Yehova numugire Imana yawe
MU BIHE vya Bibiliya, hari abantu bamwebamwe bari bafitaniye ubucuti bukomeye na Yehova ku buryo yitwa Imana yabo. Nk’akarorero, mu Vyanditswe Yehova adondorwa ko ari “Imana ya Aburahamu”, ‘Imana ya Dawidi’, be n’“Imana ya Eliya”.—Itanguriro 31:42; 2 Abami 2:14; 20:5.
None umwe wese muri abo bantu yashoboye gute kwunga ubucuti bukomeye n’Imana? Ni igiki twobigirako kugira ngo natwe nyene dushobore kugiranira n’Umuremyi ubucuti bukomeye twongere tubuzigame?
Aburahamu ‘yarizeye Yehova’
Aburahamu yabaye we muntu wa mbere Bibiliya ivuga ko yizeye Yehova. Ukwizera ni yo kamere nyamukuru yaranga Aburahamu kandi ni yo yatumye yemerwa n’Imana. Nkako, Aburahamu yari atonye ku Mana ku buryo mu nyuma Umuremyi yimenyesheje Musa mu kwidondora ko ari “Imana ya Aburahamu” n’iy’umwana wiwe Isaka be n’iy’umwuzukuru wiwe Yakobo.—Itanguriro 15:6; Kuvayo 3:6.
None Aburahamu yashoboye gute kugira ukwizera Imana mwene ukwo? Imbere ya vyose, Aburahamu yubakiye ukwizera kwiwe ku mushinge ukomeye. Ashobora kuba yari yarigishijwe inzira za Yehova n’umuhungu wa Nowa ari we Shemu, uwari yariboneye ibikorwa vy’ukurokora Imana yari yarakoze. Shemu yari yariboneye yuko Yehova ‘yakijije Nowa, umwigisha w’ivyo kugororoka, hamwe n’abandi ndwi, aho yazana umwuzure kw’isi y’abatubaha Imana’ (2 Petero 2:5). Aburahamu ashobora kuba yaramenye biciye kuri Shemu yuko Yehova atayaga abiri. Uko biri kwose, igihe Aburahamu ubwiwe yahabwa umuhango n’Imana, yaranezerewe yongera abaho mu buryo bwerekana ko yari azi adakekeranya yuko uwo muhango worangutse.
Kubera yuko ukwizera kwa Aburahamu kwari gufise umushinge ukomeye, kwaciye gukomezwa n’ibikorwa. Intumwa Paulo yanditse ati: “Ukwizera ni kwo kwatumye Aburahamu yumvira Imana imuhamagaye, akaja ahantu yar’abīkiwe kuragwa: nukw agenda, atazi iy’aja” (Abaheburayo 11:8). Ico gikorwa cerekana ukugamburuka carongereje agaciro k’ukwizera kwa Aburahamu, ari na kwo umwigishwa Yakobo yerekejeko igihe yandika ati: “Ntubona yuk’ukwizera kwafatanije n’ibikorwa vyiwe, kandi k’ukwizera kwahīngūwe rwose n’ibikorwa?”.—Yakobo 2:22.
Si ivyo gusa, Yehova yararetse ukwizera kwa Aburahamu kurageragezwa, bituma kurushiriza gukomera. Paulo abandanya ati: “Ukwizera ni kwo kwatumye Aburahamu atanga Isaka kw ikimazi, hamwe yagezwa”. Kugeragezwa birakura inkamba mu kwizera kandi bikagukomeza, bigatuma “kurusha igiciro izahabu”.—Abaheburayo 11:17; 1 Petero 1:7.
Naho Aburahamu atiboneye iranguka ry’ivyo Imana yari yarasezeranye vyose, yarahimbawe no kwibonera ingene abandi bigana akarorero kiwe. Umukenyezi wiwe Sara hamwe n’abandi batatu bo mu muryango wiwe ari bo Isaka, Yakobo na Yozefu, na bo nyene Bibiliya irabavuga neza kubera ukwizera kudasanzwe bari bafise.—Abaheburayo 11:11, 20-22.
Ukwizera nk’ukwa Aburahamu muri iki gihe
Ukwizera ni ntahara ku muntu wese yipfuza kugira Yehova Imana yiwe. Paulo yanditse ati: “Ūtizera ntibishoboka kw ayihimbara” (Abaheburayo 11:6). Umusavyi w’Imana muri iki gihe yoshobora gute kugira ukwizera gukomeye nk’ukwa Aburahamu?
Nk’uko vyari kuri Aburahamu, ukwizera kwacu gutegerezwa kuba gushingiye ku mushinge ukomeye. Uburyo nyabwo bwo kubigira ni mu kwama twiga Ijambo ry’Imana Bibiliya be n’ibitabu bishingiye kuri ryo. Gusoma Bibiliya no kuzirikana ku vyo dusoma birashobora kudushwirura ko ivyo Imana yasezeranye bizoranguka. Turaheza tukavyurirwa umutima wo kubaho twisunga ico cizigiro kidakekeranywa. Ukwizera kwacu guca kurushiriza gukomezwa n’ibikorwa vyerekana ko tugamburuka, ivyo bikaba birimwo ukugira uruhara mu busuku bwo ku mugaragaro n’ukwitaba amakoraniro ya gikirisu.—Matayo 24:14; 28:19, 20; Abaheburayo 10:24, 25.
Ukwizera kwacu ntikuzobura kugeragezwa, kumbure biciye ku kurwanywa, ku ndwara ikomeye, ku kubura uwacu, canke ku kindi kintu. Kuguma turi intadohoka kuri Yehova igihe turi mu bigeragezo birakomeza ukwizera kwacu, bigatuma kurusha igiciro inzahabu. Twaba tuzokwibonera canke tutazokwibonera iranguka ry’ivyo Imana yasezeranye vyose, ukwizera kwacu kuzodufasha kurushiriza kwiyegereza Yehova. Vyongeye, akarorero kacu kazoremesha abandi kwigana ukwizera kwacu (Abaheburayo 13:7). Ivyo ni vyo vyashikiye uwitwa Ralph, uwiboneye ukwizera kw’abavyeyi biwe akongera akakwigana. Asigura ati:
“Nkiba i muhira, abavyeyi banje barahimiriza umuryango wose kuvyuka hakiri kare mu gitondo kugira dusomere hamwe Bibiliya. Bibiliya yose twarayisomye muri ubwo buryo”. Ralph aracabandanya gusoma Bibiliya imisi yose mu gitondo, kandi ivyo bituma atangura umusi neza. Ralph yarakunda kujana na se wiwe mu busuku bwo ku mugaragaro uko indwi itashe. Avuga ati: “Aho ni ho nigiye gusubira kugendera abo twayaze no kurongora inyigisho za Bibiliya”. Ralph ubu ni umukozi akora avyishakiye kuri bimwe mu biro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova i Buraya. Ese ukuntu ukwizera kw’abavyeyi biwe kwavuyemwo ivyiza!
Umuntu yari ameze nk’uko umutima wa Yehova ugomba
Dawidi, uwavutse haciye nk’imyaka 900 inyuma ya Aburahamu, ni umuntu ahambaye mu basavyi ba Yehova bavugwa mu Vyanditswe. Ku vyerekeye ukuba Yehova yari yahisemwo Dawidi ngo azobe umwami, umuhanuzi Samweli yavuze ati: “Uhoraho aramaze kwironderera umuntu ameze nk’uk’umutima wiwe ugomba”. Ubucuti Dawidi yari afitaniye na Yehova bwari bukomeye cane ku buryo mu nyuma umuhanuzi Yesaya yavuganye n’Umwami Hezekiya akoresheje imvugo ngo “Uhoraho, Imana ya sogokuruza Dawidi”.—1 Samweli 13:14; 2 Abami 20:5; Yesaya 38:5.
Naho Dawidi yari umuntu ameze nk’uko umutima wa Yehova ugomba, vyarashika agatwarwa n’ivyipfuzo vyiwe. Yarakoze amakosa akomeye incuro zitatu zose: yararetse isandugu ry’isezerano riratwarwa mu buryo butabereye igihe ryari rijanywe i Yeruzalemu; yararenze ibigo na Batisheba, atako agira umugambi wo kwicisha umugabo wiwe Uriya; vyongeye yaraharuye abantu bo muri Isirayeli n’i Buyuda kandi Yehova atari yabisavye. Aho hose, Dawidi yararenze ku Vyagezwe vy’Imana.—2 Samweli 6:2-10; 11:2-27; 24:1-9.
Ariko rero, igihe Dawidi yerekwa ivyaha vyiwe, yaremeye ko ari we yabikoze, ntiyavyegeka ku bandi. Yaremeye icese yuko ivyo gutwara Isandugu ry’Isezerano bitari vyatunganijwe neza, aca yongerako ngo “[ntitw]ayigenjeje nk’uko vyashinzwe [na Yehova]”. Igihe umuhanuzi Natani yashira ku kabarore ukurenga ibigo kwa Dawidi, uno yishuye ati: “Nacumuye k’Uhoraho”. Vyongeye, igihe Dawidi yabona ko yakoze ivy’ubupfu mu guharura abantu, yiyemereye ati: “Nācumuye cane ku vyo nakoze”. Dawidi yarigaye ivyaha vyiwe maze aguma ari hafi ya Yehova.—1 Ngoma 15:13; 2 Samweli 12:13; 24:10.
