Yehova nta ho azoguta
ABAKIRISU b’i Yudaya bariko barashikirwa n’uruhamo rukaze, kandi babwirizwa kwirinda kubona ibintu vy’umubiri nk’uko abantu bari babakikuje babibona. Mu kubaremesha, intumwa Paulo yasubiyemwo amajambo Yehova yabwiye Abisirayeli igihe bariko binjira mu Gihugu c’Isezerano. Paulo yanditse ati: “Nta ho nzoguhemukira, nta ho nzoguta” (Abaheburayo 13:5; Gusubira mu vyagezwe 31:6). Nta gukeka yuko uwo muhango wakomeje abakirisu b’Abaheburayo bo mu kinjana ca mbere.
Uwo muhango nyene ukwiye kudukomeza kugira ngo dutsinde imyitwarariko iva ku kuba tubayeho mu “bihe bigoye” (2 Timoteyo 3:1). Nitwizigira Yehova maze tugakora duhuza n’ukwo kumwizigira, azodufata mu mugongo no mu bintu vyodushikira vyoba bigoye cane kuruta ibindi. Kugira ngo tubone ingene Yehova ashobora gushitsa uwo muhango yatanze, reka twihweze aka karorero: igihe umuntu agiye abona avuye mu kazi yahora yisumamwo.
Igihe ushikiwe n’ibintu utari witeze
Kw’isi yose, igitigiri c’abashomeri kiguma congerekana. Ikinyamakuru kimwe co muri Polonye kivuga yuko ubushomeri bubonwa ko ari “imwe mu ngorane zo mu vy’imibano no mu vy’ubutunzi zigoye cane kuruta izindi”. Ibihugu biteye imbere na vyo nyene birafise iyo ngorane. Nk’akarorero, no mu bihugu bigize Ishirahamwe rijejwe ivy’ugufashanya n’iterambere mu vy’ubutunzi, mu mwaka wa 2004 abashomeri “bari barongerekanye bashika ku miliyoni 32, abo bakaba bari benshi cane kuruta abashomereye muri ca kiringo ivy’ubutunzi vyashika ahatemba mu myaka ya 1930”. Muri Polonye, Ibiro bikuru bijejwe ivy’ibitigiri vyaharuye yuko muri Kigarama 2003 abantu imiliyoni zitatu ari bo bari bashomereye, ico gitigiri kikaba “cangana n’ibice 18 kw’ijana vy’abantu bari mu myaka yo gukora”. Hari isôko ry’amakuru ryavuze yuko igitigiri c’abashomeri mu banyagihugu b’abirabure bo muri Afirika y’Epfo cashitse ku bice 47, 8 kw’ijana mu mwaka wa 2002!
Gushomera no gukurwa mu kazi umuntu atari avyiteze birabangamira benshi, ushizemwo n’abasavyi ba Yehova. “Ibihe n’ibiza ku muntu” birashikira uwo ari we wese (Umusiguzi 9:11). Vyoshika tugasanga turiko turavuga aya majambo ya Dawidi umwanditsi wa Zaburi agira ati: “Imibabaro y’umutima wanje [“yongerekanye”, NW]” (Zaburi 25:17). Woba woshobora kumenya ingene uvyifatamwo neza hamwe woshikirwa n’ibintu bigoye nk’ivyo? Ivyo bintu bigoye vyoshobora gutuma umererwa nabi mu mutima, mu vy’impwemu no mu vy’umubiri. Bishitse ugashomera, woba wosubira kubaho nk’uko wari usanzwe ubayeho?
Ingene woshobora kwigumya
Umugabo umwe atohoza ibijanye n’inyifato z’abantu yitwa Janusz Wietrzyński asigura yuko “kuva mu kazi bibabaza canecane abagabo” kubera yuko ari bo basanzwe babonwa ko batunga umuryango. Yavuze yuko ubushomeri bushobora gutuma “inyiyumvo [z’umugabo] zigenda zirahinduka rwose”, ugasanga aragira ishavu, agashika n’aho yihebura. Igihe serugo akuwe mu kazi yoshobora kwumva ko ata gaciro agifise, maze agatangura kuza “arashwana n’umuryango wiwe”.
Sebibondo umwe w’umukirisu afise abana babiri yitwa Adam, arasigura ingene yumva amerewe inyuma y’aho amariye gukurwa mu kazi. Avuga ati: “Nari nsigaye ndi inkomwahato; nta kintu na kimwe kitanshavuza. Mw’ijoro nta kindi narota atari akazi be n’ukuntu notunga abana banje n’umugore wanje, uno akaba na we nyene yari yarakuwe mu kazi atari avyiteze”. Ryszard na Mariola ni abubakanye babiri bafise umwana umwe. Igihe bava mu kazi bari basanzwe bisumamwo, bari baheraniye ibanki amafaranga atovugwa. Umugore yigana ati: “Nama nataye umutwe, ijwi ryanje ryo mu mutima rikaguma rimbwira yuko twihenze kuba twaratse iyo ngurane. Naguma nitako umwikomo”. Igihe dushikiwe n’ibintu nk’ivyo, twoshobora kuza turatwarwa n’ishavu bitagoranye, tugahagarika umutima canke tukagira umujinya. N’ikindi kandi, twoshobora kurengerwa n’inyiyumvo zacu. Twocungera gute none inyiyumvo zitabereye zoshobora kutuzamwo?
Bibiliya iratanga impanuro ngirakamaro ijanye n’ukuntu twoguma tubona ibintu mu buryo bwiza. Intumwa Paulo yadukebuye ati: “Ntimugire ico mwiganyira, ariko muri vyose ivyo mugomba bimenyeshwe Imana, mu gusenga no mu kwinginga bifatanije no gukenguruka. Maz’amahoro y’Imana aruta uko yomenywa n’umuntu wese, azoshibamira imitima yanyu n’ivyiyumviro vyanyu muri Kristo Yesu” (Ab’i Filipi 4:6, 7). Kwegera Yehova mw’isengesho bizoturonsa “amahoro y’Imana”, ni ukuvuga ugutekana mu muzirikanyi gushingiye ku kuba tumwizera. Irena umukenyezi wa Adam avuga ati: “Mu masengesho yacu, twarabwira Yehova uko ivyacu vyifashe be n’ingene tugiye kworosha ubuzima bwacu kuruta. Naho umunega wanje ari umuntu akunze guca ahagarika umutima, yaciye atangura kubona ko umuti wohavuye uboneka”.
Bishitse ukava mu kazi utari uvyiteze, kaba ari akaryo keza ko gushira mu ngiro iyi mpanuro Yezu Kirisitu yatanze muri ya Nsiguro yiwe yo ku Musozi: “Ntimukaganyire amagara yanyu ku vyo muzorya canke ku vyo muzonywa, cank’umubiri wanyu ku vyo muzokwambara. . . . Ariko mubanze mwitwaririke ubgami bg’Imana n’ukugororoka kwayo, ni ho ivyo vyose muzovyongerwa” (Matayo 6:25, 33). Ryszard na Mariola barashize mu ngiro iyo mpanuro maze irabafasha kwigumya. Mariola yibuka ibi: “Imisi yose umunega wanje yarampumuriza akama ashimika ku vy’uko Yehova atoduhevye”. Umunega wiwe na we yongerako ati: “Amasengesho twabandanije gutura turi kumwe yaratumye turushiriza kwiyegereza Imana yongera aratuma umwe wese arushiriza kwiyegereza uwundi. Ivyo vyaraturonkeje impumurizo twari dukeneye”.
Impwemu yera y’Imana na yo nyene izodufasha kwihangana. Ukwigumya impwemu yera ishobora kwama muri twebwe kurashobora kudufasha kwiyumanganya no kuguma dutekanye (Ab’i Galatiya 5:22, 23). Vyoshobora kuba bitoroshe mugabo birashoboka, kubera yuko Yezu yasezeranye yuko ‘Data wo mw’ijuru azoha impwemu yera abayimusavye’.—Luka 11:13; 1 Yohana 5:14, 15.
Ntiwiyobagize ivyo ukeneye mu vy’impwemu
Mu ntango, gukurwa mu kazi umuntu atari avyiteze birashobora gutuma n’umukirisu yigumya cane ahagarika umutima. Ariko ivyo ntibikwiye gutuma duca twiyobagiza ivyo dukeneye mu vy’impwemu. Niwiyumvire nk’akarorero ivyashikiye Musa igihe yari afise imyaka 40. Ubuzima bwiwe bwarahindutse rwose igihe yatakaza ikibanza yari afise i bukuru hanyuma akabwirizwa kuba umwungere. Ako kari akazi Abanyamisiri bakengera (Itanguriro 46:34). Musa yategerejwe kumenyera ubwo buzima bushasha. Mu myaka 40 yakurikiye, yararetse Yehova aramusena yongera aramutegura ku bw’ibikorwa bishasha yari yimirije gushingwa (Kuvayo 2:11-22; Ivyakozwe n’intumwa 7:29, 30; Abaheburayo 11:24-26). Naho Musa yahuye n’ingorane, yagumye ashira imbere ivy’impwemu, aremera kumenyerezwa na Yehova. Nimuze ntitwigere tureka ngo ingorane turimwo zinyohe imico myiza tugenderako mu vy’impwemu!
Naho kuva mu kazi tutari tuvyiteze bishobora kuduca inkokora, kiba ari igihe ciza co gukomeza ubucuti dufitaniye na Yehova Imana be n’abasavyi biwe. Ukwo ni ko umwe Adam twavuga mu ntango yabona ibintu. Avuga ati: “Igihe twe n’umukenyezi wanje twava mu kazi, iciyumviro co kutaja mu makoraniro ya gikirisu canke co kugabanya uruhara twahora tugira mu gikorwa co kwamamaza inkuru nziza nticigeze kiza no mu bwenge bwacu. Ukubona ibintu muri ubwo buryo vyaraturinze kwiganyira birenze urugero ku bijanye n’ivy’ejo”. Ryszard na we nyene avuga ati: “Iyo ataba amakoraniro be n’ubusuku, ntitwari kwigera twihangana; tuba vy’ukuri twaramizwe n’amaganya. Ibiganiro vyo mu vy’impwemu tugiranira n’abandi biraturemesha, kubera yuko bituma twitwararika ivyo bakeneye aho kwitwararika ivyacu”.—Ab’i Filipi 2:4.
Aho guhagarikwa umutima n’ivy’akazi, gerageza gukoresha uwo mwanya wiyongereye kugira ngo urangure ibikorwa vyo mu vy’impwemu, nko kwiyigisha, kugira uruhara mu bikorwa vyo mw’ishengero canke kwagura ubusuku bwawe. Aho kubaho utagira ico ukora, uzogira ‘vyinshi vyo gukora mu gikorwa c’Umukama’, ivyo bikaba bizokuzanira umunezero wewe ubwawe vyongere biwuzanire abantu b’umutima nziraburyarya bakira neza ubutumwa bw’Ubwami wamamaza.—1 Ab’i Korinto 15:58, NW.
Nuronse umuryango wawe ivyo ukeneye mu vy’umubiri
Ariko rero, ico mu nda ntikizobura gushaka ico mu nkono ngo ni uko dufungura mu vy’impwemu. Vyoba vyiza tugumije ku muzirikanyi iyi ngingo ngenderwako igira iti: “Arik’umuntu n’atātunga abo mu nzu y’i wabo, cane-cane abiwe, azoba yihakanye ukwizera, kand’azoba abaye hanyuma y’ūtizera” (1 Timoteyo 5:8). Adam yiyemerera ati: “Naho nyene abavukanyi bo mw’ishengero bama biteguriye kudufasha mu vyo dukeneye mu vy’umubiri, bwa bakirisu dutegerezwa gukora uko dushoboye kwose kugira ngo turonke akazi”. Turashobora kwitega gufatwa mu mugongo na Yehova be n’abasavyi biwe, mugabo ntidukwiye kwigera twibagira yuko dukeneye kwibwiriza tukarondera akazi.
None wokwibwiriza mu buhe buryo? Adam asigura ati: “Ntuce urera amaboko ngw’Imana irambona, witeze ko izoca ikora igitangaro. Igihe uriko urarondera akazi, ntugonanwe kwidondora yuko uri Icabona ca Yehova. Kenshi na kenshi ivyo abakoresha barabishima”. Ryszard atanga iyi mpanuro igira iti: “Baza uwo woba uzi wese niba hari akazi yokurangira, ugume wicisha ku biro bijejwe ivy’akazi, usome amatangazo, nk’akarorero ayavuga ngo: ‘Harakenewe umupfasoni yokwitwararika umuntu afise amagara make’; canke ngo: ‘Harakenewe abakozi bokora akazi k’igihe gito ko kwamura ivyamwa’. Nturambirwe no kurondera! Ntube umuntu yinenaguza akazi naho nyene kwoba ari ugukora igikorwa gisuzuguritse canke ikintu kidahuye n’ivyo washaka”.
Vyemere, “Uhoraho n’umutabazi wa[w]e”. “Nta ho [a]zoguhemukira, nta ho [a]zoguta” (Abaheburayo 13:5, 6). Si ngombwa ngo uhagarike umutima birenze urugero. Dawidi umwanditsi wa Zaburi yanditse ati: “Ukorere Uhoraho urugendo rwawe rwose, abe ari we wishimira, na we azobishitsa” (Zaburi 37:5). ‘Dukorera Uhoraho urugendo rwacu’ mu kumwihekako no mu gukora ibintu nk’uko agomba, no mu gihe twoba tubona ko ibintu bitoroshe.
Adam na Irena barashoboye kurondera ikibabeshaho mu kwoza amadirisha no mu gusukura ingazi be no mu kudasesagura igihe bariko baragura ibintu. Vyongeye, barakunda kugendera ibiro bijejwe ivy’akazi. Irena avuga ati: “Imisi yose imfashanyo yaza mu gihe tuyikeneye”. Umugabo wiwe yongerako ati: “Uko igihe cagiye kirengana, twahavuye tubona yuko ivyo twashira mu masengesho yacu bitama bihuye n’ivyo Imana igomba. Ivyo vyaratwigishije kwisunga ubukerebutsi bwayo no kudakora ibintu nk’uko twebwe ubwacu tuvyumva. Ni vyiza ko turindira dutekereje umuti Imana izotanga”.—Yakobo 1:4.
Ryszard na Mariola barakora ibiraka bitandukanye bakongera bakagira uruhara mu gushinga intahe mu vyibare bikeneye kwamamazwamwo kuruta ibindi. Ryszard avuga ati: “Twaronka akazi twaba dukeneye mu gihe nyene ata kintu na kimwe co gushira mu nda twaba dusigaranye. Twaranse ubuzi bw’imishahara myiza bwari guhava butuma tutarangura neza amabanga yacu ya gitewokarasi. Twahisemwo kurindira Yehova”. Ryszard na Mariola babona yuko Yehova yatunganije ibintu ku buryo bashoboye kuronka inzu yo gupanga izimbutse cane. Amaherezo Ryszard yahavuye aronka akazi.
Kuva mu kazi umuntu yahora yisumamwo birashobora kubabaza cane. Mugabo none, kubera iki utobona ko ari akaryo uronse ko kwibonera yuko Yehova atazokwigera aguta? Yehova arakwitwararika (1 Petero 5:6, 7). Yasezeranye abicishije ku muhanuzi Yesaya ati: “Ntukihebure, kuko nd’Imana yawe: nzogukomeza, nzogutabara” (Yesaya 41:10). Ntiwigere ureka ngo ibintu bishitse utari uvyiteze, ushizemwo ukuva mu kazi, bitume ubona ko ubuzima buhagaze. Nukore ivyo ushoboye vyose, ibisigaye na vyo ubirekere mu maboko ya Yehova. Nurindire Yehova, mbere umurindire ‘utekereje’ (Gucura intimba 3:26). Imihezagiro uzoronka, ntuzoronka n’aho uyikwiza.—Yeremiya 17:7.
[Amafoto ku rup. 9]
Nukoreshe uwo mwanya mu bikorwa vyo mu vy’impwemu
[Amafoto ku rup. 10]
Niwige kuba umuntu adasesagura be no kuba umuntu atinenaguza igihe uriko urarondera akazi