Kubana imbere yo kwabirana vyoba ari ishingiro ryiza ry’umubano w’ababiranye?
KUBONA abantu babiri badasangiye igitsina babana imbere yo kwabirana “bisigaye ari ibintu bisanzwe mu bibano biteye imbere hirya no hino kw’isi”. Ivyo bivugwa n’ikinyamakuru kimwe (Journal of Marriage and Family). Vyongeye, “nk’ica kabiri c’abantu babana imbere yo kwabirana, babona yuko ukwo kubana ari uburyo bwo kuraba nimba boshobokana imbere y’uko babirana”. Nk’uko ico kinyamakuru kibivuga, biyumvira rero yuko ukwo kubana imbere yo kwabirana “kugenewe gukuraho utuntu badahurizako maze kugatuma umubano wabo uzorushiriza kuba uwutekanye igihe bazoba bamaze kwabirana”.
Ico kinyamakuru kibandanya giti: “Ariko rero, ibimenyamenya vyerekana ibihushanye n’ivyo. Mu bubakanye, ababanza kubana imbere yo kwabirana usanga baronka umunezero muke, ugasanga bamarana umwanya muto bariko bakorera ibintu hamwe, bakarushiriza kutumvikana, bagashigikirana gake, bakaroranirwa gake mu vyo gutorera umuti ingorane, [kandi] umubano wabo ukama urangwamwo ingorane. . . . Vyongeye, ababanza kubana imbere yo kwabirana tubagereranije n’ababirana batabanje kubana, umubano wabo urahakwa cane gusambuka [ari kwo kwahukana]”.
Nk’uko iryo tohoza rivyerekana, ivyoshobora gusa n’ibiranga ubukerebutsi ku bantu ushobora gusanga vy’ukuri bitaranga ubukerebutsi na gato. Ivyo birashimika ku vy’uko amajambo avugwa muri Yeremiya 10:23 ari ay’ukuri. Agira ati: “Ntibiri mu muntu . . . kwitunganiriza intambuko ziwe”. Ese ingene birushirije kuba ibiranga ubukerebutsi guhanga amaso Ijambo ry’Imana Bibiliya, ryo ritanga impanuro nziza nyinshi zijanye n’umubano w’ababiranye (2 Timoteyo 3:16)! Nk’akarorero, ku vyerekeye ubucuti bwo mu mubano w’ababiranye, Bibiliya ivuga iti: “Umuntu azosiga se na nyina, [abane] n’umugore wiwe akaramata, ba[be] umubiri umwe”.—Itanguriro 2:24; Matayo 19:5.
Gukurikiza ubwo buyobozi buva ku Mana, aho gukurikiza ivyiyumviro vy’abantu birimwo akanenge kandi biguma bihindagurika, birashobora cane gutuma umubano w’ababiranye urangwamwo agahimbare nyakuri ukongera ukarama.—Imigani 3:5, 6.