Iyo duhuvye
Igihe twigora kugira ngo Yehova tumugire Imana yacu, akarorero ka Dawidi karashobora kuturemesha. Ko umuntu yari ameze nk’uko umutima wa Yehova ugomba yakoze ivyaha bikomeye nk’ivyo, wumva none dukwiye kwihebura iyo bishitse tugahuba canke mbere tugakora amakosa akomeye n’igihe twoba twagize utwigoro tungana iki (Umusiguzi 7:20)? Turashobora guhumurizwa n’uko Dawidi yahariwe ivyaha vyiwe igihe yigaya. Ivyo ni vyo vyashikiye uwitwa Uwea mu myaka nk’ingahe iheze.
Uwe yari umukurambere mw’ishengero ry’Ivyabona vya Yehova. Umusi umwe, yaratwawe n’ivyipfuzo bibi maze akora ubushegabo. Nka kumwe kw’Umwami Dawidi, Uwe yabanje kugerageza guhisha ico caha, agira ngo Yehova azocirengagiza. Ijwi ryiwe ryo mu mutima ryahavuye rimubuza amahoro rwose gushika n’aho yaturira umukurambere mugenziwe icaha yakoze, maze hararinganizwa ivy’uko Uwe afashwa kuva mu kaga yarimwo mu vy’impwemu.
Uwe yarigaye ivyaha vyiwe, araheza aguma ari hafi ya Yehova n’ishengero. Yarakengurutse cane ingene yafashijwe ku buryo haciye amayinga makeyi yaciye yandikira abakurambere abakurira ubwatsi bimwe bivuye ku mutima kubera imfashanyo bamuhaye. Yanditse ati: “Mwaramfashije gukura iceyi kw’izina rya Yehova”. Uwe yarashoboye kuzigama ubucuti afitaniye na Yehova, kandi yahavuye yongera kugenwa ngo asukurire muri iryo shengero nyene.
“Umuntu ameze nkatwe”
Eliya, uwabayeho haciye ikinjana inyuma ya Dawidi, yari umwe mu bahanuzi bakomeye bo muri Isirayeli. Eliya yaraburaniye ugusenga kw’ukuri yivuye inyuma igihe ibiturire be n’ubushegabo vyari vyimonogoje, kandi ukuyobokera Yehova kwiwe ntikwigeze guhungabana. Ntibitangaje kubona umusubirizi wiwe Elisha yarigeze kwita Yehova ngo ni “Imana ya Eliya”!—2 Abami 2:14.
Ariko ntiwumve, Eliya ntiyari umuntu w’akatabonetse. Yakobo yanditse ati: “Eliya yar’umuntu ameze nkatwe” (Yakobo 5:17). Nk’akarorero, aho Eliya amariye kunesha bimwe biteye isoni abasenzi ba Bayali bo muri Isirayeli, Umwamikazi Yezebeli yagomvye kumwica. None Eliya yavyakiriye gute? Yaragize ubwoba aca ahungira mu bugaragwa. Eliya ari aho mu bugaragwa, yicaye munsi y’igiti c’umurotemu, yiganyiye ati: “Ewe Uhoraho, ivyanje ni bigarukire hano: ntabara unkūreho, kuko ntaruta ba sogokuruza”. Eliya ntiyari agishaka kuba umuhanuzi, ahubwo yumva yotuma apfa.—1 Abami 19:4.
Ariko rero, Yehova yarerekanye ko ategera ukuntu Eliya yiyumva. Imana yarakomeje Eliya mu kumusubiriza umutima mu nda ko atari wenyene, kubera yuko hariho n’abandi bari bumiye ku gusenga kw’ukuri. Bisubiye, Yehova yagumye yizigiye Eliya, aramuha n’igikorwa akora.—1 Abami 19:5-18.
Amaganya Eliya yari afise mu mutima nticari ikimenyetso c’uko Imana yamukuyeko amaboko. Haciye nk’imyaka 1.000 inyuma y’aho, igihe Kirisitu Yezu yahinduka ukundi imbere ya Petero na Yakobo na Yohani, ni bande Yehova yahisemwo ngo baboneke muri iryo yerekwa bari kumwe na Yezu? Ni Musa na Eliya (Matayo 17:1-9). Biratomoye rero yuko Yehova yabona Eliya nk’umuhanuzi w’intangakarorero. Naho Eliya “yar’umuntu ameze nkatwe”, Imana yarashimye igikorwa yakoze mu gusubiza umutamana ugusenga kw’ukuri no mu kweza izina ryayo.
Urugamba turwana mu mutima
Abasavyi ba Yehova muri iki gihe birashobora gushika bakumva bacitse intege canke bagahagarika umutima. Ese ukuntu bihumuriza kumenya yuko Eliya yumvise amerewe nk’ukwo nyene! Vyongeye, ese ingene dusubirizwa umutima mu nda no kumenya yuko, nk’uko nyene Yehova yatahura ukuntu Eliya yari amerewe, ari na ko atahura urugamba turwana mu mutima!—Zaburi 103:14.
