ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w05 1/3 rup. 31
  • Imfashanyo ku bahinduzi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Imfashanyo ku bahinduzi
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
w05 1/3 rup. 31

Imfashanyo ku bahinduzi

IMFUNGURWA zo mu vy’impwemu zitangwa na wa mugwi w’umubwiriza wo kwizigirwa, ubu ziraboneka mu ndimi n’imiburiburi 390 (Luka 12:42). Ubuhinduzi rero bugize umuce uhambaye kandi uguma waguka w’igikorwa c’ishirahamwe rya Yehova.

Ubuhinduzi bubereye si ugupfa gufata ijambo rimwerimwe ryose riri mu gisomwa kiriko kirahindurwa, ukarisubiriza ijambo bihuye ryo mu rurimi kavukire. Ahubwo, bisaba gushikiriza ivyiyumviro nk’uko nyene biri muri ico gisomwa. Biratomoye rero yuko abahinduzi bakeneye kubanza gutahura neza igisomwa catanzwe imbere y’uko batangura guhindura. Rimwe na rimwe, ivyo birashobora kuba urugamba.

Ku bw’ivyo, biciye ku buyobozi bw’Inama Nyobozi, umugwi w’abavukanyi babishoboye bagenywe ngo babe abigisha baramenyerejwe muri porogarama yiswe ngo: Ivyigwa bifasha kurushiriza gutahura icongereza. Inyuma y’ivyo vyigwa vyabereye ku Kigo ntanganyigisho c’Ivyabona vya Yehova c’i Patterson i New York, abo bavukanyi baragendeye imigwi y’ubuhinduzi iri hirya no hino kw’isi mu mwaka w’umurimo wa 2002 n’uwa 2003. Baza baramarana n’umugwi umwumwe wose amezi nk’atatu, bagahetura nya vyigwa bakongera bakawuha imfashanyo ngirakamaro kandi bakayiwuhera ku kivi. Babikesheje iyo porogarama, ubu abahinduzi barumva yuko bakwije ibisabwa bibafasha gutahura mu buryo bushitse insobanuro y’igisomwa c’icongereza.

Hari umugwi umwe w’ubuhinduzi wavuze uti: “Yehova abigiranye ubuntu, yarabonye ko bibereye kudufasha kurushiriza kuba abakwije ibisabwa kugira ngo turangure igikorwa twashinzwe. Ubu turiyumvamwo yuko umutima urushirije kuba hamwe. Twiteganye igishika kubona ivyiza bizovamwo dufashijwe na Yehova”. Hari umuhagarikizi umwe w’urwego rw’ubuhinduzi yavuze ati: “Kera, benshi muri twebwe twamara amasaha n’amasaha tunyinyana n’imvugo be n’amungane vy’icongereza bigoye. Ivyo vyatuma igikorwa cacu cikwega. Urumva rero ko ivyo vyigwa twavyakirije yompi. Vyaratweretse uburyo bwo gusuzuma igisomwa c’icongereza intambwe ku yindi, vyongera biraturonsa ubuhinga ngirakamaro twokoresha igihe duhuye n’igisomwa kigoye. Ico vyavuyemwo ni uko ubu tutagishuha umutwe cane be n’uko duhindura ibintu birushirije kutagiramwo amakosa kandi mu buryo bunyaruka kuruta”.

Hari uwundi mugwi wanditse uti: “Ivyo vyigwa vyari ngirakamaro kuruta inyigisho iyo ari yo yose imeze nk’iyo itangwa mu mashure, kubera yuko vyahujwe neza na neza n’ivyo dukeneye. Turizigiye yuko iyo ntunganyo izofasha abahinduzi bo hirya no hino kw’isi, igatuma abantu bameze nk’intama barushiriza kworoherwa n’‘ugutahura’ ukuri”.​—Matayo 13:23.

Gushika ubu, abahinduzi nka 1.660 bahindura mu ndimi zirenga 150 baramaze gukurikirana ivyo vyigwa. N’ikindi kandi, iyo porogarama yaratunganijwe ukundi kugira ngo ifashe abahindura mu ndimi z’ibimenyetso be n’abahindura igisomwa c’igisupanyoli mu ndimi kavukire zo muri Amerika yo Hagati be n’iy’Epfo.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika