ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w06 1/2 rup. 12-16
  • Yehova yaramfashije kumuronka

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yehova yaramfashije kumuronka
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • “Ntiwotura amasengesho yawe bwite?”
  • Nsubira i Derby
  • Numvise merewe nka Ezekiyeli
  • Narabona ko nkeneye ivy’impwemu
  • Iyindi mfashanyo yari mu nzira
  • Kurerera abana umunani mu nzira za Yehova vyabaye urugamba n’umunezero
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Bibiliya irahindura ubuzima bw’abantu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Twaza twunga ubumwe uko tugize umuryango!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Bibiliya irahindura ubuzima bw’abantu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
w06 1/2 rup. 12-16

Inkuru y’ubuzima

Yehova yaramfashije kumuronka

NK’UKO VYAVUZWE NA FLORENCE CLARK

Narafashe ukuboko umugabo wanje yari aremvye. Ico gihe nari mw’idini ry’abangilikani. Narasenze Imana ndayisaba ko umunega wanje yokira, ndayisezeranira yuko aramutse akize noyirondeye gushika ndayironse, maze ngaca mba uwayo.

NAVUKIYE i Florence Chulung kw’igenekerezo rya 18 Nyakanga 1937, mvukira mu kigwati c’imvukira zo muri Ositaraliya c’i Oombulgurri giherereye mu karere ka kure kagizwe n’itaba ry’imisozi ryitwa Kimberley ko mu Burengero bwa Ositaraliya.

Ndibuka ibintu biteye umunezero vyabaye mu bwana bwanje muri iyo misi iryoshe itagiramwo ingorane. Mu kigo c’abamenyeshamana narahigiye ibintu bikeyi vy’ishimikiro vyerekeye Imana na Bibiliya, ariko mawe ni we yanyigishije ingingo ngenderwako za gikirisu. Yarakunda kunsomera Bibiliya, kandi kuva nkiri umwana narakunda ivy’Imana. Vyongeye, narakunda cane umwe muri ba mamawacu yari umumisiyonari mw’idini yarimwo. Nari nzi mu mutima wanje yuko nashaka kugera ikirenge mu ciwe.

Ikigwati cacu, icari cahoze citwa Forrest River Mission, cari carashizeho intunganyo zo kwigisha abana kuva mu mwaka wa mbere gushika mu mwaka wa gatanu. Kw’ishure niga amasaha abiri gusa buri gitondo. Vyatuma ntaronka inyigisho ihagije, ivyo bikaba vyari biraje ishinga dawe. Yashaka ko abana biwe baronka inyigisho nziza kuruta, akaba rero yaciye afata ingingo yo kuva i Oombulgurri maze akimurira umuryango mu gisagara ca Wyndham. Narababaye umusi twimuka. Yamara, i Wyndham narashoboye kwiga amasaha akwiye mu myaka ine yakurikiye, kuva mu 1949 gushika mu 1952. Ndakengurukira rwose dawe kubona yaratumye nshobora kwiga ayo mashure.

Mawe yakorera umuganga umwe wo muri ako karere, kandi igihe nava ku ntebe y’ishure mfise imyaka 15, uwo muganga yaciye ampa akazi k’ubuforomakazi mu bitaro vy’aho i Wyndham. Nakakiranye umunezero mwinshi narirya ico gihe vyari bigoye kuronka akazi.

Haciye imyaka nk’ingahe, narahuye na Alec, uno akaba yari umwungere w’umuzungu. Twubakanye mu 1964 mu gisagara c’i Derby, nkaba naciye nza ndagenda gusenga mw’idini ryaho ry’abangilikani. Umusi umwe Ivyabona vya Yehova barangendeye i muhira iwanje. Nababwiye yuko ata vyo nshaka na gato, nongera ndababwira ko batogaruka. Yamara, hari ikintu bavuze cankoze ku mutima: bambwiye yuko Imana ifise izina ry’uruharo, ari ryo Yehova.

“Ntiwotura amasengesho yawe bwite?”

Mu 1965, ubuzima bwaratanguye kugora cane. Umunega wanje yaragize amasanganya atatu akomakomeye, abiri ayagira ari kw’ifarasi yiwe, irindi na ryo arigira n’umuduga wiwe. Igishimishije, yarakize inguma be n’imvune vyavuye kuri ayo masanganya, maze arasubira ku kazi. Ariko rero, inyuma y’aho, ata n’akanya karahaca, yaragize irindi sanganya ari kuri nya farasi yiwe. Ico gihe, yarakomeretse ku mutwe bimwe bikomeye. Igihe nashika mu bitaro, umuganga yambwiye yuko umunega wanje yari agiye gucikana. Naciye numva ncitse inkokora. Umuforoma umwe yarasavye umupatiri wo ng’aho ngo aze kungarukirako, ariko uwo mupatiri yishuye ati: “Ubu ntibishoboka, nzoza ejo!”.

Nashaka ko uwo mupatiri yonguma iruhande tugasenga turi kumwe, kandi ivyo narabibwiye umubikira. Yanyishuye ankarira ati: “None ushaka iki? Ntiwotura amasengesho yawe bwite?”. Naciye rero ntangura gusenga ibishushanyo vyo mu rusengero nsaba imfashanyo, yamara biba ivy’ubusa. Umunega wanje yasa n’uwugeze ku munwa w’icobo. Naciye ntangura kwibaza nti: ‘Nzobikika gute hamwe umunega wanje yopfa?’. Nari ndajwe ishinga kandi n’abana banje batatu, ari bo Christine, Nanette na Geoffrey. Bogize ubuzima bumeze gute batagira se? Igishimishije, haciye imisi itatu uwo munega wanje yaragaruye akenge, maze arasohoka ibitaro ku wa 6 Kigarama 1966.

Naho yatoye mitende bimwe biboneka, yari yarononekaye mu bwonko. Yaragize ingorane y’ukwibagira ibintu bimwebimwe yari asanzwe azi. Vyongeye, ico gihe yari asigaye ari umuntu akunda gukara kandi ahinduka ningoga na ningoga. Vyaramugora kwihanganira abana, kandi yaca akara cane mu gihe abana badakoze ikintu kinaka nk’abakuze. Kumwitwararika ntihari aho gutuma umwana. Nategerezwa kumukorera hafi akantu kose. Naranamwigishije gusubira gusoma no kwandika. Umukazo narimwo w’ukumwitwararika nkongera nkitaho utundi dukorwa two mu rugo warangizeko ingaruka bituma nsigara ndwaye akabonge. Haheze imyaka indwi umunega wanje agize isanganya, twaremeranije kuba turatandukanye kugira amagara yanje asubirane.

Naciye mfata abana nimukira mu Bumanuko bw’igisagara ca Perth. Imbere y’uko twimuka, murumunanje yari yaratanguye kwigana Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova i Kununurra, kakaba ari agasagara gatoyi ko mu Burengero bwa Ositaraliya. Yaranyeretse mu gitabu La vérité qui conduit à la vie éternellea ifoto yerekana umuhango wo muri Bibiliya werekeye isi izoba yahindutse iparadizo. Yaranyeretse kandi muri ico gitabu yuko Imana ifise izina, ari ryo Yehova, kandi ivyo vyaranshimishije. Kubera yuko mw’idini narimwo ivyo ata vyo bari bwigere bambwira, naciye mfata ingingo yo guterefona Ivyabona vya Yehova mu gihe nobaye maze gushika i Perth nkahamenyera.

Ariko rero, nasa n’uwugonanwa kuvugana na bo. Hinge rero umusi umwe ku mugoroba nze numva agakengeri ko kw’irembo kavuze. Umuhungu wanje yaragiye kw’irembo hanyuma aza yirukanga n’iyo ndi ambwira ati: “Ma, ba bantu wavuga ko uzoterefona bashitse”. Nabaye nk’uwutangara, maze nca mvuga nti: “Babwire ko atari ho ndi!”. Mugabo yanyishuye ati: “Ma, ntuzi ko ntakwiye kubesha?”. Maze gukosorwa gutyo, naciye nja kuraba nya bantu bari kw’irembo. Ndabaramukije, nagiye mbona basa n’abatangaye. Bari baje kuraba uwundi muntu yari apanze ng’aho, akaba yari yarimutse. Narabahaye ikaze mu nzu maze ndabacucagira ibibazo, ariko bakampa inyishu zimara akanyota zivuye muri Bibiliya.

Indwi ikurikira, naciye ntangura kwigana Bibiliya n’ivyo Vyabona ntahorereza, dukoresheje igitabu La vérite qui conduit à la vie éternelle. Ukwo kwiga Bibiliya kwatumye nsubira gukunda ivy’Imana. Haciye amayinga abiri, naritavye Icibutso c’urupfu rwa Kirisitu Yezu. Naratanguye kwitaba amakoraniro yagirwa buri musi w’iyinga, kandi sinatevye gutangura kwitaba n’amakoraniro yo hagati mu ndwi. Naratanguye no kubwira abandi ivyo nariko niga. Nasanze gufasha abandi kwiga ukuri kwo muri Bibiliya vyatumye ngenda ndamererwa neza mu mutwe no mu mutima. Inyuma y’amezi atandatu, narabatijwe kw’ihwaniro ry’intara ryabereye i Perth.

Uko natera imbere mu vy’impwemu ni ko natahura ko Yehova abona yuko umubano w’abubatse ari mweranda, ndatahura n’ingingo ngenderwako ya Bibiliya iri mu 1 Ab’i Korinto 7:13, ahagira hati: “Umugore afise umugabo atizera, na we agakunda kubana na we, yoye kuvana n’umugabo wiwe”. Ico canditswe catumye mfata ingingo yo gusubira kwa Alec.

Nsubira i Derby

Narasubiye i Derby nshikayo kw’igenekerezo rya 21 Ruheshi 1979, nkaba nari maze imyaka irenga itanu naratandukanye n’umunega wanje. Ariko ntiwumve, nari mfise inyiyumvo zinyuranye nibaza ukuntu umugabo wanje yovyakiriye ambonye ngarutse. Igitangaje, yararyohewe no kubona ngarutse iwe, naho yavunywe umutima ku rugero runaka no kubona narabaye Icabona ca Yehova. Yaciye ubwo nyene ambwira ko noja gusenga mw’idini ryabo, ni ukuvuga rimwe nahora nsengamwo imbere y’uko nja i Perth. Naramusiguriye yuko ivyo ntoshobora kubigira. Naragize uko nshoboye kwose kugira nubahirize ikibanza afise co kuba umutwe mu rugo, nongera ndakora uko nshoboye kwose mu kwifata nk’umukenyezi w’umukirisukazi. Naragerageje kumuyagira ibijanye na Yehova be n’imihango myiza igitangaza yatanze ku vyerekeye kazoza, ariko ntivyamushimishije.

Ariko rero, Alec ntiyahavuye gusa yemera ubuzima bwanje bushasha, mugabo kandi yaratanguye kumfasha mu vy’amahera kugira ngo nshobore kuza nditaba amahwaniro, amateraniro be n’amakoraniro yagirwa ku ndwi ku ndwi. Narakengurutse cane igihe yangurira umuduga wo gukoresha mu busuku bwa gikirisu, uwo muduga ukaba wari ngirakamaro muri ako karere ka kure ko muri Ositaraliya. Abavukanyi n’abavukanyikazi, ushizemwo n’umucungezi w’umuzunguruko, akenshi baramara amajoro nk’angahe i muhira. Ivyo vyatumye Alec amenya Ivyabona vya Yehova batandukanye, kandi yasa n’uwuryoherwa iyo bari kumwe.

Numvise merewe nka Ezekiyeli

Nararyoherwa no kugenderwa n’abo bavukanyi be n’abavukanyikazi, yamara sinari norohewe. Muri ico gisagara ca Derby ni je jenyene nari Icabona. Ishengero ryitwa ko ryari hafi yacu ryari i Broome, ku bilometero 220 uvuye i muhira. Ku bw’ivyo, naciye mfata ingingo yo gukora uko nshoboye kwose kugira ngo nkwiragize inkuru nziza. Ndabifashijwemwo na Yehova, naratunganije ivyanje maze ndatangura gushinga intahe inzu ku nzu. Nasanze ico gikorwa kitoroshe, ariko nagumye niyibutsa amajambo y’intumwa Paulo agira ati: “Nshobozwa vyose n’ūmpa inkomezi”.​—Ab’i Filipi 4:⁠13.