Ku ruhande rumwe, turakunda Imana na bagenzi bacu, kandi turipfuza gukora igikorwa ca Yehova co gutangaza inkuru nziza y’Ubwami. Ku rundi ruhande, twoshobora gucibwa intege n’uko abantu batakira neza igikorwa cacu c’ukwamamaza canke mbere tugahagarikwa umutima n’iterabwoba ry’abanka ugusenga kw’ukuri. Ariko rero, nk’uko nyene Yehova yaronkeje Eliya ivyo yari akeneye kugira akomere kw’ibanga, ni ko abironsa n’abasavyi biwe bo muri iki gihe. Rimbura nk’akarorero, ivyashikiye Herbert na Gertrud.
Herbert na Gertrud ni Ivyabona vya Yehova babatijwe mu 1952 i Leipzig, mu gihugu cahoze citwa Repubulika iharanira demokarasi y’Ubudagi. Ico gihe ubuzima ntibwari bworoshe ku basavyi b’Imana, kubera yuko igikorwa cabo c’ubusuku barangura ku mugaragaro cari kibujijwe n’amategeko. None Herbert yiyumva gute ku bijanye no kwamamaza inzu ku nzu?
Agira ati: “Vyarashika tugahagarika umutima cane. Igihe twaba turiko turamamaza inzu ku nzu, ntitwaba tuzi nimba abategetsi boza canke batoza giturumbuka bakadufata”. Ni igiki cafashije Herbert n’abandi gutsinda ubwoba? Yishura ati: “Twariyigisha Bibiliya twivuye inyuma. Vyongeye, Yehova yaraduhaye inkomezi zo kubandanya igikorwa cacu c’ukwamamaza”. Mu gikorwa ciwe c’ubusuku arangura ku mugaragaro, Herbert yariboneye ibintu vyinshi vyamukomeje, mbere biranamutwenza.
Herbert yarahuye n’umukenyezi ahumuye yerekanye ko ashimishwa na Bibiliya. Igihe Herbert yasubira kumugendera inyuma y’imisi mikeyi, yahasanze umusore umwe, maze nya musore arumviriza ikiyago cabo. Haciye iminuta itari mikeyi, Herbert yarabonye ikintu catumye adegedwa. Ku ntebe yari mu mfuruka y’ico cumba, hari hateretse inkofero y’umupolisi. Yari iy’uwo musore, bikaba vyaraboneka neza ko yari umupolisi yiyemeje gufata Herbert.
Uwo musore yakankamye ati: “Wewe uri Icabona ca Yehova! Zana karangamuntu yawe turabe”. Herbert yaramuhaye karangamuntu yiwe. Haciye haba ikintu ata n’umwe yari yiteze. Nya mukenyezi yaciye ahindukira, araba uwo mupolisi maze amugabisha ati: “Uyu muntu w’Imana hakagira ico aba, ntuzongera guhonyoza ikirenge muri iyi nzu”.
Nya musore yariyumviriye gatoyi, aca asubiza Herbert karangamuntu yiwe, aramureka arigira. Herbert yahavuye amenya ko nya mupolisi yari areheje umukobwa w’uyo mukenyezi. Biboneka yuko yumvise ko icomubera ciza ari ukubandanya areshanya n’uwo mukobwa hako afata Herbert.
Yehova tumugire Imana yacu
Ivyo bintu vyabaye twovyigirako iki? Nka kumwe kwa Aburahamu, dutegerezwa kwizera bimwe bikomeye ivyo Yehova yasezeranye. Cokimwe na Dawidi, dukwiye guhindukirira Yehova mu kwigaya bivuye ku mutima igihe cose duhuvye. Vyongeye, nka kumwe kwa Eliya, dukeneye kwiheka kuri Yehova kugira aduhe inkomezi iyo turi mu maganya. Tubigenjeje gutyo, Yehova turashobora kumugira Imana yacu ubu no mu bihe bidahera, kubera yuko ari ‘Imana nzima, Umukiza w’abantu bose, canecane w’abizera’.—1 Timoteyo 4:10.
[Akajambo k’epfo]
a Izina ryarahinduwe.
[Ifoto ku rup. 25]
Ibikorwa vyerekana ukugamburuka vyarakomeje ukwizera kwa Aburahamu
[Ifoto ku rup. 26]
Cokimwe na Dawidi, dukwiye kwigaya iyo ducumuye
[Ifoto ku rup. 28]
Nk’uko nyene Yehova yatahura ukuntu Eliya yari amerewe, ni na ko atahura uko tumerewe