yasiguye yuko mu gihe c’iyo ntambara, impagararo y’Ivyabona vya Yehova kw’isi yose yari imwe, iyo na yo ikaba yari ukutagira aho bahengamiye. No mu bihugu birimwo demokarasi, Ivyabona vya Yehova b’imisore barashizwe mu mabohero bahorwa ko batagira aho bahengamiye.
Mamawacu yaciye ansaba gusoma muri Yohana 13:35, ahagira hati: “Ni mwagiriranira urukundo, ni ho bose bazomenya ko mur’abigishwa banje”. Mu bihugu vyose babamwo, abakirisu b’ukuri bategerezwa kuba bafise urwo rukundo rubaranga. Nta na rimwe uzosanga bari kuri uru ruhande canke ruriya mu ntambara, bicana ngo ni uko badasangiye ubwenegihugu. Yambajije ati: “Woshobora kwiha ishusho Yezu n’abigishwa biwe bari mu migwi ibiri iriko itana mu mitwe mu ntambara z’Uburoma, maze bakicana?”.
Vyongeye yaransavye gusoma muri 1 Yohana 3:10-12, ahavuga hati: “Iki ni co kimenyekanisha abana b’Imana n’abana b’Umurwanizi: ūdakora ibigororotse wese s’uw’Imana, cank’ūdakunda mwene Data wundi. . . . Dukundane; ntiduse na Kayini, yar’uwa wa Mubi, akica murumuna we”.
Ivyo Bibiliya ivuga kuri ico kibazo biratomoye. Abakirisu b’ukuri barakundana bataravye igihugu babamwo. Ku bw’ivyo, ntuzokwigera ubabona bariko barica abavukanyi babo bo mu vy’impwemu canke uwundi muntu uwo ari we wese. Ni co gituma Yezu yashoboye kuvuga ku vyerekeye abayoboke biwe ati: “S’ab’isi, nk’uko nanje ntar’uw’isi”.—Yohana 17:16.
Ntahura igituma Imana ireka hakaba ugucumukura
Mu nyuma naratahuye ko Bibiliya itubwira igituma Imana yaretse hakaba ugucumukura. Isigura yuko igihe Imana yarema abavyeyi bacu ba mbere, yabaremye batagira agasembwa maze ibashira mw’itongo ry’iparadizo (Itanguriro 1:26; 2:15). Yaranabahaye ingabirano nziza cane, iyo na yo akaba ari umwidegemvyo wo kwihitiramwo. Yamara, bategerezwa gukoresha uwo mwidegemvyo mu buryo buranga ubukerebutsi. Baramutse bagamburukiye Imana bakongera bakumvira amategeko yayo, bobandanije kuba mw’iparadizo batagira agasembwa. Bokwaguye imbibe z’iparadizo gushika ikwiye kw’isi yose. Uruvyaro rwabo na rwo nyene rwobaye rutagira agasembwa, ku buryo iyi si yohavuye iba iparadizo nziza cane ibamwo abantu batagira agasembwa kandi bahimbawe.—Itanguriro 1:28.
Ariko rero, Adamu na Eva baramutse bahisemwo kutisunga Imana, ntiyobaretse ngo babandanye kubaho batagira agasembwa (Itanguriro 2:16, 17). Kuri twebwe abantu, ikibabaje ni uko abavyeyi bacu ba mbere bakoresheje nabi umwidegemvyo wabo wo kwihitiramwo maze bahitamwo kubaho batisunga Imana. Ivyo babigize bohejwe n’ikiremwa c’impwemu c’ikigarariji, icahavuye citwa Shetani wa Mucokoranyi. Ico kiremwa c’impwemu caripfuje kubaho kitisunga Imana congera kiranohokera ugusengwa kubereye Imana yonyene gusa.—Itanguriro 3:1-19; Ivyahishuriwe 4:11.
Gutyo, Shetani yaciye aba “imana y’iki gihe” (2 Ab’i Korinto 4:4). Bibiliya ivuga iti: “Isi yose iri muri wa Mubi” (1 Yohana 5:19). Yezu yise Shetani “umwami w’isi” (Yohana 14:30). Ukugambarara kwa Shetani be n’ukw’abavyeyi bacu ba mbere kwatumye abantu bose baba abanyagasembwa, bashikirwa n’ubukazi, urupfu, bagira intuntu bakongera bagacumukura.—Abaroma 5:12.
“Ntibiri mu muntu”
Kugira ngo Imana yo Muremyi yerekane ico ukwirengagiza amategeko yayo vyogize ku muryango w’abantu, yararetse haraba inkurikizi z’ukwo kwirengagiza amategeko yayo mu myaka ibihumbi. Iyo myaka yahaciye yaratumye abantu bose baronka umwanya ukwiye wo kwibonera ko aya majambo Bibiliya ivuga ari ay’ukuri, ayagira ati: “Inzira umuntu yogenderamwo [si] we ashobora kuyigaba; ntibiri mu muntu agenda kwitunganiriza intambuko ziwe. Uhoraho, umpane”.—Yeremiya 10:23, 24.
Ubu, inyuma y’ivyo binjana vyose biheze, turashobora kubona yuko ubutegetsi butisunga Imana bwavuyemwo ingaruka z’agahomerabunwa. Ku bw’ivyo, Imana ifise umugambi wo kubuza abantu ngo ntibabandanye kugerageza kwitegeka muri ubwo buryo bwonona, batisunga Imana n’amategeko yayo.
Kazoza keza igitangaza
Ubuhanuzi bwa Bibiliya bwerekana yuko ubu bwa vuba Imana igiye gukuraho ivy’iyi si yuzuyemwo ibikorwa vy’ubunyamaswa. Buvuga buti: “Hasigaye igihe gito, umunyakibi ntabeho. . . . Arikw abagwaneza bazoragwa igihugu, bazonezererwa amahoro y’umusēsekara”.—Zaburi 37:10, 11.
Muri Daniyeli 2:44 hari ubuhanuzi buvuga buti: “Ku ngoma z’abo bami [ni ukuvuga ubutegetsi bwose buhari muri iki gihe], Imana yo mw ijuru izohagurutsa ubundi bgami butazokwigera buhangūra, kand’ingoma y’inganji yabgo nta ho izonyagwa n’irindi hanga; ariko buzomara bukomvomvore ubgami bgose bg’abo bami; yamara bgo buzohangama gushitsa ibihe vyose”. Ubutegetsi bw’abantu ntibuzokwigera busubira kwemererwa gutwara. Isi yose izoba iganzwa n’Ubwami bw’Imana. Igihe ubwo Bwami buzoba buganza, isi yose izoba iparadizo, abantu na bo bazoba bariko baratyororwa bagana ku kutagira agasembwa kugira ngo bashobore kubaho ibihe bidahera mu gahimbare. Bibiliya isezerana iti: “[Imana] izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kand’urupfu ntiruzoba rukiriho, kand’amaborogo no gutaka n’uburibge ntibizoba bikiriho” (Ivyahishuriwe 21:4). Mbega kazoza keza igitangaza Imana itubikiye!
Mpindura ubuzima
Kuba nararonse inyishu zimara akanyota z’ibibazo nari mfise vyatumye mpindura ubuzima. Kuva ico gihe, naciye ngira icipfuzo co gukorera Imana no gufasha abandi kumenya inyishu za vya bibazo. Narategereye neza yuko amajambo yo muri 1 Yohana 2:17 ahambaye cane, ayo na yo akaba agira ati: “Isi [ni ukuvuga ivy’iyi si irongorwa na Shetani] irikw irashirana n’ivyifuzo vyayo, arik’ūkora ivy’Imana igomba yamah’ibihe bidashira”. Numva nshashaye kubaho ibihe bidahera mw’isi nshasha y’Imana. Naciye mfata ingingo yo kuguma i New York, maze nca ntangura kwifatanya n’ishengero ry’Ivyabona vya Yehova ryaho. Nariboneye ivyiza vyinshi biva ku gufasha abandi kwiga ivyo nari narize.
Mu 1949, naramenyanye na Rose Marie Lewis. We na nyina wiwe Sadie be na benewabo batandatu, bose bari Ivyabona vya Yehova. Rose yariko asukurira Imana mu murimo w’igihe cose akora igikorwa co kwamamaza. Yari afise kamere nziza nyinshi kandi naciye numva ndamugomwe. Twubakanye muri Ruheshi 1950, hanyuma duca tuguma i New York. Twararyohewe n’ivyo twariko turakora kandi twarahimbarwa n’icizigiro co kubaho ibihe bidahera mw’isi nshasha y’Imana.
Mu 1957, twe na Rose Marie twaremerewe gukora umurimo w’igihe cose ku cicaro gikuru c’Ivyabona vya Yehova i Brooklyn mu gisagara ca New York. Muri Ruheshi 2004, twarahimbawe no kuba twari tumaze imyaka 54 twubakanye, 47 muri iyo tukaba twari tuyimaze ku cicaro gikuru i Brooklyn. Yari imyaka iteye umunezero twamaze dusukurira Yehova twongera dukorana n’abo dusangiye ukwizera ibihumbi n’ibihumbi.
Ngira umubabaro ukomeye
Ikibabaje, mu ntango z’ukwezi kwa Kigarama 2004, Rose Marie baramusuzumye basanga arwaye kw’ihaha rimwe ikivyimba gitera kanseri. Abaganga bahurije ku ciyumviro c’uko ico kivyimba cariko kirongerekana ningoga na ningoga kandi ko categerezwa kubagwa. Haciye igihe gito muri ukwo kwezi kwa Kigarama nyene, yarabazwe. Maze haheze nk’indwi imwe, umuganga yabaze Rose yaraje mu cumba yari agwariyemwo, nanje ico gihe akaba ari ho nari ndi, aca avuga ati: “Rose Marie, niwitahire! Wakize!”.
Ariko rero, haciye imisi mikeyi gusa dutashe, Rose Marie yaciye atangura kubabara cane amaja mu mushishito be n’ahandi. Ubwo bubabare bwarabandanije gushika n’aho asubira mu bitaro kugira bongere bamusuzume. Basanze, bitewe n’imvo yinaka, ibihimba nyamukuru vy’umubiri bitari bike vyatuma amaraso abicamwo avura ku buryo bitashobora kuronka za mpemu nziza zitwa ogisijeni zikwiye. Abaganga barundi nta ko batagize kugira bahagarike ivyo bintu, ariko vyabaye impfagusa. Haciye amayinga makeyi gusa, ni ukuvuga ku wa 30 Nzero 2005, narashikiwe n’ikintu kivuna umutima kitari bwigere kinshikira mu buzima bwanje. Rose Marie, uwo nakunda cane kuruta abandi bose yarahwereye.
Ico gihe, nari mfise nk’imyaka 80 kandi nari narabonye mu buzima bwanje umubabaro abantu bagira, yamara umubabaro nagize wo warisa. Nk’uko Bibiliya ibivuga, twe na Rose Marie twari “umubiri umwe” (Itanguriro 2:24). Nari narabonye umubabaro abandi bagira kandi na jewe nyene nari naragize umubabaro igihe abagenzi n’incuti bapfa. Yamara, umubabaro nagize igihe umukenyezi wanje yapfa wari ukomeye cane kuruta, kandi wamaze igihe kirekire. Ubu ndatahura neza intuntu nyinshi umuryango w’abantu wagize kuva kera na rindi bitewe n’ukubura ababo.
Ariko rero, kubera ko nari maze gutahura icatumye haba ugucumukura be n’ukuntu kuzorangira, vyatumye nticwa n’intuntu. Muri Zaburi 34:18 havuga hati: “Uhoraho aba hafi y’abafise imitima imenetse, kand’akiza abafise imitima ijanjaguritse”. Ikintu nyamukuru camfashije kwihanganira uwo mubabaro, ni uko natahuye yuko Bibiliya yigisha ko hazoba izuka, ko abari mu mva bazosubira kuba bazima be n’uko bazoshobora kubaho ibihe bidahera mw’isi nshasha y’Imana. Mu Vyakozwe n’intumwa 24:15 havuga hati: “Hazoba ukuzuka kw’abagororotsi n’abagabitanya”. Rose Marie yarakunda Imana cane. Ndazi neza yuko na yo nyene yamukunda gutyo, kandi ndizigiye yuko igiye kumwibuka maze itume asubira kuba muzima igihe yashinze kigeze.—Luka 20:38; Yohana 11:25.
Naho intuntu iterwa n’ukubura uwawe ari nyinshi, umunezero wo kumwakira asubiye kuba muzima mu gihe c’izuka, wowo uzoba mwinshi kuruta (Mariko 5:42). Ijambo ry’Imana risezerana riti: “Abapfuye bawe bazoba bazima; . . . ivu rizogarura abapfuye” (Yesaya 26:19). Abenshi mu “bagororotsi” bavugwa mu Vyakozwe n’intumwa 24:15, bashobora kuzozurwa imbere y’abandi. Ese ingene ico gihe kizoba ari igihe ciza cane! Vyongeye, muri abo bazoba basubiye kuba bazima hazoba harimwo na Rose Marie. Ese ingene abo yakunda bazomwakirana igishika! Mbega ukuntu bizoba bihimbaye kuba mw’isi itagiramwo ugucumukura ico gihe!
[Ifoto ku rup. 9]
Nariboneye ingene abantu bacumukura igihe twashika mu Bushinwa
[Ifoto ku rup. 10]
Kuva mu 1957, nakorera ku cicaro gikuru c’Ivyabona vya Yehova i Brooklyn
[Ifoto ku rup. 12]
Nubakanye na Rose Marie mu 1950
[Ifoto ku rup. 13]
Aha hari mu 2000, ku musi twibuka imyaka 50 twari tumaze twubakanye