Abakuru b’idini bo ng’aho ntibanezerejwe n’ico gikorwa narangura, na canecane ukuba nariko ndashinga intahe mu mvukira bagenzanje. Baragerageje kuntera ubwoba no guhagarika igikorwa narangura co kwamamaza. Naho bandwanije nta kindi vyakoze atari ugutuma ndushiriza kwiyemeza gukomera kw’ibanga, kandi narasenga Yehova ubudahorereza ndamusaba ngo amfashe. Akenshi naribuka amajambo y’indemesho yabwiwe Ezekiyeli agira ati: “Ehe mpinduye mu maso hawe ngo hakomere hahangare mu maso habo, n’uruhanga rwawe ngo rukomere ruhangare impanga zabo. Uruhanga rwawe ndaruhaye gukomera nk’intosho rurushe isare: ntuz’ubatinye canke ng’urandurwe umutima n’igitsure cabo”.​—Ezekiyeli 3:8, 9.

Incuro nka zingahe, hari abagabo bo mu mugwi umwe w’idini banyegereye igihe nariko ndagura utuntu. Barantyekeje bavuza urwamo rwinshi, kugira ngo abandi baguzi bace bashaka kumenya ivyo ari vyo. Narabirengagije. Umusi umwe, igihe nari nasubiye kuraba umuntu yari yarashimishijwe, umupasitori wo mw’idini ryo muri ako karere yaraje maze anyagiriza ko ntemera Yezu. Yaciye anyakura Bibiliya nari mfise mu minwe, ayintunga mu maso ayizungagiza, hanyuma mu kuyinsubiza ayisunikira mu minwe yanje. Naramuhanze amaso, nca nsubiramwo amajambo yo muri Yohana 3:16 ndabigiranye ubugwaneza ariko nshikamye, maze ndamukurira inkoni ku gishitsi yuko nizera Yezu. Yarajorejwe n’uko namwishuye ata mazinda na makeyi, aca aragenda ata co asubijeyo.

Nararyoherwa no kubwira inkuru nziza imvukira zo muri Ositaraliya zaba mu karere k’i Derby. Umupatiri wo ng’aho yaragerageje kumbuza gushika mu kigwati kimwe, yamara yaciye yimurirwa ahandi. Gutyo, narashoboye kubashira ubutumwa bwo muri Bibiliya. Kuva kera namye nipfuza kuba umumisiyonari nka mamawacu, ico gihe rero nkaba nariko ndakora igikorwa c’ubumisiyonari, mfasha abandi kumenya Ijambo ry’Imana. Benshi mu mvukira zaho barakiriye neza inkuru nziza nababwiye maze ndatanguza inyigisho za Bibiliya zitari nke.

Narabona ko nkeneye ivy’impwemu

Naramaze imyaka itanu ari je jenyene ndi Icabona ca Yehova i Derby. Nasanze bitoroshe ko umuntu aguma akomeye mu vy’impwemu mu gihe ataronka indemesho ziva ku kwitaba amakoraniro ubudahorereza ari kumwe n’abo basangiye ugusenga. Igihe kimwe, naracitse intege bimwe bidasanzwe nca nja kuba nditemberera n’umuduga. Ngarutse i muhira uwo musi ku mugoroba, nasanze umuvukanyikazi umwe n’abana biwe indwi bandindiriye. Bari banzaniye ibitabu babikuye mw’ishengero ry’i Broome, ryari ku bilometero vyinshi uvuye aho twaba. Kuva ico gihe, uwo muvukanyikazi, uwitwa Betty Butterfield, yaciye atunganya ivyo kuza araza rimwe mu kwezi tukamarana impera y’umushamvu. Twarajanye kwamamaza twongera turigira hamwe Umunara w’Inderetsi i muhira. Nanje naciye nza ndaja i Broome rimwe mu kwezi.

Abavukanyi b’i Broome barambereye kirumara cane, kandi rimwe na rimwe barashobora kugira urugendo rurerure rwo kuza i Derby kumfasha mu gikorwa co mu ndimiro. Barasavye bashimitse yuko hagize abavukanyi canke abavukanyikazi bo mu bindi bisagara baca i Derby, boca baca kundaba bakongera bakifatanya nanje mu ndimiro. Ababa bahaciye baranzanira amakaseti yafashwemwo insiguro z’icese. Hari n’abifatanya nanje mu nyigisho y’Umunara w’Inderetsi. Ukwo kuza kungendera akanya gato kwarandemesha cane.

Iyindi mfashanyo yari mu nzira

Mu kiringo c’imyaka nk’ingahe, hari n’ikindi kintu camvyuriye ishaka. Hari abubakanye bo mu gice ca Ositaraliya yo mu Burengero giherereye mu Bumanuko bari barakukurutse, ari bo Arthur Willis n’umukenyezi wiwe Mary, bahora baza kumfasha mu kiringo c’amezi atatu akurikirana yo mu kiringo c’akabeho gakegake. Umuvukanyi Willis ni we yarongora amakoraniro nka yose akongera akatuja imbere mu busuku bwo mu ndimiro. Twaraja mu turere turi kure cane two kw’itaba ry’imisozi ryitwa Kimberley, tukagendera ibibanza vy’iyororero ry’inka vyo muri utwo turere. Igihe cose umuvukanyi Willis n’umukenyezi wiwe baba bagiye, naca numva ko hari ikintu kinini kibuze mu buzima bwanje.

Amaherezo, mu mpera z’umwaka wa 1983, nararonse agakuru gateye umunezero k’uko umuryango wa Danny Sturgeon, ni ukuvuga we n’umukenyezi wiwe Denise be n’abahungu babo bane, bari bagiye kuza kuba i Derby. Bamaze gushika, twarashoboye kuza turagira amakoraniro yo ku ndwi ku ndwi tudasiba, tukongera tukajana mu busuku bwo mu ndimiro. Mu 2001, harashinzwe ishengero. Ubu i Derby hari ishengero rikomeye cane ririmwo abamamaji b’Ubwami 24, rikaba rifise abakurambere babiri be n’umukozi w’ishengero umwe batwitwararika neza mu vy’impwemu. Rimwe na rimwe, turashika nka 30 ku makoraniro.

Iyo ntereje amaso inyuma mu myaka yarenganye, ndahimbarwa no kubona ukuntu Yehova yamfashije ndamukorera. Naho umunega wanje atarifatanya nanje mu kwizera, arabandanya kumfasha mu bundi buryo. Batanu mu bo mu muryango wanje ushika baracitse Ivyabona babatijwe, abo bakaba ari abakobwa banje babiri, abakazana banje babiri be n’umwana wa murumunanje. Ikigeretseko, abandi benshi bo mu ncuti zanje bariko bigana Bibiliya n’abasavyi ba Yehova.

Ndakenguruka vy’ukuri kubona Yehova yaramfashije kumuronka. Niyemeje kuba uwiwe gushika ibihe bidahera.​—Zaburi 65:2.

[Akajambo k’epfo]

a Casohowe n’Ivyabona vya Yehova ariko ubu ntikigicapurwa.

[Ikarata/Amafoto ku rup. 15]

(Ushaka igisomwa cose, raba ico gitabu)

OSITARALIYA

Wyndham

Itaba ry’imisozi ryitwa Kimberley

Derby

Broome

Perth

[Abo dukesha ifoto ku rup. 15]

Agakoko kitwa kangourou be n’inyoni yitwa oiseau-lyre: Lydekker; igikoko citwa koala: Meyers

[Ifoto ku rup. 14]

Aha nari umuforomakazi ku bitaro vy’i Wyndham mu 1953

[Ifoto ku rup. 15]

Ishengero ry’i Derby mu 2005

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika