ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w05 15/8 rup. 8
  • Ku Kiyaga c’i Galilaya

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ku Kiyaga c’i Galilaya
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Ivyo bijanye
  • Yezu arashobora kudukingira
    Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye
  • Imeri Isābira mw Izinga
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Yezu atururuza igihuhusi ku kiyaga
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Yezu agendera ku mazi
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
w05 15/8 rup. 8

Ku Kiyaga c’i Galilaya

INKURU iri muri Mariko 4:35-41 ivuga yuko Yezu n’abigishwa biwe buriye ubwato bajabuka Ikiyaga c’i Galilaya. Iyo nkuru igira iti: “Nuko haza inkūbi ikomeye y’umuyaga, imipfunda yisuka mu bgato, bgariko buruzura. Ariko [Yezu] we yar’aryamye mu mutwe w’inyuma, yiseguye umusego yisinziriye”.

Aho ni ho hantu honyene ijambo ry’ikigiriki rihindurwa ngo “umusego” riboneka muri Bibiliya. Ku bw’ivyo, incabwenge ntizizi insobanuro nyezina y’iryo jambo rikoreshwa muri ico canditswe. Iryo jambo Bibiliya nyinshi zirihindura ngo “umusego”. Mugabo none, wari umusego bwoko ki? Mu rurimi rw’intango, Mariko yavuze uwo musego mu buryo bwerekana ko wari kimwe mu bikoresho vyakoreshwa muri ubwo bwato. Ubwato bwatowe hafi y’Ikiyaga c’i Galilaya mu 1986 bwarashize ahabona uburyo bumwe iryo jambo ry’ikigiriki ryakoreshejwe na Mariko ryoshobora gutahurwa.

Ubushakashatsi bwagizwe buhishura yuko ubwo bwato bw’imetero umunani z’uburebure bwasozwa n’umuyaga wahuhira ku bitambara bimanitse hejuru yabwo, bukongera bugasozwa n’ingafe. Bwakoreshwa mu kuroba, kandi bwari bufise igihimba c’inyuma aho bashira urusenga rw’umukwabu runiniya kandi ruremereye. Ibisigarira vy’ubwo bwato vyerekana ko bwoba bwakoreshejwe hagati y’umwaka wa 100 B.G.C. n’umwaka wa 70 G.C., kandi bushobora kuba bumeze nka bwa bwato Yezu n’abigishwa biwe bakoresha. Uwitwa Shelley Wachsmann, akaba yari mu bacukuye ibisigarira vy’ubwo bwato, yaranditse igitabu gifise umutwe uvuga ngo Ubwato bwo ku Kiyaga c’i Galilaya​—Ikintu c’agatangaza cubuwe kimaze imyaka 2000 (mu congereza). Avuga ko “umusego” Yezu yiseguye woba wari umupfuko w’umusenyi, wakoreshwa kugira ubwato ntibuzungazunge. Hari umurovyi yakanongoreye w’i Jaffa amenyereye cane ivy’ukuroba hakoreshejwe urusenga rw’umukwabu yavuze ati: “Nkiri muto, amato nakorerako muri Mediterane yama arimwo umupfuko umwe w’umusenyi canke ibiri. . . . Iyo mipfuko yaguma mu bwato kugira ntibuzungazunge. Ariko rero, igihe itaba iriko irakoreshwa, twaca tuyibika munsi y’igihimba c’inyuma c’ubwato. Umuntu yumvise arushe yarashobora rero kwinjira munsi y’igihimba c’inyuma c’ubwabo agenda arāvūra, akisegura uwo mupfuko w’umusenyi maze agasinzira”.

Incabwenge nyinshi zibona yuko ivyo Mariko yavuze vyashaka kwerekana yuko Yezu yiseguye umupfuko w’umusenyi watuma ubwato butazungazunga wari munsi y’igice c’inyuma c’ubwabo, aho hantu hakaba ari ho hari umutekano kuruta ibindi bihimba vyose vy’ubwato igihe haba hari ibihuhusi. Uko uwo musego woba wari umeze kwose, igihambaye kuruta ni icabaye mu nyuma. Yezu afashijwe n’Imana kandi akoresheje ububasha Imana yamuhaye, yaratururuje ikiyaga cari casebuye cane kubera ibihuhusi. Mbere abigishwa biwe babajije bati: “Mbeg’uyu n’umuntu ki, umuyaga n’ikiyaga ko bimwumvira?”.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika