“Irya nyabutatu y’umutugutu isobanura iki?”
HARI umukozi wa Leta akora mu bushikiranganji bw’ubutungane i Seoul muri Repubulika ya Koreya yavuze ati: “Mu misi mikeyi iheze, hari Icabona ca Yehova yampaye ikinyamakuru Umunara w’Inderetsi”. Yabandanije agira ati: “Igihe nariko ndagisoma, naramenye ibintu bimwebimwe vyerekeye ingene Ivyabona vya Yehova bahamwe mu gihe c’intwaro y’Abanazi no mu gihe c’intwaro z’Abakomunisita. Mugabo, hari ikibazo nashaka kubaza. Ifoto yo ku gipfukisho c’ico kinyamakuru yerekana Ivyabona vya Yehova, ku makoti yabo ku ruhande rw’i bubamfu habaririweko inyabutatu y’umutugutu zicuritse. None irya nyabutatu y’umutugutu isobanura iki?”.
Mu gihe c’intwaro y’Abanazi mu Budagi, Ivyabona vya Yehova baranse kuza barakoresha indamukanyo yo guhayagiza Hitler, kandi baguma ata ho begamiye mu vya politike no mu vya gisirikare. Ku bw’ivyo rero, Abanazi barabahamye bunyamaswa, barapfunga Ivyabona nka 12.000 imyaka itandukanye mu mabohero no mu makambi y’itunatuniro. Nk’abashika 2.000 muri bo barapufye, amajana n’amajana bapfa bishwe.
Inyabutatu y’umutugutu yaba iri ku mwambaro wabo w’abanyororo yasobanura iki? Igitabu kimwe (Anatomy of the SS State) gisigura giti: “Umugwi wose w’abanyororo bo mu makambi y’[Abanazi] wambara ibimenyetso bidasanzwe biwutandukanya n’uwundi. Uburyo bwo gukoresha ibimenyetso, ubwari bwatangujwe imbere y’intambara, bwari bugizwe no kubarira agatambara k’inyabutatu ku mwambaro w’umunyorororo uwo ari we wese, bakamushirirako ibara rihuye n’umugwi arimwo: Abanyororo b’ivya politike babashirirako agatukura; Ivyabona vya Yehova, agasa n’umutugutu; abagirizwa kwonona ikibano, akirabura; abicanyi, agasa n’urwatsi rutoto; abafise ingeso yo kumarana inambu n’abo basangiye igitsina, agasa n’umuyugubwe; ba kavantara na bo, agasa n’ubururu. Ku Bayahudi bagirwa imbohe bobo, uretse iyo nyabutatu ifise rimwe muri ayo mabara, barongerako n’inyabutatu y’umuhondo, bakayibarira bayinyuranije n’iya mbere ku buryo zompi zica zigira imero imeze nk’inyenyeri, igereranya ico bita Inyenyeri ya Dawidi”.
Porofeseri John K. Roth, mu gitabu ciwe (Holocaust Politics) yanditse ati: “Mu gihe abantu bo mu mihingo yose boba bibuka icigwa dukura ku nyabutatu y’umutugutu kugira ngo bashigikire ikibereye, birashobora kuturinda akaga kandi bigashobora kutuyobora ku gukora ibintu mu buryo bwiza bukwiriye kwubahwa n’abantu bose”. Ivyabona vya Yehova barasohoye ividewo irimwo ibiganiro vy’ingirakamaro bivuga ngo La fermeté des Témoins de Jéhovah face à la persécution nazie (Ugushikama kw’Ivyabona vya Yehova mu ruhamo rw’Abanazi). Ubona gute ubajije Icabona ca Yehova kugira agufashe ku bijanye n’ingene ushobora kuraba iyo videwo?