‘Ugutabarwa kwanje kuva kuri Yehova’
Abantu amasinzi bariko baza gusenga Yehova
UBUHANUZI bwo muri Bibiliya bwerekeye igihe cacu bwari bwaravuze ko abantu bo mu mahanga yose borindize baja ku nsengo ya Yehova iri hejuru. Nk’akarorero, Yehova Imana abicishije ku muhanuzi Hagayi, yavuze ati: “Nzohindisha amahanga yose agashitsi, kand’ivy’igiciro vyo mu mahanga yose bizoza, nanje nzokwuzuza iyi ngoro ubgiza” (Hagayi 2:7). Yesaya na Mika bompi barabuye yuko mu gihe cacu, ni kuvuga mu “misi y’iherezo”, amahanga be n’amoko yosenze Yehova mu buryo bwemewe.—Yesaya 2:2-4; Mika 4:1-4.
Ubwo buhanuzi bwoba koko buriko buraranguka muri iki gihe? Reka ivyabaye bibe ari vyo vyivugira. Muri iyi myaka cumi iheze yonyene, abashasha barenga 3.110.000 bariyeguriye Yehova mu bihugu birenga 230. Kukaba nkako, dufashe Ivyabona vya Yehova bose bariko bakorera Yehova mw’isi yose ubu, 6 kuri 10 usanga babatijwe muri iyi myaka cumi iheze. Mu 2004, tugereranije, uko iminuta ibiri yahera ni ko haza hiyongera kw’ishengero rya gikirisu nk’umusavyi w’Imana yaba aherutse kwiyegura umwea.
Cokimwe no mu kinjana ca mbere, muri iki gihe ‘abantu benshi barizeye barahindukirira Umwami’. Naho ibitigiri vy’abongerekana ubwavyo atari vyo vyerekana umuhezagiro w’Imana, biratanga ikimenyamenya c’uko “ukuboko kw’Umwami” Yehova kuri kumwe n’abasavyi biwe (Ivyakozwe n’intumwa 11:21). Ni ibiki bituma abantu amamiliyoni baza gusenga Yehova? Kandi iryo yongerekana rikuvyurira umutima wo gukora iki?
Abantu b’imitima igororotse barakwegerwa
Yezu yavuze mu majambo arashe rwose ati: “Nta n’umwe ashobora kuza kuri jewe Data yantumye atamukwegereye” (Yohana 6:44). Rero, impera n’imperuka Yehova ni we akwegera abantu bari “mu mero nziza y’umutima ituma baronka ubuzima budahera” (Ivyakozwe n’intumwa 13:48, NW). Impwemu y’Imana irashobora gutuma abantu bumva ko bakeneye ivy’impwemu (Matayo 5:3, NW). Ijwi ryo mu mutima ribuza umuntu amahoro, uguta umutwe umuntu arondera icizigiro, canke ingorane ziraje ishinga umuntu, vyoshobora gutuma bamwebamwe barondera Imana, gutyo bakamenya umugambi ifitiye abantu.—Mariko 7:26-30; Luka 19:2-10.
Abantu benshi barakwegerwa ku gusenga Yehova kubera yuko porogarama yo kwigisha Bibiliya itunganywa n’ishengero rya gikirisu ibafasha kuronka inyishu z’ibibazo bibavuruga ubwenge.
“Niba hariho Imana, ni kubera iki none abantu babandanya kurenganywa?” Ico ni co kibazo cavuruga ubwenge umudandaza umwe w’ibiyayuramutwe wo mu Butaliyano yitwa Davide. Ntiyakunda cane ivy’idini, akaba rero yabajije ico kibazo kitoroshe ashaka canecane kuba aravyura ibihari. Avuga ati: “Siniyumvira ko ndi buronke inyishu yumvikana kandi ijijura. Mugabo Icabona twayaze yari umuntu yihangana cane, kandi ivyo yavuze yabishigikiza ivyanditswe vyo muri Bibiliya. Ico kiyago caragize ikintu gikomeye gihinduye kuri jewe”. Ubu Davide yaragoroye ubuzima bwiwe, kandi asigaye akorera Yehova.
