Ubutumire . . .
Imana yoba ari yo ikigaba ikaganza isi?
IVYAGO vy’ivyaduka, indwara zica, ibiturire mu nzego zo hejuru, ibitero vya ba gaterabwoba, intambara, ubugizi bwa nabi. Nta musi wijana tutumvise amakuru nk’ayo. Waba umaze gushikirwa na mwene izo ngorane canke zitaragushikira, ntiwobura kwibaza aho isi iriko iraja be niba ibintu umusi uri izina bizoteba bikamera neza.
Kugira bace irya n’ino ivyo bintu biraje ishinga abantu, Ivyabona vya Yehova bo mu bihugu birenga 200 vyo hirya no hino kw’isi bazoshikiriza insiguro ije hageze izoba ifise umutwe uvuga ngo “Imana yoba ari yo ikigaba ikaganza isi?”. Iyo nsiguro izoca irya n’ino ivyo Imana ivuga be n’ivyo isezerana mw’Ijambo ryayo ryama rivuga ukuri, ari ryo Bibiliya, ku bijanye n’ibi bibazo bihambaye:
Imana yoba yitaho ibintu vyo kw’isi?
Yiyumva gute ku bijanye n’abantu?
Yoba irajwe ishinga n’ineza yawe?
Mu mihingo myinshi, iyo nsiguro izoshikirizwa ku w’iyinga igenekerezo rya 30 Ndamukiza 2006, ku Ngoro z’Ubwami z’Ivyabona vya Yehova. Ivyabona b’aho iwanyu bazohimbarwa no kukumenyesha umwanya izoshikiririzwako be n’ahantu nyezina izobera.
Uratumiwe n’igishika cinshi kwitaba ku buntu iyo nsiguro iremesha ishingiye kuri Bibiliya izotanga inyishu imara akanyota kuri iki kibazo kibaza giti: Imana yoba ari yo ikigaba ikaganza isi?