ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w06 1/3 rup. 30-31
  • Abavukanyi bo muri Hayiti bihanganira ingorane

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Abavukanyi bo muri Hayiti bihanganira ingorane
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Udutwe
  • Akaranga kacu ka gikirisu ni uburinzi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
w06 1/3 rup. 30-31

Abavukanyi bo muri Hayiti bihanganira ingorane

MU 2004, izinga rya Hayiti ryarabayemwo ingorane nyinshi: uri uruhagarara mu vya politike, uri ubugizi bwa nabi, uri ugukena kw’ibintu vya nkenerwa, uri n’ibiciro vyagiye biraduga cane. Uretse izo ngorane, umwuzure w’ubugesera wateye muri Rusama wahitanye abantu barenga 1.500 wongera usiga abandi ibihumbi batagira aho bakika umusaya. Nta Vyabona bahasize ubuzima, ariko abatari bake baratakaje ivyo bari bafise, ushizemwo n’amazu babamwo.

Yamara, abavukanyi barakomejwe n’ukwibonera neza ukuntu Yehova yabafashije yongera arabayobora, bongera barakomezwa n’ukuntu Inama Nyobozi hamwe n’umuryango w’abavukanyi wo kw’isi yose babitwararikanye urukundo. Urwo rukundo rwagaragajwe mu buryo buboneka biciye ku mfashanyo z’ivy’umubiri zari zigenewe abashikiwe n’ivyago. Ariko ntiwumve, n’abavukanyi bo ng’aho barafashanije kuronka ibifungurwa be n’ibindi bintu vya nkenerwa.

Ishami ryo muri Hayiti ryagumye rikurikiranira hafi ivyariko biraba kugira rishobore guha ubuyobozi amashengero yaho. Nk’akarorero, kubera ko ibintu vy’ubukazi vyongerekanye ku murwa mukuru Port-au-Prince, Komite y’ishami yagiriye abakurambere inama yo kuringaniza ivy’uko amakoraniro mu bisanzwe yobaye ku w’iyinga igenekerezo rya 29 Ruhuhuma, agirwa ku musi w’imbere y’aho. Iyo nama vyahavuye biboneka ko yaranga ubukerebutsi, kubera ko kuri uwo musi w’iyinga nyene, umukuru w’igihugu ca Hayiti yari yasagirijwe yatanze imihoho aca ahungira mu kindi gihugu. Hari amakuru yavuze ati: “Havuze amasasu menshi hirya no hino mu gisagara cose uko cagenda cuzuramwo umuvurungano”. Ishami ryo muri Hayiti ryandika riti: “Nta n’umwe yari yiyumviriye ko ivyo bintu vyobaye. Kuja ku makoraniro kuri uwo musi w’iyinga ntivyoshobotse. Turakengurukira Yehova kubona abavukanyi bacu ata co babaye”.

Muri ico kiringo c’uruhagarara, abapolisi n’abaroberi be n’abambuzi, bose barazibiye amabarabara, Leta na yo ica itanga itegeko ry’uko guhera mu masaha yo ku kagoroba gushika mu bucagucagu ata n’umwe akwiye kuba ariko aratembera. Mugabo n’imbere y’uko iryo tegeko ritangwa, amashengero yari yahinduye amasaha y’amakoraniro kugira ngo abayitavye bose bashobore gutaha amarembe hakibona. Mu mashengero menshi, harabaye iyongerekana ry’igitigiri c’abitaba amakoraniro.

Ikindi kandi, abavukanyi barabandanije kuja mu busuku bwo mu ndimiro, ivyo bikaba vyaratangaza ababanyi babo. Hari abavuze bati: “Biraremesha kubona mwebwe Ivyabona muja kwamamaza nk’uko bisanzwe”. Ariko ntiwumve, abamamaji baguma biyubara cane, bakaza kandi barahanahana amakuru ku bijanye n’ahantu hameze neza ku buryo umuntu yoshoboye gukorerayo umurimo wo mu ndimiro.

Akaranga kacu ka gikirisu ni uburinzi

Ishami ryo muri Hayiti ryandika riti: “Benshi mu bavukanyi bacu ntibakubiswe canke ngo bamburwe utwabo kubera yuko bari basanzwe bazwi neza mu karere babamwo bakaba kandi bari bazwi ko batagira aho bahengamiye mu vya politike”. Nk’akarorero, hari abamisiyonari babiri bubakanye bahagaritswe n’imigwi y’abantu bitwaje ibirwanisho ahantu hatatu yari yazibiye ibarabara. Abo bamisiyonari bagize ibintu bibiri: baridondoye ko ari Ivyabona vya Yehova, bongera barasenga mu gacerere no mw’ijwi ryumvikana. Aho hantu hatatu hose, hagiye haraba umuntu abavugira, akavuga yuko Ivyabona vya Yehova ari abantu beza bataja mu vya politike. Abo bamisiyonari bashitse i muhira amarembe.

Imigwi y’abantu bitwaje ibirwanisho yarahagaritse n’Abanyabeteli. Cokimwe n’abo bamisiyonari, abo bavukanyi baridondoye ko ari Ivyabona, bongera barasenga, kandi na bo nyene vyabagendeye kwa kundi nyene. Ahantu hamwe, hari umwambuzi yababwiye ati: “Nimwigire amahoro, kandi mudusengere!”. Hari uwundi Munyabeteli yahagaritswe ahantu abapolisi bari bazibiye ibarabara, bakaba bashaka gusaka ibirwanisho mu muduga wiwe. Uwo muvukanyi yababwiye ati: “Ibirwanisho vyonyene mfise ni Bibiliya n’ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous!”. Nya bapolisi baciye bamwenyura maze baca bagira ikimenyetso co kumubwira ngo yirenganire. Inyuma y’aho, yabaye akiri kure baba bamenye umuduga wiwe maze baramureka arirenganira ata na kimwe biriwe baramubaza.

Ishami ryavuze yuko mu mezi yakurikiye ibintu vyabaye nk’ibiturura. Yamara, ingorane be n’uruhagarara vyarabandanije. Ku bw’ivyo, abavukanyi barabandanije biyubara.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika