Melito w’i Sarudi yoba yaraburanira ukuri kwo muri Bibiliya?
UKO umwaka utashe, abakirisu b’ukuri barahimbaza Imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba kw’igenekerezo rihuye n’irya 14 Nisani ku kirangamisi c’Abaheburayo. Baba bariko barakurikiza itegeko Yezu yatanze rigira riti: “[“Muragume mugira ivyo”, NW] kugira ngo kibe icibutso canje”. Mu vy’ukuri, ku musi wa 14 Nisani mu 33 G.C., ni ho Yezu yatanguza Icibutso c’urupfu rwiwe rwo kwitangako inkuka, ahejeje guhimbaza Pasika. Yapfuye imbere y’uko uwo musi urangira.—Luka 22:19, 20; 1 Ab’i Korinto 11:23–28.
Mu kinjana ca kabiri G.C., hari abantu batanguye guhindura igihe iryo himbazwa ryaberako be n’uburyo ryagirwa. Muri Aziya Ntoya barabandanije gukurikiza iyo itariki Yezu yapfiriyeko. Ariko rero, nk’uko igitabu kimwe kivyerekana, “umugenzo wakurikizwa i Roma n’i Alegizandiriya wari uwo guhimbaza izuka [rya Yezu] ku musi w’iyinga ukurikira iyo tariki”, bakawita Pasika y’izuka. Hariho umugwi w’abantu bitwa aba Quartodécimans (Ab’umusi wa 14) washigikira ivy’uko urupfu rwa Yezu Kirisitu rwohimbazwa ku wa 14 Nisani. Melito w’i Sarudi yari asangiye ivyiyumviro n’abagize uwo mugwi. None Melito yari nde? Ni mu buhe buryo yaburaniye ukwo kuri kwa Bibiliya be n’ukundi?
Yafatwa nk’‘umuco uhambaye’
Nk’uko uwitwa Ewuzebi w’i Kayisariya abivuga mu gitabu kimwe yanditse (Histoire ecclésiastique), mu mpera y’ikinjana ca kabiri, Polycrate w’i Efeso yararungitse icete i Roma kiburanira ivy’uko “umusi wa 14 wa Pasika [wohimbazwa] nk’uko Injili zibivuga, ata gucisha ku ruhande, hagakurikizwa ibwirizwa ry’ukwizera”. Nk’uko ico cete cabivuze, Musenyeri Melito w’i Sarudi muri Ludiya yari umwe mu bashigikira ivy’uko igenekerezo rya 14 Nisani ari ryo rikwiye gukurikizwa. Ico cete cavuga yuko abantu bo mu gihe ciwe babona ko Melito ari umwe mu ‘bantu bameze nk’imico ihambaye yazimye’. Polycrate yavuze yuko Melito atigeze yubaka urwiwe kandi ko “mu buzima bwiwe bwose yabayeho mu Mutima Mweranda be n’uko yahambwe i Sarudi, arindiriye ko ijwi rivuye mw’ijuru rimuhamagara maze akazuka mu bapfuye”. Ivyo bishobora kuba vyerekana ko Melito yari mu bemera yuko izuka ritobaye Kirisitu ataragaruka.—Ivyahishuriwe 20:1-6.
Biraboneka rero ko Melito ategerezwa kuba yari umuntu w’umutima rugabo kandi aguma ku vyo yiyemeje. Kukaba nk’ako, hari igitabu kimwe (Apologie) yanditse, kikaba kiri mu vya mbere vyasohowe, cari kigenewe kuburanira abakirisu, acandikira Marc Aurèle Umwami w’abami w’Umuroma, uwatwaye kuva mu mwaka wa 161 gushika mu wa 180 G.C. Melito ntiyatinya kuburanira ubukirisu no gushira ku kabarore abantu b’inkozi z’ikibi kandi b’abanyamwina. Abantu nk’abo barondera ko Umwami w’abami ashinga amategeko atandukanye kugira ababere icitwazo co guhama abakirisu no kubacira rubi ku karenganyo kugira ngo babone ingene babanyaga utwabo.
N’umutima rugabo, Melito yarandikiye Umwami w’abami ati: “Tugusavye iki kintu kimwe gusa, ko yoba ari wewe ubwawe witohoreza ivy’abo bantu [abakirisu] bavugwa ko batera uwo muvurungano, maze ukoresheje ubutungane urabe niba bakwiye kwambikwa izera no gukingirwa canke bakwiye gupfa no guhanwa. Ariko, niba iryo bwirizwa canke iryo tegeko rishasha, iridakwiye mbere no gukoreshwa ku bansi batari abanyagihugu bacu, ritavuye kuri wewe, turanarushirije kukwinginga ngo ntiwirengagize twebwe turiko turacumukuzwa n’abantu ata co bibanga baduhama bakadusahura utwacu”.
Yakoresha ivyanditswe mu kuburanira ubukirisu
Melito yari umuntu ashimishwa cane no kwiga Ivyanditswe Vyeranda. Ntidufise rutonde rwuzuye rw’ivyo yanditse vyose, yamara amazina amwamwe y’ibitabu yanditse arahishura yuko yashimishwa n’ibiganiro bishingiye kuri Bibiliya. Bimwe mu bitabu yanditse vyari vyerekeye Ubuzima bwa gikirisu be n’abahanuzi, Ukwizera kw’abantu, Irema, Ibatisimu n’ukuri be n’ukwizera hamwe n’ivuka rya Kirisitu, Ubwakiranyi, Ikintu gifasha gutahura ivyanditswe, hamwe na Shetani be n’Ivyahishuriwe Yohani.
Melito ubwiwe yaragize ingendo mu bihugu bivugwa muri Bibiliya arondera kumenya igitigiri nyezina c’ibitabu bigize Ivyanditswe vy’igiheburayo. Ku bijanye n’ivyo, yanditse ati: “Ku bw’ivyo, igihe naja mu bihugu vyo mu Buseruko nkaba nari aho ivyo bintu vyamamarijwe bikongera bigashirwa mu ngiro, kandi maze kumenya neza ibitabu vyo mw’Isezerano rya Kera nkongera nkandika ivyo natohoje, naciye ndabikurungikira”. Urwo rutonde rw’ibitabu vyo mw’Isezerano rya Kera ntirwarimwo igitabu ca Nehemiya n’ica Esiteri, yamara mu ntonde zanditswe n’abavuga ko ari abakirisu, ni rwo rutonde rwa kera cane kuruta izindi rw’ibitabu vyemewe ko bigize Ivyanditswe vy’igiheburayo.
Igihe Melito yariko aragira ubwo bushakashatsi, yarakorakoranije imirongo akuye mu Vyanditswe vy’igiheburayo birimwo ubuhanuzi bwerekeye Yezu. Ico cegeranyo ciwe cari gifise umutwe uvuga ngo Extracts, kirerekana yuko Yezu ari we Mesiya yari yaramaze igihe kirekire arorerewe be n’uko Ivyagezwe vya Musa be n’ibitabu vy’Abahanuzi vyamye vyerekeza kuri Kirisitu.
Yaraburaniye agaciro k’incungu
Mu bisagara bihambaye cane vyo muri Aziya Ntoya, haba Abayuda benshi cane. Abayuda b’i Sarudi, aho Melito yaba, bahimbaza Pasika y’Abaheburayo ku wa 14 Nisani. Melito yaranditse insiguro ifise umutwe uvuga ngo Pasika, yerekana yuko Pasika yagirwa mu gihe c’Ivyagezwe ari yo y’ukuri kandi yaburanira ihimbazwa ry’Imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba abakirisu bagira ku wa 14 Nisani.
Melito amaze kugira ico avuze ku kigabane ca 12 c’igitabu co Kuvayo no kwerekana yuko Pasika yagereranya inkuka ya Kirisitu, yaciye asigura igituma abakirisu batari bafise imvo yumvikana yo guhimbaza iyo Pasika. Ivyo ni ko vyari biri kubera ko Imana yari yarakuyeho Ivyagezwe vya Musa. Yaciye yerekana igituma inkuka ya Kirisitu yari ikenewe: Imana yashize Adamu mw’iparadizo kugira ngo ashobore kugira ubuzima burangwa agahimbare. Yamara, uwo muntu wa mbere yararenze kw’itegeko ryabuza kurya ku giti kimenyekanisha iciza n’ikibi. Aho rero ni ho incungu yaciye ikenererwa.
Melito yasiguye kandi yuko Yezu yarungitswe kw’isi maze apfira ku giti kugira ngo abantu bemera, abacungure icaha n’urupfu. Biri n’ico bivuze kubona Melito yakoresheje ijambo ry’ikigiriki xylon, risobanura ngo “igiti”, igihe yandika ibijanye n’igiti Yezu yapfiriyeko.—Ivyakozwe n’intumwa 5:30; 10:39; 13:29.
Melito ntiyari azwi muri Aziya Ntoya gusa. Terituliyano na Kelementi w’i Alegizandiriya be na Orijeni bari bamenyereye cane ibitabu vyiwe. Mugabo, umutohozakahise yitwa Raniero Cantalamessa avuga ati: “Ugutemba kwa Melito ari na kwo kwatumye ibitabu yanditse biza birazimangana buhorobuhoro, kwatanguye aho ba bandi bitwa ab’umusi wa 14 batangura kubonwa ko barwanya ukwemera, inyuma y’aho umugenzo wo guhimbaza Pasika yo ku w’iyinga utsimbatariye”. Amaherezo, ibitabu vya Melito vyarazimanganye rwose.
Yoba yaragiye mu vy’ubuhuni?
Inyuma y’urupfu rw’intumwa, ubuhuni bwari bwaravuzwe bwarinjiye mu bukirisu bw’ukuri (Ivyakozwe n’intumwa 20:29, 30). Biribonekeza neza ko ivyo vyandukiye Melito. Uburyo buhinguye yakoresha mu kwandika busa n’ubwigana ibitabu vy’amafilozofiya y’Abagiriki be no mu bindi vyo mu karere katwarwa n’Abaroma. Kumbure ni co gituma Melito yise ubukirisu “filozofiya yacu”. Yabona kandi ko ukunywana kw’icitwa ngo ni ubukirisu be n’Inganji y’Abaroma ari “ikimenyamenya gihambaye kuruta ibindi . . . co gushika ku ciza”.
Nta gukeka Melito ntiyafashe nka nkama impanuro y’intumwa Paulo igira iti: “Mwirinde, ntihakagire ūbagira inyagano, abanyagishije [“filozofiya”, NW] ar’ibihendo vy’ubusa, bikurikira akaronda k’imigenzo y’abantu, bikurikira ivya mbere vyo mw isi, bidakurikira Kristo”. Ni co gituma, naho Melito yaburanira ukuri kwo muri Bibiliya ku rugero runaka, yarabiteye akagere mu buryo bwinshi.—Ab’i Kolosayi 2:8.
[Ifoto ku rup. 18]
Yezu yatanguje Imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba ku wa 14 Nisani