Abandi usanga iyo bariko barondera insobanuro be n’intumbero y’ubuzima bwabo, bayoborwa ku gihimba co kw’isi c’ishirahamwe rya Yehova. Umuganga umwe w’i Zagreb muri Korowasiya avura indwara zo mu mutwe, mu ntumbero yo gutorera umuti ingorane zo mu mutima yari afise, yaragendeye uwo bakorana, uno akaba yari umuntu azwi cane. Yagiye abona uwo muganga mugenziwe amuha inomero za telefone z’ibiro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova vy’i Zagreb hamwe n’izina ry’Icabona yari azi. Yavuze ati: “Urazi, ndibaza ko aba bantu bashobora kugufasha. Ndamutse ndakurungitse ku rusengero, nta kindi uzohasanga atari ibishushanyo bitagira ubuzima: nta gakakaza, ivyaho vyose ni umwijima gusa. Sinibaza ko hari imfashanyo wohakura. Hari n’abandi barwayi narungitse ku Vyabona vya Yehova, kandi ndibaza ko na wewe ari vyo vyokubera vyiza kuruta”. N’umutima mwiza, Ivyabona baramugendeye maze bidatevye baratangura kwigana na we Bibiliya. Haciye indwi nkeyi, uwo muganga w’indwara zo mu mutwe yavuganye akamwemwe yuko kumenya umugambi w’Imana vyatumye ubuzima bwiwe bugira insobanuro.—Umusiguzi 12:13.
Igihe umuntu ashikiwe n’ivyago, abenshi basanze ukuri kwo muri Bibiliya kwonyene ari kwo gushobora kumuha impumurizo nyakuri. Mu Bugiriki, hari agahungu k’imyaka indwi kakorotse kavuye hejuru ku gisenge c’ishure kigako gaca karapfa. Hashize amezi makeyi, Ivyabona babiri b’abavukanyikazi barahuye na nyina wako maze bagerageza kumuhumuriza mu kumuyagira icizigiro c’izuka (Yohana 5:28, 29). Amaze kuvyumva, ubwo nyene yaciye akorora amosozi. Nya bavukanyikazi baciye bamubaza bati: “Niba woshima kumenya n’ibindi ku vyerekeye Bibiliya, ubona twogaruka kukuraba ryari?”. Yaciye abishura ati: “Ubu nyene”. Uwo mugore yaciye abajana i muhira iwe, inyigisho ya Bibiliya ica iratangura. Ubu, umuryango wiwe wose uriko ukorera Yehova.
Woba uriko urabigiramwo uruhara?
Utwo ni uturorero twerekana ibiriko biba hirya no hino kw’isi. Yehova ariko atororokanya yongera yigisha ishengero ryinshi vy’abasavyi biwe b’ukuri baturuka mu bihugu vyinshi. Uwo mugwi w’abantu bo mu bihugu vyinshi ufise icizigiro giteye agahimbare co kuzorokoka wa muhero wimirije w’uru runkwekwe rubi rw’ibintu hanyuma ukibera mw’isi nshasha igororotse.—2 Petero 3:13.
Bivuye ku muhezagiro wa Yehova, ico gikorwa kidasanzwe co gukorakoranya abantu kiriko gitera kija imbere ata kigitangira, kigana ku nsozero nziza (Yesaya 55:10, 11; Matayo 24:3, 14). Woba uriko urarangurana umwete ico gikorwa co kwamamaza Ubwami? Niba uriko urabigira, urashobora kwizigira udakeka ko Imana igufata mu mugongo kandi urashobora gusubiramwo aya majambo y’umwanditsi wa Zaburi agira ati: ‘Ugutabarwa kwanje kuva kuri Yehova’.—Zaburi 121:2.
[Akajambo k’epfo]
a Raba Calendrier des Témoins de Jéhovah 2005, septembre–octobre.
[Iciyumviro ku rup. 9]
“Nta n’umwe ashobora kuza kuri jewe Data yantumye atamukwegereye”.—YOHANA 6:44
[Uruzitiro ku rup. 8]
NI NDE ATUMA IRYO YONGEREKANA RIBA?
“Uhoraho iy’atari we yubaka inzu abayubaka baba baruhira ubusa”.—Zaburi 127:1.
“Imana ni yo yazikujije. Nuk’ūzitera nta co amaze, cank’ūzivomera, atar’Imana ikuza”.—1 Ab’i Korinto 3:6, 7.