Ibibazo vy’abasomyi
Ni ibintu bitatu ibihe vyotera akaga Yezu yariko aragabishako muri Matayo 5:22?
Muri ya Nsiguro yiwe yo ku Musozi, Yezu Kirisitu yagabishije abayoboke biwe ati: “Jewe ndababwiye ko umuntu wese abandanya kurakira umuvukanyi wiwe azobibazwa na sentare; mugabo uwo wese abwira umuvukanyi wiwe ijambo ry’akagaye ritovugwa azobibazwa na Sentare Nkuru; nayo uwo wese avuga ngo ‘Wa gipfu c’igisesema we’, azoba akwiriye Gehena yaka umuriro”.—Matayo 5:22, NW.
Yezu yakoresheje ibintu Abayuda bamenyereye, ni ukuvuga sentare, Sentare Nkuru be na Gehena yaka umuriro, kugira ngo abaserurire ukuntu icaha kirushirije kuba igikomeye gihanwa mu buryo burushirije kuba ubukomeye.
Ubwa mbere, Yezu yavuze yuko umuntu wese abandanya kurakira umuvukanyi wiwe azobibazwa na “sentare”, ni ukuvuga sentare yo mu karere abamwo. Nk’uko inkuru mpererekanwa ibivuga, ayo masentare yashingwa mu dusagara turimwo abantu b’igitsina-gabo bakuze 120 canke barenga (Matayo 10:17; Mariko 13:9). Abacamanza bo muri sentare nk’iyo bari bafise ububasha bwo guca urubanza, eka mbere n’aho rwoba ari urubanza rw’ubwicanyi (Gusubira mu vyagezwe 16:18; 19:12; 21:1, 2). Gutyo rero, Yezu yariko yerekana yuko umuntu abikira inzika umuvukanyi wiwe aba ariko akora icaha gikomeye.
Ubukurikira, Yezu yavuze yuko umuntu “abwira umuvukanyi wiwe ijambo ry’akagaye ritovugwa azobibazwa na Sentare Nkuru”. Ijambo ry’ikigiriki rha·kaʹ (NW, akajambo k’epfo) ryahinduwe ngo “ijambo ry’akagaye ritovugwa” risobanura “iry’ubusa” canke “ritagira umutwe”. Nk’uko igitabu kimwe (The New Thayer’s Greek-English Lexicon of the New Testament) kibivuga, iryo jambo ryari “ijambo ryo kwagiriza ryakoreshwa n’Abayuda mu gihe ca Kirisitu”. Rero, Yezu yariko agabisha yuko guserurira uwo musangiye igihugu urwanko ukoresheje imvugo y’akagaye ari ikintu gikomeye. Yezu yariko ashaka kuvuga yuko umuntu akoresha ijambo nk’iryo atohanwa gusa na sentare yo mu karere abamwo ahubwo ko yohanwa na Sentare Nkuru, akaba ari rya Kombe ryuzuye, ryari rigizwe n’umugwi w’abacamaza b’i Yeruzalemu ugizwe n’umuherezi mukuru be n’abandi 70 bagizwe n’abagabo b’inararibonye be n’abanyabwenge b’ivyanditswe.—Mariko 15:1.
Ubwa nyuma, Yezu yasiguye yuko igihe umuntu abwiye uwundi ngo “Wa gipfu c’igisesema we” azoba akwiye Gehena yaka umuriro. Ijambo “Gehena” rikomoka kw’ijambo ry’ikigiriki geh hin·nomʹ risobanura ngo “umwonga wa Hinomu”, uwari mu Burengero no mu Bumanuko bwa Yeruzalemu ha kera. Mu misi ya Yezu, ico kibanza cari kimaze gucika aho guturirira umwavu, ushizemwo n’ibiziga vy’abicanyi katwa babonwa ko badakwiriye guhambanwa iteka. Ni co gituma ijambo “Gehena” cari ikigereranyo kibereye c’isangangurwa ry’ubutakigaruka.
Mbega none, imvugo ngo “igipfu c’igisesema” risobanura iki? Ijambo rikoreshwa ngaha risa n’ijambo ry’igiheburayo risobanura “umugarariji”, canke “umugumutsi”. Risigura ko umuntu ata co amaze mu nyifato runtu, ari umuhuni be n’uwugarariza Imana. Ni co gituma umuntu abwira mugenziwe ngo ni “igipfu c’igisesema” ni nk’aho aba ashaka kuvuga yuko umuvukanyi wiwe akwiye guhabwa igihano kigenewe abagarariza Imana, na co kikaba ari ugusangangurwa ubutakigaruka. Dufatiye ku kuntu Imana ibona ibintu, uwuciriye uwundi urubanza nk’urwo, na we akwiye gucirirwa rubi, ni ukuvuga ugusangangurwa ubutakigaruka.—Gusubira mu vyagezwe 19:17-19.
Ku bw’ivyo rero, Yezu yariko ashingira abayoboke biwe ingingo ngenderwako ziri hejuru kuruta izo umuntu ashobora gukura ku Vyagezwe vya Musa. Mu gihe abantu bemera yuko umuntu akoze ubwicanyi “[a]bibazwa na sentare”, Yezu we yashitse kure. Yigishije yuko abayoboke biwe bakwiye mbere no kwirinda kubikira inzika abavukanyi babo.—Matayo 5:21, 22.