ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w05 1/6 rup. 31
  • Ibibazo vy’abasomyi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ibibazo vy’abasomyi
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Ivyo bijanye
  • Imfashanyo itangwa n’abamarayika b’Imana
    Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye
  • «Ijambo rya Yehova ribandanya gukwiragira»
    “Nushinge intahe inogangije ku vyerekeye Ubwami bw’Imana”
  • Ico abamarayika bakora ku bijanye n’abantu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Yarigiye kuri Shebuja ibijanye no guharira abandi
    Niwigane ukwizera kwabo
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
w05 1/6 rup. 31

Ibibazo vy’abasomyi

Aho abigishwa bumviye ko Petero uwari apfunzwe yari ku rugi, ni kubera iki bavuze ngo: “[Ni] umumarayika wiwe”?​—Ivyakozwe 12:15.

Abigishwa bashobora kuba biyumviriye bihenda yuko umumarayika atwara ubutumwa yaserukira Petero yari kw’irembo. Rimbura amakikuro y’ico canditswe.

Petero yari yafashwe na Herode, uwari yicishije Yakobo. Abigishwa rero bari bafise imvo yumvikana yo kwiyumvira ko na Petero yokwishwe. Petero yari mw’ibohero aboshwe n’iminyororo, akaba yari acunzwe n’imirwi ine y’abasoda yaza irakurakuranwa, umwe wose ukaba wari ugizwe n’abasoda bane. Igihe kimwe mw’ijoro umumarayika yaramubohoye ku gitangaro, aca aramukura mw’ibohero. Amaherezo, aho Petero atahuriye ivyariko biraba, yavuze ati: “Noneho mmenye vy’ukuri yuk’Umwami yatumye umumarayika wiwe, akankiza ukuboko kwa Herode”.​—Ivyakozwe 12:1-11.

Ubwo nyene Petero yaciye aja kwa Mariya nyina wa Yohani Mariko, ahari hakoraniye abigishwa batari bake. Adodoye kw’irembo, umukobwa w’umugurano yitwa Rode yaciye aja kwitaba. Yumvise ko ijwi ari irya Petero, yaciye yirukanga kubibwira abandi atanabanje kumureka ngo yinjire! Abigishwa ntibashotse bemera yuko Petero ari kw’irembo. Ahubwo biyumviriye bihenda bati: “[Ni] umumarayika wiwe”.​—Ivyakozwe 12:12-15.

Abigishwa boba biyumvira ko Petero yari yamaze kwicwa maze umutima wiwe w’ubwenge ukaba ari wo wari kw’irembo? Ivyo ntibishoboka kubera yuko abayoboke ba Yezu bari bazi neza ico Ivyanditswe bivuga ku vyerekeye abapfuye, yuko “[a]ta co baba bakizi” (Umusiguzi 9:5, 10). None abigishwa bashobora kuba bashaka kuvuga iki igihe bavuga ngo: “[Ni] umumarayika wiwe”?

Abigishwa ba Yezu bari bazi ko kuva kera hose abamarayika bamye bafasha abasavyi b’Imana. Nk’akarorero, Yakobo yaravuze yuko “umumarayika ya[mur]okoye mu vyago vyose” (Itanguriro 48:16). Kandi ku vyerekeye akana kari kumwe na bo, Yezu yabwiye abayoboke biwe ati: “Mwirinde ntimukēngēre n’umwe mur’aba bana bato: ndababgira yuko mw ijuru abamarayika babo bama barāba mu nyonga ha Data wo mw ijuru”.​—Matayo 18:10.

Biri n’ico bivuze kubona Bibiliya imwe (Young’s Literal Translation of the Holy Bible) ihindura ijambo agʹge·los (“umumarayika”) ngo “uwutwara ubutumwa”. Biboneka ko hariho Abayuda bamwebamwe bemera ko umusavyi w’Imana wese afise umumarayika wiwe, uwo bavuga ngo ni umumarayika murinzi. Ariko ico ciyumviro nta ho gitomorwa mw’Ijambo ry’Imana. Naho ari ukwo, birashoboka yuko igihe abigishwa bavuga ngo “[ni] umumarayika wiwe”, bariko biyumvira yuko umumarayika atwara ubutumwa yaserukira Petero yari kw’irembo.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika