ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • lfb icig. 84 rup. 196-rup. 197 ing. 4
  • Yezu agendera ku mazi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yezu agendera ku mazi
  • Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Ivyo bijanye
  • Yezu arashobora kudukingira
    Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye
  • Yezu atururuza igihuhusi ku kiyaga
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Umutware afise ububasha ku bidukikije
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Imeri Isābira mw Izinga
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
Ibindi
Ivyigwa dukura muri Bibiliya
lfb icig. 84 rup. 196-rup. 197 ing. 4
Yezu agendera ku mazi, maze akabwira Petero ngo aze aho ari

ICIGWA CA 84

Yezu agendera ku mazi

Yezu yarakiza abarwaye akazura n’abapfuye, ariko kandi yarashobora gutegeka umuyaga n’imvura. Ahejeje gusenga ari ku musozi, yararavye ku kiyaga ca Galilaya abona hariyo umuyaga mwinshi. Abigishwa biwe bari mu bwato, bariko barasoza banigana na nya muyaga. Yezu yaciye amanuka uwo musozi atangura kugendera ku mazi aja iyo bari. Abo bigishwa baragize ubwoba babonye umuntu ariko agendera ku mazi. Ariko Yezu yaciye ababwira ati: ‘Ni jewe. Ntimutinye.’

Yezu agendera ku mazi, maze akabwira Petero ngo aze aho ari

Petero yamubwiye ati: ‘Mukama, nimba ari wewe vy’ukuri, mbwira nze aho uri.’ Yezu na we ati: ‘Ingo.’ Petero yaravuye mu bwato muri uwo muyaga, aragendera ku mazi aja aho Yezu ari. Mugabo agira amushikire, yararavye uwo muyaga aca agira ubwoba. Yaciye atangura kunyika, maze asemerera ati: ‘Mukama, ntabara!’ Yezu yaciye amufata ukuboko, amubwira ati: ‘Kuki watanguye gukekeranya? Nta kwizera ufise?’

Yezu na Petero baciye burira muri nya bwato, ubwo nyene wa muyaga uca urahera. Urazi ingene intumwa zanezerewe! Zamubwiye ziti: «Vy’ukuri, uri Umwana w’Imana.»

Ntiryari ryo rya mbere Yezu atururuje umuyaga. Ikindi gihe, Yezu n’intumwa ziwe bari mu bwato bariko barajabuka ikiyaga, aca aja kuryama inyuma mu bwato. Haradutse umuyaga mwinshi igihe yari asinziriye. Imipfunda yaguma yikubita ku bwato gushika n’aho bwuzura amazi. Intumwa zaciye zimukangura, zimubwira ziti: ‘Mwigisha, dutabare!’ Yezu yaciye avyuka abwira ikiyaga ati: «Tekereza!» Ubwo nyene wa muyaga n’ikiyaga vyaciye biturura. Yaciye ababaza ati: ‘Nta kwizera mufise?’ Baciye babwirana bati: ‘N’umuyaga n’ikiyaga biramugamburukira!’ Intumwa zaciye zitahura ko igihe zizigiye Yezu zigaherezako, ata kintu na kimwe zikwiye gutinya.

«Mbega nobaye uwa nde iyo ntaba nizigiye kubona ubuntu bwa Yehova mu gihugu c’abazima?»​—Zaburi 27:13

Ibibazo: Kubera iki Petero yatanguye kunyika? Ni igiki intumwa za Yezu zatahuye?

Matayo 8:23-27; 14:23-34; Mariko 4:35-41; 6:45-52; Luka 8:22-25; Yohani 6:16-21

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika