Ingaruka z’agacamutima ziterwa n’urupfu
“UMWANA W’IMYAKA ITANDATU YIYAHUYE”. Uwo mutwe w’agacavutu w’ikiganiro casohotse mu kinyamakuru kimwe, wavuga ivyerekeye urupfu ruteye agahinda rw’akigeme kitwa Jackie. Nyina wako yari aherutse guhitanwa n’indwara idakira. Imbere y’uko Jackie agenda kwita imbere y’igariyamoshi, yabwiye abo bavukana yuko ashaka ‘gucika umumarayika maze yibere kumwe na nyina’.
Uwitwa Ian yari afise imyaka 18 igihe yinginga umupatiri wo mw’idini ryabo ngo amusigurire igituma se wiwe yari yarapfuye yishwe n’indwara ya kanseri. Uwo mupatiri yavuze yuko ngo Imana yashatse ko se wa Ian aja mw’ijuru kubera ko yari umuntu mwiza. Ian amaze kwumva ivyo, yaciye afata ingingo yo kutarondera kumenya Imana y’imburakigongwe nk’iyo. Kubera yuko Ian yabona ko ubuzima busa n’ubutagira ico buvuze, yafashe ingingo yo kubaho yironderera ibimunezereza gusa. Ku bw’ivyo, yaciye atangura kuja mu vyo kunywa inzoga, kwihereza ibiyayuramutwe, no mu vy’ubushegabo. Ntiyari akibona iyo ubuzima bwiwe buva n’iyo buja.
“Abariho baba bazi ko bazopfa”
Izo nkuru zibiri z’akavunamutima zirerekana ingene urupfu rushobora kwonona ubuzima bw’abantu, na canecane iyo rushitse giturumbuka. Tuvugishije ukuri, abantu bose barazi iki kintu c’ukuri kivugwa muri Bibiliya: “Abariho baba bazi ko bazopfa” (Umusiguzi 9:5). Ariko benshi bashima kwiyobagiza ico kintu kibabaje rwose. Weho bite? Ubuzima buradusaba umwanya mwinshi bukongera bugasaba ko tubwitwararika cane, ku buryo twohava tutiyumvira ivy’urupfu, urushobora gusa n’ururi kure.
Igitabu kimwe c’inkoranyabumenyi (The World Book Encyclopedia) kivuga giti: “Abantu benshi baratinya urupfu bakagerageza kurwiyobagiza”. Yamara, isanganya rikomeye canke indwara ishobora kuduhitana, vyoshobora gutuma tubwirizwa guhangana n’urupfu. Canke hari aho amaziko y’umugenzi cabure incuti yoshobora kutwibutsa mu buryo bubabaje ikirindiriye abantu bose.
Naho ari ukwo biri, abari ku maziko usanga bakunda kuvuga amajambo nk’aya agira ati: “Ubuzima butegerezwa kubandanya”. Kandi mu vy’ukuri ni ko bigenda. Nkako, ubuzima bwoshobora gusa n’ubugenda burayonga ningoga na ningoga ku buryo butaraca na kabiri umuntu aca ategerezwa guhura n’ingorane z’ubusaza. Umuntu ageze aho, urupfu ntiruba rugisa n’ururi kure. Hariho amaziko menshi cane umuntu azojako, n’abagenzi bakundanye na we kuva kera azobura. Benshi mu bageze mu zabukuru usanga ikibazo kivuruga umutwe baguma bibaza ari iki: “Mbega yemwe urwanje ruzoshika ryari?”.
Ikibazo gisiga ubwenge
Naho ata muntu n’umwe ahakana ko urupfu rubaho, ibishikira umuntu inyuma y’urupfu birashobora kuba ikibazo gisiga ubwenge. Umuntu akekeranya, aravye ukuntu abantu basigura ico kibazo mu buryo budahuza, yoshobora kubona ko ivyo vyiyumviro vyose abantu batanga ari uguta umwanya baganira ku kintu kitazwi. Umuntu agerageza kwiyumvira ukuntu ibintu vyogenda yoshobora guca yibwira yuko umuntu yari akwiye kuryoherererwa ibintu vyiza vyo mu buzima uko ashoboye kwose, ngo nakare “uwagiye ntiyagarutse”.
Abandi bobo baranka kwemera ko vyose biherana n’urupfu. Ariko rero, usanga batazi neza ibishikira umuntu iyo apfuye. Bamwe biyumvira yuko ubuzima bwabo buzobandaniriza ahantu h’umunezero uhebuje kandi udahera mu gihe abandi na bo biyumvira ko bazosubira kubaho mu gihe kitazwi co muri kazoza, kumbure bakazobaho ari abandi abantu.
Ababuze uwabo bakunze kwibaza bati: “Abapfuye bari he?”. Igihe kimwe, ubu hakaba haciye imyaka itari mike, umugwi umwe w’abakinyi b’umupira w’amaguru wariko uraja gukina igihe waza ubona igikamyo ciseka kw’ibisi barimwo, iyo bisi ica iracuranguka itembagarira hirya y’ibarabara. Batanu muri abo bakinyi barahasize ubuzima. Umuvyeyi umwe, kuva umusi umuhungu wiwe yahitanwa n’iryo sanganya, ubuzima bwiwe bwabaye nk’ubuhagaze. Aguma yibaza aho umuhungu wiwe ari. Uwo muvyeyi arakunda kuja ku mva y’uwo muhungu wiwe akamara amasaha n’amasaha amuyagira n’ijwi ryumvikana. Aserura intuntu afise mu kuvuga ati: “Sinshobora kwemera ko iyo umuntu apfuye biba biheze, ariko sindabizi neza”.
Si agaseseshwarumuri, ukuntu tubona urupfu birashobora kugira ico bihinduye ku kuntu tubayeho ubu. Turavye ingene abantu bavyifatamwo igihe hari umuntu apfuye, hari ibibazo bitari bike bica bivyuka. Niwiyumvire inyishu wotanga kuri ivyo bibazo. Twoba dukwiye kwiyobagiza ivy’urupfu tukaguma twiyumvira gusa ivy’ukubaho? Twoba dukwiye kureka urupfu ruturindiriye ngo rwonone ubuzima bwacu? Vyoba ari ngombwa ko incuti yabuze ibandanya kwibaza ibihe vyose aho uwayo yapfuye ari? Vyoba ari ngombwa ko urupfu ruguma ari amayobera?